Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

«Itegeko rya Yehova riratunganye»

«Itegeko rya Yehova riratunganye»

1, 2. Ni kubera iki usanga abantu benshi bubaha buhoro amategeko, yamara twoshobora gutsimbataza gute ivyo gukunda amategeko y’Imana?

 «AMATEGEKO ni nk’inyenga, . . . ararotsa ibintu vyose.» Ayo majambo tuyasanga mu gitabu casohowe kera mu 1712. Uwacanditse yanebagura uburyo bwo guca imanza aho wasanga imanza ziteba mu masentare zikamara imyaka n’imyaka zitaracibwa, zigasiga zatembeje abarondera ubutungane. Mu bihugu vyinshi, ivy’amategeko be n’ivyo guca imanza usanga ari amayobera, vyuzuye akarenganyo, ukwinubana be n’ukwivuguruza, ku buryo abantu benshi basigaye basuzugura amategeko.

2 Ibinyuranye n’ivyo, rimbura aya majambo haciye imyaka nka 2.700 yanditswe: «Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe!» (Zaburi 119:97) Ni kubera iki umwanditsi wa Zaburi yumva akunda cane amategeko gutyo? Ni ukubera yuko ayo mategeko yashimagiza atari ayava ku ntwaro yo mw’isi, ahubwo yari ayava kuri Yehova Imana. Igihe utohoza amategeko ya Yehova, ushobora gusanga uza urarushiriza kumererwa nk’ukwo kw’umwanditsi wa Zaburi. Mwene iryo tohoza rizotuma utahura ukuntu wa mutanzi w’amategeko n’umucamanza aruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi yiyumvira.

Umutanzi w’amategeko aruta bose

3, 4. Ni mu buryo ubuhe Yehova yagaragaje ko ari Umutanzi w’amategeko?

3 Bibiliya itubwira iti: «Uwushinga amategeko akaba n’Umucamanza ni umwe gusa.» (Yakobo 4:12) Kukaba nkako, Yehova ni we Mutanzi w’amategeko wenyene w’ukuri. Mbere n’ibisyo vyo mu kirere mu kuzunguruka biyoborwa n’«amategeko agenga ijuru.» (Yobu 38:33) Amasinzi y’abamarayika beranda ba Yehova na yo nyene ayoborwa n’amategeko y’Imana, kubera yuko batunganijwe mu migwi izwi kandi bakaba basukura bisunze ibwirizwa Yehova abaha bwa basuku biwe.​—Zaburi 104:4; Abaheburayo 1:7, 14.

4 Yehova n’abantu yarabahaye amategeko. Umwe wese muri twebwe arafise ijwi ryo mu mutima, rikaba ari ikintu kigaragaza umutima Yehova afise w’ubutungane. Kubera ko ijwi ryo mu mutima ari nk’ibwirizwa riri mu mitima yacu, rirashobora kudufasha gutandukanya ikibi n’iciza. (Abaroma 2:14) Abavyeyi bacu ba mbere bari barahawe ijwi ryo mu mutima ritunganye, ari co gituma bari bakeneye amabwirizwa makeyi gusa. (Itanguriro 2:15-17) Ariko rero, umuntu adatunganye arakeneye amabwirizwa menshi yo kumuyobora mu gukora ivyo Imana igomba. Ba se b’imiryango nka Nowa, Aburahamu be na Yakobo barahawe amabwirizwa avuye kuri Yehova Imana, baraheza bayashikiriza imiryango yabo. (Itanguriro 6:22; 9:3-6; 18:19; 26:4, 5) Yehova yaracitse Umutanzi w’amategeko mu buryo bw’akataraboneka igihe yaha ihanga rya Isirayeli urutonde rw’amategeko abicishije kuri Musa. Urwo rutonde rw’amategeko ruraduha ubumenyi bwinshi bwerekeye ukuntu Yehova abona ubutungane.

Duce ku masonga amategeko ya Musa

5. Amategeko ya Musa rwoba rwari urutonde rw’amategeko y’amananiza kandi agoye? Ni kubera iki wishuye gutyo?

5 Benshi basa n’abiyumvira ko amategeko ya Musa yari agizwe n’urutonde rw’amategeko y’amananiza kandi agoye. Ico ciyumviro si co na gato. Urwo rutonde rwose uko rungana rwarimwo amabwirizwa 600. Ayo ukwo uyumva womenga ni menshi, mugabo niwiyumvire gatoyi: Mu mpera z’ikinjana ca 20, amategeko y’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yuzuye impapuro zirenga 150.000 z’ibitabu vy’amategeko. Uko haheze imyaka ibiri, bongerako ayandi mategeko ashika ku 600! Tuvuze rero ivy’ukuntu angana, ico kirundo c’amategeko y’abantu nta ho gisa gisana n’amategeko ya Musa. Yamara amategeko y’Imana yarayoboye Abisirayeli mu mice y’ubuzima aho usanga amategeko yo muri iki gihe ata n’ico abivugako. Reka tuyace ku masonga.

6, 7. (a) Ni igiki gitandukanya amategeko ya Musa n’urundi rutonde rwose rw’amategeko, kandi ibwirizwa risumba ayandi yose muri ayo mategeko ni irihe? (b) Abisirayeli bashobora gute kwerekana ko bemera ukugaba n’ukuganza kwa Yehova?

6 Amategeko yarashira hejuru ukugaba n’ukuganza kwa Yehova. Kubera ico, nta kindi cegeranyo c’amategeko gishobora kugereranywa n’amategeko ya Musa. Ibwirizwa ryasumba ayandi mabwirizwa yose ryari iri: «Umviriza ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe. Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose.» None abasavyi b’Imana bari kugaragaza gute urukundo bayifitiye? Bategerezwa kuyikorera, bakayobokera ukugaba n’ukuganza kwayo.​—Gusubira mu vyagezwe 6:4, 5; 11:13.

7 Umwisirayeli wese yarerekana ko yemera ukugaba n’ukuganza kwa Yehova mu kuyobokera ababa bamufiseko ubukuru. Abavyeyi, ba kizigenza, abacamanza, abaherezi mbere n’umwami, bose bari bahagarariye ubukuru bw’Imana. Umuntu wese agararije abafise ubukuru, Yehova yabona yuko ari we agararijwe. Ariko ku rundi ruhande, Yehova yari kurakira abari bafise ubukuru igihe bakoreye abantu biwe ivy’akarenganyo canke ivy’ubwishime. (Kuvayo 20:12; 22:28; Gusubira mu vyagezwe 1:16, 17; 17:8-20; 19:16, 17) Gutyo, abahawe ubukuru be n’abatwarwa bose basabwa gushigikira ukugaba n’ukuganza kw’Imana.

8. Amategeko yashigikira gute ingingo ngenderwako ya Yehova yerekeye ubweranda?

8 Amategeko yarashigikira ingingo ngenderwako ya Yehova y’ubweranda. Mu rurimi yanditswemwo ubwa mbere, amajambo «ceranda» n’«ubweranda» aboneka incuro zirenga 280 mu mategeko ya Musa. Amategeko yarafasha abasavyi b’Imana gutandukanya ibidahumanye n’ibihumanye, ibityoroye n’ibidatyoroye, mu kudondagura ibintu nka 70 bitandukanye vyashobora gutuma Umwisirayeli ahumana. Ayo mategeko yaravuga ivy’isuku ryo ku mubiri, ivy’ibiribwa, mbere n’ivy’uguta umwanda. Mwene ayo mategeko yaratuma bagira amagara meza bimwe vyibonekeje. a Mugabo yari afise intumbero ihambaye kuruta, ikaba yari iyo gutuma abantu baguma bafitaniye ubucuti na Yehova, bitandukanije n’imigenzo irangwa n’icaha yagirwa n’amahanga yononekaye yari abakikuje. Rimbura akarorero.

9, 10. Isezerano ry’itegeko ryarimwo amategeko ayahe ajanye n’uguhuza ibitsina be n’ukuvyara, kandi ni inyungu izihe zava kuri mwene ayo mategeko?

9 Amategeko ya Musa yavuga yuko uguhuza ibitsina, mbere no mu bantu babiranye, be n’ukuvyara vyatuma bamara igihe bahumanye. (Abalewi 12:2-4; 15:16-18) Ayo mategeko ntiyasuzugura izo ngabirano zidahumanye ziva ku Mana. (Itanguriro 1:28; 2:18-25) Ahubwo riho, yarashigikira ubweranda bwa Yehova, agatuma abamwambaza batandura. Biri n’ico bivuze kubona amahanga yari akikuje Isirayeli yari afise impengamiro yo kuvanga ugusenga hamwe n’imihamuro ijanye n’ivy’uguhuza ibitsina be n’ivy’irondoka. Idini y’Abanyakanani yarimwo n’ivy’ugushurashura kw’abagabo n’abagore. Ivyo vyatuma abantu bononekara kandi iyo ngeso igakwira hose. Amategeko yoyo yatuma ugusenga Yehova gutandukana rwose n’ivyo guhuza ibitsina. b Hariho kandi n’izindi nyungu.

10 Ayo mategeko yari agenewe kwigisha ukuri guhambaye. c Nakare, ni gute icaha ca Adamu cagiye kirahererekanwa kiva kw’iyaruka rimwe kija ku rindi? Mbega none nticaciye mu vy’uguhuza ibitsina no kuvyara? (Abaroma 5:12) Egome, amategeko y’Imana yaributsa abasavyi bayo ukuri kwo kuva kera na rindi kwerekeye icaha. Kukaba nkako, twese tuvukira mu caha. (Zaburi 51:5) Turakeneye kugirirwa ikigongwe be no gucungurwa kugira ngo twiyegereze Imana yacu nyeranda.

11, 12. (a) Amategeko yashigikira ingingo ngenderwako ihambaye iyihe y’ubutungane? (b) Ni amategeko ayahe yabuza kugoreka ubutungane?

11 Amategeko yarashigikira ubutungane butagira agahaze bwa Yehova. Amategeko ya Musa yarashigikira ingingo ngenderwako y’ivy’uburinganire canke uburimbane, mu vyerekeye ubutungane. Ni co gituma amategeko yavuga biti: «Ubuzima buze buhorwe ubundi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi n’ukuguru ku kundi.» (Gusubira mu vyagezwe 19:21) Rero mu gihe haba hari imanza z’ubugizi bwa nabi, igihano categerezwa kuba gikwiranye na nya caha. Uwo muce w’ubutungane bw’Imana waboneka mu mategeko vyose, kandi gushika muri iki gihe ni ntahara kugira ngo umuntu atahure inkuka y’incungu ya Yezu Kristu, nk’uko ikigabane ca 14 kivyerekana.​—1 Timoteyo 2:5, 6.

12 Amategeko yarabuza kugoreka ubutungane. Nk’akarorero, kugira ngo hemezwe ko ikirego gifise ishingiro hasabwa n’imiburiburi ivyabona bibiri. Uwasura ibinyoma yarahanwa bimwe bikomeye. (Gusubira mu vyagezwe 19:15, 18, 19) Ibiturire n’ibipfukamunwa na vyo nyene vyari bibujijwe bimwe bikomeye. (Kuvayo 23:8; Gusubira mu vyagezwe 27:25) Mbere no mu bikorwa vyabo vy’urudandaza, abasavyi b’Imana bategerezwa gushigikira ingingo ngenderwako ihanitse Yehova yashinze igenga ubutungane. (Abalewi 19:35, 36; Gusubira mu vyagezwe 23:19, 20) Urwo rutonde ruhanitse rw’amategeko kandi ata we rurenganya rwari umuhezagiro uhambaye ku Bisirayeli!

Amabwirizwa ashira ahabona ikigongwe n’ukutarenganya mu bijanye n’imanza

13, 14. Ni gute amategeko yatuma igisuma be na nyene kwibwa batarenganywa?

13 Amategeko ya Musa yoba yari umuganda w’amategeko agoye kandi atarangwamwo ikigongwe? Habe na mba! Umwami Dawidi yarahumekewe kwandika ati: «Itegeko rya Yehova riratunganye.» (Zaburi 19:7) Nk’uko yari abizi neza, amategeko yararemesha ikigongwe be n’ukutarenganya. Ivyo yabigira gute?

14 Mu bihugu bimwebimwe muri iki gihe, amategeko asa n’ayatezurira abagizi ba nabi kuruta uko ababara bene gukorerwa ivyaha. Nk’akarorero, ibisuma birashobora kumara igihe mw’ibohero. Muri uwo mwanya, ba nyene kwibwa bashobora kuba batararonka ivyo bibwe, yamara ugasanga bategerezwa kuriha amakori atangwa ku bw’amabohero no ku bwo kugaburira mwene izo mbohe. Muri Isirayeli ya kera, nta mabohero yariho nk’uko bimeze muri iki gihe. Harashirwaho uturimbi ntarengwa ku kuntu igihano catangwa be no ku kuntu cabwirizwa kungana. (Gusubira mu vyagezwe 25:1-3) Igisuma categerezwa kuriha ivyo nya muntu yaba yibwe. Vyongeye, ico gisuma categerezwa kugira ibindi kiriha. None categerezwa kuriha ibindi bingana iki? Ntivyama ari bimwe. Biboneka yuko abacamanza bahabwa uburenganzira bwo kurimbura ibintu bitari bike, nk’ukwigaya kwa nyene gukora icaha. Ivyo vyosigura igituma ivyo igisuma casabwa kuriha nk’uko biboneka mu Balewi 6:1-7 ari bikeyi cane ku vyavuzwe mu Kuvayo 22:7.

15. Ni gute amategeko yakurikirana ikigongwe be n’ubutungane mu gihe umuntu yaba yishe uwundi biturutse kw’isanganya?

15 Mu buryo bwo kugira ikigongwe, amategeko yaremera icese yuko amakosa yose ataba yakozwe n’ibigirankana. Nk’akarorero igihe umuntu yaba yishe uwundi biturutse kw’isanganya, ntiyabwirizwa kuriha ubuzima ku bundi igihe yaba agize ibibereye mu guhungira muri kimwe mu bisagara vy’ubuhungiro vyari bikwiragijwe muri Isirayeli. Abacamanza babijejwe bamaze kwihweza ivy’uwo muntu, yategerezwa kuguma mu gisagara c’ubuhungiro gushika umuherezi mukuru apfuye. Yaca aronka umwidegemvyo wo kuba ahantu hose ahisemwo. Gutyo yaba yungukiye ku kigongwe c’Imana. Muri ico gihe nyene, iryo tegeko ryaba ryerekanye rwose yuko ubuzima bw’umuntu bufise agaciro kanini.​—Guharura 15:30, 31; 35:12-25.

16. Amategeko yubahiriza gute uburenganzira umuntu yaba afise?

16 Ivyagezwe vyarakingira uburenganzira umuntu yaba afise. Rimbura uburyo vyakingira ababa bafitiye abandi amadeni. Ivyagezwe vyarabuza umuntu kwinjira mu nzu y’uwumufitiye ideni ngo yihe ikintu atunze kimubera ingwati. Ahubwo nyabuna, nyene kumugurana yategerezwa kuguma hanze maze akareka uwumufitiye ideni akamuzanira nya ngwati. Gutyo inzu y’umuntu yaba irinzwe kwinjirwamwo ku nguvu. Mu gihe nyene kugurana yaba atwaye ingwati y’impuzu y’uwo yaguranye, yategerezwa kuyigarukana ku mugoroba, kubera ko kumbure nyene kuguranwa yaba ayikeneye kugira ngo ayipfuke mw’ijoro.​—Gusubira mu vyagezwe 24:10-14.

17, 18. Mu bijanye n’intambara, Abisirayeli bari batandukanye gute n’ayandi mahanga, kandi kubera iki?

17 Mbere n’intambara yarashirirwaho amabwirizwa ayigenga hisunzwe amategeko. Abasavyi b’Imana bategerezwa kurwana intambara, atari ku bwo guhaza icipfuzo gusa co gutwara canke kuronka intsinzi, mugabo kugira ngo bakore bwa bakozi b’Imana mu «Ntambara za Yehova.» (Guharura 21:14) Mu bihe vyinshi, Abisirayeli bategerezwa kubanza gutanga akaryo ko kugira ngo abansi babo bishikane. Igihe abo mu gisagara banse kuvyemera, ni ho Abisirayeli bashobora kukiziguriza, mugabo bakabigira bisunze amategeko Imana yabahaye. Abo mu ngabo za Isirayeli ntibari bameze nk’abasoda benshi bagiye barabaho gushika ubu, kubera ko abo mu ngabo za Isirayeli bo batari barekuriwe gufata abagore ku nguvu canke ngo baje mu vyo gupfa kugandagura abanyagihugu. Bategerezwa mbere no kwubahiriza ibidukikije, bakirinda kuririka ibiti vy’umwansi vyama ivyamwa. d Abasoda bo mu yandi mahanga ntibari bafise amategeko yo kubabuza kugira ibintu nk’ivyo.​—Gusubira mu vyagezwe 20:10-15, 19, 20; 21:10-13.

18 Vyoba bigutera ikinya kwumva yuko mu bihugu bimwebimwe abana batoya bigishwa igisirikare? Muri Isirayeli ya kera, nta muntu atarashikana imyaka 20 y’amavuka yashirwa mu gisoda. (Guharura 1:2, 3) Mbere n’umugabo ntiyashirwa mu gisoda mu gihe yaba afise ubwoba burenze urugero. Umugabo arongoye vuba ntiyasabwa kuja mu gisoda; yabanza kurindira umwaka wose ugahera kugira ngo ashobore kubona agahungu kazomusubirira, akabona kuja muri uwo murimo washobora no kumutwara agatwe. Muri ubwo buryo amategeko yasigura yuko nya mugabo acubaka «[yoguma] muhira kugira anezereze umugore wiwe.»​—Gusubira mu vyagezwe 20:5, 6, 8; 24:5

19. Ni intunganyo izihe zari mu mategeko zashizweho kugira zikingire abagore, abana, imiryango, abapfakazi be n’impfuvyi?

19 Amategeko kandi yarakingira abagore, abana be n’imiryango, kandi akabitwararika. Yategeka abavyeyi kwama bitwararika abana babo no kubigisha ijambo ry’Imana. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Yarabuza ubwoko bwose bw’ukugoka, uwagoka akaba yategerezwa kwicwa. (Abalewi, ikigabane ca 18) Yaranabuza ukurenga ibigo, bimwe usanga akenshi bisenyura ingo kandi bigatuma zitakaza umutekano n’agateka. Amategeko yaritwararika abapfakazi n’impfuvyi, kandi akiyamiriza rwose ukubafata nabi.​—Kuvayo 20:14; 22:22-24.

20, 21. (a) Ni kubera iki amategeko ya Musa yarekura uguharika mu Bisirayeli? (b) Mu bijanye no kwahukana, ni kubera iki amategeko yari anyuranye n’ingingo ngenderwako Yezu yasubijeho mu nyuma?

20 Ariko rero ku bijanye n’ivyo, hari abohava bibaza ngo «Ni kubera iki amategeko yareka hakaba uguharika?» (Gusubira mu vyagezwe 21:15-17) Turakeneye kurimbura ayo mabwirizwa tuyafatiye mu gihe cayo. Abafata amategeko ya Musa bakayasuzuma bafatiye ku bihe vya none no ku mico kama ya none ntibobura kuyategera ukutari kwo. (Imigani 18:13) Ingingo ngenderwako ya Yehova yashinzwe kera muri Edeni, yatuma umubano w’ababiranye uba ubumwe buramba hagati y’umugabo umwe n’umugore umwe. (Itanguriro 2:18, 20-24) Ariko rero igihe Yehova yaha amategeko Abisirayeli, imigenzo imwimwe nk’uguharika hari haciye ibinjana n’ibindi ishinze imizi. Yehova yari azi neza yuko abo “bantu b’intumva” bogiye baranka mbere no kugamburuka amategeko ngenderwako kuruta yabuza ugusenga ibigirwamana. (Kuvayo 32:9) Rero abigiranye ubukerebutsi, ico si co gihe yahisemwo kugira ngo asubiremwo imigenzo yabo yose ijanye n’ivyo mu mubano w’ababiranye. Ariko, uramiza mu muzirikanyi yuko Yehova atari we yashizeho ivyo guharika. Ariko rero yarakoresheje amategeko ya Musa kugira ngo ashinge ingingo zokwisungwa igihe habaye uguharika mu basavyi biwe, be n’ukugira ngo ababuze kuriramwo mbege muri uwo mugenzo.

21 Cokimwe n’ivyo, amategeko ya Musa yaremerera umugabo kwahukana n’umugore wiwe ku mvo zisa na nyinshi zikomakomeye. (Gusubira mu vyagezwe 24:1-4) Ivyo Yezu yavyise yuko ari ikintu Imana yari yararekeye ubwoko bw’Abayuda «kubera [ba]fise imitima ikomantaye.» Ariko rero, mwene ivyo bintu yabibarekeye mu gihe gitoyi. Ku bayoboke biwe, Yezu yarasubijeho ingingo ngenderwako Yehova yari yashiriyeho umubano w’ababiranye mu ntango.​—Matayo 19:8.

Amategeko yararemesha urukundo

22. Ni mu buryo ubuhe amategeko ya Musa yaremesha urukundo, kandi urwo rukundo rwagaragarizwa bande?

22 Hoba hari ingingo y’igihugu woba uzi iremesha abantu kugaragaza urukundo? Amategeko ya Musa yoyo yararemesha urukundo kuruta ikindi kintu cose. Erega, mu gitabu co Gusubira mu vyagezwe honyene, ijambo «urukundo» ribonekamwo mu buryo butandukanye incuro zirenga 20. Ibwirizwa rya kabiri rihambaye kuruta ayandi mu mategeko ryagira riti: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.» (Abalewi 19:18; Matayo 22:37-40) Abasavyi b’Imana ntibategerezwa kugaragarizanya gusa urwo rukundo, ariko kandi bategerezwa no kurugaragariza abanyamahanga baba muri bo. Abisirayeli baribuka yuko na bo nyene bari barigeze kuba ahantu ari abanyamahanga. Bategerezwa kugaragariza urukundo abakene n’abagowe, bakabafashisha ibintu vy’umubiri kandi bakirinda kubariramwo mbege mu ntege nke zabo. Washaka bari barategetswe gufata neza no kwubahiriza ibikoko bakoresha akazi k’inguvu.​—Kuvayo 23:6; Abalewi 19:14, 33, 34; Gusubira mu vyagezwe 22:4, 10; 24:17, 18.

23. Uwanditse Zaburi ya 119 yavyuriwe umutima wo kugira iki, kandi dushobora kwiyemeza kugira iki?

23 Ni irindi hanga irihe ryahawe mwene urwo rutonde rw’amategeko? Ntibitangaje kuba umwanditsi wa Zaburi yaranditse ati: «Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe!» Ariko rero, urukundo rwiwe ntizari inyiyumvo gusa. Rwatumye agira ico akoze, kubera ko yihatiye kugamburuka iryo bwirizwa no kubaho aryisunga. Mu nyuma, yarabandanije ati: «Ni ryo nzirikana bukarinda bwira.» (Zaburi 119:11, 97) Egome, yama afata umwanya akiga amategeko ya Yehova. Nta nkeka ko uko yavyiga ari ko urukundo yabikunda rwaza rurongerekana. Muri ico gihe nyene, urukundo yakunda wa Mutanzi w’amategeko ari we Yehova Imana na rwo nyene rwarongerekana. Uko ubandanya kwiga amategeko y’Imana, ese na wewe nyene worushiriza kwiyegereza Yehova, wa Mutanzi w’amategeko Mukuru akaba n’Imana y’ubutungane.

a Nk’akarorero, amabwirizwa yasaba ko umwanda mukuru uzikwa, ko abarwaye bashirwa ukwabo, be n’uko umuntu wese akoze ku kiziga yiyuhagira, yari ayateye imbere ico gihe ku buryo ayandi mahanga yagiye kumenya ivyo bintu haciye ibinjana vyinshi.​—Abalewi 13:4-8; Guharura 19:11-13, 17-19; Gusubira mu vyagezwe 23:13, 14.

b Mu gihe amasengero y’Abanyakanani yarimwo ivyumba vyategekanirijwe ivy’ubushurashuzi, amategeko ya Musa yavuga yuko abahumanye batashobora mbere no kwinjira mu rusengero. Gutyo rero, kubera ko ivyerekeye uguhuza ibitsina vyatuma umuntu amara ikiringo kinaka ahumanye, nta n’umwe yari yemerewe kugira ivy’uguhuza ibitsina umuce w’ugusenga ku nzu ya Yehova.

c Kwigisha yari yo ntumbero nyamukuru y’amategeko. Kukaba nkako, igitabu kimwe (Encyclopaedia Judaica) kivuga yuko ijambo ry’Igiheburayo rihindurwa ngo «icagezwe», ari ryo toh·rahʹ, risigura ngo «inyigisho.»

d Amategeko yabaza adakikiriza ati: «Mbega igiti co mw’ishamba kibaye umuntu ngo mucugarize?» (Gusubira mu vyagezwe 20:19) Uwitwa Filo, akaba yari incabwenge w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere, yasubiyemwo iryo tegeko mu gusigura yuko Imana yiyumvira ko «ari ivy’akarenganyo kuba ishavu rigiriwe abantu ryotabwa ku bintu bidafise ikibi na kimwe vyagirizwa.»