Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akajambo k’intango

Akajambo k’intango

Musomyi Mukundwa:

Woba wumva wegereye Imana? Kuri benshi, ivyo bisa n’ibidashoboka. Bamwebamwe biyumvira yuko iri kure cane; abandi biyumvira yuko batabereye kuyiyegereza. Ariko rero, Bibiliya iduhimiriza mu buryo buranga urukundo iti: «Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.» (Yakobo 4:8) Mbere irakura amazinda abayisenga iti: «Jewe Yehova Imana yawe ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: “Ntutinye. Nzogufasha.”»​—Yesaya 41:13.

Dushobora gute kwihatira kugiranira n’Imana ubucuti bwa somambike mwene ubwo? Mu bugenzi bwose twunga n’umuntu, ubumwe buba bushingiye ku kumenya nya muntu, ku gushima no ku guha agaciro kamere zimuranga. Gutyo rero, kamere z’Imana n’inzira zayo, nk’uko bihishurwa muri Bibiliya, ni ibintu vya nkenerwa dutegerezwa kwiga. Kuzirikana ku buryo Yehova agaragaza imwimwe yose muri kamere ziwe, kuraba ukuntu Yezu Kristu yazigaragaje ata gahaze no gutahura uburyo na twe nyene twoshobora kuzitsimbataza, bizotuma turushiriza kwiyegereza Imana. Tuzobona yuko Yehova ari we afise uburenganzira bwo kuba Segaba w’ibiriho vyose kandi ko ari we abibereye. N’ikirushirije, ni we Muvyeyi twese dukeneye. Kubera ari n’ububasha, ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo, ntiyigera aheba abana biwe b’abizigirwa.

Ese iki gitabu cogufasha kwama urushiriza kwiyegereza Yehova Imana, kugiranira na we ubucuti butazokwigera bugira iherezo, kugira ngo ubeho maze umushemeze ibihe bidahera!

Abagisohoye