Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 17

Nugume mu rukundo rw’Imana

Nugume mu rukundo rw’Imana

“Mu kwiyubaka ku kwizera kwanyu kweranda rwose, . . . mwigumize mu rukundo rw’Imana.”​—YUDA 20, 21.

1, 2. Twokora iki kugira tugume mu rukundo rw’Imana?

 TWESE turipfuza kugira amagara meza. Ni co gituma tugerageza gufungura neza, kwama twinonora imitsi kandi tukivuza. Naho bidusaba akigoro, turibonera ivyiza bivamwo, akaba ari yo mpamvu twumirako. Ariko turakeneye kugira amagara meza no mu bundi buryo.

2 Naho twamaze kumenya Yehova, turakeneye kuguma dukomeza ubucuti dufitaniye na we. Igihe Yuda yaremesha abakirisu ‘kwigumiza mu rukundo rw’Imana,’ yarerekanye ingene bobigira. Yababwiye ati: “[Mwiyubake] ku kwizera kwanyu kweranda rwose.” (Yuda 20, 21) None twokomeza gute ukwizera kwacu?

NUGUME UKOMEZA UKWIZERA KWAWE

3-5. (a) Shetani ashaka ko ubona gute ingingo ngenderwako za Yehova? (b) Wewe ubona gute amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe?

3 Birahambaye yuko ujijuka ko inzira za Yehova ari zo nziza kuruta izindi zose. Shetani ashaka ko wiyumvira yuko bigoye cane kubaho wisunga ingingo ngenderwako za Yehova be n’uko worushiriza kugira agahimbare hamwe wobaho wihitiramwo iciza n’ikibi. Ivyo Shetani yabigerageje kuva kera, muri rya tongo rya Edeni. (Itanguriro 3:1-6) Kandi n’ubu ntarota ata hasi.

4 None Shetani yoba avuga ukuri? Ingingo ngenderwako za Yehova zoba zituzitira? Habe namba. Reka tubitangire akarorero: Fata ko uriko uratembera mw’ishamba. Ugiye ubona uruzitiro rurerure rubuza abantu gushika mu gace kanaka. Woshobora kwibaza uti: ‘Iki kizitiro ni ic’iki?’ Muri ako kanya nyene, ugiye wumva intambwe iroshe hirya y’urwo ruzitiro. Ubu ho woca urubona gute? Urashima kubona rugukingiye iyo ntambwe ngo ntikurotse. Ingingo ngenderwako za Yehova zimeze nk’urwo ruzitiro, Shetani na we ameze nk’iyo ntambwe. Ijambo ry’Imana ritugabisha riti: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso. Umwansi wanyu Shetani agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.”​—1 Petero 5:8.

5 Yehova ashaka ko tubaho mu buryo bwiza bushoboka. Ntashaka ko duhendwa na Shetani. Ni co gituma yaduhaye amategeko n’ingingo ngenderwako bidukingira kandi bituma tugira agahimbare. (Abanyefeso 6:11) Yakobo yanditse ati: “Uwihweza muri rya tegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo . . . azoba ahiriwe.”​—Yakobo 1:25.

6. Ni ibiki vyodufasha kurushiriza kujijuka ko inzira za Yehova ari zo nziza?

6 Igihe dukurikije ubuyobozi Yehova aduha, ubuzima bwacu buramera neza n’ubucuti dufitaniye na we bugakomera. Nk’akarorero, turahungukira igihe tumusenga kenshi nk’uko abidusaba. (Matayo 6:5-8; 1 Abatesalonika 5:17) Turahimbarwa igihe tugamburutse ubuyobozi aduha bwo gukoranira hamwe n’abandi kugira tumusenge twongere turemeshanye, n’igihe tugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. (Matayo 28:19, 20; Abagalatiya 6:2; Abaheburayo 10:24, 25) Iyo tuzirikanye ukuntu ivyo bintu vyakomeje ukwizera kwacu, turarushiriza kujijuka ko inzira za Yehova ari zo nziza kuruta izindi zose.

7, 8. Ni igiki codufasha kudatinya ibigeragezo vyodushikira muri kazoza?

7 Twoshobora gutinya ko tuzohava dushikirwa n’ibigeragezo bikomeye, bikatugora kuvyihanganira. Nimba bishika ukiyumvira gutyo, niwibuke aya majambo ya Yehova agira ati: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo. Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga.”​—Yesaya 48:17, 18.

8 Igihe tugamburukira Yehova, turagira amahoro ameze nk’uruzi rutigera rukama, ubugororotsi bwacu na bwo bukamera nk’imipfunda iguma yisuka ku nkengera y’ikiyaga. Naho twoshikirwa n’iki, turashobora kuguma turi intahemuka. Bibiliya isezerana iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.”​—Zaburi 55:22.

‘NUTERE IMBERE UGANA KU BUHUMURE’

9, 10. Kuba uwuhumuye bisobanura iki?

9 Uko ubandanya gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova, ni ko ubandanya ‘gutera imbere ugana ku buhumure.’ (Abaheburayo 6:1) None kuba uwuhumuye bisobanura iki?

10 Kwiterera mu myaka si vyo bituma umukirisu aba uwuhumuye. Kugira tube abahumuye, dutegerezwa kuba dufitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova kandi tukabona ibintu nk’uko abibona. (Yohani 4:23) Paulo yanditse ati: “Abisunga umubiri bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri, mugabo abisunga impwemu bakayishira ku bintu vy’impwemu.” (Abaroma 8:5) Umuntu ahumuye ntashira imbere ivyo kwiryohera canke ibintu vy’umubiri. Ahubwo ashira imbere gukorera Yehova kandi akagira amahitamwo meza. (Imigani 27:11; soma Yakobo 1:2, 3.) Ntiyirekerana ngo yoshwe gukora ikibi. Aramenya ikibereye kandi akagikora.

11, 12. (a) Paulo yavuze iki ku bijanye n’‘ububasha bwo gutegera’? (b) Kuba umukirisu ahumuye no kuba umunonotsi bifitaniye isano irihe?

11 Bisaba akigoro kugira umuntu abe uwuhumuye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, abo ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi, biciye ku gukoreshwa.” (Abaheburayo 5:14) Irivuga “kumenyereza” ritwibutsa ibijanye n’abanonotsi.

12 Iyo tubonye umunonotsi ariko aragira agatebetebe, turatahura ko vyamusavye umwanya n’ukwimenyereza kugira atsimbataze ubwo buhanga. Ntaba yarabuvukanye. Igihe umwana akivuka, ntaba azi gukoresha amaboko n’amaguru yiwe. Ariko uko haca igihe, ariga gufata ibintu no gutambuka. Yimenyereje na ho, arashobora kuba umunonotsi. Na twebwe nyene, bidusaba umwanya n’ukwimenyereza kugira tube abakirisu bahumuye.

13. Ni igiki codufasha kwiyumvira nk’uko Yehova yiyumvira?

13 Muri iki gitabu, twarihweje ukuntu dushobora kwiyumvira nk’uko Yehova yiyumvira kandi tukabona ibintu nk’uko abibona. Twarize gukunda ingingo ngenderwako za Yehova no kuziha agaciro. Igihe tugomba gufata ingingo, dukwiye kwibaza duti: ‘Ni amategeko ayahe canke ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zijanye n’iki kintu? Nozishira mu ngiro gute? Yehova yoshima ko nkora iki?’​—Soma Imigani 3:5, 6; Yakobo 1:5.

14. Twokora iki kugira dukomeze ukwizera kwacu?

14 Gukomeza ukwizera kwacu ni igikorwa kibandanya. Nka kurya nyene ibifungurwa birimwo intungamagara bituma dukomera, kwiga ivyerekeye Yehova biratuma ukwizera kwacu gukomera. Igihe twatangura kwiga Bibiliya, twaramenye ukuri kw’ishimikiro kwerekeye Yehova n’inzira ziwe. Ariko uko haca igihe, turakenera gutahura ibintu vyimbitse. Ico ni co Paulo yashaka kuvuga igihe yagira ati: “Ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye.” Dushize mu ngiro ivyo twiga, turaronka ubukerebutsi. Bibiliya itubwira iti: “Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru.”​—Imigani 4:5-7; 1 Petero 2:2.

15. Gukunda Yehova n’abo dusangiye ukwizera bihambaye ukungana iki?

15 Umuntu arashobora kuba afise amagara meza, ariko arazi ko kugira ayagumane ategerezwa kuguma ayitwararika. Muri ubwo buryo nyene, umuntu ahumuye arazi ko akeneye kwihata kugira ngo ubucuti afitaniye na Yehova bugume bukomeye. Paulo adukebura ati: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.” (2 Abakorinto 13:5) Ariko hariho ikindi dusabwa uretse kugira ukwizera gukomeye. Dutegerezwa kuguma dukomeza urukundo dukunda Yehova n’abo dusangiye ukwizera. Paulo yavuze ati: “Naho noba mfise . . . ubumenyi bwose, kandi naho noba mfise ukwizera kwose ku buryo nimura imisozi, mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ndi ubusa.”​—1 Abakorinto 13:1-3.

NUGUMIZE AMASO KU CIZIGIRO

16. Shetani ashaka iki?

16 Shetani yipfuza ko twiyumvira yuko tudashobora guhimbara Yehova. Yoshima ko ducika intege, tukabona ko ata muti w’ingorane zacu uhari. Ntashaka ko twizigira abavukanyi bacu canke ko tugira umunezero. (Abanyefeso 2:2) Shetani arazi ko kwihebura bishobora kutugirira nabi bikonona n’ubucuti dufitaniye n’Imana. Ariko Yehova yaraduhaye ikintu gishobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro bica intege, na co kikaba ari icizigiro.

17. Kubera iki icizigiro gihambaye?

17 Mu 1 Abatesalonika 5:8, Bibiliya igereranya icizigiro cacu n’inkofero ikingira umutwe w’umusoda mu rugamba. Iyo nkofero Bibiliya iyita “icizigiro c’ubukiriro.” Kwizigira ivyo Yehova yadusezeraniye birashobora gukingira umuzirikanyi wacu, bigatuma turwanya ivyiyumviro bica intege.

18, 19. Icizigiro cakomeje gute Yezu?

18 Icizigiro Yezu yari afise caramukomeje. Mw’ijoro rya nyuma yamaze kw’isi, yarahanganye n’ingorane z’urutavanako. Umugenzi wiwe ashika yaramuhemukiye, uwundi aramwihakana, abandi na bo baramuta barahunga. Abayuda bagenziwe baramuviriye hasi, basaba ko amanikwa. None ni igiki camufashije kwihanganira ivyo bintu bibabaje? Bibiliya ivuga iti: “Ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye igiti co kubabarizwako, asuzugura ibimaramare, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana.”​—Abaheburayo 12:2.

19 Yezu yari azi ko agumye ari intahemuka vyotumye Se wiwe aninahazwa kandi bikerekana ko Shetani ari umubeshi. Ivyo vyatumye agira akanyamuneza kenshi. Yari azi kandi ko yari agiye gusubira kubonana na Se mw’ijuru. Ico cizigiro catumye yihangana. Na twebwe turakwiye gushira umutima ku cizigiro cacu. Ivyo biradufasha kwihangana naho twoshikirwa n’iki.

20. Ni igiki cogufasha kutihebura?

20 Yehova arabona ukwizera kwawe n’ukwihangana kwawe. (Yesaya 30:18; soma Malaki 3:10.) Asezerana kuguha “ivyo umutima wawe usaba.” (Zaburi 37:4) Nugumize umutima ku cizigiro cawe rero. Shetani ashaka ko wihebura, ukabona ko ivyo Yehova yasezeranye bitazokwigera biranguka. Ariko ntureke ngo urengerwe n’umwiheburo. Ubonye ko icizigiro cawe kiriko kirayama, nuce usaba Yehova agufashe. Niwibuke ibivugwa mu Bafilipi 4:6, 7, ahagira hati: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.”

21, 22. (a) Ni umugambi uwuhe Yehova afitiye isi? (b) Wiyemeje gukora iki?

21 Niwame ufata akanya uzirikane kuri kazoza keza kakurindiriye. Vuba, abantu bose bazoba basenga Yehova. (Ivyahishuwe 7:9, 14) Ibaze ukuntu ubuzima bwo mw’isi nshasha buzoba buryoshe! Buzoba burengeye ibintu vyose twokwiyumvira. Shetani, amadayimoni yiwe n’ibintu bibi vyose bizoba vyavuyeho. Indwara n’urupfu ntibizoba bikiriho. Buri musi tuzovyuka dufise inguvu kandi duhimbariwe ubuzima. Twese tuzosenyera ku mugozi umwe mu gutuma iyi si iba iparadizo. Tuzoba dufise ibifungurwa vyiza n’uburaro bwiza. Abantu ntibazosubira gushihana, ahubwo bazoba biyumvanamwo vy’ukuri. Buhorobuhoro, abantu bose bazoba bari kw’isi bazogira “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”​—Abaroma 8:21.

22 Yehova ashaka kukubera Umugenzi somambike. Ku bw’ivyo, nukore ibishoboka vyose kugira umugamburukire wongere umwiyegereze buri musi. Ese twese twoguma mu rukundo rw’Imana ibihe bidahera!​—Yuda 21.