Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 5

Ingene twoguma twitandukanije n’isi

Ingene twoguma twitandukanije n’isi

‘Ntimuri ab’isi.’​—YOHANI 15:19.

1. Ni igiki cari kiraje ishinga Yezu buca yicwa?

 HARI mw’ijoro buca Yezu yicwa. Yari azi ko ari mu gutandukana n’abigishwa biwe, akaba yari arajwe ishinga na kazoza kabo. Yababwiye ati: ‘Ntimuri ab’isi.’ (Yohani 15:19) Mu nyuma, yarasenze Se wiwe abasabira ati: “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:15, 16) None Yezu yashaka kuvuga iki?

2. “Isi” Yezu yavuze yerekeza ku ki?

2 Iyo “si” Yezu yavuze yerekeza ku bantu batazi Imana, batwarwa na Shetani. (Yohani 14:30; Abanyefeso 2:2; Yakobo 4:4; 1 Yohani 5:19) None ni mu buryo ki ‘tutari ab’isi’? Muri iki kigabane turihweza ubu buryo butandukanye: Tuguma turi intahemuka ku Bwami bw’Imana kandi ntituja muri politike. Turananira impwemu y’isi. Turambara rupfasoni kandi ntiturenza urugero mu kwishariza. Tubona amahera mu buryo bubereye. Vyongeye, turambara umwambaro w’ibirwanisho Imana ituronsa.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 16.

NUBE INTAHEMUKA KU BWAMI BW’IMANA

3. Yezu yabona gute ivyo kuja muri politike?

3 Igihe Yezu yari kw’isi, yarabonye ko abantu bari bafise ingorane nyinshi. Yarabitwararika kandi yarashaka kubafasha. None yoba yaciye aba indongozi mu vya politike? Habe namba. Yari azi ko ico abantu bakeneye vy’ukuri ari Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yayo. Yezu ni we yobaye Umwami w’ubwo Bwami, kandi ni bwo yamamaza. (Daniyeli 7:13, 14; Luka 4:43; 17:20, 21) Ntiyigeze aja muri politike. Igihe yari imbere ya Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato, yavuze ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Abigishwa biwe ba kera na bo nyene ntibaja muri politike. Igitabu kimwe cavuze ko abakirisu bo mu ntango “batemera guhabwa igiti muri politike.” Ni ko bimeze no ku bakirisu bo muri iki gihe. Tuguma turi intahemuka ku Bwami bw’Imana kandi ntituja muri politike.​—Matayo 24:14.

Woba ushobora gusigura igituma ushigikira Ubwami bw’Imana udahemuka?

4. Twerekana gute ko dushigikira Ubwami bw’Imana?

4 Ambasaderi aba aserukira igihugu ciwe mu makungu. Ku bw’ivyo, ntiyisuka muri politike y’igihugu akoreramwo. Abakirisu barobanuwe, ni ukuvuga abafise icizigiro co kuzoganza bari kumwe na Kristu mw’ijuru, na bo nyene bameze nk’abaserukira ibihugu vyabo mu makungu. Paulo yabandikiye ati: “Turi . . . abaserukira Kristu mu kibanza ciwe.” (2 Abakorinto 5:20) Abarobanuwe baserukira intwaro y’Imana. Ntibisuka mu bibazo vya politike y’ino si. (Abafilipi 3:20) Ahubwo barafasha abantu amamiliyoni kumenya ivyerekeye intwaro y’Imana. Abo mu “zindi ntama,” bano bakaba bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana, barashigikira abarobanuwe. Na bo nyene ntibaja muri politike. (Yohani 10:16; Matayo 25:31-40) Biratomoye rero ko ata mukirisu w’ukuri akwiye kuja muri politike.​—Soma Yesaya 2:2-4.

5. Ni imvo imwe iyihe ituma abakirisu b’ukuri bataja mu ntambara?

5 Abakirisu b’ukuri babona ko abo basangiye ukwizera bose ari umuryango wabo, kandi barunze ubumwe naho bava mu bihugu bitandukanye. (1 Abakorinto 1:10) Hamwe twoja mu ntambara, twoba turiko turarwanya abo mu muryango wacu, kandi Yezu yadutegetse kubakunda. (Yohani 13:34, 35; 1 Yohani 3:10-12) N’ikirushirije, Yezu yabwiye abigishwa biwe ngo bakunde n’abansi babo.​—Matayo 5:44; 26:52.

6. Abasavyi ba Yehova babona gute leta?

6 Naho tutaja muri politike, turihatira kuba abanyagihugu beza. Nk’akarorero, turubaha leta mu kugamburuka amategeko ishinga no mu kuriha amakori. Ariko twama twitwararika ‘guha Imana ivyayo.’ (Mariko 12:17; Abaroma 13:1-7; 1 Abakorinto 6:19, 20) Muri ivyo harimwo kuyikunda, kuyigamburukira no kuyisenga. Dupfuma twemera gupfa hako tugambararira Yehova.​—Luka 4:8; 10:27; soma Ivyakozwe 5:29; Abaroma 14:8.

NUNANIRE “IMPWEMU Y’ISI”

7, 8. “Impwemu y’isi” igaragarira mu biki, kandi ituma abantu bamera gute?

7 Kuguma twitandukanije n’isi ya Shetani bisobanura ko tutareka ngo “impwemu y’isi” ituganze. Iyo mpwemu igaragarira mu vyiyumviro no mu bikorwa biva kuri Shetani, kandi ni yo iganza abantu badakorera Yehova. Ariko abakirisu barananira iyo mpwemu. Nk’uko Paulo yabivuze, “ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana.”​—1 Abakorinto 2:12; Abanyefeso 2:2, 3; raba akajambo ko ku mpera ka 17.

8 Impwemu y’isi ituma abantu baba abikunda, abibona n’abagarariji. Ituma biyumvira ko badakeneye kugamburukira Imana. Shetani ashaka ko abantu bakora ivyo bishakiye vyose batarinze kwiyumvira ingaruka zavyo. Ashaka ko abantu biyumvira ko ‘ivyipfuzo vy’umubiri n’ivyipfuzo vy’amaso’ ari vyo bihambaye cane mu buzima. (1 Yohani 2:16; 1 Timoteyo 6:9, 10) Shetani arondera canecane kuzimiza twebwe abasavyi ba Yehova kugira twiyumvire nk’uko yiyumvira.​—Yohani 8:44; Ivyakozwe 13:10; 1 Yohani 3:8.

9. Impwemu y’isi ishobora kutwandukira gute?

9 Impwemu y’isi irakwiye hose nka kurya kw’umuyaga. Tutayirwanije twivuye inyuma, irashobora kutwandukira. (Soma Imigani 4:23.) Irashobora kutwandukira biciye ku bintu womenga nta co bitwaye, nko kwirekerana tukoshwa n’ivyiyumviro vy’abantu badasenga Yehova canke inyifato yabo. (Imigani 13:20; 1 Abakorinto 15:33) Irashobora kandi kutwandukira biciye ku mashusho y’ibiterasoni, ubuhuni canke inkino zirimwo uguhiganwa kurenze urugero.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 18.

10. Twonanira gute impwemu y’isi?

10 None twokwirinda gute kwandukirwa n’impwemu y’isi? Turakeneye kuguma twiyegereje Yehova kandi tukayoborwa n’ubukerebutsi bwiwe. Turakwiye kwama tumusaba impwemu yiwe nyeranda kandi tukaguma dufise vyinshi dukora mu gikorwa ciwe. Yehova nta wumurusha ububasha kw’isi no mw’ijuru. Turazi neza ko ashobora kudufasha kunanira impwemu y’isi.​—1 Yohani 4:4.

NIWAMBARE MU BURYO BUTERA ITEKA IMANA

11. Impwemu y’isi ituma abantu bambara gute?

11 Turerekana kandi ko tutari ab’isi biciye ku kuntu twambara. Abantu benshi muri ino si bambara kugira abandi bababone, kugira bavyurire abandi ivyipfuzo vy’ubuhumbu, kugira berekane ko bafise agatima k’ubugarariji no kugira berekane ko batunze. Abandi na bo bapfa uko bambaye. Boshobora guhitamwo kwambara ibihuzu bicafuye canke bitabaguritse. Igihe duhitamwo ukuntu twambara, ntidukwiye kwisunga mwene izo nyifato.

Noba nambara mu buryo butera iteka Yehova?

12, 13. Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha guhitamwo impuzu twambara?

12 Twebwe abasavyi ba Yehova twipfuza kwama twambara impuzu zisukuye, zidatera ubuyega abandi kandi zihuye n’ibikorwa tuba turimwo. Twambara “mu rupfasoni no mu kurorana kw’umuzirikanyi,” kugira twerekane ko “[du]tinya Imana.”​—1 Timoteyo 2:9, 10; Yuda 21.

13 Ukuntu twambara birashobora gutuma abandi babona neza Yehova n’abasavyi biwe canke bakababona nabi. Twipfuza gukora “vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.” (1 Abakorinto 10:31) Umuntu w’urupfasoni arubahiriza ivyiyumviro vy’abandi hamwe n’ukuntu biyumva. Igihe rero duhitamwo impuzu twambara canke ukuntu twishariza, turibuka ko ivyo duhitamwo bishobora kugira ingaruka ku bandi.​—1 Abakorinto 4:9; 2 Abakorinto 6:3, 4; 7:1.

14. Dukwiye kwitwararika ibiki igihe duhitamwo impuzu twambara ku makoraniro canke mu ndimiro?

14 Twambara gute igihe tugiye ku makoraniro canke mu ndimiro? Twoba turondera kwiyerekana? Impuzu twambara zoba zitera ubuyega abandi? Twoba tubona ko ukuntu twambara ari ikibazo cega twebwe gusa, ata wundi kiraba? (Abafilipi 4:5; 1 Petero 5:6) Icipfuzo co kuboneka neza ni mvukanwa, ariko ikintu gituma tuboneka neza vy’ukuri ni kamere zacu za gikirisu. Izo kamere ni zo Yehova abona igihe aturavye. Ziragaragaza ico turi imbere, ni ukuvuga “wa muntu yihishije wo mu mutima . . . , ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana.”​—1 Petero 3:3, 4.

15. Kubera iki Yehova ataduhaye amategeko yerekana impuzu dukwiye kwambara hamwe n’ukuntu dukwiye kwishariza?

15 Yehova ntiyaduhaye amategeko yerekana impuzu dukwiye kwambara n’izo tudakwiye kwambara. Ahubwo yaduhaye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zidufasha guhitamwo neza. (Abaheburayo 5:14) Ashaka ko ingingo dufata, zaba nini canke ntoyi, tuzifata twisunze urukundo tumukunda n’urwo dukunda abandi. (Soma Mariko 12:30, 31.) Hirya no hino kw’isi, abasavyi ba Yehova bambara mu buryo butandukanye bivanye n’imico yabo hamwe n’ivyo bakunda. Ubwo budasa butuma twambara mu buryo buryoheye ijisho kandi buhimbaye.

NUBONE AMAHERA MU BURYO BUBEREYE

16. Ukuntu isi ibona amahera bitandukaniye he n’ivyo Yezu yigishije? Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

16 Shetani ashaka ko abantu biyumvira ko amahera n’ayandi matungo ari vyo bituma bahimbarwa, ariko twebwe abasavyi ba Yehova turazi ko ivyo atari vyo. Turemera ko aya majambo ya Yezu ari ay’ukuri: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Amahera ntashobora gutuma tugira agahimbare nyakuri. Ntashobora kuduha abagenzi nyakuri, amahoro yo mu mutima canke ubuzima budahera. Ego ni ko turakeneye amahera, kandi turipfuza guhimbarirwa ubuzima. Ariko Yezu yavuze ko turonka agahimbare nyakuri igihe dufitaniye ubucuti bwiza n’Imana n’igihe dushira ivy’Ubwami imbere. (Matayo 5:3; 6:22) Niwibaze uti: ‘Noba nsigaye mbona amahera nk’uko isi iyabona? Noba nguma mvuga ibijanye n’amahera canke akaba ari vyo nguma niyumvira?’​—Luka 6:45; 21:34-36; 2 Yohani 6.

17. Ni ivyiza ibihe uzokwironkera niwamirira kure uko isi ibona amahera?

17 Nitwashira imbere gukorera Yehova, tukamirira kure ukuntu isi ibona amahera, tuzohimbarwa mu buzima. (Matayo 11:29, 30) Tuzobumbwa n’ivyo dufise kandi tuzogira amahoro yo mu mutima. (Matayo 6:31, 32; Abaroma 15:13) Ntituzoguma twiganyira kubera ibintu vy’umubiri. (Soma 1 Timoteyo 6:9, 10.) Tuzokwironkera umunezero uva ku gutanga. (Ivyakozwe 20:35) Ntituzoguma twiruka inyuma y’ubuzima ku buryo tubura umwanya wo kuba kumwe n’umuryango wacu. Tuzoryama dusinzire.​—Umusiguzi 5:12.

“UMWAMBARO UKWIYE W’IBIRWANISHO”

18. Shetani aguma arondera iki?

18 Shetani aguma arondera kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Dukwiye rero gukora ibishoboka vyose kugira tubukingire. Dufise intambara yo kunigana “n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha.” (Abanyefeso 6:12) Shetani n’amadayimoni yiwe ntibashaka ko duhimbarwa canke ko tubaho ibihe bidahera. (1 Petero 5:8) Naho abo bansi bakomeye baguma baturwanya, tubifashijwemwo na Yehova turashobora kubatsinda.

19. Mu Banyefeso 6:14-18 hadondora gute ‘umwambaro w’ibirwanisho’ vy’umukirisu?

19 Kera, abasoda bari bafise umwambaro w’ibirwanisho ubakingira bari ku rugamba. Na twebwe nyene dutegerezwa kwambara “umwambaro . . . w’ibirwanisho” Yehova yaduhaye. (Abanyefeso 6:13) Uradukingira. Ku bijanye n’uwo mwambaro, mu Banyefeso 6:14-18 hagira hati: “Muhagarare mushikamye rero, mukenyeje ukuri mu mafyinga, mwambaye ubugororotsi nk’igikingirizo c’igikiriza, ibirenge vyanyu na vyo vyambaye inkuru nziza y’amahoro nk’inkweto. Hejuru ya vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera, ari yo izobashoboza kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha. Vyongeye, mwakire inkofero y’ubukiriro, be n’inkota y’impwemu, ni ryo jambo ry’Imana, mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho n’intakambo igihe cose mu mpwemu.”

20. Dukwiye gukora iki kugira wa “mwambaro” wacu w’ibirwanisho udukingire?

20 Umusoda aramutse yibagiye na kimwe mu bigize umwambaro wiwe, hakagira igihimba c’umubiri gisigara kidakingiwe, umwansi aca atumbereza aho nyene. Nimba dushaka ko “umwambaro” wacu w’ibirwanisho udukingira, ntidukwiye kwibagira na kimwe mu biwugize. Dukwiye kwama tuwambaye kandi tukitwararika ko uguma umeze neza. Intambara turimwo izobandanya gushika iyi si mbi ikuweho, na Shetani n’amadayimoni yiwe bagakurwaho. (Ivyahishuwe 12:17; 20:1-3) Nimba rero turiko turarwana n’ivyipfuzo bibi canke n’ubugoyagoye kanaka, ntidukwiye gutana n’akabando.​—1 Abakorinto 9:27.

21. Twonanira Shetani gute?

21 Twebwe ubwacu ntitwoshobora kunanira Shetani. Ariko tubifashijwemwo na Yehova twomunesha. Kugira tugume turi intahemuka, turakeneye gusenga Yehova, kwiga Ijambo ryiwe no kwifatanya n’abavukanyi bacu. (Abaheburayo 10:24, 25) Ivyo bizodufasha kuguma turi abizigirwa ku Mana no kwama twiteguriye kuburanira ukwizera kwacu.

NIWAME WITEGURIYE KUBURANIRA UKWIZERA KWAWE

22, 23. (a) Ni ibibazo ibihe vyodufasha kwama twiteguriye kuburanira ukwizera kwacu? (b) Tuzokwihweza iki mu kigabane gikurikira?

22 Dukwiye kwama twiteguriye kuburanira ukwizera kwacu. (Yohani 15:19) Mu bibazo bimwebimwe, usanga Ivyabona vya Yehova babona ibintu mu buryo butandukanye n’uko benshi babibona. Niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri ntahura igituma tubona ibintu gutyo? Noba narajijutse ko ivyo Bibiliya ivuga hamwe n’ivyo wa mushumba w’umwizigirwa avuga ari ukuri? Noba nishimira kuba ndi Icabona ca Yehova? (Zaburi 34:2; Matayo 10:32, 33) Noba noshobora gusigurira abandi ivyo nemera?’​—Matayo 24:45; Yohani 17:17; soma 1 Petero 3:15.

23 Mu bihe bimwebimwe, biroroshe kubona ico dutegerezwa gukora kugira tugume twitandukanije n’isi. Ariko mu bindi bihe, usanga bitoroshe kubona. Shetani arondera kuducakira akoresheje uburyo butandukanye. Uburyo bumwe akoresha ni ukwinezereza. None twoshobora gute guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza? Tuzobibona mu kigabane gikurikira.