Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 11

Inyuma y’umusi w’ubugeni

Inyuma y’umusi w’ubugeni

“Urukundo ntirwigera runanirwa.”​—1 ABAKORINTO 13:8.

1, 2. Igihe umubano wadutsemwo ingorane, vyoba bisobanura ko wanse? Sigura.

 UMUBANO w’ababiranye ni ingabire iva kuri Yehova. Urashobora gutuma umuntu agira ubuzima buhimbaye. Ariko rero, umubano wose urafise ingorane zawo. Hari n’igihe womengo izo ngorane ntizizopfa ziheze, bigatuma umugabo n’umugore bumva umengo ntibagishikirana nka kera.

2 Bishitse mu mubano wacu hakaduka ingorane, ntibikwiye kudutangaza. Ntibiba bisobanura ko umubano wanse. Mbere n’abubakanye bigeze kuba bafise ingorane zikomeye, barashoboye kuzitorera umuti maze ingo zabo zirarushiriza gukomera. None babigenjeje gute?

NIWIYEGEREZE IMANA N’UWO MWUBAKANYE

3, 4. Ni ibiki bishobora gushika mu mubano?

3 Umubano uhuza abantu babiri batandukanye, badakunda bimwe, batiyumvira kumwe kandi badakora ibintu kumwe. N’ikindi kandi, umugabo n’umugore barashobora kuba bakuriye mu turere dutandukanye bakagira n’imico itandukanye. Bisaba umwanya n’akigoro kugira abubakanye bamenyane neza kandi batahurane.

4 Uko haca igihe, umwe wese mu bubakanye yoshobora gutwarwa n’ibibazo vyiwe ku buryo bataba bagishikirana. Ni nk’aho baba babanye batabana. None ni igiki cobafasha kwiyegerezanya?

Impanuro zo muri Bibiliya ni ntahara kugira umubano uroranirwe

5. (a) Ni igiki cofasha umukirisu kwiyegereza uwo bubakanye? (b) Twisunze ibivugwa mu Baheburayo 13:4, dukwiye kubona umubano gute?

5 Yehova aratanga impanuro nziza zogufasha kumwiyegereza no kwiyegereza uwo mwubakanye. (Zaburi 25:4; Yesaya 48:17, 18) Atubwira ati: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose.” (Abaheburayo 13:4) Ikintu giteye iteka kiba ari ikintu wubaha kandi uha agaciro. Uragikingira kandi ukagifatana uburemere. Ukwo ni ko Yehova ashaka ko tubona umubano w’ababiranye.

GUKUNDA YEHOVA BIRASHOBORA GUFASHA UMUBANO WANYU

6. Twisunze ibivugwa muri Matayo 19:4-6, Yehova abona gute umubano?

6 Yehova ni we yatanguje umubano w’ababiranye. Umwana wiwe Yezu yavuze ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Matayo 19:4-6) Kuva mu ntango, Yehova yashaka ko umugabo n’umugore babana akaramata. Yashaka ko abagize umuryango bakundana kandi bagahimbarirwa ubuzima.

7. Abubakanye bokomeza gute umubano wabo?

7 Ariko rero, muri iki gihe abubakanye baragira ingorane nyinshi. Hari igihe izo ngorane zikomera gushika n’aho bibaza ko umubano wabo utakivayo, bagaca bavana. Ariko gutahura ingene Yehova abona umubano w’ababiranye birashobora kudufasha.​—1 Yohani 5:3.

8, 9. (a) Kubera iki twokurikiza ubuyobozi Yehova aduha bwerekeye umubano w’ababiranye? (b) Twokwerekana gute ko duha agaciro umubano wacu?

8 Yehova yama aduha ubuyobozi butugirira akamaro. Nk’uko twabibonye, aduhanura ati: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka.” (Abaheburayo 13:4; Umusiguzi 5:4) Dukurikije ubuyobozi Yehova aduha naho vyoba bitoroshe, biratugirira akamaro.​—1 Abatesalonika 1:3; Abaheburayo 6:10.

9 Kubera ko duha agaciro umubano wacu w’ababiranye, turirinda kuvuga canke gukora ikintu na kimwe cowonona. Twipfuza gukomeza ubucuti dufitaniye n’uwo twubakanye. None ivyo twobigira gute?

NUTERE ITEKA UMUBANO WANYU MU MVUGO NO MU NGIRO

10, 11. (a) Ni ingorane ikomeye iyihe iri mu ngo zimwezimwe? (b) Kubera iki ukuntu tuvugisha uwo twubakanye bihambaye?

10 Umuntu yoshobora kubabaza uwo bubakanye mu buryo butari buke. Turazi ko abakirisu badakwiye gukubita abo bubakanye canke kubasinzikariza ubuzima mu bundi buryo. Ariko twoshobora gukubitana mu majambo. Amajambo arashobora kuba ibigwanisho. Umugore umwe yavuze ati: “Umunega wanje yama andyagagura. Nshobora kuba ata nguma mfise ku mubiri, ariko amajambo yiwe acumita ya misi yose, nk’aya ngo ‘uranduhije!’ canke ngo ‘nta co umaze!,’ yarankomerekeje mu mutima.” Umugabo umwe na we avuga ko umugore wiwe yama amubwira amajambo yo kumusuzugura, akanamutuka. Avuga ati: “Amajambo ambwira sinokwubahuka kuyasubiramwo mu bantu. Ni co gituma ntamuvugisha kandi nkigumira ku kazi gushika bwije. Iyo ndi ku kazi numva ntekanye kuruta ndi muhira.” Muri iki gihe abantu benshi baratukana, bakavuga n’amajambo mabi yo kubabaza abandi.

11 Igihe umugabo n’umugore babwirana amajambo mabi, bituma bagira ibikomere mu mutima, kandi mwene ivyo bikomere birateba gukira. Birumvikana ko uko atari ko Yehova ashaka ko umwe wese mu bubatse afata mugenziwe. Ariko birashoboka ko umuntu ababaza uwo bubakanye atabiciye n’ikanda. Ushobora kuba ubona ko udahora ubwira uwo mwubakanye amajambo ababaza, ariko we abibona gute? Nimba uhora ubwira uwo mwubakanye amajambo ababaza, woba wogira ico uhinduye?​—Abagalatiya 5:15; soma Abanyefeso 4:31.

12. Ni igiki coshobora kwonona ubucuti umuntu yubatse afitaniye na Yehova?

12 Ingene uvugisha uwo mwubakanye, haba mu bantu canke muri mwenyene, biri n’ico bivuze kuri Yehova. (Soma 1 Petero 3:7.) Muri Yakobo 1:26 hatwibutsa hati: “Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo yamara ntajiginyike ururimi rwiwe, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze.”

13. Ni mu bundi buryo ubuhe umuntu yobabaza uwo bubakanye?

13 Hariho ubundi buryo umuntu yoshobora kubabaza uwo bubakanye. Nk’akarorero, uwo mwubakanye yomererwa gute hamwe woza uramarana umwanya munini n’uwundi muntu? Naho uwo mwanya wowumara muri kumwe mu ndimiro canke uriko uramufasha ku ngorane afise, ubwo uwo mwubakanye ntiyobabara? Umukenyezi mukirisu umwe yavuze ati: “Birambabaza kubona umugabo wanje amarana umwanya munini n’uwundi mukenyezi wo mw’ishengero kandi akamwitwararika cane. Bituma numva nsuzuguritse.”

14. (a) Mw’​Itanguriro 2:24 hatwigisha iki? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza?

14 Kubera ko turi abakirisu, dutegerezwa kwitwararika abavyeyi bacu be n’abo dusangiye ukwemera turi kumwe mw’ishengero. Ariko nimba tumaze kwubaka, uwo twubakanye ni we dutegerezwa kwitwararika gusumba abandi bose. Yehova yavuze ko umugabo ‘azokwifatanya n’umugore wiwe.’ (Itanguriro 2:24) Turakwiye kwitwararika cane ingene uwo twubakanye yiyumva. Niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri marana umwanya n’uwo twubakanye, nkamwitwararika kandi nkamugaragariza igishika akwiriye?’

15. Ni kubera iki dukwiye kwirinda kugiranira ubugenzi bukomeye n’umuntu tutubakanye tudasangiye igitsina?

15 Tugiraniye ubugenzi bukomeye n’uwo tutubakanye tudasangiye igitsina, birashobora guhungabanya umubano wacu. Twoshobora gusanga twatanguye kumwiyumvamwo no kumukunda. (Matayo 5:28) Izo nyiyumvo zirashobora gukomera zigatuma dukora ikintu gisiga iceyi umubano wacu.

“UBURIRI BW’ABABIRANYE BWOYE GUHUMANA”

16. Ni itegeko irihe Bibiliya itanga ku bijanye n’umubano?

16 Bibiliya ihejeje kuvuga ngo “umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka,” ica yongerako iti: “Uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo.” (Abaheburayo 13:4) Imvugo ngo “uburiri bw’ababiranye” ishaka gusigura amabanga y’abubatse. (Imigani 5:18) None twokwirinda gute guhumanya uburiri bw’ababiranye?

17. (a) Abantu benshi babona gute ivyo kurenga ibigo? (b) Abakirisu bo bakwiye kubibona gute?

17 Muri iki gihe, hari ababona ko ata kibi kiri mu guhemukira uwo bubakanye. Ntidukwiye kureka ngo ivyo vyiyumviro bitwandukire. Yehova aratomora neza ko yanka ubusambanyi no kurenga ibigo. (Soma Abaroma 12:9; Abaheburayo 10:31; 12:29) Duhuje ibitsina n’uwundi muntu tutubakanye tuba duhumanije umubano wacu. Tuba kandi twerekanye ko tutubaha ingingo ngenderwako za Yehova, ivyo na vyo bikaba vyotuma ubucuti dufitaniye na we buhungabana. Ni co gituma dukwiye kwirinda gutera intambwe ya mbere yodushikana ku kurenga ibigo. Ivyo bisobanura kwamirira kure ivyiyumviro vy’ubuhumbu.​—Yobu 31:1.

18. (a) Kubera iki kurenga ibigo ari cokimwe no gusenga ibigirwamana? (b) Yehova abona gute ukurenga ibigo?

18 Mu gihe c’Itegeko rya Musa, kurenga ibigo cari igicumuro gikomeye cokimwe no gusenga ibigirwamana. Ivyo bicumuro vyompi vyahanishwa igihano co gupfa. (Abalewi 20:2, 10) Ni isano irihe ryari hagati yo kurenga ibigo no gusenga ibigirwamana? Umwisirayeli asenze ibigirwamana yaba arenze kw’isezerano yagize ryo kudahemukira Yehova. Arenze ibigo na ho, yaba arenze kw’isezerano yagize ryo kudahemukira uwo bubakanye. (Kuvayo 19:5, 6; Gusubira mu vyagezwe 5:9; soma Malaki 2:14.) Biratomoye rero ko Yehova yabona ko kurenga ibigo cari igicumuro gikomeye.

19. Ni igiki coturinda kugwa mu mutego wo kurenga ibigo?

19 Bite ho muri iki gihe? Naho tutakigengwa n’Itegeko rya Musa, ukuntu Yehova abona ukurenga ibigo ntikwahindutse. Kurya nyene tudakwiye kwigera dusenga ibigirwamana ni ko tudakwiye kwigera duhemukira uwo twubakanye. (Zaburi 51:1, 4; Abakolosayi 3:5) Duhemukiye uwo twubakanye, twoba dusize iceyi umubano wacu n’Imana yacu Yehova.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 26.

INGENE WOKOMEZA UMUBANO WANYU

20. Ubukerebutsi bufise akamaro akahe mu mubano?

20 Wokomeza gute umubano wanyu? Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ubukerebutsi ni bwo bwubaka urugo [canke, “inzu”], kandi ugutahura ni kwo kurushimangira.” (Imigani 24:3) Inzu irashobora kuba ikanye kandi igaragara canke ikaba isusurutse, itekanye, irimwo n’ivya nkenerwa vyose. N’umubano w’ababiranye ni ukwo. Umuntu w’inkerebutsi aritwararika ko umubano wiwe uba uwutekanye kandi ukarangwamwo agahimbare.

21. Ubumenyi bukomeza umubano gute?

21 Ku bijanye n’iyo nzu, Bibiliya ibandanya iti: “Ubumenyi ni bwo butuma ivyumba vyuzura ibintu vyose vy’agaciro bizimvye kandi bihimbaye.” (Imigani 24:4) Ivyo Bibiliya yigisha birashobora kugufasha kuryohora umubano wanyu. (Abaroma 12:2; Abafilipi 1:9) Igihe mwe n’uwo mwubakanye musomera hamwe Bibiliya n’ibitabu vyacu, nimuganire ukuntu mwoshira mu ngiro ivyo musoma. Nimurabe uburyo butandukanye mwogaragarizanya urukundo n’icubahiro, n’ingene umwe wese yorushiriza kwitwararika mugenziwe. Nusabe Yehova agufashe gutsimbataza kamere zikomeza umubano wanyu kandi zigatuma uwo mwubakanye arushiriza kugukunda.​—Imigani 15:16, 17; 1 Petero 1:7.

Nimusabe Yehova abayobore mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango

22. Kubera iki dukwiye kugaragariza uwo twubakanye urukundo, icubahiro n’iteka?

22 Turakwiye gukora ibishoboka vyose kugira tugaragarize uwo twubakanye urukundo, icubahiro n’iteka. Ivyo bizotuma umubano wacu urangwamwo igishika kandi ukomera. N’igihambaye kuruta, tuzonezereza Yehova.​—Zaburi 147:11; Abaroma 12:10.