Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 16

Nurwanye Shetani

Nurwanye Shetani

“Murwanye Shetani, na we azobahunga.”​—YAKOBO 4:7.

1, 2. Ni igiki dukwiye kumenya ku bijanye na Shetani n’amadayimoni yiwe?

 UBUZIMA bwo mw’isi nshasha buzoba buryoshe cane. Tuzoba tugiye twabaho nk’uko Yehova yashaka. Ariko ubu tubaye mw’isi itwarwa na Shetani n’amadayimoni yiwe. (2 Abakorinto 4:4) Naho tudashobora kubabona, barabaho kandi bari n’ububasha bwinshi.

2 Muri iki kigabane, turaza kubona ukuntu twoguma twiyegereje Yehova, gutyo tukaba twikingiye Shetani. Yehova adusezeranira kudufasha. Ariko turakeneye kumenya amayeri Shetani n’amadayimoni yiwe bakoresha kugira batugirire nabi.

“NK’INTAMBWE IROHA”

3. Shetani aguma arondera iki?

3 Shetani avuga ko dukorera Yehova tubitumwe n’ubwikunzi be n’uko dushikiwe n’ingorane twoca tureka kumukorera. (Soma Yobu 2:4, 5.) Iyo umuntu yipfuje kwiga ivyerekeye Yehova, Shetani n’amadayimoni yiwe barabibona, bagaca bagerageza kumutesha. Barashavura igihe umuntu yiyeguriye Yehova akabatizwa. Bibiliya igereranya Shetani n’‘intambwe iroha, irondera uwo irotsa.’ (1 Petero 5:8) Shetani aguma arondera kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova.​—Zaburi 7:1, 2; 2 Timoteyo 3:12.

Shetani arashavura cane igihe twiyeguriye Yehova

4, 5. (a) Ni igiki Shetani adashobora gukora? (b) ‘Turwanya Shetani’ gute?

4 Ariko ntidukwiye gutinya Shetani n’amadayimoni yiwe. Yehova yarabashingiye akarimbi mu vyo bashobora kutugirira. Asezerana ko “isinzi rinini” rigizwe n’abakirisu b’ukuri rizorokoka “ya makuba akomeye.” (Ivyahishuwe 7:9, 14) Nta kintu na kimwe Shetani yokora ngo ahagarike uwo mugambi, kuko Yehova akingira abasavyi biwe.

5 Tugumye twiyegereje Imana, Shetani ntashobora kwonona ubucuti dufitaniye na yo. Ijambo ry’Imana ridukura amazinda riti: “Yehova azobana namwe nimwabana na we.” (2 Ngoma 15:2; soma 1 Abakorinto 10:13.) Abantu benshi b’abizigirwa babayeho kera, nka Abeli, Henoki, Nowa, Sara na Musa, bararwanije Shetani mu kuguma biyegereje Yehova. (Abaheburayo 11:4-40) Natwe turashobora kubigana. Ijambo ry’Imana ridusezeranira riti: “Murwanye Shetani, na we azobahunga.”​—Yakobo 4:7.

“DUFISE INTAMBARA YO KUNIGANA”

6. Shetani adutera mu buryo ubuhe?

6 Naho Shetani azi ko Yehova yamushingiye akarimbi mu vyo ashobora kutugirira, aguma arondera kwonona ubucuti dufitaniye n’Imana. Muri iki gihe, Shetani adutera mu buryo butandukanye akoresheje amayeri amaze imyaka n’iyindi akoresha. None amwamwe muri ayo mayeri ni ayahe?

7. Kubera iki Shetani agaba ibitero ku basavyi ba Yehova?

7 Intumwa Yohani yanditse ati: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Shetani yarigaruriye ino si mbi, kandi ashaka no kwigarurira abasavyi ba Yehova. (Mika 4:1; Yohani 15:19; Ivyahishuwe 12:12, 17) Arazi ko ata mwanya munini asigaranye, ni co gituma aguma aducucagira ibitero kugira duhemukire Imana. Rimwe na rimwe arakoresha ibitero vy’imbonankubone, mu bindi bihe na ho agakoresha ibitero vyihishije.

8. Ni igiki umukirisu wese akwiye gutahura?

8 Mu Banyefeso 6:12 hagira hati: “Dufise intambara yo kunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.” Umukirisu wese ategerezwa kurwana na Shetani n’amadayimoni yiwe. Turakwiye gutahura ko abiyeguriye Yehova bose bari muri iyo ntambara. Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abanyefeso yabahimirije incuro zitatu ngo ‘bahagarare bashikamye.’​—Abanyefeso 6:11, 13, 14.

9. Shetani n’amadayimoni yiwe barondera kudukorera iki?

9 Shetani n’amadayimoni yiwe baragerageza kutuzimiza mu buryo butandukanye. Naho twoba tumaze kunanira Shetani mu kigeragezo kimwe, ntibica bisobanura ko atodutsinda akoresheje ikindi. Shetani arihweza aho tugoyagoya kugira amenye umutego adutega. Ariko si ngombwa ngo tugwe mu mitego yiwe, kuko Bibiliya iyiduhishurira. (2 Abakorinto 2:11; raba akajambo ko ku mpera ka 31.) Umwe muri iyo mitego ni ukuja mu bupfumu.

NIWAMIRIRE KURE UBUPFUMU

10. (a) Ubupfumu ni iki? (b) Yehova abubona gute?

10 Ubupfumu bugizwe n’ibintu nsigabwenge bituma umuntu akorana n’amadayimoni, aho hakaba harimwo kuragura, kuroga, gutongera canke kurondera kuvugana n’abapfuye. Bibiliya itubwira ko ubupfumu ari “ikintu giteye ishishi” be n’uko tudashobora kubujamwo ngo twongere tuvuge ko dusenga Yehova. (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; Ivyahishuwe 21:8) Abakirisu barakwiye kwitandukanya n’ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’ubupfumu.​—Abaroma 12:9.

11. Gukunda ibintu nsigabwenge vyodushikana ku ki?

11 Shetani arazi ko igihe dukunda ibintu nsigabwenge, bica bimworohera kudukwegera mu bupfumu. Twisutse mu bwoko ubwo ari bwo bwose bw’ubupfumu, ubucuti dufitaniye na Yehova buba bwononekaye.

SHETANI ARONDERA KUDUHENDA

12. Shetani ashaka ko dusigara tubona ibintu gute?

12 Shetani aguma arondera kuvuruga ubwenge bw’abantu. Agenda arabiba inkeka mu bantu ku buryo bibagora gutandukanya iciza n’ikibi. (Yesaya 5:20) Ashaka ko twiyumvira ko impanuro zo muri Bibiliya ata co zimaze be n’uko tworushiriza kugira agahimbare hamwe twobaho twirengagiza ingingo ngenderwako z’Imana.

13. Shetani yagerageje gute kubiba inkeka mu bantu?

13 Bumwe mu buryo Shetani akoresha kandi akaroranirwa ni ukubiba inkeka. Yabukoresheje kuva kera. Muri Edeni, yaragerageje kubiba inkeka muri Eva igihe yamubaza ati: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?” (Itanguriro 3:1) Mu gihe ca Yobu, Shetani yabajije Yehova imbere y’abamarayika ati: “Ugira ngo Yobu atinyira Imana ubusa?” (Yobu 1:9) Aho Yezu amariye kubatizwa na ho, Shetani yamugerageje mu kumubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye acike imikate.”​—Matayo 4:3.

14. Shetani agerageza gute kwerekana ko ubupfumu atari bubi?

14 N’ubu Shetani arabandanya kubiba inkeka mu bantu. Aragerageza kwereka abantu ko ubupfumu atari bubi cane, mu gutuma ubwoko bumwebumwe bwabwo buboneka ko ata co butwaye. Mbere n’abakirisu bamwebamwe baraguye muri uwo mutego. (2 Abakorinto 11:3) None twokora iki kugira twikingire? Twomenya gute ko tutariko turahendwa na Shetani? Reka turabe ibintu bibiri yokoresha mu kuduhenda, na vyo akaba ari ukwinezereza n’ukwivuza.

SHETANI AFATIRA KU VYIPFUZO VYACU

15. Dushobora gute gusanga twagiye mu vy’amashetani biciye ku kwinezereza?

15 Muri iki gihe, amasinema menshi, ibiganiro vyo kuri televiziyo, udukino two kuri orodinateri be n’imihora ya internet usanga vyuzuyemwo ibintu vy’amashetani, ivy’amageza n’ivy’ububasha nsigabwenge. Benshi babona ko ivyo bintu ata co bitwaye, ntibamenye ko bariko barikwegera amadayimoni. Umuntu arashobora kandi kuja mu vy’ubupfumu mu kurondera kumenya ivya kazoza biciye ku kwiheza uturongo two mu biganza, mu kuragurira ku nyenyeri, mu gusigura indoto, n’ibindi nk’ivyo. Shetani arahisha akaga kari muri ivyo bintu mu gutuma biboneka ko bisiga ubwenge, ko bitangaje be n’uko bitwenza. Umuntu arashobora no kwiyumvira ko kuraba ivyo bintu ata kibi kirimwo, akire gusa kutabikora. Kubera iki none ukwo ari ukwihenda?​—1 Abakorinto 10:12.

16. Kubera iki dukwiye kwirinda uburyo bwo kwisamaza burimwo ibintu nsigabwenge?

16 Shetani n’amadayimoni yiwe ntibashobora gusoma ibiri mu mutima wacu. Ariko barashobora kumenya ivyo twipfuza n’ivyo twiyumvira mu kwihweza amahitamwo tugira ku bwacu no ku bw’umuryango wacu, ushizemwo n’uburyo bwo kwinezereza duhitamwo. Nimba ukunda amasinema, imiziki canke ibitabu birimwo ibintu vy’ubupfumu, ivy’amageza, ivy’ukwizizirwa n’amadayimoni, ivy’abarozi, ivy’ibihume, ivy’imizimu n’ibindi nk’ivyo, Shetani n’amadayimoni baca babona ko ushaka kumenya ivyabo. Baca barondera ingene wobicokeramwo cane.​—Soma Abagalatiya 6:7.

17. Shetani yoshobora gute gufatira ku cipfuzo dufise co kugira amagara meza?

17 Shetani arashobora kandi gufatira ku cipfuzo dufise co kugira amagara meza. Muri iki gihe, abantu benshi barafise ingorane z’amagara. Umuntu arashobora kuba yarivuje kenshi ariko bikanka. (Mariko 5:25, 26) Yoshobora no kwihebura ku buryo yemera ivyo bamubwiye vyose. Ariko twebwe abakirisu turakwiye kuba maso kugira ntiduhave twivuza mu buryo burimwo “ivy’amageza.”​—Yesaya 1:13.

Igihe urwaye, niwiheke kuri Yehova

18. Ni uburyo bwo kwivuza ubuhe umukirisu akwiye kwirinda?

18 Kera muri Isirayeli, abantu bamwebamwe baragira “ivy’amageza.” Yehova yababwiye ati: “Iyo mugaranzuye ibiganza, ndabahisha amaso yanje. Naho mutura amasengesho menshi, sinumviriza.” (Yesaya 1:15) Ibaze nawe! Yehova ntiyaruha yumviriza amasengesho yabo. Ntitwipfuza gukora ikintu na kimwe cokwonona ubucuti dufitaniye na Yehova, bigatuma atadufasha na canecane igihe turwaye. (Zaburi 41:3) Turakwiye rero kuraba ko uburyo bwo kwivuza duhitamwo budafitaniye isano na rimwe n’ubupfumu canke ububasha nsigabwenge. (Matayo 6:13) Dusanze hari ukuntu vyoba bifitaniye isano, dukwiye kubwirinda.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 32.

INKURU Z’IVY’AMADAYIMONI

19. Ni gute Shetani atuma abantu benshi bagira ubwoba?

19 Naho abantu bamwebamwe biyumvira ko Shetani n’amadayimoni batabaho, hari abandi bazi neza ko babaho kubera ivyabashikiye. Abantu benshi baratinya amadayimoni kandi usanga bariziziwe n’imigenzo ishingiye ku kwemera ibintazi. Abandi baratuma abantu bayatinya mu gukwiragiza inkuru z’ibintu biteye ubwoba akora. Usanga abantu baryoherwa n’izo nkuru, bagakunda no kuzibwira abandi. Izo nkuru akenshi zituma abantu batinya Shetani.

20. Ni gute twosanga turiko turakwiragiza ibinyoma vya Shetani?

20 Iyumvire iki kintu: Shetani ashaka ko abantu bamutinya. (2 Abatesalonika 2:9, 10) Ni umubeshi kandi arazi ingene ahenda abakunda ivy’ubupfumu, agatuma bemera ibintu atari vyo. Abo bantu barashobora kwigana inkuru z’ibintu biyumvira ko babonye canke bumvise. Uko abandi bagenda barahanahana izo nkuru, ni ko bagenda barazirungamwo akunyu. Ntitwipfuza gufasha Shetani gutera ubwoba abantu mu kuza turakwiragiza mwene izo nkuru.​—Yohani 8:44; 2 Timoteyo 2:16.

21. Aho kubwira abandi inkuru zerekeye amadayimoni, dukwiye kubabwira iki?

21 Nimba hari Icabona ca Yehova yigeze kuja mu vy’amadayimoni, ntakwiye kuza aratera abandi inkuru z’ivyo bintu. Twebwe abasavyi ba Yehova ntidukwiye guterwa ubwoba n’ibintu Shetani n’amadayimoni bakora. Ahubwo dukwiye gushira umutima kuri Yezu no ku bubasha Yehova yamuhaye. (Abaheburayo 12:2) Yezu ntiyaza ariganira abigishwa biwe inkuru zerekeye amadayimoni. Yibanda ku butumwa bw’Ubwami no ku “bintu vy’agatangaza vy’Imana.”​—Ivyakozwe 2:11; Luka 8:1; Abaroma 1:11, 12.

22. Wiyemeje gukora iki?

22 Ntitwigere twibagira ko intumbero ya Shetani ari ukwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Nta co atazokora kugira ayishikeko. Ariko ntituyobewe imigabo yiwe kandi twiyemeje kwirinda ikintu cose gifitaniye isano n’amadayimoni. Ntidukwiye guha Shetani akaryo na kamwe. (Soma Abanyefeso 4:27.) Nitwarwanya Shetani, ntituzogwa mu mitego yiwe kuko Yehova azodukingira.​—Abanyefeso 6:11.