Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 10

Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana

Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana

“Umugozi nyabutatu ntucika ningoga.”​—UMUSIGUZI 4:12.

1, 2. (a) Umusore n’inkumi baba biteze iki inyuma y’ubugeni bwabo? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

 NUSE n’uwubona mu bwenge umusore n’inkumi ku musi wabo w’ubugeni. Barashashaye gutangura ubuzima kandi bafise ivyizigiro vyinshi n’imigambi myinshi. Bizigiye ko umubano wabo uzorama kandi ukarangwamwo agahimbare.

2 Naho imibano myinshi itangura neza, ntibandanya gutyo. Kugira umubano urambe kandi uhimbarwe, umugabo n’umugore barakeneye ubuyobozi buva ku Mana. Reka rero turimbure inyishu Bibiliya itanga kuri ibi bibazo: Ni ivyiza ibihe biva ku kwubaka urwawe? Uramutse uhisemwo kwubaka, ni igiki cogufasha guhitamwo neza uwo muzokwubakana? Ushobora gute kuba umunega mwiza canke umukenyezi mwiza? Kandi ni igiki cotuma umubano urama?​—Soma Imigani 3:5, 6.

NOBA NKWIYE KWUBAKA URWANJE?

3. Kwubaka vyoba ari vyo bituma tugira agahimbare? Sigura.

3 Hari abiyumvira ko kwubaka ari vyo bituma umuntu agira agahimbare. Ariko ivyo si vyo. Yezu yavuze ko kutubaka ari ingabirano. (Matayo 19:11, 12) Intumwa Paulo na we yavuze ko kutubaka birimwo akarusho. (1 Abakorinto 7:32-38) Ni wewe wihitiramwo kwubaka urwawe. Abagenzi, umuryango canke imico y’aho ubaye si vyo bikwiye gutuma wubaka urwawe.

4. Vuga ivyiza biva ku kwubaka urwawe.

4 Bibiliya ivuga ko umubano w’ababiranye na wo nyene ari ingabire iva ku Mana be n’uko urimwo ivyiza. Ku bijanye na wa mugabo wa mbere Adamu, Yehova yavuze ati: “Si vyiza ko uyu muntu aguma ari wenyene. Ngiye kumukorera umufasha bikwiranye.” (Itanguriro 2:18) Yehova yaremye Eva ngo abe umugore wa Adamu kandi ni bo babaye umugabo n’umugore ba mbere. Igihe abubakanye bibarutse abana, urugo rwabo rukwiye kuba ahantu hatekanye ho kubarerera. Ariko kwibaruka si vyo vyonyene bikwiye gutuma umuntu yubaka urwiwe.​—Zaburi 127:3; Abanyefeso 6:1-4.

5, 6. Umubano w’ababiranye woshobora gute kumera nk’“umugozi nyabutatu”?

5 Umwami Salomo yanditse ati: “Babiri baruta umwe, kuko bafise impera nziza ku bw’igikorwa cabo c’ubutame. Kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe. Mugabo bizogenda gute ku wuri wenyene aguye ata wundi ariho wo kumuvyura? . . . Kandi umugozi nyabutatu ntucika ningoga.”​—Umusiguzi 4:9-12.

6 Umubano uhimbawe urashobora gutuma abubakanye bacika abagenzi somambike, bagafashanya, bakaremeshanya kandi umwe wese agakingira mugenzi we. Urukundo ruratuma umubano ukomera, ariko umubano urarushiriza gukomera igihe umugabo n’umugore basenga Yehova. Umubano wabo uca umera nk’“umugozi nyabutatu,” igitsibo c’imigozi itatu itsibiye hamwe. Igitsibo nk’ico usanga gikomeye cane kurusha igitsibo c’imigozi ibiri. Igihe abubatse bahaye Yehova ikibanza mu mubano wabo, uwo mubano urakomera.

7, 8. Ni impanuro iyihe Paulo aha abipfuza kurushinga?

7 Iyo umusore n’inkumi bamaze kurushinga, barashobora kurangura amabanga y’abubatse kandi bikababera isoko ry’agahimbare. (Imigani 5:18) Ariko rero, iyo umuntu yipfuje kwubaka urwiwe kugira gusa arangure amabanga y’abubatse, birashobora kumugora guhitamwo neza uwo bubakana. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko umuntu akwiye kwubaka urwiwe amaze kurengana “ishurika ry’ubuto,” ca gihe umuntu atangura kugira inambu y’umubiri ikomeye. (1 Abakorinto 7:36) Ni vyiza ko umuntu arindira gushika iyo nambu imaze kugabanuka maze akabona kwubaka urwiwe. Ico gihe aba ashoboye kwiyumvira neza no guhitamwo neza.​—1 Abakorinto 7:9; Yakobo 1:15.

8 Nimba uriko uriyumvira kwubaka urwawe, ni vyiza ko ubona ibintu mu buryo bubereye kandi ukamenya ko ata mubano uburamwo ingorane. Paulo yavuze ko abubaka “bazogira amakuba mu mubiri.” (1 Abakorinto 7:28) Naho umubano woba umeze neza gute, ntuburamwo ingorane. Nimba rero ufashe ingingo yo kwubaka urwawe, ukwiye guhitamwo neza uwo mwubakana.

NOHITAMWO GUTE UWO TWOKWUBAKANA?

9, 10. Vyogenda gute hamwe twokwubakana n’umuntu adasenga Yehova?

9 Ng’iyi ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya umuntu akwiye kwibuka igihe ahitamwo uwo bokwubakana: “Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera.” (2 Abakorinto 6:14) Iyo mvugo ifatiye ku bintu bigirwa mu burimyi. Umurimyi ntashobora kubohera ku ngǒgo imwe ibitungwa bibiri bitareha canke bitanganya inguvu ngo bimurimire. Ivyo bitungwa vyompi vyohabonera. Muri ubwo buryo nyene, igihe umuntu asenga Yehova yubakanye n’uwutamusenga birashobora kuvamwo ingorane nyinshi. Ni co gituma Bibiliya iduhanura kwubaka “mu Mukama gusa.”​—1 Abakorinto 7:39.

10 Hari abakirisu bamwebamwe biyumviriye ko bopfuma bubakana n’umuntu adasenga Yehova hako baguma ari bonyene. Ariko igihe twirengagije impanuro zo muri Bibiliya, kenshi bivamwo intuntu n’umubabaro. Kubera ko dusenga Yehova, kumukorera ni vyo dushira imbere mu buzima bwacu. Wokwiyumva gute hamwe wokwubakana n’umuntu mutazofadikanya gukorera Yehova? Benshi bafashe ingingo yo kwigumira gutyo hako bubakana n’umuntu adakunda Yehova.​—Soma Zaburi 32:8.

11. Ni ibiki vyogufasha guhitamwo neza uwo mwokwubakana?

11 Ivyo ntibisigura ko uwusenga Yehova wese yokubera umugabo mwiza canke umugore mwiza. Nimba wiyumvira kurushinga, nuhitemwo umuntu ukunda vy’ukuri kandi ubona ko mwohuza. Nurindire gushika uronse umuntu muhuje imigambi kandi ashira imbere gukorera Imana. Nufate akanya usome wongere uzirikane ku mpanuro nziza zerekeye umubano zitangwa mu bisohokayandikiro vya wa mushumba w’umwizigirwa.​—Soma Zaburi 119:105.

12. Akarorero ka Aburahamu kofasha gute abavyeyi igihe bahitiramwo umwana uwo bokwubakana?

12 Mu bihugu bimwebimwe, usanga abavyeyi ari bo bahitiramwo umwana wabo uwo bokwubakana. Bibonwa ko abavyeyi ari bo bazi uwobera umwana wabo umunega mwiza canke umukenyezi mwiza. Ivyo vyaragirwa no mu bihe vya Bibiliya. Nimba umuryango wanyu uhisemwo gukurikiza uwo mugenzo, Bibiliya irashobora gufasha abavyeyi kumenya kamere nziza borondera muri uwo muntu. Nk’akarorero, igihe Aburahamu yaronderera umugore umuhungu wiwe Izahaki, ntiyaravye amahera canke icubahiro, ahubwo yaravye uwukunda Yehova.​—Itanguriro 24:3, 67; raba akajambo ko ku mpera ka 25.

NOKWITEGURIRA GUTE KURUSHINGA?

13-15. (a) Umusore yokwitegurira gute kuba umunega mwiza? (b) Umwigeme yokwitegurira gute kuba umukenyezi mwiza?

13 Nimba uriko uriyumvira kwubaka urwawe, nurabe neza ko ugeze. Woshobora kuba wiyumvira ko ugeze, ariko reka turabe ico kwitegurira kurushinga bisobanura vy’ukuri. Insobanuro yavyo irashobora kugutangaza.

Nusome wongere uzirikane impanuro zijanye n’umubano Ijambo ry’Imana ritanga

14 Bibiliya irerekana ko uruhara umugabo afise mu muryango rutandukanye n’urw’umugore. Uca wumva ko ivyo umuhungu akora mu kwitegurira kurushinga bidasa n’ivyo umukobwa akora. Umuhungu yipfuza kurushinga arakwiye kwibaza nimba yiteguriye kuba umutwe w’urugo. Yehova yiteze ko umugabo aronsa umugore wiwe n’abana biwe ivyo bakeneye ku mubiri no mu nyiyumvo. N’igihambaye kuruta, umugabo arakwiye kuja imbere umuryango wiwe mu bijanye no gusenga Imana. Bibiliya ivuga ko umugabo atitwararika umuryango wiwe aba abaye “mubi kurusha uwutagira ukwizera.” (1 Timoteyo 5:8) Nimba uri umusore ukaba uriko uriyumvira kurushinga, nuzirikane ukuntu woshira mu ngiro iyi mpanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Tegura igikorwa cawe hanze, kandi ucitunganirize mu murima. Mu nyuma wubake n’urugo rwawe.” Mu yandi majambo, imbere yo kwubaka urwawe, nurabe ko umeze nk’uko Yehova yipfuza ko umugabo amera.​—Imigani 24:27.

15 Umukobwa yipfuza kurushinga arakwiye kwibaza nimba yiteguriye gushitsa amabanga umukenyezi canke inabibondo asabwa. Bibiliya irerekana ibintu bimwebimwe umukenyezi mwiza akora mu kwitwararika umugabo wiwe n’abana biwe. (Imigani 31:10-31) Muri iki gihe, abagabo benshi n’abagore benshi biyumvira gusa ivyo uwo bubakanye yobakorera. Ariko Yehova ashaka ko twiyumvira ivyo twokorera uwo twubakanye.

16, 17. Nimba uriko uriyumvira kwubaka urwawe, ni ibiki ukwiye kuzirikana?

16 Imbere yo kwubaka urwawe, nubanze uzirikane ivyo Yehova asaba abanega n’abakenyezi. Kuba umugabo ari umutwe w’urugo ntibisigura ko aca akoresha ubwo bukuru kugira acinyize abandi canke kugira abarye umutima. Umunega mwiza arigana Yezu, we yama yitwararikana urukundo abo ajejwe. (Abanyefeso 5:23) Umukenyezi na we arakwiye kuzirikana ukuntu azoshigikira ingingo umunega wiwe afata kandi agasenyera ku mugozi umwe na we. (Abaroma 7:2) Arakwiye kwibaza nimba azohimbarwa no kuyobokera umuntu adatunganye. Nimba abona ko atazobishobora, vyoba vyiza abaye arabangira.

17 Uwubatse akwiye kurazwa ishinga no kunezereza uwo bubakanye aho kwinezereza. (Soma Abafilipi 2:4.) Paulo yanditse ati: “Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:21-33) Yaba umugabo canke umugore, umwe wese arakwiye kwumva ko akundwa kandi yubahwa. Ariko kugira umubano uroranirwe, umugabo arakeneye canecane kwumva ko umugore wiwe amwubaha. Umugore na we arakeneye canecane kwumva ko umugabo wiwe amukunda.

18. Ni kubera iki umusore n’inkumi bakwiye kwiyubara mu kiringo co kureshanya?

18 Kureshanya gikwiye kuba ikiringo gihimbaye gifasha umusore n’inkumi kumenyana neza. Gikwiye kandi kuba ikiringo co kubona ibintu nk’uko biri koko no kubwirana ukuri kugira bamenye nimba vy’ukuri bohitamwo kubana. Muri ico kiringo, umusore n’inkumi bariga guseruriranira akari ku mutima kandi umwe wese akiga kumenya ico mugenziwe agona. Uko ubucuti bafitaniye bukomera, ni ibisanzwe ko bumva bogaragarizanya igishika. Ariko barakwiye gucungera ukuntu bagaragarizanya ico gishika imbere y’uko bubakana, kugira ntibagwe mu buhumbu. Urukundo nyakuri rurabafasha kwihangana kandi rugatuma birinda gukora ikintu cokwonona ubucuti bo ubwabo bafitaniye be n’ubwo bafitaniye na Yehova.​—1 Abatesalonika 4:6.

Mu kiringo co kureshanya, umusore n’inkumi barashobora kwiga guseruranira akari ku mutima

NOKORA IKI KUGIRA UMUBANO WANJE URAME?

19, 20. Abakirisu babona gute umubano w’ababiranye?

19 Inkuru ziganwa mu bitabu no mu masinema usanga zisozerera ku bugeni bw’akataraboneka. Ariko mu vy’ukuri, ubugeni ni intango gusa. Yehova yashaka ko umubano urama.​—Itanguriro 2:24.

20 Muri iki gihe, abantu benshi babona ko umubano w’ababiranye ari ikintu c’igihe gito. Uko banyaruka kwubaka, ni ko banyaruka gusambura. Bamwe babona ko iyo hadutse ingorane haba hageze ko bavana n’uwo bubakanye. Ariko niwibuke ca kigereranyo Bibiliya itanga c’igitsibo gikomeye kigizwe n’imigozi itatu itsibiye hamwe. Igitsibo nk’ico ntigicika naho hoba hari ingorane zimeze gute. Iyo twihetse kuri Yehova ngo adufashe, umubano wacu urashobora kurama. Yezu yavuze ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.”​—Matayo 19:6.

21. Ni igiki cofasha umugabo n’umugore gukundana?

21 Twese turafise aho dukomeye n’aho tugoyagoya. Biroroshe cane ko twibanda ku bugoyagoye bw’abandi, na canecane ubw’uwo twubakanye. Ariko ivyo ntivyotuma tugira agahimbare. Ariko igihe twibanze kuri kamere nziza z’uwo twubakanye, biratuma tugira umubano uhimbawe. None vyoba bishoboka ko twibanda kuri kamere nziza z’uwo twubakanye kandi asanzwe adatunganye? Cane nyene. Yehova arazi ko tudatunganye, ariko yibanda kuri kamere nziza dufise. Iyumvire uko vyogenze iyaba yibanda ku tunenge twacu! Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho, ewe Ya, Ewe Yehova, ni nde yohagaze?” (Zaburi 130:3) Abanega n’abakenyezi barashobora kwigana Yehova mu kurondera ivyiza mu bo bubakanye no mu kwihutira kubaharira.​—Soma Abakolosayi 3:13.

22, 23. Ni gute Aburahamu na Sara basigiye akarorero keza abubatse?

22 Uko haca igihe, umubano w’ababiranye urashobora kugenda urakomera. Umubano wa Aburahamu na Sara wararamye kandi warimwo agahimbare. Igihe Yehova yabwira Aburahamu ngo ave mu nzu yabamwo mu gisagara ca Uri, Sara ashobora kuba yari afise imyaka irenga 60. Iyumvire ukuntu Sara bitamworoheye kuva mu nzu nziza yabamwo, akaja kuba mu mahema. Ariko yari umugenzi wa Aburahamu akaba n’umufasha mwiza kandi yaramwubaha vy’ukuri. Ku bw’ivyo, yarashigikira ingingo Aburahamu yafata kandi agakora ibishoboka vyose kugira zigende neza.​—Itanguriro 18:12; 1 Petero 3:6.

23 Ariko ntiwumve, naho umugabo n’umugore boba babanye neza, ntibisigura ko bama bahuza muri vyose. Igihe kimwe, hari ikintu Aburahamu na Sara batahurijeko. Yehova yaciye abwira Aburahamu ati: “Umviriza ijwi ryiwe.” Aburahamu yaramwumvirije kandi vyagenze neza. (Itanguriro 21:9-13) Bishitse hakagira ikintu mudahurizako n’uwo mwubakanye, ntuce ucika intege. Igihambaye ni uko muguma mukundana kandi mwubahana.

Nimwisunge Ijambo ry’Imana mu mubano wanyu kuva mu ntango

24. Twokora iki kugira umubano wacu utere iteka Yehova?

24 Ishengero rya gikirisu ririmwo imibano myinshi ihimbawe. Nimba wipfuza kwubaka urwawe, uribuka ko guhitamwo uwo mwubakana ari ingingo ihambaye cane. Izogira ingaruka ku buzima bwawe. Ku bw’ivyo, nusabe Yehova akuyobore. Uzoheza uhitemwo neza uwo mwubakana, witegurire neza kurushinga wongere wihatire kugira umubano ukomeye kandi urangwa urukundo, utera iteka Yehova.