Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 3

Nuhitemwo abagenzi bakunda Imana

Nuhitemwo abagenzi bakunda Imana

“Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—IMIGANI 13:20.

1-3. (a) Mu Migani 13:20 hatwigisha iki? (b) Ni kubera iki dukwiye kwitonda igihe duhitamwo abagenzi?

 WOBA umaze kubona ingene umwana yihweza abavyeyi biwe? N’imbere y’uko amenya kuvuga, aguma abika mu bwenge ivyo abona n’ivyo yumva vyose. Amaze gukura, aca atangura kwigana abavyeyi biwe atanabizi. Ntibitangaje kubona n’abakuze bashobora gutangura kwigana abantu bamarana umwanya. Boshobora gutangura kwiyumvira nka bo canke gukora nk’ivyo bakora.

2 Mu Migani 13:20 hagira hati: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.” Muri ico canditswe, ijambo ‘kugendana’ risobanura kumarana umwanya n’umuntu. Si ukuba muri kumwe gusa. Umuhinga umwe mu vya Bibiliya yavuze ko kugendana n’umuntu birimwo kumukunda no kumwiyumvamwo. Abantu tumarana umwanya baratugirako akosho, canecane igihe tubiyumvamwo.

3 Abagenzi bacu barashobora kutugirako akosho keza canke kabi. Mu Migani 13:20 habandanya hati: “Uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” Mu giheburayo, ‘kugiranira imigenderanire’ n’umuntu birashobora gusobanura ‘kugiranira ubugenzi’ na we. (Imigani 22:24; Abacamanza 14:20) Abagenzi bakunda Imana baraturemesha kuguma turi intahemuka kuri yo. Reka turabe abantu Yehova ahitamwo ngo bamubere abagenzi. Ivyo biradufasha kubona ingene natwe twohitamwo neza abagenzi.

NI BANDE IMANA IGIRA ABAGENZI?

4. Kubera iki kuba umugenzi w’Imana ari iteka ridasanzwe? Kubera iki Yehova yise Aburahamu “umugenzi” wiwe?

4 Yehova, we Segaba w’ibiriho vyose, aremera ko tumubera abagenzi. Iryo ni iteka ridasanzwe. Yehova ahitamwo abagenzi avyitondeye. Ahitamwo abamukunda kandi bakamwizera. Dufate akarorero ka Aburahamu. Yaremera gukora ivyo Imana imusavye vyose. Incuro n’izindi, yarerekanye ko yizera Imana be n’uko ayigamburukira. Yaremeye no gutanga umwana wiwe Izahaki kw’ikimazi. Yarizera ko “Imana yari ishoboye no kumuzura mu bapfuye.” (Abaheburayo 11:17-19; Itanguriro 22:1, 2, 9-13) Aburahamu yarizera Yehova kandi akamugamburukira. Ni co gituma Yehova yamwise “umugenzi” wiwe.​—Yesaya 41:8; Yakobo 2:21-23.

5. Yehova abona gute abantu batamuhemukira?

5 Yehova araha agaciro abagenzi biwe. Abagenzi biwe babona ko kuba intahemuka kuri we ari vyo biza imbere y’ibindi vyose. (Soma 2 Samweli 22:26.) Urukundo bamukunda rutuma batamuhemukira kandi bakamugamburukira. Bibiliya ivuga ko kugiranira “ubugenzi somambike” n’Imana ari “ivy’abagororotse,” ni ukuvuga abayigamburukira. (Imigani 3:32) Yehova aratumira abagenzi biwe ngo babe abashitsi badasanzwe mw’“ihema” ryiwe. Arabatumira ngo bamukorere bongere bamusenge igihe cose bavyipfuza.​—Zaburi 15:1-5.

6. Twokwerekana gute ko dukunda Yezu?

6 Yezu yavuze ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza ijambo ryanje, kandi Dawe azomukunda.” (Yohani 14:23) Ku bw’ivyo, kugira tube abagenzi ba Yehova turakeneye kandi gukunda Yezu no gukora ivyo yatwigishije. Nk’akarorero, turagamburuka itegeko Yezu yaduhaye ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20; Yohani 14:15, 21) Kubera yuko dukunda Yezu, ‘turakurikira neza intambuko ziwe.’ (1 Petero 2:21) Yehova arahimbarwa abonye ko turiko turinanata ngo twigane Umwana wiwe mu vyo tuvuga no mu vyo dukora vyose.

7. Kubera iki abagenzi ba Yehova ari bo dukwiye kugira abagenzi?

7 Abagenzi ba Yehova barangwa n’ukwizera, ukudahemuka, ukugamburuka n’ugukunda Umwana wiwe. Twoba twigana Yehova mu guhitamwo abagenzi? Nimba abagenzi bawe bigana Yezu kandi bakigisha n’umwete ivyerekeye Ubwami bw’Imana, barashobora kugufasha kuba umuntu mwiza no kuguma uri intahemuka kuri Yehova.

TWIGIRE KU BURORERO BWO MURI BIBILIYA

8. Ni igiki ushima uravye ubugenzi bwari hagati ya Rusi na Nawomi?

8 Bibiliya irimwo inkuru z’abantu benshi babaye abagenzi, nka Rusi na inabukwe Nawomi. Abo bagore baturuka mu bihugu bitandukanye bakagira n’imico kama itandukanye, kandi Nawomi yararuta cane Rusi. Ariko barabaye abagenzi somambike kubera ko bompi bakunda Yehova. Igihe Nawomi yagira ave i Mowabu ngo asubire muri Isirayeli, ‘Rusi yaramase kuri we.’ Yabwiye Nawomi ati: “Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.” (Rusi 1:14, 16) Rusi yarakunda cane Nawomi. Bamaze gushika muri Isirayeli, Rusi yarakoze cane kugira afashe umugenzi wiwe Nawomi. Nawomi yarakunda cane Rusi kandi yaramuha impanuro nziza. Rusi na we yaramwumvira, kandi ivyo vyatumye bompi bahezagirwa cane.​—Rusi 3:6.

9. Ni igiki kigukora ku mutima uravye ubugenzi bwari hagati ya Dawidi na Yonatani?

9 Akandi karorero k’ababaye abagenzi beza ni aka Dawidi na Yonatani. Bompi bari intahemuka kuri Yehova. Yonatani yarusha Dawidi imyaka nka 30 kandi ni we yari guca aba Umwami wa Isirayeli se wiwe amaze gupfa. (1 Samweli 17:33; 31:2; 2 Samweli 5:4) Yamara igihe yamenya ko Yehova yari yatoye Dawidi ngo abe umwami, ntiyamugiriye ishari. Ahubwo yarakoze ibishoboka vyose kugira amushigikire. Nk’akarorero, igihe Dawidi yari ageramiwe, Yonatani ‘yaramukomeje mu vyerekeye Imana.’ Yarahatswe no kuhasiga ubuzima kubera Dawidi. (1 Samweli 23:16, 17) Na Dawidi nyene ntiyahemukiye Yonatani. Yarasezeraniye Yonatani kuzokwitwararika umuryango wiwe, kandi yarashikije iryo sezerano n’igihe Yonatani yari amaze gupfa.​—1 Samweli 18:1; 20:15-17, 30-34; 2 Samweli 9:1-7.

10. Akarorero ka ba Baheburayo batatu kakwigisha iki ku bijanye n’ubugenzi?

10 Shaduraki, Meshaki na Abedinego bari abasore batatu b’Abaheburayo, bakaba bari abagenzi. Abo basore bakuwe iwabo bakiri abana bajanwa kure y’imiryango yabo, ariko bagumye baremeshanya kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Mu nyuma, bamaze gukura, ukwizera kwabo kwarageragejwe igihe Umwami Nebukadinezari yabategeka gusenga igishusho c’inzahabu. Shaduraki, Meshaki na Abedinego baranse gusenga ico gishusho, babwira umwami bati: “Imana zawe [si] zo dukorera, kandi igishusho c’inzahabu wahagaritse, ntituza kugisenga.” Igihe ukwizera kwabo kwageragezwa, abo bagenzi batatu bagumye ari intahemuka ku Mana.​—Daniyeli 1:1-17; 3:12, 16-28.

11. Ni igiki catumye Paulo na Timoteyo baba abagenzi somambike?

11 Igihe intumwa Paulo yahura na wa musore Timoteyo, yarabonye ko akunda Yehova kandi ko yitwararika ishengero vy’ukuri. Paulo yaciye amenyereza Timoteyo kugira ashobore gufasha abavukanyi bo mu turere dutandukanye. (Ivyakozwe 16:1-8; 17:10-14) Timoteyo yarakora cane ku buryo Paulo yavuze ati: “Yakoranye nanje nk’umushumba mu guteza imbere inkuru nziza.” Paulo yari azi ko Timoteyo “yitaho [abavukanyi] koko.” Gukorera Yehova bari kumwe vyatumye baba abagenzi somambike.​—Abafilipi 2:20-22; 1 Abakorinto 4:17.

INGENE TWOHITAMWO ABAGENZI

12, 13. (a) Ni kubera iki no mw’ishengero tudakwiye gupfa abo tugize abagenzi? (b) Kubera iki intumwa Paulo yatanze impanuro dusanga mu 1 Abakorinto 15:33?

12 Mw’ishengero, turashobora kugira ivyo twigiye ku bavukanyi bacu kandi tugafashanya kuguma turi intahemuka. (Soma Abaroma 1:11, 12.) Ariko no mw’ishengero ntidukwiye gupfa abo tugize abagenzi. Dufise imico kama itandukanye kandi twaciye mu bintu bitandukanye. Bamwe ni bashasha, abandi bamaze imyaka myinshi bakorera Yehova. Nka kurya nyene bisaba umwanya kugira ngo icamwa gishe, ni ko bisaba umwanya kugira ubucuti umuntu afitaniye na Yehova bukomere. Turakwiye rero kwihanganirana no gukundana kandi tukama duhitamwo abagenzi tuvyitondeye.​—Abaroma 14:1; 15:1; Abaheburayo 5:12–6:3.

13 Mw’ishengero hoshobora kuba ibintu bisaba ko twiyubara cane. Umuvukanyi yoshobora kuba ariko arakora ibintu Bibiliya ivuga ko ari bibi. Canke umuntu yoshobora kwadukana agatima ko kwidodomba, ivyo bikaba bishobora kugirira nabi ishengero. Ivyo ntibidutangaza kuko no mu kinjana ca mbere vyashika hakaduka ingorane mw’ishengero. Kanatsinda, intumwa Paulo yahanuye abakirisu b’ico gihe ati: “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:12, 33) Paulo kandi yarahanuye Timoteyo ngo yiyubare ntapfe abo agize abagenzi somambike. Natwe dukwiye kwiyubara.​—Soma 2 Timoteyo 2:20-22.

14. Abagenzi bacu bashobora kugira ingaruka izihe ku bucuti dufitaniye na Yehova?

14 Dukwiye gukingira ubucuti dufitaniye na Yehova. Ni co kintu c’agaciro kuruta ibindi vyose dufise. Ku bw’ivyo, turirinda kugiranira ubugenzi bwa hafi n’umuntu yohava atuma ukwizera kwacu kugoyagoya, maze ubucuti dufitaniye na Yehova bugaca bwononekara. Ntushobora kujobeka ipampa mu mazi mabi ngo witege ko rivayo ritekeye amazi meza. Na twebwe ntidushobora kwifatanya n’abantu bakora ibibi hama ngo twitege ko bitworohera gukora ivyiza. Turakwiye kwitonda mu guhitamwo abo tugira abagenzi somambike.​—1 Abakorinto 5:6; 2 Abatesalonika 3:6, 7, 14.

Urashobora kuronka abagenzi beza bakunda Yehova

15. Wokora iki kugira uronke abagenzi beza mw’ishengero?

15 Mw’ishengero hariho abantu bakunda Yehova vy’ukuri. Barashobora kukubera abagenzi bashika. (Zaburi 133:1) Nturonderere abagenzi mu bo munganya imyaka gusa canke mu bo musangiye imico kama. Niwibuke ko Yonatani yaruta Dawidi cane, kandi ko na Rusi yari muto cane kuri Nawomi. Turakwiye gukurikiza impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Nimwaguke.” (2 Abakorinto 6:13; soma 1 Petero 2:17.) Uko wigana Yehova, ni ko abandi bazokwipfuza kukubera abagenzi.

IGIHE HAVYUTSE INGORANE

16, 17. Igihe mw’ishengero hari uwutubabaje, ni igiki tudakwiye gukora?

16 Abagize umuryango usanga batandukanye muri kamere, mu vyiyumviro no mu kuntu bakora ibintu. Ni ko bimeze no mw’ishengero. Ubwo budasa buratuma ubuzima buryoha bukanatuma umwe wese agira vyinshi yigiye ku wundi. Ariko birashika ubwo budasa bugatuma dutahura nabi abavukanyi bacu, tukanabashavurira. Rimwe na rimwe vyoshika abandi bakatubabaza. (Imigani 12:18) Twoba dukwiye kureka izo ngorane zikaduca intege canke zigatuma duheba kwifatanya n’ishengero?

17 Habe namba. Naho vyoshika hakagira uwutubabaza, ntitwoca duheba kwifatanya n’ishengero. Yehova si we aba yatubabaje. Yaraduhaye ubuzima n’ibindi bintu vyose dukeneye. Arabereye ko tumukunda kandi ntitumuhemukire. (Ivyahishuwe 4:11) Ishengero ni ingabire Yehova yaduhaye idufasha kuguma dukomeye mu kwizera. (Abaheburayo 13:17) Ntidukwiye kwigera duheba iyo ngabire ngo ni uko gusa hari uwatubabaje.​—Soma Zaburi 119:165.

18. (a) Ni igiki codufasha kwumvikana n’abavukanyi bacu? (b) Kubera iki dukwiye guharira abandi?

18 Turakunda abavukanyi bacu kandi twipfuza kuguma twumvikana na bo. Yehova ntiyitega ko tuba aberanda, kandi na twe ntidukwiye kwitega ko abandi baba aberanda. (Imigani 17:9; 1 Petero 4:8) Twese turakora amakosa, ariko urukundo ruradufasha kuguma ‘tubabarirana ata gahigihigi.’ (Abakolosayi 3:13) Urukundo ruratuma twirinda kugagamisha ingorane. Tuvugishije ukuri, igihe hari umuntu yatubabaje, birashobora kutugora kuvyibagira. Biroroshe ko tumushavurira kandi tukamubikira inzika. Ariko ivyo nta kindi bivamwo atari ukutubabaza mu mutima. Ku rundi ruhande, iyo duhariye uwatubabaje, turagira amahoro mu mutima n’ubumwe mw’ishengero. Ikiruta vyose, biratuma tugiranira ubucuti bwiza na Yehova.​—Matayo 6:14, 15; Luka 17:3, 4; Abaroma 14:19.

IGIHE HAGIZE UWUCIBWA

19. Ni ryari vyokenerwa ko tureka kwifatanya n’umuntu wo mw’ishengero?

19 Mu muryango ukundana, umwe wese aragira ico aterereye kugira ngo abandi bahimbarwe. Ariko dufate ko umwe muri bo agararije. Abagize umuryango bose boshobora kuguma bagerageza kumufasha, mugabo akagagaza. Yoshobora gufata ingingo yo kuva muhira akigira, canke serugo akamusaba gukura meza. Ikintu nk’ico coshobora kuba mw’ishengero. Umuntu yoshobora kuguma akora ibintu bidahimbara Yehova kandi bigirira nabi ishengero. Arashobora kwanka impanuro kandi agakora ibintu vyerekana ko atagishaka kuguma mw’ishengero. Yoshobora kwikura mw’ishengero canke bikaba ngombwa ko acibwa. Igihe ivyo bishitse, Bibiliya ivuga ko dukwiye “kureka kwivanga” n’uwo muntu. (Soma 1 Abakorinto 5:11-13; 2 Yohani 9-11) Vyoshobora kutugora gushira mu ngiro iyo mpanuro igihe uwo yaciwe ari umugenzi canke incuti. Igihe ibintu vyifashe gutyo, kudahemukira Yehova ni vyo bikwiye kuza imbere y’ibindi.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 8.

20, 21. (a) Kubera iki guca mw’ishengero umucumuzi ari ikintu kiranga urukundo? (b) Kubera iki bihambaye ko duhitamwo abagenzi bacu tuvyitondeye?

20 Guca mw’ishengero umucumuzi atigaya ni intunganyo Yehova yadushiriyeho kubera adukunda. Biratuma abantu batibanga amategeko y’Imana bataguma mw’ishengero ngo baryonone. (1 Abakorinto 5:7; Abaheburayo 12:15, 16) Biraduha akaryo ko kwerekana ko dukunda Yehova, izina ryiwe ryeranda n’ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru. (1 Petero 1:15, 16) Iyo ntunganyo kandi irerekana ko dukunda uwo muntu aba yaciwe. Ukwo gukosorwa gukomeye kurashobora kumufasha kubona ko ivyo ariko arakora ari bibi, bigatuma yikubita agashi. Abantu benshi bari baraciwe bahavuye bagaruka kuri Yehova maze ishengero ribakirana igishika.​—Abaheburayo 12:11.

21 Abagenzi bacu baratugirako akosho muri ubu buryo canke buriya. Birahambaye rero ko tubahitamwo tuvyitondeye. Nitwakunda abo Yehova akunda, tuzosanga dukikujwe n’abantu badufasha kuguma turi intahemuka kuri we ibihe bidahera.