Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 12

«Mbega Imana irarenganya?»

«Mbega Imana irarenganya?»

1. Akarenganyo gashobora gute kugira ico kadukozeko?

 UMUPFAKAZI ageze mu zabukuru aranyazwe uduhera twiwe yari yaraziganije. Akana katagira gitabara gatawe n’umuvyeyi w’imburakigongwe. Umugabo umwe aratawe mw’ibohero ahorwa icaha atakoze. Izo nkuru uzakira gute? Kumbure imwimwe yose irakubabaza, kandi ivyo birumvikana. Twebwe abantu turiyumvamwo bimwe bikomeye ko ikintu ari ciza canke kibi. Iyo habaye akarenganyo, biratubabaza cane. Dushaka yuko nyene kugirirwa nabi ashumbushwa, nyene gukora iryo kosa na we agakubitwa intahe mu gahanga. Iyo ivyo bitabaye, hari aho twibaza duti: “Ubwo Imana irabona ibiriko biraba? Ni kubera iki ataco ikora?”

2. Habakuki yabonye gute ivy’akarenganyo, kandi ni kubera iki Yehova atamuhambariye ku bw’iyo nyifato?

2 Muri kahise kose, abasavyi ba Yehova b’abizigirwa barabajije ibibazo nk’ivyo. Nk’akarorero, umuhanuzi Habakuki yasenze Imana ati: «Ni kubera iki utuma ndorera mwene ako karenganyo gateye ubwoba? Ni kubera iki ureka ubukazi, ubugarariji, ubugizi bwa nabi, n’ibikorwa vy’ubunyamaswa bigakwiragira hose?» (Habakuki 1:3, Contemporary English Version) Yehova ntiyahambariye Habakuki ku bw’ivyo bintu yabajije atarya umunwa, kubera ko Yehova ari we yashize mu bantu iciyumviro nyene c’ubutungane. Egome, Yehova yaraduhezagiye mu kuduhako agace gatoyi ku kuntu we akunda ubutungane bimwe bihanitse.

Yehova aranka akarenganyo

3. Ni kubera iki twovuga yuko Yehova atahura ivy’akarenganyo kuruta uko tubitahura?

3 Yehova ntiyirengagiza akarenganyo. Arabona ibiriko biraba. Ku vyerekeye imisi ya Nowa, Bibiliya itubwira iti: «Yehova . . . abona ko ububisha bw’umuntu bwari bwagwiriye kw’isi be n’uko mu mutima wiwe yaguma yiyumvira gukora ikibi gusa.» (Itanguriro 6:5) Rimbura ico ayo majambo asigura. Akenshi ukuntu dutahura ivyerekeye akarenganyo kuba gushingiye ku bintu bikeyi twumvise canke ku bintu bikeyi ubwacu twiboneye. Yehova we arazi akarenganyo kaba kw’isi yose. Nta kintu na kimwe c’akarenganyo kimucika! Ikirushirije, arashobora kumenya ivyo umutima uhengamiyeko, ni ukuvuga ivyiyumviro bibi bituma umuntu akora ibintu vy’akarenganyo.​—Yeremiya 17:10.

4, 5. (a) Bibiliya yerekana gute yuko Yehova yitwararika abarenganijwe? (b) Yehova ubwiwe yarenganijwe gute?

4 Ariko Yehova ntabona gusa akarenganyo ngo bibe biheze. Aranitwararika abarengaywa. Igihe abasavyi biwe bakubagurwa n’abansi, Yehova yarababajwe no «kwumva amaborogo baborogeshwa n’ababacinyiza bakabafata nabi.» (Abacamanza 2:18) Kumbure warabonye yuko uko abantu bamwebamwe barushiriza kubona akarenganyo ari ko barushiriza gukomantaza umutima. Ukwo si ko bimeze kuri Yehova! Haraheze nk’imyaka 6.000 abona akarenganyo kose kagirwa, yamara ntiyigeze agabanya ukuntu akanka. Ahubwo riho, Bibiliya idukura amazinda yuko yanka mwene ibi bintu nk’«ururimi rubesha», «amaboko asesa amaraso y’intungane», be n’«icabona c’ikinyoma kiguma kibesha.»​—Imigani 6:16-19.

5 Rimbura kandi ukuntu Yehova yanebaguye bimwe bikomeye indongozi zarangwa n’akarenganyo zo muri Isirayeli. Yahumekeye umuhanuzi wiwe ngo ababaze ati: «Mbega ntimwari mukwiye kumenya ibigororotse?» Yehova amaze kudondora mu majambo akomeye ukuntu bakoresha nabi ububasha, yaramenyesheje ivyoshikiye abo bagabo bononekaye ati: «Bazotabaza Yehova, mugabo ntazobishura. Ico gihe azobahisha mu maso hiwe, kubera ibibi bakora.» (Mika 3:1-4) Mbega ukuntu Yehova yanka urunuka akarenganyo! Nakare we ubwiwe ni we yabanje kurenganywa! Haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi Shetani atuka Yehova ku karenganyo. (Imigani 27:11) Vyongeye, Yehova yarababajwe rwose n’akarenganyo kadasanzwe, igihe Umwana wiwe yicwa nk’umugizi wa nabi kandi «[ata] gicumuro yakoze». (1 Petero 2:22; Yesaya 53:9) Birumvikana, Yehova ntarekerana ibintu canke ngo abe sindabibazwa ku kuntu abarenganywa bamerewe.

6. Igihe turenganijwe dushobora kuvyifatamwo gute, kandi kubera iki?

6 Yamara rero, igihe twitegereje akarenganyo kagirwa, canke igihe ubwacu dufashwe nabi ku karenganyo, ni ibisanzwe yuko tuvyakira nabi cane. Twaremwe mw’ishusho y’Imana, kandi akarenganyo karahushanye rwose n’ivyo Yehova ashima vyose. (Itanguriro 1:27) None ni kubera iki Imana yemera ko habaho akarenganyo?

Ikibazo gihambaye

7. Shetani yavuze iki ku vyerekeye Yehova mw’itongo rya Edeni?

7 Inyishu y’ico kibazo irafitaniye isano n’ikibazo gihambaye. Nk’uko twabibonye, Umuremyi arafise uburenganzira bwo kuganza isi be n’abayirimwo bose. (Zaburi 24:1; Ivyahishuwe 4:11) Ariko rero, mu ntango y’ukubaho kw’umuntu, hari uwavuze ibinyoma ku vyerekeye Yehova yongera avuga ko ategeka mu buryo bubi. Ivyo vyashitse gute? Yehova yategetse umugabo wa mbere Adamu kutarya ku giti kimwe co mw’itongo ryiza ryari Iparadizo uwo mugabo yabamwo. Hanyuma agambaraye vyogenze gute? Imana yamubwiye iti: «Uzopfa ata kabuza.» (Itanguriro 2:17) Itegeko ry’Imana ntiryari iryo gutuma Adamu canke umukenyezi wiwe Eva bashikirwa n’ivyago. Ariko, Shetani yajijuye Eva yuko Imana yari yarengeje urugero mu vyo yababujije. Vyogenze gute mu gihe Eva yoriye kuri ico giti? Shetani yabwiye Eva atarya umunwa ati: «Oya ntimuzopfa. Imana irazi ko umusi nyene mwabiriyeko, amaso yanyu azoca yuguruka mukamera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.»​—Itanguriro 3:1-5.

8. (a) Shetani yumvikanishije iki mu vyo yabwiye Eva? (b) Shetani yavyuye ibihari gute ku bijanye n’ukugaba no kuganza kw’Imana?

8 Muri ayo majambo Shetani ntiyumvikanishije gusa yuko Yehova yari yarimye Eva amakuru ahambaye. Ahubwo yerekanye kandi ko Yehova yari yaramuhenze. Shetani yatumye Eva akekeranya ku kuntu Yehova ameze vy’ukuri. Mu kubigenza gutyo, yari asize iceyi izina rya Yehova. Yararwanije n’ubusegaba bwa Yehova, canke uburyo ategeka. Shetani yariyubaye ntiyaharira ivy’uko Imana ari yo Segaba. Mugabo yaravyuye amakenga ku vy’uko Imana yoba ari yo ifise uburenganzira bwo kuba Segaba, ko yoba ari yo ibikwiriye, be n’uko vyoba vyumvikana. Mu yandi majambo, Shetani yavuze yuko Yehova adategeka mu buryo bugororotse be no ku nyungu z’ibiremwa vyiwe.

9. (a) Ku vyerekeye Adamu na Eva, ingaruka z’ukugambarara zabaye izihe, kandi ni ibibazo bihambaye ibihe vyavyutse? (b) Ni kubera iki Yehova ataciye yica abo bagarariji buno nyene?

9 Amaherezo, Adamu na Eva baragambarariye Yehova mu kurya ku giti cari kibujijwe. Ukugambarara kwabo kwatumye bahabwa igihano c’urupfu, nk’uko nyene Imana yari yararivumereye. Ikinyoma ca Shetani caravyuye ibibazo nka bingahe bihambaye. Ubwo koko Yehova arafise uburenganzira bwo gutegeka abantu, canke umuntu ni we akwiye kwitegeka? Yehova yoba ategeka mu buryo bwiza kuruta bushoboka? Yehova aba yarashoboye gukoresha ububasha bwiwe butananirwa mu kwica abo bagarariji ubwo nyene. Mugabo ivyo bibazo vyavyuwe ntivyari vyerekeye ububasha bw’Imana, ahubwo vyari vyerekeye izina ryayo, aho hakaba harimwo uburyo itegeka. Rero, gukuraho Adamu, Eva na Shetani ntivyari kuba vyemeje uburenganzira Imana ifise bwo gutwara. Ahubwo, vyari gutuma havyuka ibindi bibazo vyerekeye ugutwara kwiwe. Uburyo bumwe rudende bwo kumenya nimba abantu bari gushobora kwitegeka bakererwa batisunze Imana, kwari ukureka hagaca igihe.

10. Kahise kahishuye iki ku vyerekeye ubutware bw’abantu?

10 None igihe cahaciye cerekanye iki? Mu myaka ibihumbi ihaciye, abantu baragerageje ubwoko bwinshi bw’intwaro, harimwo otokarasi (ubutegetsi usanga ububasha bwegukira umuntu umwe), demokarasi, ubusosiyalisiti be n’ubukomunisiti. Ico izo ntwaro zose zavuyemwo kirerekanwa muri aya majambo Bibiliya ivuga idakikiriza iti: «Umuntu aganza uwundi mu kumugirira nabi.» (Umusiguzi 8:9) Birabereye rero kubona umuhanuzi Yeremiya yavuze ati: «Ewe Yehova, ndazi neza yuko umuntu we ubwiwe adashoboye kumenya inzira yocamwo. Umuntu nta burenganzira afise bwo kuyobora intambuko yiwe.»​—Yeremiya 10:23.

11. Ni kubera iki Yehova yaretse abantu bagashikirwa n’imibabaro?

11 Kuva mu ntango Yehova yari azi yuko ukwigenga kw’abantu canke ukwitegeka kwabo kwotumye haba imibabaro myinshi. None, kuba yararetse ivyo bintu bibi bikaba koba kari akarenganyo? Habe n’intete! Tubitangire akarorero: Tuvuge yuko ufise umwana akeneye kubagwa kugira ngo akire indwara ibangamiye ubuzima bwiwe. Uratahura ko ukubagwa kuzotuma umwana wawe ababara ku rugero runaka, kandi ivyo bikakubabaza rwose. Muri ico gihe nyene, uba uzi yuko ubwo buryo buzotuma umwana wawe mu nyuma ashobora kugira amagara meza mu buzima. Muri ubwo buryo nyene, Imana yari izi, kandi washaka yari yaravuze yuko ukureka abantu bakitegeka vyotumye bashikirwa n’imibabaro ku rugero kanaka. (Itanguriro 3:16-19) Ariko yari izi kandi yuko ugutabarwa kuramba kandi guhambaye kwoshobotse mu gihe gusa iretse abantu bose bakibonera ivyamwa bibi biva ku kugarariza. Muri ubwo buryo nyene ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza kw’Imana cotorewe umuti ubutakigaruka, rimwe rizima.

Ikibazo c’ukudahemuka kw’umuntu

12. Nk’uko vyagaragariye kuri Yobu, ni ikirego ikihe Shetani yareze abantu?

12 Hariho uwundi muce w’ico kibazo. Mu guharira ku bijanye n’uko Imana ifise uburenganzira bwo gutwara be n’uko itegeka mu buryo bwiza, Shetani ntiyacokoye gusa Yehova ku vyerekeye ubusegaba bwiwe hamwe n’izina ryiwe ariko yaranacokoye abasavyi b’Imana ku bijanye n’ukudahemuka kwabo. Nk’akarorero, raba ivyo Shetani yabwiye Yehova ku vyerekeye wa muntu w’umugororotsi Yobu: «Ntiwamukikuje uruzitiro, ukarukikuza n’inzu yiwe n’ivyo afise vyose? Warahezagiye ivyo akora vyose, kandi ibitungwa vyiwe vyuzuye igihugu cose. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, umwake ivyo afise vyose, urabe ko atakuvuma imbonankubone.»​—Yobu 1:10, 11.

13. Shetani yumvikanishije iki mu birego yareze Yobu, kandi ivyo vyerekeye abantu bose gute?

13 Shetani yavyuye ibihari yuko ngo Yehova yariko akoresha ububasha bwiwe bwo gukingira mu gutuma Yobu amukorera. Ivyo vyasobanura ko ukudahemuka kwa Yobu kwari ukw’uburyarya gusa, yuko yasenga Imana abitumwe gusa n’ivyo yashobora kuhakura. Shetani yemeje yuko mu gihe Imana yokura umuhezagiro wayo kuri Yobu, ngo uwo mugabo n’ukuvuma Umuremyi wiwe yomuvumye. Shetani yari azi yuko Yobu yari «umuntu w’umugororotsi kandi atunganye, atinya Imana kandi yirinda ikibi» bimwe bidasanzwe. a None iyo Shetani ashobora gusenyura ukutadohoka kwa Yobu, vyari kugendera gute abandi bantu? Mu bisanzwe, Shetani yariko aharira ku kudahemuka kw’abo bose bashaka gukorera Imana. Nk’ako, mu kwagura ico kibazo Shetani yabwiye Yehova ati: «Ivyo umuntu afise vyose yobitanga kugira arokore igufa.»​—Yobu 1:8; 2:4.

14. Kahise kahishuye iki ku vyo Shetani yareze abantu?

14 Kahise karerekanye yuko abantu benshi, cokimwe na Yobu, bagumye ari intahemuka kuri Yehova igihe bahanganye n’ibigeragezo, ivyo bikaba binyuranye n’ivyo Shetani yavuze. Baranezereje umutima wa Yehova biciye mu ngendo yabo y’ubwizigirwa, kandi ivyo vyaratumye Yehova aronka ico yishura ikirego ca Shetani cuzuye ubwishime c’uko ngo abantu bohagarika gukorera Imana baramutse bashikiwe n’ingorane. (Abaheburayo 11:4-38) Emwe, abantu b’imitima igororotse baranse gutera akagere Imana. Mbere n’igihe baba bari mu bihe bigoye rwose, baranarushiriza kwiheka kuri Yehova kugira ngo abahe inkomezi zo kwihangana.​—2 Abakorinto 4:7-10.

15. Ni ikibazo ikihe coshobora kuvyuka ku bijanye n’ukuntu Imana yaciye imanza muri kahise be n’ukuntu izozica muri kazoza?

15 Mugabo ukuba Yehova akoresha ubutungane ntivyerekeye gusa ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza kwiwe be n’ic’ukudahemuka kw’umuntu. Bibiliya iraturonsa inkuru zigana imanza Yehova yaciye zijanye n’abantu, mbere n’amahanga uko yakabaye. Irimwo kandi ubuhanuzi bw’imanza azoca muri kazoza. Ni kubera iki dushobora kwizigira yuko Yehova yamye kandi azokwama aca imanza mu bugororotsi?

Igituma ubutungane bw’Imana ari kaminuza

Yehova ntazokwigera “ajaniranya umugororotsi n’umubisha”

16, 17. Ni uturorero utuhe twerekana ko ukuntu abantu babona ivyerekeye ubutungane nyakuri kuri n’aho kugarukira?

16 Ku bijanye na Yehova, umuntu yoshobora kuvuga atihenze ati: «Inzira ziwe zose zi[ra]gororotse.» (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Nta n’umwe muri twebwe ashobora kwivugako nk’ivyo, kubera ko kenshi na kenshi ugutahura kwacu kuri n’aho kugarukira gutuma tudategera neza ibigororotse. Nk’akarorero, rimbura ivya Aburahamu. Yaringinze Yehova ngo ntasangangure Sodomu, naho ububisha bwaho bwari bwimonogoje. Yasavye Yehova ati: «Aho nyene ugira ujaniranye umugororotsi n’umubisha?» (Itanguriro 18:23-33) Birumvikana ko inyishu yari oya. Igihe Loti n’abakobwa biwe bashika mu gisagara ca Sowari badora ni ho gusa Yehova “yatiburiye kuri Sodomu amazuku n’umuriro.” (Itanguriro 19:22-24) Ibinyuranye n’ivyo, Yona “yararurumvye ishavu” igihe Imana yagirira imbabazi abantu b’i Ninewe. Kubera yuko Yona yari yamaze gutangaza ko bazosangangurwa, yari gushimishwa no kubona batikiye, naho bobaye bigaya bimwe bivuye ku mutima.​—Yona 3:10–4:1.

17 Yehova yarasubirije umutima mu nda Aburahamu yuko ukuntu we akoresha ubutungane bitarimwo gusa ugusangangura abanyakibi mugabo kandi ko birimwo n’ugukiza abagororotsi. Ku rundi ruhande, Yona yategerezwa kwiga yuko Yehova ari umunyakigongwe. Iyo abanyakibi bahinduye inzira zabo, aba “yiteguriye kubabarira.”’ (Zaburi 86:5) Yehova ntameze nk’abantu bamwebamwe b’abanyabwoba, kubera ko we adaca urubanza rubi kugira gusa yerekane ububasha bwiwe, eka mbere ntiyanka kugira imbabazi ku bw’ugutinya yuko yohava abonwa nk’uwugoyagoya. Inzira yiwe ni iyo kugira ikigongwe igihe cose hari ishingiro ryo kukigira.​—Yesaya 55:7; Ezekiyeli 18:23.

18. Niwerekane muri Bibiliya yuko Yehova adatwarwa n’ibishobisho mu gukora ibintu.

18 Ariko rero Yehova ntatwarwa n’ibishobisho. Igihe abasavyi biwe bivobeka mu vy’ugusenga ibigirwamana, Yehova yaratangaje ashikamye ati: «[Nzogucira] urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze. Ijisho ryanje ntirizokwumvira akagongwe canke ngo ngire impuhwe, kuko nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe.» (Ezekiyeli 7:3, 4) Igihe rero abantu banse guhindura ingendo yabo mbi, Yehova abacira urubanza ruhuye n’ivyo bakora. Mugabo urubanza aca ruba rushingiye ku bimenyamenya bikomeye. Ni co gituma igihe Yehova yumva amaborogo ku vyerekeye Sodomu na Gomora, yavuze ati: «Ngira manuke kuraba ko ivyo bakora bihuye n’induru yanshikiriye.» (Itanguriro 18:20, 21)Ese ukuntu dushobora gukura ubwatsi kuba Yehova atameze nk’abantu benshi bapfa guca imanza batabanje kwumviriza ivyabaye vyose! Vy’ukuri nk’uko Bibiliya imwerekana, Yehova ni «Imana idahemuka, itigera irenganya.»​—Gusubira mu vyagezwe 32:4.

Niwizigire ubutungane bwa Yehova

19. Twokora iki igihe dufise ibibazo bitesha umutwe ku bijanye n’ukuntu Yehova akoresha ubutungane?

19 Bibiliya ntiyishura ikibazo cose umuntu yobaza ku bijanye n’ivyo Yehova yakoze muri kahise; eka mbere ntitubwira akantu kose kerekeye ukungene Yehova azocira urubanza abantu n’imigwi y’abantu muri kazoza. Igihe tuzazaniwe n’inkuru canke ubuhanuzi bwo muri Bibiliya aho usanga mwene ayo makuru ataboneka, turashobora kugaragaza ukudahemuka nk’ukwo umuhanuzi Mika yagaragaje, we yanditse ati: «Nzorindira Imana y’ubukiriro bwanje.»​—Mika 7:7.

20, 21. Ni kubera iki dushobora kwizigira ko Yehova azokwama nantaryo akora ibigororotse?

20 Turashobora kwizigira yuko mu bihe vyose Yehova azokora ibigororotse. No mu gihe bisa n’uko umuntu yirengagiza ibintu vy’akarenganyo bigirwa, Yehova atanga umuhango ugira uti: «Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko.» (Abaroma 12:19)Nimba tugaragaza agatima ko kurindira, natwe tuzovugana ukujijuka nk’intumwa Pawulo duti: «Mbega Imana irarenganya? Habe namba!»​—Abaroma 9:14.

21 Muri iki gihe, tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Timoteyo 3:1) Akarenganyo be n’«agahahazo» vyatumye hakorwa amabi menshi ateye ikigongwe. (Umusiguzi 4:1) Ariko rero, Yehova ntiyahindutse. N’ubu aracanka urunuka akarenganyo, kandi arababaye rwose abarenganywa. Nitwaguma turi intahemuka kuri Yehova no ku butegetsi bwiwe, azoduha inkomezi zo kwihangana gushika ku gihe yashinze, aho azokosora ibintu vyose vy’akarenganyo, igihe Ubwami bwiwe buzoba buganza.​—1 Petero 5:6, 7.

a Yehova yavuze ku bijanye na Yobu ati: «Nta n’umwe ameze nka we kw’isi.» (Yobu 1:8) Bisa rero n’uko Yobu yabayeho inyuma y’urupfu rwa Yozefu be n’imbere y’uko Musa agenwa ngo arongore Isirayeli. Ni co gituma muri ico gihe vyashobora kuvugwa yuko ata muntu n’umwe yari intadohoka nka Yobu.