Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 3

«Umweranda, umweranda, umweranda ni Yehova»

«Umweranda, umweranda, umweranda ni Yehova»

1, 2. Umuhanuzi Yesaya yeretswe ibiki, kandi bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

 IGIHE Yesaya yabona ibintu yeretswe n’Imana, yaratangaye cane. Wamenga biriko biraba! Mu nyuma Yesaya yanditse yuko “yabonye Yehova” ku ntebe y’ubwami yiwe ihanitse. Ibice vyo hepfo vy’impuzu ya Yehova vyari vyuzuye urusengero rw’i Yeruzalemu.​—Yesaya 6:1, 2.

2 Yesaya kandi yaratewe akoba n’ivyo yumvise, ikaba yari indirimbo ikomeye cane ku buryo urwo rusengero rwose rwanyiganyize gushika ku mushinge. Iyo ndirimbo yariko iririmbwa n’abaserafi, bakaba ari ibiremwa vy’impwemu bifise ikibanza co hejuru cane. Iyo ndirimbo yabo yari iryoheye ugutwi yumvikana mu majambo akomeye agira ati: «Umweranda, umweranda, umweranda ni Yehova Nyeningabo. Isi yose yuzuye ubuninahazwa bwiwe.» (Yesaya 6:3, 4) Kuririmba ijambo «umweranda» incuro zitatu vyarashimitse kuri iryo zina mu buryo budasanzwe, kandi ivyo birabereye kubera yuko Yehova ari mweranda ku rugero rwo hejuru kuruta vyose. (Ivyahishuwe 4:8) Ubweranda bwa Yehova burashimikwako muri Bibiliya yose. Hari Ivyanditswe amajana n’amajana bikoresha izina rya Yehova riri kumwe n’ijambo «umweranda» be n’«ubweranda.»

3. Abantu benshi babona ubweranda bwa Yehova mu buryo butari bwo vyabashikanye gute ku gutera umugongo Imana aho kuyiyegereza?

3 Biratomoye rero yuko kimwe mu bintu nyamukuru Yehova ashaka ko tumenya ku bimwerekeye, ari uko ari mweranda. Yamara, abantu benshi muri iki gihe ico ciyumviro ubwaco ntibashaka no kucumva. Bamwebamwe barihenda bakabona yuko ubweranda bufitaniye isano n’ivyo kwibona ubugororotsi canke kwigira uwukorera Imana. Abandi na bo, kubera ko baguma biyumvamwo ko ata co bamaze, bashobora gusanga ubweranda bw’Imana bubateye ubwoba aho kubakwegera. Bashobora gutinya yuko bitazokwigera bibashobokera kuba ababereye kwiyegereza iyo Mana nyeranda. Kubera ico, benshi baraja kure y’Imana kubera ubweranda bwayo. Ivyo birababaje kubera yuko ubweranda bw’Imana vy’ukuri ari imvo ituma umuntu ayiyegereza. Kubera iki? Imbere yuko twishura ico kibazo, reka tuganire ico ari co ubweranda nyakuri.

Ubweranda ni iki?

4, 5. (a) Ijambo ubweranda risobanura iki, kandi ni igiki ridasobanura? (b) Ni mu buryo bubiri buhambaye ubuhe Yehova “ari ku ruhande”?

4 Kuba Imana ari nyeranda ntibisigura yuko yishima, yishira hejuru canke ko ibona yuko abandi ata co bamaze. Ahubwo riho, iranka izo kamere. (Imigani 16:5; Yakobo 4:6) None ijambo «umweranda» vy’ukuri risobanura iki? Mu rurimi rw’igiheburayo rwakoreshejwe muri Bibiliya, iryo jambo rikuwe mu mvugo isigura «gushira ku ruhande.» Mu bijanye n’ugusenga, ijambo «umweranda» ryerekeza ku washizwe ku ruhande kugira ntakoreshwe ibintu bisanzwe, canke ku washizwe ku ruhande ngo akorere Imana. Ijambo ubweranda kandi ritanga mu buryo bukomeye iciyumviro c’ukudahumana n’ugutyoroka. Iryo jambo ryerekeza gute kuri Yehova? Vyoba bisobanura yuko “yishize ku ruhande” mu buryo bw’ukwitandukanya n’abantu badatunganye, kure cane yacu, twebwe abantu badatunganye?

5 Ihibambewe. Kubera ko Yehova ari «Umweranda wa Isirayeli» yarasubirije umutima mu nda abasavyi biwe ko yaba hagati yabo naho bari abanyavyaha. (Yesaya 12:6; Hoseya 11:9) Ubweranda bwiwe rero ntibutuma aba kure y’abandi. Ariko none, ni gute “ari ku ruhande”? Ari ku ruhande mu buryo bubiri buhambaye. Ubwa mbere, aratandukanye n’ivyaremwe vyose mu buryo bw’uko ari we wenyene Musumbavyose. Ugutyoroka kwiwe n’ukudahumana kwiwe ntibigira agatosi kandi ntibigira iherezo. (Zaburi 40:5; 83:18) Ubugira kabiri, Yehova aratandukanye cane n’icaha, kandi ico ni ikintu kiduhumuriza. Kubera iki?

6. Ni kubera iki dushobora guhumurizwa no kuba Yehova yitandukanije rwose n’icaha?

6 Tuba mw’isi aho usanga ubweranda nyakuri ari imbonekarimwe. Ikintu cose cerekeye ikibano c’abantu catandukanijwe n’Imana hari ukuntu cononekaye, candujwe n’icaha be n’agasembwa. Twese dutegerezwa kunyinyana n’icaha kiturimwo. Vyongeye, twese tutabaye maso twoshobora gusanga twakoze ikibi. (Abaroma 7:15-25; 1 Abakorinto 10:12) Yehova we nta bintu nk’ivyo bimugeramiye. Aritandukanije cane rwose n’icaha, kandi ntikizokwigera kimwanduza na gatoyi. Ivyo biratuma tubona ko tutihenda igihe dufata ko Yehova ari we abereye kuba Dawe, kubera bisigura yuko dushobora kumwizigira tugaherezako. Yehova ntameze nk’abavyeyi b’abanyagasembwa, we ntazokwigera yononekara, yigenza nabi canke ngo akore inabi. Ubweranda bwiwe butuma adashobora gukora ikintu mwene ico. Rimwe na rimwe mbere Yehova yaranarahira ubweranda bwiwe bwite, kuko ata kintu coza cizigirwa gusumba iyo ndahiro. (Amosi 4:2) Ivyo none ntibidusubiriza umutima mu nda?

7. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko ubweranda ari bwo bugize Yehova?

7 Ubweranda ni bwo bugize Yehova. Ivyo bisobanura iki? Kugira ngo tubitangire akarorero, dufate amajambo «umuntu» be n’«agasembwa.» Ntushobora kudondora «umuntu» hatagiyemwo iciyumviro c’«agasembwa.» Agasembwa karuzuye muri twebwe, kandi karagira akosho mu kintu cose dukora. Ubu na ho, dufate amajambo abiri atandukanye cane n’ayo ari yo: «Yehova» na «mweranda.» Yehova yuzuye ubweranda. Ikintu cose kimwerekeye ntigihumanye, kiratyoroye kandi kiragororotse. Ntidushobora kumenya Yehova nk’uko ameze vy’ukuri tutabanje kurimbura twitonze no gutahura iri jambo rifise insobanuro yimbitse ari ryo «mweranda.»

«Ubweranda ni ubwa Yehova»

8, 9. Ni igiki cerekana yuko Yehova afasha abantu b’abanyagasembwa kuba beranda mu buryo buri n’aho bugarukira?

8 Kubera ko Yehova agizwe na kamere y’ubweranda, birabereye kuvuga yuko ari we soko ry’ubweranda bwose. Ntiyigungirako iyo kamere y’agaciro; arayiha abandi, kandi akayitanga atitangiriye itama. Uti gute? Igihe Imana yavugisha Musa biciye ku mumarayika kuri ca gisaka kirurumba, mbere n’ubutaka buhakikuje bwaciye buba bweranda kubera ko Yehova ari ho yari biciye kuri uwo mumarayika!​—Kuvayo 3:5.

9 None abantu b’abanyagasembwa boba bashobora kuba beranda babifashijwemwo na Yehova? Egome, mu buryo buri n’aho bugarukira. Imana yarahaye igisata ciwe Isirayeli icizigiro co kuba «ihanga ryeranda.» (Kuvayo 19:6) Yarahezagiye iryo hanga mu kuriha uburyo bwo gusenga bweranda, budahumanye kandi butyoroye. Ivyo vyatumye ubweranda buba iciyumviro kigaruka kenshi mw’Itegeko rya Musa. Nkako, umuherezi mukuru yarambara mu ruhanga akuma gafyase k’inzahabu ku gitambara co ku mutwe, aho bose bashobora kukabona gakayangana mu muco. Kari kanditsweko amajambo avuga ngo: «Ubweranda ni ubwa Yehova.» (Kuvayo 28:36) Rero, ukudahumana n’ugutyoroka mu buryo buhanitse ni vyo vyategerezwa kuranga ugusenga kwabo n’uburyo bwabo bwo kubaho. Yehova yababwiye ati: «Mukwiye kuba beranda kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda.» (Abalewi 19:2) Igihe cose Abisirayeli babaho bisunga impanuro z’Imana ku rugero abantu b’abanyagasembwa bagezako, baraba beranda mu buryo buri n’aho bugarukira.

10. Ku vyerekeye ubweranda, ni irihe tandukaniro ryari hagati ya Isirayeli ya kera be n’amahanga yari ayikikuje?

10 Ukwo gushimika ku bweranda kwari gutandukanye cane n’ugusenga kw’amahanga yari akikuje Isirayeli. Ayo mahanga y’abapagani yasenga imana zitabaho, zavugwa ko zirangwa n’ubukazi, umwina n’ubuhumbu. Zari zihumanye mu mice yose. Gusenga imana nk’izo vyatuma abantu bahumana. Ni co catumye Yehova agabisha abasavyi biwe kwitandukanya n’abapagani bazisenga be n’imigenzo yabo y’ivy’ugusenga ihumanye.​—Abalewi 18:24-28; 1 Abami 11:1, 2.

11. Ubweranda bw’igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova bugaragarira gute (a) mu bamarayika? (b) mu baserafi? (c) muri Yezu?

11 N’igihe ihanga rya Isirayeli ryakora uko rishoboye kwose ngo ribe ryeranda, ntiryashobora gushikira igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova. Amamiliyoni y’ibiremwa vy’impwemu bisukurira Imana bidahemuka, bivugwa yuko ari «aberanda ibihumbi n’ibihumbi.» (Gusubira mu vyagezwe 33:2; Yuda 14) Biragaragaza mu buryo butagira akanenge ubwiza bukayangana kandi butyoroye bw’ubweranda bw’Imana. Ibuka kandi abaserafi Yesaya yabonye mu vyo yeretswe. Amajambo yari agize indirimbo yabo yumvikanisha yuko ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibinyabubasha bifise uruhara ruhambaye mu kumenyekanisha ubweranda bwa Yehova mu vyaremwe vyose. Ariko rero, hari ikiremwa c’impwemu kimwe kiri hejuru y’ivyo bindi vyose, akaba ari wa Mwana w’ikinege w’Imana. Yezu ni we agaragaza ubweranda bwa Yehova kuruta abandi bose. Mu buryo bubereye, yitwa «Umweranda w’Imana.»​—Yohani 6:68, 69.

Izina ryeranda, impwemu nyeranda

12, 13. (a) Ni kubera iki izina ry’Imana ridondorwa mu buryo bubereye ko ari ryeranda? (b) Kubera iki izina ry’Imana ritegerezwa gukurwako iceyi?

12 Tuvuge iki kw’izina ry’uruharo ry’Imana? Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 1, iryo zina si izina ry’icubahiro gusa canke izina rimudondora. Rirerekana uko Yehova Imana ameze, rigaserurwamwo kamere ziwe zose. Kubera ico, Bibiliya itubwira yuko “izina ryiwe ari ryeranda.” (Yesaya 57:15) Itegeko rya Musa ryavuga ko kurogota kw’izina ry’Imana ari icaha gikomeye. (Abalewi 24:16) Raba kandi ikintu Yezu yashize mu kibanza ca mbere mw’isengesho: «Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.» (Matayo 6:9) Kweza ikintu bisigura kugishira ku ruhande ugafata ko ari ceranda, ukongera ukacubaha cane, ukabona ko kitagira akanenge. Ariko none, ni kubera iki ikintu gisanzwe gityoroye nk’izina ry’uruharo ry’Imana, cokenera kwezwa?

13 Izina ryeranda ry’Imana ryarasizwe iceyi, rirambikwa ibara n’ibinyoma be n’agacokoro. Muri Edeni, Shetani yarabesheye Yehova, ashaka kwerekana yuko Yehova ari Segaba arenganya. (Itanguriro 3:1-5) Kuva ico gihe, Shetani we mutware w’iyi si ihumanye, yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo iceyi Imana yasizwe gikwiragire. (Yohani 8:44; 12:31; Ivyahishuwe 12:9) Amadini yigisha abantu ko Imana irenganya, ititwararika abantu canke ko itagira ikigongwe. Avuga ko Imana ibashigikira mu ntambara zo gusesa amaraso. Ibikorwa vy’irema bitangaje vy’Imana kenshi vyitirirwa igihamana canke ihindagurika. Egome, izina ry’Imana ryaratutswe bimwe bikomeye. Ritegerezwa kwezwa rigasubirana ubuninahazwa ribereye. Turashashaye igihe Yehova azokura iceyi kw’izina ryiwe ibihe bidahera. Azokoresha Ubwami burongowe n’Umwana wiwe. Turahimbarwa no kugira uruhara uko dushoboye kwose muri uwo mugambi uhambaye.

14. Ni kubera iki impwemu y’Imana yitwa nyeranda, kandi ni kubera iki kurogota kuri yo ari icaha gikomeye cane?

14 Hariho ikindi kintu gifitaniye isano rinini na Yehova, ku buryo cama nantaryo citwa ceranda, ico kikaba ari impwemu yiwe, ni ukuvuga inguvu yiwe ikora. (Itanguriro 1:2) Yehova arakoresha iyo nguvu ikomeye kuruta ibindi vyose kugira ngo arangure imigambi yiwe. Ivy’Imana ikora vyose, ibishitsa mu buryo bweranda, butyoroye kandi budahumanye, ari co gituma inguvu yiwe ikora bibereye kuba yitwa impwemu nyeranda. (Luka 11:13; Abaroma 1:4) Kurogota ku mpwemu nyeranda, ibirimwo kurwanya n’ibigirankana imigambi ya Yehova, ni icaha umuntu adashobora guharirwa.​—Mariko 3:29.

Igituma ubweranda bwa Yehova budukwegera kuri we

15. Ni kubera iki gutinya Imana ari ikintu kibereye kubera ubweranda bwa Yehova, kandi kuba Yehova ari mweranda bikwiye gutuma twiyumva gute?

15 Turashobora gutahura bitatugoye igituma Bibiliya ivuga ko abantu bakwiye gutinya Imana kubera ko ari nyeranda. Nk’akarorero, muri Zaburi 99:3 dusoma duti: «Nibashemeze izina ryawe rihambaye, kuko riteye ubwoba kandi rikaba ari ryeranda.» Ivyo bisobanura ko dukwiye kumwubaha no kwubaha izina ryiwe bimwe bigera kure. Birabereye ko twiyumva tumerewe ukwo, kubera yuko ubweranda bw’Imana buturengeye cane rwose. Buratyoroye bisubiye buraninahaye bimwe bitagira agatosi. Naho ari ukwo, ntibukwiye gutuma tutamwegera. Ahubwo riho, mu gihe tubona ubweranda bw’Imana mu buryo bubereye bizotuma turushiriza kuyiyegereza. Kubera iki?

16. (a) Ubweranda bufitaniye gute isano n’ubwiza? Tanga akarorero. (b) Ukuntu Yehova adondorwa mw’iyerekwa bishimika gute ku kudahumana, ku gutyoroka no ku muco?

16 Kimwe coco, Bibiliya yerekana ko hariho isano hagati y’ubweranda n’ubwiza. Muri Yesaya 63:15, ijuru ridondorwa yuko ari ho «hantu heranda [h’Imana] kandi haninahaye [canke «heza», akajambo k’epfo].» Ubwiza buradukwegera. Nk’akarorero, nurabe ishusho iri ku rupapuro rwa 33. None ntukwegerwa n’ivyo bintu? Ni igiki gituma biba ibikwegera gutyo? Raba ukuntu ayo mazi ari umusarara. Mbere n’ikirere kiratyoroye, kubera yuko ijuru risa n’ubururu, umuco na wo ukaba usa nk’uwuca ibibatsi. Ubu na ho, mu gihe ivyo bintu nyene vyohindurwa, nk’akarorero ayo mazi bakayuzuzamwo umwavu, ivyo biti n’ivyo bitandara bakavyandikako ibijambo bibi, ico kirere kikuzuramwo ivyotsi, ntivyoba bikidukwegera. Mu bisanzwe tubona ko ubwiza bufitaniye isano n’ukudahumana, ugutyoroka hamwe n’umuco. Amajambo nk’ayo nyene arashobora gukoreshwa mu kudondora ubweranda bwa Yehova. Nta mazinda yuko ubwo buryo Yehova adondorwa mw’iyerekwa budukwegera! Buca ibibatsi, bukayangana nk’utubuyenge, bururumba nk’umuriro canke nk’ubutare bw’agaciro butyoroye kandi bukayangana kuruta ubundi. Ukwo ni ko ubwiza bw’Imana yacu nyeranda budondorwa.​—Ezekiyeli 1:25-28; Ivyahishuwe 4:2, 3.

Nk’uko nyene ubwiza budukwegera, ni ko n’ubweranda bukwiye kudukwegera

17, 18. (a) Ivyo Yesaya yeretswe vyabanje kumugirako ingaruka izihe? (b) Yehova yakoresheje gute umuserafi kugira ngo ahumurize Yesaya, kandi ico uwo muserafi yakoze cari gifise insobanuro iyihe?

17 Ariko none, ubweranda bw’Imana bwoba bukwiye gutuma twumva yuko turi hasi twigereranije na yo? Birumvikana, dukwiye kwiyumva ko tumeze gutyo. Ntitworonka ingene twigereranya kuri yo kubera yuko turi hasi cane ya Yehova. None kumenya ivyo vyoba bituma twumva turi kure yiwe? Rimbura inyifato Yesaya yagize aho amariye kwumva abaserafi batangaza ubweranda bwa Yehova. «Nca mvuga nti: “Karabaye ndapfuye, kubera ko ndi umuntu w’iminwa ihumanye, nkaba mba mu bantu b’iminwa ihumanye, no kubera ko amaso yanje yiboneye Umwami Yehova Nyeningabo ubwiwe!”» (Yesaya 6:5) Egome, ubweranda bwa Yehova butagira urugero bwaribukije Yesaya ukuntu yari umunyavyaha akongera akaba umunyagasembwa. Uwo mugabo w’umwizigirwa ubwanwa bwabanje gupfuka umunwa. Mugabo Yehova ntiyamuretse ngo agume amerewe gutyo.

18 Umuserafi yaciye ahumuriza mu maguru masha uwo muhanuzi. Gute? Ico kiremwa c’ikinyabubasha caragurutse kija ku gicaniro, gitora ikara, maze kirikoza ku munwa wa Yesaya. Ivyo bishobora gusa n’ibibabaza aho kuba ibihumuriza. Ariko rero niwibuke yuko iryo ryari iyerekwa ryari ryuzuye insobanuro ngereranyo. Uwo Muyuda w’umwizigirwa Yesaya, yari azi neza yuko ibimazi vyashikanwa ku musi ku musi ku gicaniro co mu rusengero kugira ngo ivyaha bihongerwe. Kandi nya muserafi yaramwibukije abigiranye urukundo yuko naho nyene Yesaya yari umunyagasembwa, «umuntu w’iminwa ihumanye», yari agishoboye kugira impagararo idahumanye imbere y’Imana. a Yehova yari n’umutima ukunze wo kubona ko umuntu w’umunyagasembwa akaba n’umunyavyaha yari mweranda n’imiburiburi mu buryo buri n’aho bugarukira.​—Yesaya 6:6, 7.

19. Naho turi abanyagasembwa, bishoboka gute ko tuba beranda ku rugero kanaka?

19 No muri iki gihe nyene ni ko bimeze. Ibimazi vyose vyashikanwa ku gicaniro i Yeruzalemu vyari ibitutu gusa vy’ikintu gihambaye kuruta, ico kintu kikaba ari ikimazi gitunganye Yezu Kristu yatanze mu 33 inyuma ya Kristu. (Abaheburayo 9:11-14) Iyo vy’ukuri twigaye ivyaha twakoze, tugakosora ingendo yacu mbi, vyongeye tukagaragaza ko twizera incungu, turababarirwa. (1 Yohani 2:2) Natwe nyene turashobora kugira impagararo idahumanye imbere y’Imana. Kubera ico, intumwa Petero aratwibutsa ati: «Vyanditswe ngo: “Mutegerezwa kuba beranda kuko ndi mweranda.» (1 Petero 1:16) Urabona yuko Yehova atavuze yuko dutegerezwa kuba aberanda neza na neza nk’uko ari. Ntiyigera na rimwe atwitegako ibidashoboka. (Zaburi 103:13, 14) Ahubwo, Yehova atubwira kuba aberanda kubera yuko na we nyene ari mweranda. Bwa «bana [a]kunda», turagerageza kumwigana gushika ku rugero abantu b’abanyagasembwa dushobora gushikanako. (Abanyefeso 5:1) Gutyo rero gushikira ubweranda ni igikorwa kibandanya. Uko dukura mu vy’impwemu, turihatira “kuba aberanda” ku musi ku musi.​—2 Abakorinto 7:1.

20. (a) Ni kubera iki ari ngirakamaro ko dutahura yuko dushobora kuba abatyoroye mu nyonga z’Imana yacu nyeranda? (b) Igihe Yesaya yamenya ko ivyaha vyiwe vyari vyahongewe, vyagize iki kuri we?

20 Yehova akunda ibigororotse n’ibityoroye. Icaha aracanka. (Habakuki 1:13) Mugabo twebwe ntatwanka. Igihe tubona icaha nk’uko akibona, ni ukuvuga tukanka ikibi, tugakunda iciza tugaheza tukihatira kugera ikirenge mu ca Yezu Kristu gitunganye, Yehova araduharira ivyaha vyacu. (Amosi 5:15; 1 Petero 2:21) Igihe dutahuye yuko dushobora kuba abatyoroye mu nyonga z’Imana yacu nyeranda, biragira ico bidukozeko mu buryo bugera kure. Ibuka yuko ubweranda bwa Yehova bwabanje kwibutsa Yesaya yuko ahumanye. Yarasemereye ati: «Ndigorewe!» Mugabo amaze gutahura yuko ivyaha vyiwe vyari vyahongewe, yaciye atangura kubona ibintu mu bundi buryo. Igihe Yehova yabaza uwokwitanga avyishakiye kugira arangure igikorwa kinaka, Yesaya yishuye adahigimanze, naho nyene atari azi ivyo yosabwe gukora. Yavuze ati: «Ndi hano ntuma.»​—Yesaya 6:5-8.

21. Ni igiki kidufasha kwizigira ko dushobora gutsimbataza kamere y’ubweranda?

21 Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana nyeranda, turashobora kugaragaza kamere zayo tukongera tukagiranira na yo ubugenzi somambike. (Itanguriro 1:26) Twese turi n’ubushobozi bwo kuba beranda. Uko tubandanya gutsimbataza ubweranda, Yehova arahimbarwa no kudufasha. Mu gihe tuzoba turiko turabutsimbataza, tuzorushiriza kwiyegereza Imana yacu nyeranda. Vyongeye, uko tuzoba turiko turarimbura kamere za Yehova mu bigabane biri imbere, tuzotahura yuko hariho imvo nyinshi zikomeye zotuma tumwiyegereza!

a Imvugo ngo «umuntu w’iminwa ihumanye» irabereye, kubera yuko kenshi iminwa ikoreshwa muri Bibiliya mu kugereranya imvugo canke ururimi ruvugwa. Ivyaha vyinshi abantu b’abanyagasembwa dukora usanga bifitaniye isano n’ivyo tuvuga.​—Imigani 10:19; Yakobo 3:2, 6.