Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 8

Ububasha bwo gusubiza ibintu mu buryo​—Yehova “ibintu vyose ariko abigira bishasha”

Ububasha bwo gusubiza ibintu mu buryo​—Yehova “ibintu vyose ariko abigira bishasha”

1, 2. Ni ibintu ibihe abantu batakaza bikabababaza muri iki gihe, kandi ivyo bigira ico bidukozeko gute?

 UMWANA aratakaje canke aramenye igikinisho yakunda maze agaca yiyuha iryosozi. Ukwo kurira kurateye agahinda! Ariko woba umaze kubona ukuntu umwana aryoherwa cane iyo umuvyeyi wiwe amugarukaniye ico yari yatakaje? Ku muvyeyi, kuronka ico gikinisho canke gusubira kugikora bishobora kuba ari ikintu gisanzwe. Mugabo nya mwana aranezerwa cane kandi bikamutangaza rwose. Ico yabona ko ivyaco vyarangiye kiba gisubiye kubaho!

2 Yehova we Muvyeyi w’agaheta, arafise ububasha bwo gusubizaho ivyo abana biwe bo kw’isi boba babona ko vyagiye ubutakigaruka. Birumvikana ko tudashaka kuvuga ibikinisho. Muri ibi «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira», dutegerezwa kugira ivyo dutakaje bihambaye kuruta. (2 Timoteyo 3:1-5) Vyinshi mu vyo abantu bafata ko ari ivy’agaciro bisa n’ivyama bigeramiwe: uburaro, amatungo, akazi eka mbere n’amagara yabo. Hari n’aho kandi twumva tubabaye igihe twitegereje ukuntu ibidukikije biriko birahona be n’ukuntu ubwoko bwinshi bw’ibinyabuzima buriko burahona. Ariko rero, nta kintu na kimwe kitubabaza cane nk’igihe uwacu ahitanywe n’urupfu. Dushobora kwumva twishwe n’agahinda kandi tugacika intege.​—2 Samweli 18:33.

3. Ni icizigiro ikihe kiremesha dusanga mu Vyakozwe 3:21, kandi Yehova azogishitsa akoresheje uburyo ubuhe?

3 Ese ukuntu rero duhumurizwa no kumenya ivyerekeye ububasha Yehova afise bwo gusubiza ibintu mu buryo! Nk’uko tuja kubibona, hariho ibintu vyinshi Imana ishobora gusubiza mu buryo ku bw’abana bayo bo kw’isi kandi ikaba izobikora. Nkako, Bibiliya irerekana yuko Yehova afise umugambi w’uko «ibintu vyose bisubizwa mu buryo.» (Ivyakozwe 3:21) Kugira ngo ivyo abishitse, Yehova azokoresha Ubwami burongowe na Mesiya, ari we Mwana wiwe, Yezu Kristu. Ibimenyamenya vyerekana yuko ubwo Bwami bwatanguye gutegeka mw’ijuru mu 1914. a (Matayo 24:3-14) None ni ibiki bizosubizwa mu buryo? Reka turimbure bimwebimwe mu bikorwa bihambaye vya Yehova vyo gusubiza ibintu mu buryo. Kimwe muri ivyo bikorwa turashobora kucibonera. Ibindi bizoshika ku rugero runini muri kazoza.

Ugusenga gutyoroye gusubizwa umutamana

4, 5. Ni ibiki vyashikiye abasavyi b’Imana mu 607 imbere ya Kristu, kandi ni icizigiro ikihe Yehova yabahaye?

4 Ikintu kimwe Yehova yamaze gusubizaho ni ugusenga gutyoroye. Kugira ngo dutegere ico ivyo bisigura, reka dusuzume mu ncamake kahise k’ubwami bwa Yuda. Kugasuzuma biradufasha kubona bimwe bishimishije ukuntu Yehova akoresha ububasha afise bwo gusubiza ibintu mu buryo.​—Abaroma 15:4.

5 Niwihe ishusho gatoyi y’ukuntu Abayuda b’abizigirwa bumvise bamerewe mu 607 imbere ya Kristu, igihe Yeruzalemu yasangangurwa. Igisagara cabo bakunda carasanganguwe, impome zaco zirasenyagurika. Mbere icari kirushirije kuba kibi, urusengero rwiza igitangaza Salomo yari yarubatse, rukaba ari rwo rwari intimatima y’ugusenga Yehova gutyoroye mw’isi yose, rwasigaye ari ubunywenywe. (Zaburi 79:1) Abarokotse barajanywe mu bunyagano i Babiloni, igihugu cabo c’amavukiro bagisiga ari ahantu h’umusaka, ikirimbiro ry’ibikoko. (Yeremiya 9:11) Dukurikije ukuntu umuntu abona ibintu, vyose vyasa n’ibitakigaruka. (Zaburi 137:1) Mugabo Yehova, uwari yarabuye iryo sangangurwa kuva kera, yaratanze icizigiro c’uko igihe co gusubiza ibintu mu buryo cari kiraririye gushika.

6-8. (a) Abahanuzi benshi b’Abayuda banditse ibijanye n’imihango iyihe, kandi iranguka rya mbere ry’ubwo buhanuzi ryabaye gute? (b) Mu bihe vya none, abasavyi b’Imana biboneye gute iranguka ry’ubuhanuzi bwinshi bw’ugusubiza ibintu mu buryo?

6 Abahanuzi benshi b’Abayuda baranditse ibijanye n’iyo mihango. b Biciye kuri bo, Yehova yarasezeranye ko igihugu cosubijwe umutamana, kikabamwo abantu, kikamera, kandi kigakingirwa ibikoko be n’ibitero vy’abansi. Igihugu cabo casubijwe umutamana yakidondoye nk’iparadizo nya paradizo! (Yesaya 65:25; Ezekiyeli 34:25; 36:35) Ikiruta vyose, ugusenga gutyoroye kwosubijweho, urusengero na rwo rugasubira kwubakwa. (Mika 4:1-5) Ubwo buhanuzi bwarahaye icizigiro Abayuda bari mu bunyagano, burabafasha kwihanganira imyaka 70 bamaze mu bunyagano i Babiloni.

7 Amaherezo, igihe c’ugusubiza ibintu mu buryo carashitse. Abayuda bakuwe mu mvuto za Babiloni, barasubiye i Yeruzalemu maze basubira kuhubaka urusengero rwa Yehova. (Ezira 1:1, 2) Igihe cose baba bumiye ku gusenga gutyoroye, Yehova yarabahezagira kandi agatuma igihugu cabo kimera kikanasagamba. Yarabakingiye abansi yongera arabakingira ibikoko vyari bimaze imyaka mirongo vyiganziye ico gihugu. Ese ukuntu bategerezwa kuba baranezerejwe n’ububasha Yehova afise bwo gusubiza ibintu mu buryo! Mugabo ivyo bintu vyabaye vyagereranya iranguka rya mbere kandi ritoya ry’ubuhanuzi bwerekeye ugusubiza ibintu mu buryo. Iranguka rinini kuruta ryari rikiri imbere «mu misi y’iherezo», ni ukuvuga muri iki gihe turimwo nyene, igihe hokwimitswe uwari yarasezeranywe kuva kera ko yobaye Samuragwa w’ingoma y’Umwami Dawidi.​—Yesaya 2:2-4; 9:6, 7.

8 Inyuma gatoyi y’aho Yezu yimikiwe mu Bwami bwo mw’ijuru mu 1914, yaritwararitse ivyo abasavyi b’Imana b’abizigirwa bo kw’isi bakeneye mu vy’impwemu. Nka kumwe nyene wa murwanyi w’Umuperesi ari we Kuro yabohoza amasigarira y’Abayuda abakuye i Babiloni mu 537 imbere ya Kristu, Yezu yarabohoje amasigarira y’Abayuda bo mu buryo bw’impwemu, ari bo bayoboke bagera ikirenge mu ciwe, abakura mu kosho ka «Babiloni Akomeye», ikaba ari inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. (Ivyahishuwe 18:1-5; Abaroma 2:29) Kuva mu 1919 gushika ubu, ugusenga gutyoroye kwarasubijwe mu kibanza cakwo kibereye mu buzima bw’abakirisu nyakuri. (Malaki 3:1-5) Kuva ico gihe, abasavyi ba Yehova baramusengera mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu rwahumanuwe, rukaba ari intunganyo yagizwe ku bw’ugusenga gutyoroye. Ni kubera iki ivyo bihambaye kuri twebwe muri iki gihe?

Igituma gusubizaho ugusenga gutyoroye bihambaye

9. Inyuma y’ikiringo c’intumwa, amadini y’abiyita abakirisu yagize iki ku vyerekeye ugusenga Imana, ariko ni igiki Yehova yakoze muri iki gihe cacu?

9 Rimbura ivyabaye muri kahise. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bifitiye imihezagiro myinshi yo mu vy’impwemu. Mugabo Yezu n’intumwa bari baravuze yuko ugusenga kw’ukuri kwokwononekaye kandi kukazimangana. (Matayo 13:24-30; Ivyakozwe 20:29, 30) Inyuma y’ikiringo c’intumwa, haradutse abiyita Abakirisu. Abakuru babo barazanye inyigisho be n’imigenzo vya gipagani. Barananiwe gufasha abantu kwiyegereza Imana. Ahubwo babigishije ivy’Imana mu buryo butari bwo mu kuyidondora ko ari Ubutatu budategereka, bakigisha abantu kwirega ku bapatiri no gusenga Mariya be n’abo bita «aberanda» batandukanye, aho gusenga Yehova. None inyuma y’ivyo binjana vyinshi vy’ukwononekara, Yehova yakoze iki? Muri iyi si ya none, ikaba ari isi yamaze kunyohwa n’ibinyoma vy’amadini, ikaba kandi yarandujwe n’imigenzo Imana yanka, Yehova yarahaserutse maze arasubiza umutamana ugusenga gutyoroye! Turashobora kuvuga ata kurenza urugero yuko ukwo gusubiza ibintu mu buryo ari co kintu gihambaye kiriko kiraba muri ibi bihe vya none.

10, 11. (a) Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu igizwe n’imice ibiri iyihe, kandi ivyo bigira ico bikoze gute kuri wewe? (b) Ni abantu bwoko ki Yehova yatororokanirije mw’iparadizo yo mu vy’impwemu, kandi bazoterwa agateka ko kwibonera iki?

10 Abakirisu b’ukuri muri iki gihe rero barinovora iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, iyo Yehova aguma arushiriza kugira nziza. Iyo paradizo igizwe n’ibiki? Igizwe n’imice ibiri nyamukuru. Umuce wa mbere ni ugusenga Imana y’ukuri Yehova gutyoroye. Yehova yaraduhaye uburyo bwo gusenga butarimwo ikinyoma na kimwe co mu madini y’ikinyoma. Yaraduhezagiye mu kuduha ibifungurwa vy’impwemu. Ivyo biradushoboza kwiga ivyerekeye Dawe wo mw’ijuru, kumuhimbara be no kumwiyegereza. (Yohani 4:24) Umuce ugira kabiri wa nya paradizo yo mu buryo bw’impwemu, uraba abantu. Nk’uko Yesaya yabibuye, «mu misi y’iherezo» Yehova yarigishije abasavyi biwe inzira z’amahoro. Yaradukuyemwo ivy’intambara. Naho turi abanyagasembwa, aradufasha kwambara «kamere nshasha.» Arahezagira utwigoro tugira akoresheje impwemu yiwe nyeranda, iyituma twama ivyamwa vyiza. (Abanyefeso 4:22-24; Abagalatiya 5:22, 23) Igihe ukora wisunga impwemu y’Imana, uba vy’ukuri uri mu bagize iparadizo yo mu buryo bw’impwemu.

11 Muri iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu, Yehova yarahatororokanirije abantu akunda, ni ukuvuga abamukunda, bagakunda amahoro bakongera bakaba «[bazi] ko bakeneye ivy’Imana.» (Matayo 5:3) Abo ni abantu bazoterwa agateka ko kwibonera mbere ugusubizwa umutamana guhambaye kuruta, ukwo na kwo kukaba ari ukw’abantu be n’isi yose uko ingana.

«Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha»

12, 13. (a) Ni kubera iki ubuhanuzi bw’ugusubiza ibintu mu buryo butegerezwa kwongera kuranguka mu bundi buryo? (b) Ni umugambi nyabaki Yehova afitiye isi nk’uko yabivuze muri Edeni, kandi ni kubera iki ivyo biduha icizigiro ca kazoza?

12 Bwinshi mu buhanuzi bw’ugusubiza ibintu mu buryo ntibuvuga gusa ivy’ugusubiza ibintu mu buryo mu vy’impwemu. Nk’akarorero, Yesaya yaranditse ivy’igihe abarwaye, ibimuga, impumyi n’abaragi bokize, eka mbere n’urupfu rukamirwa ubutakigaruka. (Yesaya 25:8; 35:1-7) Iyo mihango ntiyigeze iranguka mu buryo nyabwo muri Isirayeli ya kera. Kandi naho nyene twabonye iranguka ryo mu buryo bw’impwemu ry’iyo mihango mu gihe cacu, hariho ishimikiro rikomeye ryo kwemera yuko muri kazoza hazobaho iranguka nya ranguka ryavyo ku rugero rwuzuye. Ivyo tubizi gute?

13 Kera muri Edeni, Yehova yaratomoye umugambi wiwe werekeye isi: Yategerezwa kuzobako umuryango w’abantu bahimbawe, bafise amagara meza kandi bunze ubumwe. Umugore n’umugabo bategerezwa kubungabunga isi be n’ibiremwa vyose vyari kuri yo, isi yose bakayihindura iparadizo. (Itanguriro 1:28) Ivyo biratandukanye rwose n’ukuntu ibintu bimeze muri iki gihe. Ariko rero, turashobora kwizigira yuko imigambi ya Yehova atagishobora kuyitangira. (Yesaya 55:10, 11) Bwa Mwami Mesiya yashizweho na Yehova, Yezu azozana iyo Paradizo izoba ikwiye kw’isi yose.​—Luka 23:43.

14, 15. (a) Yehova azohindura gute “ibintu vyose bishasha”? (b) Ubuzima buzoba bumeze gute mw’Iparadizo, kandi ni umuce uwuhe ugukwegera kuruta?

14 Niwihe ishusho uriko ubona isi yose yahindutse Iparadizo! Yehova avuga ivy’ico gihe ati: «Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.» (Ivyahishuwe 21:5) Rimbura ico ivyo bisigura. Igihe Yehova azoba yarangije gukoresha ububasha bwiwe mu gusangangura iyi si mbi, hazosigara «ijuru rishasha n’isi nshasha.» Ivyo bisigura yuko intwaro nshasha izoganza iri mw’ijuru ikibano c’abantu gishasha kigizwe n’abakunda Yehova bakanakora ivyo agomba. (2 Petero 3:13) Shetani hamwe n’amadayimoni yiwe, bazobuzwa kugira ico bakoze. (Ivyahishuwe 20:3) Ari bwo bwa mbere mu myaka ibihumbi iheze, abantu bazobona gukira ako kosho konona, karangwa n’urwanko kandi kabi. Nta gukeka ko abantu bazokwumva batabawe bimwe bitavugwa.

15 Amaherezo tuzoshobora kubungabunga uyu mubumbe uteye igomwe nk’uko twategerezwa kuwubungabunga mu ntango. Isi irafise ububasha yaremanywe bwo gusubira kumera neza. Ibiyaga be n’inzuzi vyatawemwo umwanda birashobora kwisukura mu gihe isoko ryavamwo nya mwanda ryoba rikuweho; uturere twononywe n’intambara turashobora kumera neza mu gihe intambara zohagarara. Ese ukuntu bizoba biteye umunezero gukora twisunga amategeko be n’urutonde isi yaremanywe, tugafasha mu kuyihindura iparadizo imeze nk’ubusitani, ikibera nka Edeni kandi iriko ibimera be n’ibikoko bitandukanye! Aho guhonya amoko y’ibimera be n’ibikoko ata mvo n’imwe ibimutumye, umuntu azobana amahoro n’ibiremwa vyose vyo kw’isi. Mbere n’abana ntibazotinya ibikoko vyo mw’ishamba.​—Yesaya 9:6, 7; 11:1-9.

16. Mw’Iparadizo, ni ugusubiza ibintu mu buryo ukuhe kuzogira ico gukoze ku muntu wese w’umwizigirwa?

16 Tuzokwibonera kandi ibintu bisubira mu buryo, umuntu wese ku ruhande rwiwe. Inyuma ya Harumagedoni, abarokotse bazokira mu buryo bw’igitangaro kw’isi yose. Nka kumwe Yezu yabigira igihe yari kw’isi, azokoresha ububasha yahawe n’Imana bwo guhumura impumyi, gutuma abatumva basubira kwumva, kandi atume abamugaye basubira kugira umubiri umeze neza. (Matayo 15:30) Abasaza bazokwigina inkomezi zabo zizoba zasubiye kuba nk’izo mu buto bwabo, amagara meza, be n’ingoga. (Yobu 33:25) Iminkanyari izozimangana, ingingo z’umubiri zikomere, imitsi na yo isubizwe inguvu. Abantu b’abizigirwa bose bazokwibonera yuko ingaruka zatewe n’icaha be n’agasembwa ziriko ziragabanuka intambwe ku yindi, ko ziriko zirahera. Ese ukuntu tuzoshimira Yehova Imana ku bw’ububasha afise bwo gusubiza ibintu mu buryo! Ubu na ho nimuze canecane twerekeze ivyiyumviro ku muce w’inkoramutima w’ico gihe giteye akanyamuneza co gusubiza ibintu mu buryo.

Gutuma abapfuye basubira kuba bazima

17, 18. (a) Ni kubera iki Yezu yakariye Abasadukayo? (b) Ni ibintu ibihe vyatumye Eliya asaba Yehova ngo azure uwapfuye?

17 Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, indongozi z’amadini zimwezimwe zitwa Abasadukayo ntizemera izuka. Yezu yarabakariye muri aya majambo: «Mwarazimiye, kuko mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana.» (Matayo 22:29) Egome, Ivyanditswe birahishura yuko Yehova afise mwene ubwo bubasha bwo gutuma abapfuye basubira kuba bazima. Ivyo bishoboka gute?

18 Niwihe ishusho y’ivyashitse mu misi ya Eliya. Umupfakazi yari areze mu maboko ikiziga c’umwana wiwe umwe gusa yari afise. Uwo muhungu yari yapfuye. Uwo muhanuzi Eliya, uwari amaze igihe kinaka ari umushitsi wa nya mupfakazi, ategerezwa kuba yaravunitse umutima. Imbere y’aho, Eliya yari yarafashije gutabara uwo muhungu ngo ntiyicwe n’ikigoyi. Eliya ashobora kuba yarakunda nya muhungu. Nyina wa nya muhungu yari yavunitse umutima. Uwo muhungu ni we wenyene yari asigaranye yibukirako umunega wiwe yapfuye. Ashobora kuba yari yizigiye yuko uwo muhungu wiwe ari we yomubungabunze amaze kugera mu zabukuru. Uwo mupfakazi yarababaye gushika n’aho yiyumvira ko coba ari igihano yahawe kubera ibicumuro yakoze kera. Eliya ntiyashobora kwihanganira kubona ico cago cunyuka gutyo. Yarakuye ico kiziga mu gikiriza c’uwo muvyeyi bukebuke, arakidugana mu cumba yabamwo, araheza asaba Yehova Imana ngo azure uwo mwana.​—1 Abami 17:8-21.

19, 20. (a) Aburahamu yerekanye gute yuko yari yizeye ko Yehova afise bubasha bwo gutuma abapfuye bazozuka, kandi ishimikiro ry’ukwizera mwene ukwo ryari irihe? (b) Ni impera iyihe Yehova yahaye Eliya kubera ukwizera kwiwe?

19 Eliya ntiyari we muntu wa mbere yemera izuka. Ibinjana n’ibindi imbere y’aho, Aburahamu yaremera yuko Yehova afise ubwo bubasha bwo gutuma abantu basubira kuba bazima, kandi yari afise imvo zumvikana zo kuvyemera. Igihe Aburahamu yari afise imyaka 100 y’amavuka Sara na we akaba yari afise imyaka 90, Yehova yaragarukanye ububasha bwabo bw’irondoka bwari bwarahagaze, atuma Sara ashobora kwibaruka umuhungu mu buryo bw’igitangaro. (Itanguriro 17:17; 21:2, 3) Mu nyuma, igihe nya muhungu yari amaze gukura, Yehova yasavye Aburahamu kumutangako ikimazi. Aburahamu yarerekanye ukwizera, mu kwiyumvira yuko Yehova yari ashoboye gusubiza muzima umwana wiwe yakunda ari we Izahaki. (Abaheburayo 11:17-19) Mwene ukwo kwizera kwinshi kurashobora gusigura igituma imbere y’uko Aburahamu aduga umusozi kugira ngo atangeko ikimazi umuhungu wiwe, yakuye amazinda abasuku biwe yuko we na Izahaki bogarukanye.​—Itanguriro 22:5.

“Eh’umwana wawe ni muzima”!

20 Yehova yarakijije Izahaki, ari co gituma ico gihe hatari hakenewe izuka. Ariko rero muri iyo nkuru ya Eliya, umwana wa wa mupfakazi yari yamaze gupfa, mugabo ntihari bwace igihe kirekire. Yehova yarahaye impera uwo muhanuzi ku bw’ukwizera kwiwe, mu kuzura nya mwana! Eliya yaciye afata uwo muhungu amuha nyina, yongera amubwira aya majambo y’intibagirwa ati: «Ehe raba umuhungu wawe ni muzima.»​—1 Abami 17:22-24.

21, 22. (a) Inkuru zo mu Vyanditswe zigana abantu bagiye barazuka zari zifise intumbero iyihe? (b) Mw’Iparadizo, izuka rizoba ku rugero rungana iki, kandi ni nde azokora ico gikorwa?

21 Aho ni ahantu ha mbere muri Bibiliya hatubwira ingene Yehova yakoresheje ububasha afise bwo gutuma umuntu asubira kuba muzima. Mu nyuma, Yehova kandi yarahaye ububasha Elisha, Yezu, Pawulo be na Petero bwo gutuma abapfuye basubira kuba bazima. Ego ni ko, abazuwe amaherezo barasubiye gupfa. Ariko rero, mwene izo nkuru zo muri Bibiliya ziratwereka imbere y’igihe ibintu vyiza igitangaza bizoba muri kazoza.

22 Mw’Iparadizo, Yezu azorangura uruhara rwiwe rwo kuba «izuka n’ubuzima.» (Yohani 11:25) Azozura abantu amamiliyoni n’amamiliyoni, abahe akaryo ko kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi. (Yohani 5:28, 29) Niwihe ishusho y’ukwo gusubira kubonana kw’abagenzi n’incuti bakundana, bari bamaze igihe kirekire batandukanijwe n’urupfu, bariko baragwana mu nda, bishwe n’umunezero! Abantu bose bazoshemeza Yehova ku bw’ububasha bwiwe bwo gusubiza ibintu mu buryo.

23. Ni gute Yehova yagaragaje ububasha bwiwe mu buryo bw’akataraboneka, kandi ivyo bikomeza gute icizigiro dufise ca kazoza?

23 Yehova yaratanze umuhango ukomeye cane w’uko ivyo vyizigiro ari ntabanduka. Mu kugaragaza ububasha bwiwe mu buryo bw’akataraboneka, yarazuye Umwana wiwe Yezu amugira ikiremwa c’impwemu c’ubushobozi, amugira uwa kabiri kuri we. Yezu uwari yazutse, yariyeretse abantu amajana, baramwibonera. (1 Abakorinto 15:5, 6) Mbere n’abakekeranya, ico ciyumviro kirakwiye kubajijura. Yehova arafise ububasha bwo gutuma umuntu asubira kuba muzima.

24. Ni kubera iki dushobora kwizigira yuko Yehova azozura abapfuye, kandi ni icizigiro ikihe umwe wese muri twebwe ashobora gukenguruka cane?

24 Yehova ntafise gusa ububasha bwo gutuma abapfuye basubira kuba bazima, mugabo kandi arafise icipfuzo co kubikora. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yarahumekewe ngo avuge yuko Yehova ashashaye vy’ukuri gutuma abapfuye basubira kuba bazima. (Yobu 14:15) None ntiwumva wokwiyegereza iyo Mana yacu, ishashaye gukoresha ububasha ifise bwo gusubiza ibintu mu buryo muri mwene ubwo buryo buranga urukundo? Ariko rero, ntiwibagire yuko izuka ari umuce umwe gusa w’igikorwa gihambaye ca Yehova co gusubiza ibintu mu buryo kiraririye gushika. Uko urushiriza kumwiyegereza, urama nantaryo ukenguruka cane icizigiro c’agaciro c’uko ushobora kuzoba ari ho uri kugira ngo ubone ingene Yehova “agira ibintu vyose bishasha.”​—Ivyahishuwe 21:5.

a “Ugusubizwa mu buryo kw’ibintu vyose” kwatanguye igihe Ubwami bwa Mesiya bwashingwa, maze uwukomoka ku mwami w’umwizigirwa Dawidi akaba ari we abuganza. Yehova yari yasezeraniye Dawidi yuko uruvyaro rwiwe rwoganje gushitsa ibihe bidahera. (Zaburi 89:35-37) Mugabo aho Babiloni imariye gusangangura Yeruzalemu mu 607 imbere ya Kristu, nta muntu n’umwe akomoka kuri Dawidi yavyagiye ku ntebe y’ubwami bw’Imana. Yezu, uwavukiye kw’isi ari samuragwa wa Dawidi, yacitse Umwami yari yasezeranywe kuva kera, igihe yimikwa mw’ijuru.

b Nk’akarorero, Musa, Yesaya, Yeremiya, Ezekiyeli, Hoseya, Yoweli, Amosi, Obadiya, Mika na Zefaniya bose baranditse ibijanye n’ivyo.