Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 2

Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza

Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza

“Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.”​—1 PETERO 3:16.

1, 2. Kubera iki ari vyiza kuronka ikikuyobora igihe uri ahantu utazi? Ni igiki Yehova yaduhaye ngo kituyobore?

 DUFATE ko uriko uraca mu bugaragwa bunini cane. Irya n’ino yawe haguma hahindagurika kubera imiyaga iguma isūra imisenyi impande zose. Biroroshe ko uzimira. None womenya ujana inzira iyihe? Urakeneye umuntu canke ikintu cokuyobora. Gishobora kuba ari izuba n’inyenyeri, ikarata canke umuntu azi neza ako karere. Birahambaye ko uronka ikikuyobora, ahandiho wohava uhasiga ubuzima.

2 Twese turashikirwa n’ingorane nyinshi mu buzima, kandi vyoshika tukabura ico dufata n’ico tureka. Ariko Yehova yaraduhaye ijwi ryo mu mutima kugira rituyobore. (Yakobo 1:17) Reka turabe ijwi ryo mu mutima ico ari co be n’ukuntu rikora. Hanyuma turaza kuraba ukuntu tworimenyereza, igituma twokwubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi be n’ukuntu ijwi ryo mu mutima ryiza rishobora gutuma ubuzima bwacu burushiriza kuba bwiza.

IJWI RYO MU MUTIMA NI IKI KANDI RIKORA GUTE?

3. Ijwi ryo mu mutima ni iki?

3 Ijwi ryo mu mutima ni ingabire nziza Yehova yaduhaye. Ni ubushobozi dufise muri twebwe budufasha kumenya iciza n’ikibi. Muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ijwi ryo mu mutima” risobanura “kwimenya.” Igihe ijwi ryo mu mutima rikora neza, riradufasha kwisuzuma tukamenya ico turi koko. Rirashobora kudufasha gusuzuma ivyiyumviro vyacu n’ukuntu twiyumva ata kwibesha. Rirashobora kudufasha gukora iciza no kwirinda ikibi. Rirashobora gutuma tunezerwa igihe twafashe ingingo nziza canke tukiyagiriza igihe twafashe ingingo mbi.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 5.

4, 5. (a) Vyagenze gute igihe Adamu na Eva birengagiza ijwi ryabo ryo mu mutima? (b) Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bwerekana ukuntu ijwi ryo mu mutima rikora?

4 Umwe wese arihitiramwo kwumvira ijwi ryiwe ryo mu mutima canke kutaryumvira. Adamu na Eva bahisemwo kutaryumvira, bica bituma bacumura. Mu nyuma bariyagirije, ariko akaba kari kabaye. Bari bamaze kugambararira Imana. (Itanguriro 3:7, 8) Naho bari bafise ijwi ryo mu mutima ritunganye kandi bakaba bari bazi ko kugambararira Imana ari bibi, bahisemwo kwirengagiza ijwi ryabo ryo mu mutima.

5 Ariko hariho abantu benshi badatunganye bumviye ijwi ryabo ryo mu mutima. Yobu ni umwe muri abo. Kubera yuko yama afata ingingo nziza, yarashoboye kuvuga ati: “Umutima wanje ntuzoncokora ku bw’umusi n’umwe mu misi yanje.” (Yobu 27:6) Aho Yobu yashaka kuvuga ijwi ryiwe ryo mu mutima, ni ukuvuga ubushobozi yari afise bwo kumenya iciza n’ikibi. Dawidi wewe vyarashika akirengagiza ijwi ryiwe ryo mu mutima, bigatuma agambararira Yehova. Mu nyuma yariyagiriza cane, akumva umutima “umukubita.” (1 Samweli 24:5) Ijwi ryo mu mutima ryaba ririko riramubwira ko ivyo yakoze ari bibi. Kuryumvira vyaramufashije kudasubira gukora ayo makosa.

6. Kubera iki twovuga ko ijwi ryo mu mutima ari ingabire Imana yaduhaye?

6 N’abantu batazi Yehova akenshi usanga bazi gutandukanya iciza n’ikibi. Bibiliya ivuga iti: “Mu vyiyumviro vyabo bararegwa canke mbere bakaregurwa.” (Abaroma 2:14, 15) Nk’akarorero, abantu nka bose barazi ko kwica canke kwiba ari bibi. Ivyo babimenya kubera ijwi ryabo ryo mu mutima, ni ukuvuga bwa bushobozi bwo kumenya iciza n’ikibi Yehova yabashizemwo. Baba bariko bayoborwa n’ingingo ngenderwako z’Imana, ari kwo kuri kw’ishimikiro Yehova yaduhaye kugira kudufashe gufata ingingo nziza.

7. Kubera iki vyoshika ijwi ryacu ryo mu mutima ntirikore neza?

7 Ariko rero, vyoshika ijwi ryacu ryo mu mutima ntirikore neza. Nk’akarorero, ivyiyumviro vyacu bibi canke ivyo twebwe ubwacu twikundira birashobora kuryonona bigatuma rituyobora nabi. Ijwi ryo mu mutima ryiza ntiripfa kwizana. (Itanguriro 39:1, 2, 7-12) Umuntu ararimenyereza. Kugira ngo Yehova adufashe kurimenyereza, araduha impwemu yiwe nyeranda n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Abaroma 9:1) Reka turabe ukuntu tworimenyereza.

INGENE TWOMENYEREZA IJWI RYACU RYO MU MUTIMA

8. (a) Ivyo twikundira bishobora gute kugira ingaruka kw’ijwi ryo mu mutima? (b) Dukwiye kwibaza iki imbere yo gufata ingingo?

8 Hari abiyumvira ko kwumvira ijwi ryabo ryo mu mutima bisobanura gusa gukora ivyo umutima wabo ubabwiye. Biyumvira ko bashobora gukora ico bashaka cose, gikire gusa kuba kibaryohera. Ariko kubera yuko tudatunganye, ibituryohera vyose ntivyama ari vyiza. Turashobora gukunda ikintu cane ku buryo bigira ingaruka kw’ijwi ryacu ryo mu mutima. Bibiliya igira iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9) Twoshobora gutangura kwiyumvira ko ikintu kanaka ari ciza kandi ari kibi. Nk’akarorero, imbere y’uko Paulo aba umukirisu, yarahama bunyamaswa abasavyi b’Imana kandi yiyumvira ko ivyo yakora vyari vyiza. Ijwi ryiwe ryo mu mutima nta co ryamwagiriza. Ariko mu nyuma yavuze ati: “Uwunsuzuma ni Yehova.” (1 Abakorinto 4:4; Ivyakozwe 23:1; 2 Timoteyo 1:3) Aho Paulo amariye kumenya ukuntu Yehova yabona ivyo yariko arakora, yaratahuye ko akwiye kugira ivyo ahinduye. Imbere yo gufata ingingo, turakwiye rero kwibaza duti: ‘Yehova yoshima ko nkora iki?’

9. Gutinya Imana bisobanura iki?

9 Iyo ukunda umuntu, ntiwipfuza gukora ikintu comubabaza. Kubera yuko dukunda Yehova, ntitwipfuza gukora ikintu comubabaza. Turakwiye gutinya cane kubabaza Yehova. Nehemiya ni akarorero keza muri ivyo. Naho yari buramatari, yaranse gukoresha ico giti kugira yirundanirize amatunga. Uti kubera iki? Yasiguye ko yabiretse “kubera ugutinya Imana.” (Nehemiya 5:15) Nehemiya ntiyashaka gukora ikintu na kimwe cobabaza Yehova. Na twebwe turirinda gukora ikintu kibi kubera dutinya kubabaza Yehova. Gusoma Bibiliya birashobora kudufasha kumenya ibihimbara Yehova.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 6.

10, 11. Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe zodufasha gufata ingingo nziza mu bijanye n’inzoga?

10 Nk’akarorero, vyoshobora gukenerwa ko umukirisu afata ingingo y’uko yonywa canke atonywa inzoga. Ni ingingo ngenderwako izihe zomufasha gufata ingingo nziza? Ehe zimwezimwe: Bibiliya ntibuza kunywa inzoga. Nkako, ivuga ko inzoga ari ingabire y’Imana. (Zaburi 104:14, 15) Ariko Yezu yabwiye abigishwa biwe ngo birinde “kunywa birenze urugero.” (Luka 21:34) Paulo na we yabwiye abakirisu ngo birinde “kwidagadura no kunywera akaborerwe.” (Abaroma 13:13) Yavuze ko imborerwa ‘zitazotorana ubwami bw’Imana.’​—1 Abakorinto 6:9, 10.

11 Umukirisu arakwiye kwibaza ati: ‘Nkunda akayoga ukungana iki? Noba mbura amahoro ntanyoye? Noba nywa inzoga kugira mpere ubwoba? Noba nshobora kwigerera? Ndazinywa kangahe? * Noba nshobora kunezeranwa n’abagenzi tutariko turanywa?’ Turashobora gusaba Yehova ngo adufashe gufata ingingo nziza. (Soma Zaburi 139:23, 24.) Muri ubwo buryo, tuba turiko turamenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima gukora ryisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Mugabo hariho n’ibindi twokora, nk’uko tuja kubibona.

IGITUMA TWOKWUBAHIRIZA IJWI RYO MU MUTIMA RY’ABANDI

12, 13. Kubera iki bishika amajwi yacu yo mu mutima ntakore kumwe? Twovyifatamwo gute mu bihe nk’ivyo?

12 Amajwi yacu yo mu mutima ntakora kumwe. Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoshobora kukwemerera gukora ikintu kanaka ariko iry’uwundi ntirikimwemerere. Nk’akarorero, woshobora guhitamwo kunywa inzoga, ariko uwundi akabona ko atozinywa. Ni kubera iki none bishika abantu babiri ntibabone ibintu kumwe?

Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe rirashobora kugufasha kumenya ko wonywa canke utonywa

13 Ukuntu umuntu abona ibintu akenshi kuvana n’aho yakuriye, ukuntu umuryango wiwe wakibona, ivyamushikiye mu buzima n’ibindi. Ku bijanye n’inzoga, umuntu vyahora bigora kwigerera yoshobora gufata ingingo yo kuziheba burundu. (1 Abami 8:38, 39) None bishitse ugaha umuntu inzoga mugabo akayanka, wovyakira gute? Vyoba vyokubabaza? Woba womugobera ngo anywe? Woba woguma umubazagiza ngo akubwire igituma yanse? Ivyo nta vyo wogira kubera wubahiriza ijwi ryiwe ryo mu mutima.

14, 15. Ni igiki cabaye mu gihe ca Paulo? Ni impanuro nziza iyihe Paulo yatanze?

14 Mu gihe c’intumwa Paulo, hari ikintu cabaye cerekanye ko amajwi yo mu mutima adakora kumwe. Zimwe mu nyama zashorwa kw’isoko zaba zakoreshejwe mu gusenga kw’ikinyoma kandi zashikaniwe ibigirwamana. (1 Abakorinto 10:25) Paulo yabona ko kugura izo nyama no kuzirya ata kibi kirimwo. Yabona ko ibifungurwa vyose biva kuri Yehova. Ariko abavukanyi bamwebamwe bari bahoze basenga ibigirwamana si ko babibona. Babona ko kurya izo nyama ari bibi. Paulo yoba yaciye yibwira ati: ‘Ijwi ryanje ryo mutima ntirimbuza kuzirya. None simfise uburenganzira bwo kurya ico nshatse?’

15 Ukwo si ko yiyumvira. Yabona yuko bihambaye ko yubahiriza ingene abavukanyi biwe babona ibintu ku buryo yemeye guheba ibintu bimwebimwe yari afitiye uburenganzira. Paulo yavuze ko tudakwiye ‘kwishimisha ubwacu.’ Yongeyeko ati: “Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe.” (Abaroma 15:1, 3) Cokimwe na Yezu, Paulo yaritaho ivy’abandi kuruta ivyiwe.​—Soma 1 Abakorinto 8:13; 10:23, 24, 31-33.

16. Igihe umuvukanyi akoze ikintu yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima, kubera iki tudakwiye kumucira urubanza?

16 Ariko bite ho igihe ijwi ryo mu mutima ry’uwundi rimurekuriye gukora ikintu twebwe tubona ko ari kibi? Turakwiye kuba maso ntitumucire urubanza canke ngo twemeze dushimitse ko ari twebwe tubona ibintu mu buryo bwiza. (Soma Abaroma 14:10.) Yehova yaduhaye ijwi ryo mu mutima kugira ngo twicire urubanza, si ukugira turucire abandi. (Matayo 7:1) Ntidushaka ko ivyo twebwe twikundira bituma haba amacakubiri mw’ishengero. Ahubwo dukwiye kurondera ingene twotsimbataza urukundo n’ubumwe.​—Abaroma 14:19.

IVYIZA BIVA KU KUGIRA IJWI RYO MU MUTIMA RYIZA

17. Ijwi ryo mu mutima rya bamwebamwe risigaye rimeze gute?

17 Intumwa Petero yanditse ati: “Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.” (1 Petero 3:16) Ikibabaje ni uko iyo abantu bagumye birengagiza ingingo ngenderwako za Yehova, ijwi ryabo ryo mu mutima ritaba rikibaburira. Paulo yavuze ko ijwi ryo mu mutima nk’iryo riba rimeze nk’‘iryokeshejwe icuma kirungurije.’ (1 Timoteyo 4:2) Woba umaze gusha gushika n’aho urukoba rutimba ku buryo aho hantu ata na kimwe hasubira kwumva? Iyo umuntu agumye akora ibintu bibi, ijwi ryiwe ryo mu mutima rirashobora gutimba, rigashika n’aho ritaba rigikora.

Ijwi ryo mu mutima ryiza rirashobora kutuyobora, rigatuma tugira umunezero n’amahoro

18, 19. (a) Kwiyagiriza no kumaramara bitumarira iki? (b) Twokora iki nimba tuguma twiyagiriza kandi haheze igihe twarigaye?

18 Igihe twiyagirije, ijwi ryacu ryo mu mutima rishobora kuba ririko riratubwira ko twakoze ikintu kibi. Ivyo birashobora kudufasha kumenya ico kintu hama tukakireka. Dukwiye kwigira ku makosa yacu ku buryo tudasubira kuyakora. Nk’akarorero, naho Umwami Dawidi yacumuye, ijwi ryiwe ryo mu mutima ryaratumye yigaya. Yariyanse kubera ivyo yari yakoze, aca yiyemeza kuzokwama agamburukira Yehova. Dawidi afatiye ku vyamushikiye, yariboneye ko Yehova ‘ari mwiza kandi yiteguriye kubabarira.’​—Zaburi 51:1-19; 86:5; raba akajambo ko ku mpera ka 7.

19 Ariko rero umuntu arashobora kuguma yiyagiriza ku kintu yakoze naho hoba haheze igihe kirekire yigaye. Kwiyagiriza birashobora gutuma umuntu ababara cane kandi akumva ko ata co amaze. Nimba bihora bigushikira, niwibuke ko udashobora guhindura ivyabaye muri kahise. Waba wabikoze umaze kumenya ko ari bibi canke utari bwabimenye, Yehova yaraguhariye aherejeko kandi ivyo bicumuro vyarahanaguwe. Ubu Yehova nta caha akikwagiriza kandi wotekana kubera uriko urakora ibigororotse. Umutima wawe woshobora kuguma ukwagiriza, ariko Bibiliya ivuga iti: “Imana i[ra]ruta imitima yacu.” (Soma 1 Yohani 3:19, 20.) Ivyo bisobanura ko urukundo rwayo n’imbabazi zayo bishobora kugufasha kurengera ukwo kwiyagiriza canke ayo masoni wumva. Urashobora kwizigira ko Yehova yaguhariye. Igihe umuntu yemeye ko Yehova yamuhariye, aratekana mu mutima kandi akamukorera anezerewe.​—1 Abakorinto 6:11; Abaheburayo 10:22.

20, 21. (a) Iki gitabu kigenewe iki? (b) Ni umwidegemvyo uwuhe Yehova yaduhaye? Dukwiye kuwukoresha gute?

20 Iki gitabu kigenewe kugufasha kumenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima kugira rishobore kukuburira no kugukingira muri iyi misi ya nyuma igoye. Kizogufasha kandi gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu bintu bitandukanye bigushikira mu buzima. Ariko ntiwumve, iki gitabu ntikirimwo urutonde rw’amategeko atwereka ico twokora mu kantu kose gashika mu buzima. Tugengwa na “rya tegeko rya Kristu,” rino rikaba rishingiye ku ngingo ngenderwako z’Imana. (Abagalatiya 6:2) Igihe ata tegeko ridomako rihari, ntibica biba icitwazo co gukora ikibi. (2 Abakorinto 4:1, 2; Abaheburayo 4:13; 1 Petero 2:16) Ahubwo nyabuna turakoresha umwidegemvyo wacu wo kwihitiramwo kugira twerekane ko dukunda Yehova.

21 Igihe tuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi tukazikurikiza, tuba turiko turiga gukoresha “ububasha bwa[cu] bwo gutegera” no kwiyumvira nk’uko Yehova yiyumvira. (Abaheburayo 5:14) Ivyo bizotuma tugira ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe ku buryo rituyobora mu buzima kandi rikadufasha kuguma mu rukundo rw’Imana.

^ Abaganga benshi bavuga ko kwigerera bigoye cane ku bantu biziziwe n’inzoga. Bavuga ko vyoba vyiza bazihevye burundu.