Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 18

Ubukerebutsi mw’«Ijambo ry’Imana»

Ubukerebutsi mw’«Ijambo ry’Imana»

1, 2. Ni «ikete» irihe Yehova yatwandikiye, kandi kubera iki?

 WOBA wibuka igihe uherukira kuronka ikete rivuye ku mugenzi aba kure cane? Usanga tugira umunezero mwinshi cane igihe turonse ikete rikora ku mutima rivuye ku muntu dukunda. Turanezerezwa no kwumva ko amerewe neza, ivyo ariko aracamwo be n’imigambi afise. Mwene ukwo guhanahana amakuru biratuma abagenzi barushiriza kwiyegerezanya, naho nyene baba bari kure na kure.

2 None ni igiki cotuma turushiriza kugira umunezero kuruta kuronka ubutumwa bwanditswe buvuye kuri ya Mana twikundira? Mu buryo nk’ubwo, Yehova yaratwandikiye «ikete», ni ukuvuga Ijambo ryiwe Bibiliya. Muri ryo aratubwira uwo ari we, ivyo yakoze, ibikorwa ategekanya gukora be n’ibindi vyinshi. Yehova yaraduhaye Ijambo ryiwe kubera yuko ashaka ko tumwiyegereza. Imana yacu yuzuye ubukerebutsi yahisemwo uburyo bwiza kuruta bushoboka bwo kuvugana na twe. Ukuntu Bibiliya yanditswe be n’ibiyirimwo, birimwo ubukerebutsi ntangere.

Ni kubera iki hakenewe ijambo ryanditswe?

3. Yehova yahaye amategeko Musa mu buryo ubuhe?

3 Hari abohava bibaza bati “Ni kubera iki Yehova atakoresheje uburyo butangaje kuruta, nk’akarorero ijwi rivuye mw’ijuru, kugira avugane n’abantu?” Mu bisanzwe, rimwe na rimwe Yehova yaravugira mw’ijuru biciye ku bamarayika bamuserukira. Nk’akarorero, ivyo yarabigize igihe yaha amategeko Abisirayeli. (Abagalatiya 3:19) Ijwi ryava mw’ijuru ryari riteye akoba rwose, gushika naho abo Bisirayeli batekerwa n’ubwoba bagasaba yuko Yehova atovugana na bo muri ubwo buryo, mugabo yuko yovugana na bo biciye kuri Musa. (Kuvayo 20:18-20) Amategeko yari agizwe n’amabwirizwa nka 600, yaciye ahabwa Musa ku munwa, ijambo ku rindi.

4. Sigura igituma uburyo bwo gushikiriza amakuru ku munwa butobaye ari uburyo bwizigirwa bwo guhererekanya amategeko y’Imana.

4 Ariko none, tuvuge iki nka hamwe ayo mategeko yari kuba atigeze ashirwa mu nyandiko? Musa yoba yari gushobora kwibuka ivyari muri ayo mategeko menshi ijambo ku rindi, agaheza akayashikiriza abagize iryo hanga bose ata makosa ashizemwo? Twovuga iki hoho ku yandi mayaruka yari gukurikira? Mbega bobwirijwe kwiheka gusa ku majambo yo ku munwa? Ubwo ntibwobaye ari uburyo bwizigirwa bwo guhererekanya amategeko y’Imana. Iyumvire ivyoba nka hamwe woba ubwirizwa gushikiriza inkuru abantu batonze ku murongo mu kuyibarira umuntu wa mbere kuri nya murongo hanyuma umwe wese akagenda arayibarira uwundi gutyogutyo, gushika ku muntu wa nyuma. Ivyo uwo muntu wa nyuma yumvise ntivyobura kuba bitandukanye cane n’ivyavuzwe mu ntango. Amategeko y’Imana yoyo ntiyari ageramiwe muri mwene ubwo buryo.

5, 6. Yehova yategetse Musa gukoza iki amajambo yiwe, kandi ni kubera iki kuba dufise Ijambo rya Yehova mu nyandiko ari umuhezagiro kuri twebwe?

5 Yehova abigiranye ubukerebutsi yahisemwo kwandikisha amajambo yiwe. Yategetse Musa ati: «Andika ayo majambo, kuko isezerano ngiranye nawe n’Abisirayeli rishingiye kuri yo.» (Kuvayo 34:27) Ni ho rero hatangura ikiringo co kwandika Bibiliya, mu 1513 imbere ya Kristu. Mu myaka irenga 1.610 yakurikiye, Yehova “yaravuze mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi” abwira abanditsi nka 40 b’abantu, ari na bo bahavuye bandika Bibiliya. (Abaheburayo 1:1) Muri ico gihe cose, abimuzi b’abizigirwa baritwararitse bavyitondeye cane kwimura igisomwa ku makopi ata mahinyu kugira ngo bakingire Ivyanditswe.​—Ezira 7:6; Zaburi 45:1.

6 Yehova vy’ukuri yaraduhezagiye mu kuvugana natwe biciye mu nyandiko. Woba umaze kuronka ikete rigushika ku mutima rwose, kumbure kubera yuko riguha indemesho ukeneye, ku buryo waribitse maze ukaza urarisoma incuro n’izindi? Ukwo ni ko bimeze no kw’«ikete» Yehova yatwandikiye. Kubera ko Yehova yashize amajambo yiwe mu nyandiko, turashobora kwama tuyasoma kandi tukazirikana ku vyo avuga. (Zaburi 1:2) Turashobora kuronka «uruhoza ruva mu Vyanditswe» igihe cose turukeneye.​—Abaroma 15:4.

Ni kubera iki hakoreshejwe abanditsi b’abantu?

7. Ubukerebutsi bwa Yehova bubonekera gute mu kuntu yakoresheje abanditsi b’abantu?

7 Yehova yaragaragaje ubukerebutsi mu gukoresha abantu ngo babe ari bo bandika Ijambo ryiwe. Rimbura ibi: Iyo Yehova akoresha abamarayika mu kwandika Bibiliya, mbega yodukwegereye nk’uko bigenda ubu? Ego niko, abamarayika baba barashoboye kudondora Yehova bakoresheje ukubona ibintu kwabo kwo mu buryo buhanitse, bagaserura ukuntu ubwabo bamuyobokera, eka bakavuga n’ivyerekeye abasavyi b’Imana b’abizigirwa. Ariko ubwo koko tuba twarashoboye kwigereranya n’ibiremwa vy’impwemu bitunganye, bimwe ubwenge bwavyo, ubumenyi be n’inkomezi bifise biruta kure n’iyo ivyacu?​—Abaheburayo 2:6, 7.

8. Ni mu buryo ubuhe abanditsi ba Bibiliya bemerewe gukoresha ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira? (Raba akajambo k’epfo.)

8 Mu gukoresha abanditsi b’abantu, Yehova yaraturonkeje ibintu nyene dukeneye, ni ukuvuga igitabu «[ca]humetswe n’Imana» kandi kidukora ku mutima. (2 Timoteyo 3:16) Ivyo yabishitseko gute? Mu bihe vyinshi, biboneka yuko yaretse abanditsi bagakoresha ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira mu kurobanura «amajambo aryoshe», no kwandika «amajambo y’ukuri atagiramwo amakosa.» (Umusiguzi 12:10, 11) Ivyo birasigura igituma muri Bibiliya hagiye harakoreshwa uburyo bwo kwandika butandukanye; ibintu vyanditswemwo biragaragaza kahise be na kamere vy’abanditsi umwumwe wese ukwiwe. a Yamara, abo bagabo «bavuga ivyava ku Mana barongowe n’impwemu nyeranda.» (2 Petero 1:21) Kubera ico, igikorwa cavuyemwo ni «ijambo ry’Imana» koko.​—1 Abatesalonika 2:13.

«Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana»

9, 10. Ni kubera iki ukuba harakoreshejwe abanditsi b’abantu bituma Bibiliya iba iyikora ku mutima?

9 Ukuba harakoreshejwe abanditsi b’abantu biratuma Bibiliya ikundwa kandi ikaba n’iyikora ku mutima cane. Abayanditse bari abantu bafise inyiyumvo nk’izacu. Kubera batari batunganye, barahangana n’ibigeragezo be n’imikazo nk’ibidushikira. Mu bihe bimwebimwe, impwemu ya Yehova yarabahumekera kugira ngo bandike ivyerekeye inyiyumvo zabo bwite be n’ingorane zabashikira. (2 Abakorinto 12:7-10) Banditse rero amajambo y’ivyo bazi, amajambo ata mumarayika n’umwe yari gushobora kuvuga.

10 Nk’akarorero, rimbura ivy’umwami wa Isirayeli Dawidi. Amaze gukora ibicumuro bikomeye, Dawidi yaratunganije izaburi, muri yo arasuka ibiri mu mutima, asaba yuko Imana yomugirira ikigongwe. Yanditse ati: «Umpumanure igicumuro canje. Kuko nzi neza amakosa yanje, kandi igicumuro canje cama imbere yanje. Raba! Navukiye mw’ikosa, kandi nabaye umucumuzi kuva mama akinsama inda. Ntunyirukane ngo mve imbere yawe, kandi ntunkureko impwemu yawe nyeranda. Ibimazi bihimbara Imana ni umutima umenetse. Ewe Mana, umutima umenetse kandi ujanjaguritse ntuzowuta.» (Zaburi 51:2, 3, 5, 11, 17) Ntushobora none kwiyumvamwo umubabaro w’uwo mwanditsi? Ni nde none kiretse umuntu adatunganye yari gushobora guserura mwene izo nyiyumvo zivuye ku mutima?

Ni kubera iki ari igitabu kivuga ivyerekeye abantu?

11. Ni uburorero ubuhe bw’abantu babayeho koko bwashizwe muri Bibiliya kugira “butwigishe”?

11 Hariho ikindi kintu gituma Bibiliya idukora ku mutima cane. Ahanini, Bibiliya ni igitabu kivuga ivyerekeye abantu, ni ukuvuga abantu babayeho koko, abakoreye Imana n’abatayikoreye. Turasoma ivyabashikiye, ingorane baciyemwo be n’umunezero bagiye baragira. Turabona ingaruka z’amahitamwo bagize mu buzima bwabo. Mwene izo nkuru zikaba zashizwemwo kugira “zitwigishe.” (Abaroma 15:4) Biciye ku turorero tw’abantu babayeho koko, Yehova arigisha mu buryo budukora ku mutima. Rimbura uturorero tumwetumwe.

12. Inkuru za Bibiliya zerekeye abantu b’abahemu zidufasha mu buryo ubuhe?

12 Bibiliya iratubwira ivyerekeye abantu b’ibihemu, washaka b’ababisha, ikanatubwira n’ivyabashikiye. Muri izo nkuru, turabona kamere bagaragaje tutoshima natwe kugaragaza, bigatuma zitworohera gutahura. Nk’akarorero, hoba hari itegeko ryari kudufasha kwirinda guhemuka kuruta kwigira ku karorero ka Yuda igihe yahemukira Yezu? (Matayo 26:14-16, 46-50; 27:3-10) Mwene izo nkuru ziradukora ku mutima mu buryo bukomeye, zikadufasha kubona ingeso mbimbi no kuzamirira kure.

13. Ni mu buryo ubuhe Bibiliya idufasha kubona no kwerekana kamere nzizanziza?

13 Bibiliya kandi iradondora abasavyi b’Imana benshi b’intahemuka. Turasoma ibijanye n’ukwihebera Imana n’ukudahemuka kwabo. Turabona uturorero tuzima twa kamere dukeneye gutsimbataza kugira ngo twiyegereze Imana. Dufate nk’akarorero, ukwizera. Bibiliya iravuga ukwizera ico ari co kandi ikatubwira ukungene ukwizera guhambaye nimba dushaka guhimbara Imana. (Abaheburayo 11:1, 6) Ariko Bibiliya kandi irimwo uturorero dukomeye twerekana ukwizera mu bikorwa. Niwiyumvire ukwizera Aburahamu yerekanye igihe yasabwa gutanga Izahaki kw’ikimazi. (Itanguriro, ikigabane ca 22; Abaheburayo 11:17-19) Biciye muri mwene izo nkuru, ijambo «ukwizera» rirarushiriza kugira insobanuro, maze rikarushiriza kworoha gutegera. Ese ukuntu biranga ubukerebutsi kuba Yehova ataduhimiriza gusa gutsimbataza kamere nzizanziza, ariko kandi akaba aturonsa uturorero tw’abantu bazigaragaje koko mu buzima bwabo!

14, 15. Bibiliya itubwira iki ku vyerekeye umugore umwe yaje ku rusengero, kandi iyo nkuru itwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

14 Inkuru dusanga muri Bibiliya z’ivyabaye koko mu buzima, kenshi ziratwereka ingene Yehova ameze. Rimbura ivyo dusoma vyerekeye umugore Yezu yabonye mu rusengero. Igihe Yezu yari yicaye iruhande y’amasandugu y’intererano, yaritegereje ingene abantu batereramwo intererano zabo. Abatunzi benshi baraza, bagatanga «ibirenze ku vyo bafise.» Mugabo Yezu yaritegereje umupfakazi w’umworo. Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’«uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane.» b Ni two duhera twonyene yari asigaranye. Yezu, uwabona ibintu neza na neza nk’uko Yehova abibona, yavuze ati: «Uyu mupfakazi w’umukene yashize mu gasandugu vyinshi kuruta ivyo abandi bose bashizeyo.» Dukurikije ayo majambo, nya mupfakazi yashizemwo menshi kuruta ayo abandi bose bashizemwo uyashize hamwe.​—Mariko 12:41-44; Luka 21:1-4; Yohani 8:28.

15 Iyumvire icatumye mu bantu bose bari baje ku rusengero uwo musi, uwo mupfakazi ari we yacaguwe agashirwa muri Bibiliya. Biciye kuri ako karorero, Yehova atwigisha yuko ari Imana ishima. Aranezerezwa no kwakira ivyiza kuruta ibindi tumuhaye, ataravye ukuntu vyoba bingana ugereranije n’ivyo abandi bashoboye gutanga. Ubwo ni uburyo bwiza kuruta ubundi bwose Yehova yakoresheje kugira atwigishe ukwo kuri gukora ku mutima!

Ibitari muri Bibiliya

16, 17. Ubukerebutsi bwa Yehova bubonekera gute no mu vyo yahisemwo kudashira mw’Ijambo ryiwe?

16 Iyo wandikiye ikete umuntu ukunda, hariho ivyo udashiramwo. Ukoresha rero ukwiyubara mu guhitamwo ivyo wandika. Na Yehova nyene, yahisemwo gushira mw’Ijambo ryiwe abantu bamwebamwe be n’ibintu bimwebimwe vyashitse. Mugabo muri izo nkuru zivuga ivyabaye, Bibiliya ntiyama ivuga utuntu twose ido n’ido. (Yohani 21:25) Nk’akarorero, igihe Bibiliya ivuga ivy’urubanza Yehova azoshitsa, hari aho amakuru yatanzwe atokwishura ikibazo cose twokwibaza. Ubukerebutsi bwa Yehova buranabonekera mu vyo yahisemwo kudashira mw’Ijambo ryiwe. Uti gute?

17 Uburyo Bibiliya yanditswe burafasha mu gusuzuma ibiri mu mutima wacu. Mu Baheburayo 4:12 hagira hati: «Ijambo [canke ubutumwa] ry’Imana [ni] rizima kandi rifise ububasha. Rirakarishe kuruta inkota iyo ari yo yose ikarishe impande zompi kandi ririnjira gushika aho ritandukanya ubuzima n’impwemu . . . Rirashobora no gusuzuma ivyiyumviro n’imigambi vy’umutima.» (Abaheburayo 4:12) Ubutumwa bwa Bibiliya burinjira bugashika ibwina, bugahishura ivyiyumviro nyakuri vyacu be n’imvo nyakuri zituma dukora ibintu. Abarisoma bafise impengamiro yo kuritora amahinyu barakunda gutsitazwa n’inkuru zitarimwo amakuru ahagije yobamara akanyota. Mwene abo bantu boshobora mbere no gukekeranya ko Yehova yoba vy’ukuri ari urukundo, inkerebutsi n’umugororotsi.

18, 19. (a) Ni kubera iki tudakwiye guta umutwe mu gihe hari inkuru kanaka ya Bibiliya ivyuye ibibazo tudashobora guca turonkera inyishu buno nyene? (b) Hakenewe iki kugira ngo dutahure Ijambo ry’Imana, kandi ni mu buryo ki ico ari ikimenyamenya c’uko ubukerebutsi bwa Yehova ari bwinshi?

18 Ariko tweho, iyo dutohoje Bibiliya tuyitondeye dufise umutima utarimwo uburyarya, turaheza tukabona Yehova dufatiye ku kuntu Bibiliya yose uko ingana imwerekana. Ivyo biratuma tudata umutwe mu gihe hari inkuru kanaka ivyuye ibibazo bimwebimwe tudashobora kuronkera inyishu buno nyene. Tubitangire akarorero: Igihe turiko turaterateranya udupande tugize isanamu niniya, kumbure ntivyotworohera ubwo nyene guca dutora agapande kanaka, canke ngo tubone aho agapande kanaka kaza kuja. Ariko, vyosaba ko dufatanya udupande duhagije kugira dutahure ukuntu iyo sanamu yose isa. Cokimwe n’ivyo, iyo twiga Bibiliya, turamenya buhorobuhoro ivy’ukuntu Imana Yehova imeze, maze tugaca tubona iciyumviro gitomoye c’ukuntu imeze. Mbere n’igihe tutoca dutahura muri ako kanya inkuru kanaka, canke ngo tubone ingene ijanye na kamere y’Imana, ukwo kwiyigisha Bibiliya kuba kwaramaze gutuma tumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova, bigatuma tubona ko ari Imana y’urukundo, itagira nkunzi kandi ikora ibigororotse.

19 Kugira rero dutahure Ijambo ry’Imana, dutegerezwa kurisoma no kuryiga dufise umutima nziraburyarya n’umuzirikanyi wugurutse. Mbega none ico si ikimenyamenya c’uko ubukerebutsi bwa Yehova ari bwinshi? Abantu b’abanyabwenge barashobora kwandika ibitabu bishobora gutegerwa gusa n’«inkerebutsi n’incabwenge.» Mugabo bisaba ubukerebutsi bw’Imana mu kwandika igitabu gishobora gutahurwa n’abafise imitima igororotse gusa!​—Matayo 11:25.

Igitabu c’«ubukerebutsi nyabwo»

20. Ni kubera iki Yehova wenyene ari we ashobora kutubwira uburyo bwiza kuruta bwo kubaho, kandi Bibiliya irimwo ibiki bishobora kudufasha?

20 Mw’Ijambo ryiwe, Yehova aratubwira uburyo bwiza kuruta bwo kubaho. Kubera ko ari Umuremyi wacu, arazi ivyo dukeneye kuruta uko twebwe tubizi. Kandi ibintu vy’ishimikiro abantu bakeneye, ushizemwo icipfuzo co gukunda, guhimbarwa be no kugira imigenderanire myiza, ntivyahindutse. Bibiliya irimwo ubutunzi bw’«ubukerebutsi nyabwo» bushobora kudufasha kubaho neza kandi duhimbawe. (Imigani 2:7) Igihimba kimwekimwe cose c’iki gitabu co kwiga, kirimwo ikigabane cerekana ukungene dushobora gushira mu ngiro impanuro za Bibiliya ziranga ubukerebutsi. Mugabo nimuze turimbure ng’aha akarorero kamwe gusa.

21-23. Ni impanuro ziranga ubukerebutsi izihe zishobora kudufasha kwirinda kubika ishavu n’inzika?

21 Woba umaze kubona yuko abantu babika inzika amaherezo basanga ari bo ubwabo bariko bigirira nabi? Inzika ni umutwaro uremereye ugoye kwikorera mu buzima. Iyo tubitse inzika, ironona ivyiyumviro vyacu, ikadutwara amahoro, ikatubuza n’umunezero. Ivyatohojwe n’abanyasiyansi bivuga yuko kubika ishavu bishobora gutuma turushiriza kugeramirwa n’indwara y’umutima be n’izindi ndwara nyinshi zidakira. Kera cane imbere y’uko abanyasiyansi batohoza ivyo bintu, Bibiliya yari yaravuganye ubukerebutsi iti: «Tsinda ishavu, ureke kuraka.» (Zaburi 37:8) Ariko none ivyo twobikora gute?

22 Ijambo ry’Imana riratanga iyi mpanuro iranga ubukerebutsi: «Ugutahura kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe, kandi kwirengagiza ikosa yakorewe bituma aboneka neza.» (Imigani 19:11) Ugutahura kwimbitse ni ubushobozi bwo kuraba munsi y’ibintu vyo hejuru, kuraba hirya y’ibitaboneka ku maso. Ugutahura kwimbitse kuradufasha kubona kure, kuko gushobora gutuma tumenya igituma umuntu yavuze canke yakoze ikintu kanaka. Kugerageza gutegera imvo zatumye akora ibintu, inyiyumvo ziwe be n’uko ivyiwe vyifashe, birashobora kudufasha kutamushavurira canke ngo tumwiyumvire nabi.

23 Bibiliya irimwo iyi yindi mpanuro kuri ico kintu: «Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.» (Abakolosayi 3:13) Imvugo ngo «mubandanye kwihanganirana» ishaka kuvuga kwihanganira abandi, tukirengagiza utugeso dushobora gusanga tudushavuza. Mwene ukwo kwiyumanganya kurashobora kudufasha kwirinda kuza turabika inzika ku tuntu dutoduto. «Kubabarirana» bitanga iciyumviro co kwikuramwo inzika. Imana yacu yuzuye ubukerebutsi irazi yuko dukwiye kubabarira abandi igihe hariho impamvu zumvikana zo kubigira. Ivyo ntibigirira akamaro abo bonyene, mugabo kandi biratuma ubwacu tugira amahoro yo mu muzirikanyi no mu mutima. (Luka 17:3, 4) Mbega ubukerebutsi dusanga mw’Ijambo ry’Imana!

24. Igihe tubaho twisunga ubukerebutsi bw’Imana havamwo iki?

24 Yehova abitumwe n’uko adukunda cane, yarashatse kuvugana natwe. Yarahisemwo uburyo bwiza bushoboka, ni ukuvuga «ikete» ryanditswe n’abanditsi b’abantu barongowe n’impwemu nyeranda. Ico vyavuyemwo, ni uko ubukerebutsi bwa Yehova bwite tubusanga mu mpapuro zigize iryo kete. Ubwo bukerebutsi ni ubwo «kwizigirwa cane.» (Zaburi 93:5) Igihe tubaho twisunga ubwo bukerebutsi kandi tukabusangira n’abandi, duca twumva twiyegereje Imana yacu yuzuye ubukerebutsi. Mu kigabane gikurikira, turaganira ku kandi karorero kadasanzwe k’ubukerebutsi bwinshi bwa Yehova, na ko kakaba ari ubushobozi afise bwo kuvuga ivya kazoza no gushitsa umugambi wiwe.

a Nk’akarorero, Dawidi uwari umwungere, akoresha uturorero dukuwe mu buzima bw’abungere. (Zaburi ya 23) Matayo, uwari yarabaye umutozakori, aravuga kenshi ivyerekeye ibiharuro be n’ivy’agaciro k’amahera. (Matayo 17:27; 26:15; 27:3) Luka, uwari umuganga, akoresha amajambo agaragaza ko yari azi ivyo kuvura.​—Luka 4:38; 14:2; 16:20.

b Rimwe ryose muri ayo masenge ryari igiceri citwa leputoni, kikaba cari co giceri gitoya kuruta mu vyo Abayuda bakoresha muri ico gihe. Ibiceri mwene ivyo bibiri vyangana n’ica 64 c’umushahara wo ku musi. Mbere ivyo biceri bibiri ntivyari bihagije mu kugura inyoni imwe y’ikijuri, ikaba ari yo nyoni yari izimbutse kuruta izindi abakene bifashisha bwa bifungurwa.