Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 1

Urukundo rw’Imana rwamaho

Urukundo rw’Imana rwamaho

“Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”​—1 YOHANI 5:3.

1, 2. Kubera iki ukunda Yehova?

 WOBA ukunda Imana? Ushobora kuba uyikunda cane ku buryo wayiyeguriye. Ushobora kuba ubona ko ari yo Mugenzi wawe ashika. Ariko Imana yo yagukunze n’imbere y’uko uyikunda. Bibiliya ivuga iti: “Turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda.”​—1 Yohani 4:19.

2 Iyumvire uburyo butandukanye Yehova yerekanye ko adukunda. Yaraduhaye ino si nziza kugira tuyibemwo, araduha n’ivyo dukeneye vyose kugira ubuzima buturyohere. (Matayo 5:43-48; Ivyahishuwe 4:11) Ashaka ko tugiranira ubucuti bwiza na we, kandi yaraduhaye akaryo ko kwiga ibimwerekeye. Iyo turiko turasoma Bibiliya, tuba turiko turumviriza Yehova. Iyo turiko turasenga na ho aba ariko aratwumviriza. (Zaburi 65:2) Aratuyobora kandi akadukomeza akoresheje impwemu yiwe nyeranda. (Luka 11:13) Yaranarungitse kw’isi Umwana wiwe akunda cane kugira adukize icaha n’urupfu.​—Soma Yohani 3:16; Abaroma 5:8.

3. Bisaba iki kugira tugume dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova?

3 Iyumvire umugenzi somambike ufise, umwe akuguma hafi mu mahirwe no mu magorwa. Bisaba akigoro kugira ubugenzi nk’ubwo bugume bukomeye. Ni ko bimeze no ku bucuti dufitaniye na Yehova, we Mugenzi aturutira abandi bose. Ubugenzi dufitaniye na we burashobora kwamaho ibihe vyose. Ni co gituma Bibiliya itubwira iti: “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.” (Yuda 21) None ivyo twobigira gute? Bibiliya ivuga iti: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”​—1 Yohani 5:3.

‘IKI NI CO UGUKUNDA IMANA GUSOBANURA’

4, 5. Vyagenze gute ngo utangure gukunda Yehova?

4 Igihe intumwa Yohani yandika ngo “ugukunda Imana” yariko yerekeza ku rukundo rukomeye umwe wese akunda Imana. Woba wibuka igihe watangura kwumva ko ukunze Yehova?

Iyo wiyeguriye Yehova maze ukabatizwa, uba umweretse ko umukunda be n’uko wipfuza kumugamburukira ibihe vyose

5 Woba wibuka ukuntu wamerewe igihe wumva ari bwo bwa mbere ko Yehova ashaka yuko ubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha? Waramenye ibintu vyose yakoze kugira ivyo bishoboke. Waramenye kandi ko yaduhaye ingabire nziza igitangaza igihe yarungika Umwana wiwe kw’isi. (Matayo 20:28; Yohani 8:29; Abaroma 5:12, 18) Igihe watahura ukuntu Yehova agukunda cane, vyaragukoze ku mutima, nawe uca wumva uramukunze.​—Soma 1 Yohani 4:9, 10.

6. Gukunda umuntu bisobanura iki? Urukundo ukunda Imana rwatumye ukora iki?

6 Ariko iyo yari intango gusa. Gukunda umuntu ntibigarukira ku karimi gusa. Urukundo ruratuma twipfuza gukora ibihimbara uwo muntu. Urukundo ukunda Yehova na rwo nyene rwaratumye wipfuza kubaho mu buryo bumuhimbara. Urwo rukundo rushobora kuba rwarongerekanye bituma umwiyegurira maze urabatizwa. Ico gihe wari umusezeraniye kumukorera ibihe bidahera. (Soma Abaroma 14:7, 8.) None ni igiki cogufasha gushitsa iryo sezerano?

‘TURUBAHIRIZA AMABWIRIZWA YAYO’

7. Nimba dukunda Yehova tuzokora iki? Amwamwe mu mategeko yiwe ni ayahe?

7 Kubera yuko dukunda Yehova, ‘turubahiriza amabwirizwa yiwe.’ Ivyo tubigira gute? Tubigira mu kumugamburukira. Bibiliya iratwereka ukuntu Yehova yipfuza ko tubaho. Nk’akarorero, Yehova aratubwira ko ari bibi kuborerwa, kwiba, kubesha, gusambana no gusenga ikindi kintu canke uwundi muntu atari Yehova.​—1 Abakorinto 5:11; 6:18; 10:14; Abanyefeso 4:28; Abakolosayi 3:9.

8, 9. Twomenya gute ico Yehova yipfuza ko dukora igihe ata tegeko ritomoye rihari? Tanga akarorero.

8 Ariko kugira duhimbare Yehova, turakeneye gukora n’ibindi uretse kugamburuka amabwirizwa yiwe. Ntiyaduhaye urutonde rw’amategeko yerekeye akantu kose gashika mu buzima. Bizoshika rero ntitubone muri Bibiliya itegeko ritomoye ritubwira ico twokora. None ni igiki kizodufasha gufata ingingo nziza? (Abanyefeso 5:17) Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako, ni ukuvuga ukuri kw’ishimikiro kutwereka ukuntu Yehova abona ibintu. Rero, igihe dusoma Bibiliya turamenya ukuntu Yehova ameze. Turabona ukuntu yiyumvira, ivyo akunda n’ivyo yanka.​—Soma Zaburi 97:10; Imigani 6:16-19; raba akajambo ko ku mpera ka 1.

9 Nk’akarorero, ni igiki codufasha guhitamwo ivyo turaba kuri televiziyo canke kuri internet? Yehova ntatudomerako ico twokora. Ariko ingingo ngenderwako ziwe ziradufasha gufata ingingo nziza. Muri iki gihe, uburyo bwinshi bwo kwisamaza usanga bwuzuyemwo ubukazi n’ubuhumbu. Biciye kuri Bibiliya, Yehova aratubwira ko ‘yanka uwo wese akunda ubukazi’ be n’uko “[a]zocira urubanza abasambanyi.” (Zaburi 11:5; Abaheburayo 13:4) None izo ngingo ngenderwako zodufasha gute gufata ingingo nziza? Tumaze kumenya ko Yehova yanka ikintu kanaka, dukwiye guca tucirinda.

10, 11. Kubera iki tugamburukira Yehova?

10 Kubera iki tugamburukira Yehova? Si ukugira gusa twirinde igihano canke ingorane ziva ku gufata ingingo mbi. (Abagalatiya 6:7) Ahubwo tumugamburukira kubera tumukunda. Nka kurya abana bipfuza kunezereza se wabo, na twebwe twipfuza kunezereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Nta coduhimbara kuruta kumenya ko Yehova adushima.​—Zaburi 5:12; Imigani 12:2; raba akajambo ko ku mpera ka 2.

11 Ntitugamburukira Yehova igihe gusa bitworohera canke igihe ata kundi turi bugire. Vyongeye, mu mategeko yiwe ntiturobanura ayo twogamburuka n’ayo tutogamburuka. (Gusubira mu vyagezwe 12:32) Ahubwo turamugamburukira duherejeko nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, uwavuze ati: “Nzohimbarwa rwose n’amabwirizwa yawe nakunze.” (Zaburi 119:47; Abaroma 6:17) Twipfuza kwigana Nowa, we yerekanye ko akunda Yehova mu gukora ivyo yamutegetse vyose. Bibiliya ivuga ko Nowa yakoze “kuno nyene.” (Itanguriro 6:22) None weho ntiwipfuza ko Yehova akuvuga neza gutyo?

12. Twokora iki kugira tunezereze Yehova?

12 Yehova amererwa gute igihe tumugamburukiye? ‘Aranezerwa.’ (Imigani 11:20; 27:11) Ibaze nawe! Turanezereza Umuremyi w’ibiriho vyose igihe tumugamburukiye. Ariko ntiyigera aduhata ngo tumugamburukire. Ahubwo yaraduhaye uburenganzira bwo kwihitiramwo. Ivyo bisigura ko dushobora guhitamwo gukora iciza canke ikibi. Yehova yipfuza ko urukundo tumukunda rutuma dufata ingingo nziza maze tukaroranirwa mu buzima.​—Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16, 19, 20; raba akajambo ko ku mpera ka 3.

“AMABWIRIZWA YAYO SI UMUZIGO”

13, 14. Ni igiki kitwemeza ko amabwirizwa y’Imana atagoye kugamburuka? Tanga akarorero.

13 Bite ho mu gihe twokwibaza ko amabwirizwa y’Imana agoye cane kugamburuka canke ko atuzitira? Bibiliya iratomora iti: “Amabwirizwa yayo si umuzigo.” (1 Yohani 5:3) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “umuzigo” risobanura ngo “kiremereye.” Mu bindi vyanditswe, iryo jambo rirakoreshwa mu kuvuga amategeko arimwo ugukavya canke abantu barondera gucinyiza abandi. (Matayo 23:4; Ivyakozwe 20:29, 30) Muri Bibiliya Nyeranda, ico canditswe kivuga giti: “Amabwirizwa yayo ntaremereye.” Amabwirizwa ya Yehova “ntaremereye,” ni ukuvuga ko atagoye kugamburuka. Ntiyigera adusaba ivyo tudashoboye.

14 Dufate ko uriko urafasha umugenzi wawe kwimuka. Ibintu vyiwe vyose yabitekeye mu makarato. Amwe arahwahutse kandi aroroshe gutwara, ayandi araremereye cane ku buryo yoterurwa n’abantu babiri. Yoba yogusaba guterura ikarato iremereye cane uri wenyene? Oya nawe! Kubera iki? Kubera adashaka kukuvuna. Yehova na we nyene ntiyokwigera adusaba gukora ibintu bigoye cane. (Gusubira mu vyagezwe 30:11-14) Arazi uko tumeze. ‘Arazi neza ingene tubumbwe, aribuka ko turi umukungugu.’​—Zaburi 103:14.

15. Kubera iki twokwemera ko amabwirizwa ya Yehova ariho ku neza yacu?

15 Musa yabwiye Abisirayeli ko amabwirizwa ya Yehova yariho ‘ku neza yabo’ be n’uko kuyagamburuka vyotumye ‘baguma ari bazima.’ (Gusubira mu vyagezwe 5:28-33; 6:24) Ni ko biri no muri iki gihe. Ikintu cose Yehova adusaba gituma ubuzima bwacu burushiriza kumera neza. (Soma Yesaya 48:17.) Umuvyeyi wacu Yehova arazi ivyotubera vyiza. (Abaroma 11:33) Bibiliya itubwira iti: “Imana [ni] urukundo.” (1 Yohani 4:8) Ivyo bisobanura ko ivyo Yehova avuga n’ivyo akora vyose abitumwa n’urukundo.

16. Kubera iki dushobora kugamburukira Imana naho tudatunganye kandi tukaba tuba mw’isi mbi?

16 Kugamburukira Imana ntivyama vyoroshe. Tuba mw’isi mbi itwarwa na Shetani. Aguma yosha abantu ngo bakore ibibi. (1 Yohani 5:19) Tubwirizwa kandi kurwanya ivyiyumviro bibi kuko bishobora gutuma tugambararira Imana. (Abaroma 7:21-25) Ariko urukundo dukunda Yehova ruraduha inguvu zo gukora ibigororotse. Arabona utwigoro tugira ngo tumugamburukire, kandi araduha impwemu yiwe nyeranda kugira idufashe. (1 Samweli 15:22, 23; Ivyakozwe 5:32) Iyo mpwemu irama muri twebwe kamere zituma bitworohera kugamburukira Yehova.​—Abagalatiya 5:22, 23.

17, 18. (a) Iki gitabu kizodufasha gute? (b) Tuzokwihweza iki mu kigabane gikurikira?

17 Iki gitabu kizotwereka ingene twobaho mu buryo buhimbara Yehova. Tuzobona ingene twokurikiza ingingo ngenderwako ziwe n’amategeko yiwe agenga inyifato runtu. Niwibuke ko Yehova atigera aduhata ngo tumugamburukire. Nitwamugamburukira, ubuzima bwacu buzorushiriza kumera neza kandi tuzogira kazoza keza. N’igihambaye kuruta, nitwagamburukira Imana, tuzoba tuyeretse ko tuyikunda.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 4.

18 Kugira ngo Yehova adufashe gutandukanya iciza n’ikibi, yaraduhaye ijwi ryo mu mutima. Turimenyereje bizodufasha ‘kwubahiriza amabwirizwa yiwe.’ None ijwi ryo mu mutima ni iki, kandi tworimenyereza gute? Reka tubirabe.