Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 16

“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’Imana

“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’Imana

1-3. (a) Ni kubera iki dufitiye ideni Yehova? (b) Umurokozi wacu munyarukundo adusaba iki?

 NIWIHE ishusho uri mu bwato buriko buranyika kandi ukaba udashobora kubuvamwo. Ugitangura kwiyumvira ko ivyawe birangiye, ukaza ubona umurokozi arahaserutse maze akagukura muri ubwo bwato, akagushira ahatagira inkomanzi. Ese ukuntu wokwumva uruhuriwe igihe umurokozi wawe agukuye muri ako kaga agaheza akakubwira ati: «Ntugipfuye»! Mbega none ntiwokwumva ufitiye ideni uwo muntu? Mu vy’ukuri koko, ubuzima bwawe woba ubukesha nya muntu.

2 Ako karorero karadufasha gutahura ico Yehova yatugiriye. Nta mazinda yuko tumufitiye ideni. Nakare, yaratanze incungu, atuma bishoboka ko turokoka tukava mu migozi y’icaha n’urupfu. Turumva dutekaniwe kubera tuzi yuko igihe tugaragaje ko twizera iyo ncungu y’agaciro, duharirwa ivyaha, kandi ko tuzobaho ibihe bidahera. (1 Yohani 1:7; 4:9) Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 14, incungu ni uburyo ntangere Yehova agaragarizamwo urukundo rwiwe be n’ubutungane bwiwe. None dukwiye kuvyakira gute?

3 Birakwiriye ko turimbura ico Umukiza wacu munyarukundo ubwiwe adusaba. Biciye ku muhanuzi Mika, Yehova avuga ati: «Ewe muntu, yarakubwiye iciza ico ari co. None hari ikindi Yehova agusaba? Ico agusaba gusa ni ugukurikiza ubutungane, gukunda ukudahemuka no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto!» (Mika 6:8) Urabona ko kimwe mu bintu Yehova adusaba ari uko “dukurikiza ubutungane.” None twobukurikiza gute?

Nidukurikirane «ubugororotsi bw’ukuri»

4. Tuzi gute ko Yehova yiteze yuko tubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse?

4 Yehova yiteze yuko tubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe zerekeye iciza n’ikibi. Kubera yuko ingingo ngenderwako ziwe zitunganye kandi zigororotse, turakurikirana ubutungane n’ubugororotsi igihe tuzisunga. Muri Yesaya 1:17 hagira hati: «Nimwige gukora iciza, murondere ubutungane.» Ijambo ry’Imana riduhimiriza “kurondera ubugororotsi.” (Zefaniya 2:3) Riduhimiriza kandi «[kwambara] kamere nshasha yaremwe hisunzwe ivyo Imana igomba, ihuye n’ubugororotsi bw’ukuri.» (Abanyefeso 4:24) Ubugororotsi bw’ukuri, ni ukuvuga ubutungane nyakuri, buririnda ubukazi, ubuhumane be n’ubusambanyi, kubera yuko ivyo bihonyanga icitwa ko ari ceranda.​—Zaburi 11:5; Abanyefeso 5:3-5.

5, 6. (a) Ni kubera iki atari umuzigo kuri twebwe guhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova? (b) Bibiliya yerekana gute yuko gukurikirana ubugororotsi ari igikorwa kibandanya?

5 Mbega none kwisunga ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova woba ari umuzigo kuri twebwe? Oyaye. Umutima ukwegerewe kuri Yehova ntiwumva ko uremerewe n’ivyo asaba. Kubera yuko dukunda Imana yacu be n’ukuntu imeze, dushaka kubaho mu buryo buyihimbara. (1 Yohani 5:3) Ibuka yuko Yehova «akunda ibikorwa bigororotse.» (Zaburi 11:7) Nimba dushaka vy’ukuri kwigana ubutungane bw’Imana canke ubugororotsi bwayo, dutegerezwa gukunda ivyo Yehova akunda kandi tukanka ivyo yanka.​—Zaburi 97:10.

6 Gukurikirana ubugororotsi ntivyoroshe ku bantu badatunganye. Dutegerezwa kwiyambura kamere ya kera hamwe n’ibikorwa vyayo vy’igicumuro tugaheza tukambara kamere nshasha. Bibiliya ivuga yuko iyo kamere nshasha «igirwa nshasha» biciye ku bumenyi nyakuri. (Abakolosayi 3:9, 10) Amajambo yo mu rurimi rwo mu ntango yahinduwe ngo «igirwa nshasha» agaragaza ko kwambara kamere nshasha ari igikorwa kibandanya, kimwe gisaba akigoro gakomeye. Naho nyene tugerageza kwihata uko dushoboye kwose ngo dukore ibigororotse, hariho ibihe usanga kuba twarazwe icaha bituma dutsitara mu vyiyumviro, mu vyo tuvuga canke mu vyo dukora.​—Abaroma 7:14-20; Yakobo 3:2.

7. Dukwiye kwiyumva gute igihe dukoze amakosa naho tugira utwigoro ngo dukurikirane ubugororotsi?

7 Dukwiye kwiyumva gute igihe dukoze amakosa naho tugira utwigoro ngo dukurikirane ubugororotsi? Birumvikana, ntitwokwipfuza gufatira mu rwara uburemere bw’icaha. Muri ico gihe nyene, dutegerezwa kutigera ducika intege, twiyumvira yuko kuba tudatunganye bituma tuba abadakwiriye gukorera Yehova. Imana yacu y’inyabuntu yarashizeho intunganyo yo gusubira kuraba ryiza abigaya babikuye ku mutima. Rimbura aya majambo adusubiriza umutima mu nda intumwa Yohani yavuze: «Ndabandikiye ibi bintu kugira ntimucumure.» Mugabo yaciye yongerako amajambo aremesha ati: «Ariko hagize uwucumura [bitumwe no kuba twavutse tudatunganye], turafise umufasha ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu.» (1 Yohani 2:1) Ego cane, Yehova yaratanze incungu ya Yezu kugira ngo dushobore kumukorera mu buryo bwemewe naho turi abacumuzi. None ivyo ntibituvyurira umutima wo gushaka gukora uko dushoboye kugira ngo duhimbare Yehova?

Inkuru nziza be n’ubutungane bw’Imana

8, 9. Kwamamaza inkuru nziza vyerekana gute ubutungane bwa Yehova?

8 Turashobora kwigana ubutungane bw’Imana mu kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ni isano irihe riri hagati y’ubutungane bwa Yehova be n’inkuru nziza?

9 Yehova ntazozana iherezo ry’iyi si mbi atabanje kuburira abantu. Mu buhanuzi bwiwe bwerekeye ivyobaye mu gihe c’iherezo, Yezu yavuze ati: «Inkuru nziza itegerezwa kubanza kwamamazwa mu mahanga yose.» (Mariko 13:10; Matayo 24:3) Ijambo «kubanza» ryumvikanisha yuko hariho ibindi bintu bizokurikira ico gikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose. Muri ivyo bintu harimwo na ya makuba akomeye yavugwa, aho abanyakibi bazokurwaho bikazocira inzira isi nshasha igororotse. (Matayo 24:14, 21, 22) Nta nkeka yuko ata n’umwe azoba afise uburenganzira bwo kwagiriza Yehova ngo yarenganije abanyakibi. Mu gutuma imburi yamamazwa, Yehova ariko araha mwene abo bantu akaryo gakwiye ko guhindura inzira zabo, babone kuzorokoka.​—Yona 3:1-10.

10, 11. Kuba tugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza bigaragaza gute ubutungane bw’Imana?

10 Kuba twamamaza inkuru nziza, bigaragaza gute ubutungane bw’Imana? Ubwa mbere na mbere, birabereye ko dukora ivyo dushoboye kugira ngo dufashe abandi kuronka ubukiriro. Subira urimbure ca kigereranirizo co kurokorwa mu bwato buriko buranyika. Nta nkeka ko urokotse ukaba uri mu bwato bwo gutabara, wokwipfuza gufasha abandi bakiri mu mazi. Nk’ukwo nyene, hari ico tubwirizwa gukorera abakiriko bararwana n’«amazi» y’iyi si mbi. Ego ni ko, benshi baratera akagere ubutumwa tubashikiriza. Ariko magingo Yehova abandanije kwihangana, turi n’ibanga ryo kubaha akaryo ko «kwigaya» maze bakaba mu murongo w’abazorokoka.​—2 Petero 3:9.

11 Tubwiye inkuru nziza abo duhura bose, tuba tugaragaje ubutungane mu bundi buryo buhambaye: Tuba twerekanye ko tutarobanura abantu ku butoni. Ibuka yuko «Imana itagira nkunzi, mugabo ko yemera umuntu wese ayitinya agakora ibigororotse, naho yoba ava mw’ihanga irihe.» (Ivyakozwe 10:34, 35) Nimba dushaka kwigana ubutungane bwayo, dutegerezwa kwirinda kubona abantu uko batari. Ahubwo dukwiye kubwira abandi inkuru nziza tutaravye ubwoko bwabo, ikibanza bafise mu kibano canke ukuntu ubutunzi bwabo bwifashe. Gutyo tuba duhaye akaryo abatwumviriza bose ko kwumva inkuru nziza no kugira ico bakoze.​—Abaroma 10:11-13.

Ingene dufata abandi

12, 13. (a) Ni kubera iki tudakwiye kwihutira gucira abandi urubanza? (b) Impanuro Yezu yatanze yo “kureka guca urubanza” no “kureka gutsindisha” isobanura iki? (Raba akajambo k’epfo.)

12 Turashobora kandi gukurikiza ubutungane mu gufata abandi nk’uko Yehova adufata. Biroroshe cane gucira abandi urubanza, mu kubanebagura no mu gukekeranya ku mvo zituma bakora ibintu. Mugabo ni nde muri twebwe yokwipfuza yuko Yehova asesangura imvo zituma dukora ibintu be n’amakosa dukora akabigira ata mbabazi? Ukwo si ko Yehova adufata. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: «Ewe Yehova, iyaba amakosa ari yo uraba, ni nde yoguma ahagaze ga Yehova?» (Zaburi 130:3) Ntidukura ubwatsi none kuba Imana yacu igororotse kandi y’inyembabazi ihitamwo kudahagarara ku bugoyagoye bwacu? (Zaburi 103:8-10) None dukwiye gufata gute abandi?

13 Nimba dukenguruka ukuba ubutungane bw’Imana burangwa n’imbabazi, ntituzokwihutira gucira abandi urubanza mu bintu bitaturaba koko canke bidahambaye cane. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi Yezu yashikiriza, yagabishije ati: «Nimureke guca urubanza kugira namwe ntimuzocirwe urubanza.» (Matayo 7:1) Twisunze inkuru ya Luka, Yezu yongeyeko ati: «Nimureke gutsindisha abandi mu rubanza, kugira namwe ntimuzotsindishwe.» a (Luka 6:37) Yezu yarerekanye yuko yari azi ko abantu badatunganye bafise impengamiro yo gucira abandi urubanza. Uwo wese mu bamwumviriza yari afise akamenyero ko kwama acira abandi urubanza yategerezwa kubireka.

Turagaragaza ubutungane bw’Imana iyo tubwira abandi inkuru nziza tudacaguye

14. Ni ku bw’imvo izihe dutegerezwa “kureka gucira urubanza” abandi?

14 Ni kubera iki dutegerezwa “kureka gucira urubanza” abandi? Kimwe coco, ubukuru dufise buri n’aho bugarukira. Umwigishwa Yakobo atwibutsa ati: «Uwushinga amategeko akaba n’Umucamanza ni umwe gusa», ni ukuvuga Yehova. Ni co gituma Yakobo abaza atarya umunwa ati: «Wewe uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe?» (Yakobo 4:12; Abaroma 14:1-4) Vyongeye, ukuba tudatunganye birashobora gutuma vyoroha cane ko duca iza ngondagonde. Hariho inyifato nyinshi be n’imvo nyinshi, dushizemwo ukwinubana, ubwishime, ishari be n’ukwibona ubugororotsi, bishobora kugoreka ukuntu tubona abantu nkatwe. Hari n’ibindi bintu usanga turi n’aho tugarukiriza, kandi kubizirikanako birakwiye gutuma twirinda kwihutira gutora abandi amahinyu. Ntidushobora gusoma ibiri mu mitima; eka mbere ntitunashobora kumenya uko ivy’abandi vyose vyifashe. None, turi bande kugira ngo twiyumvire nabi abo dusangiye ukwizera, canke ngo tunebagure utwigoro bagira mu gikorwa barangurira Imana? Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza twiganye Yehova mu kurondera ivyiza mu bavukanyi na bashiki bacu aho kubatora amahinyu!

15. Ni amajambo ayahe be n’inyifato iyihe bidafise ikibanza mu basavyi b’Imana, kandi kubera iki?

15 Tuvuge iki ku bo mu ngo zacu? Ikibabaje, ni uko mw’isi ya kino gihe usanga ugucira rubi abandi bibera mu miryango, ahari hakwiye kuba ubwugamo burangwamwo amahoro. Biramenyerewe kwumva abagabo b’inkazi, abagore canke abavyeyi basa n’aho «bacira urubanza» abo mu ngo zabo mu kubamizako ibitutsi n’inkoni vy’urudaca. Mugabo amajambo aranga ubukazi, ukunebagurana kubabaza be n’ugukubitana nta kibanza bifise mu basavyi b’Imana. (Abanyefeso 4:29, 31; 5:33; 6:4) Impanuro Yezu yatanze yo “kureka guca urubanza” no “kureka gutsindisha” ntica ireka gukora iyo turi i muhira. Ibuka yuko kugaragaza ubutungane harimwo no gufata abandi nk’uko Yehova adufata. N’Imana yacu ntiyigera ituryagagura canke ngo idufate bunyamaswa. Ahubwo riho, «yuzuye ikibabarwe.» (Yakobo 5:11) Ese ukuntu ari akarorero keza cane twokwigana!

Abakurambere barakora “ku bw’ubutungane”

16, 17. (a) Yehova yiteze iki ku bakurambere? (b) Hategerezwa gukorwa iki igihe umucumuzi yanse kugaragaza ukwigaya nyakuri, kandi kubera iki?

16 Twese turi n’ibanga ryo gukurikiza ubutungane, ariko abakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu ni bo canecane biraba. Raba ukuntu Yesaya adondora «abatware», ari bo bakurambere mu buryo bw’ubuhanuzi ati: «Raba! Umwami azoganza mu bugororotsi, abatware na bo batware mu butungane.» (Yesaya 32:1) Egome cane, Yehova yiteze ko abakurambere bakora bisunga ubutungane. Ivyo bashobora kubikora gute?

17 Abo bagabo bakwije ibisabwa mu buryo bw’impwemu barazi neza yuko ubutungane canke ubugororotsi, busaba yuko ishengero riguma ridahumanye. Rimwe na rimwe, biraba ngombwa ko abakurambere baca imanza zerekeye ibibi bikomeye biba vyakozwe. Igihe ivyo babigira, baribuka yuko ubutungane bw’Imana burondera kugira imbabazi nimba bishoboka. Gutyo baragerageza gushikana umucumuzi ku kwigaya. Ariko tuvuge iki nk’igihe uwo mucumuzi yanse kugaragaza ukwigaya nyakuri naho haba hagizwe mwene utwo twigoro two kumufasha? Mu butungane butagira agahaze, Ijambo rya Yehova risaba abakurambere gufata ingingo bashikamye riti: «Nimukure uwo mubisha muri mwebwe.» Ivyo bisobanura kumuca mw’ishengero. (1 Abakorinto 5:11-13; 2 Yohani 9-11) Abakurambere barababazwa no kubona bategerezwa gufata ingingo nk’iyo, mugabo baribuka yuko bikenewe kugira ngo ishengero baririnde uguhumana mu vyo kwigenza runtu no mu vy’impwemu. No muri ico gihe nyene, baba bizigiye yuko umusi uri izina nya mucumuzi azokubita agatima mpembero agaheza akagaruka mw’ishengero.​—Luka 15:17, 18.

18. Abakurambere bamiza iki mu muzirikanyi igihe baha abandi impanuro zishingiye kuri Bibiliya?

18 Gukora ku bw’ubutungane birimwo no gutanga impanuro zishingiye kuri Bibiliya igihe bikenewe. Ego ni ko, abakurambere ntibarondera gutora udukosa mu bandi. Nta n’ubwo baguma bareretse ko umuntu akora agakosa ako ari ko kose kugira ngo bamukosore. Mugabo vyoshika uwo dusangiye ukwizera «agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya.» Kwibuka yuko ubutungane bw’Imana atari ubutagira ikigongwe canke imbabazi, bizotuma abakurambere «[bagerageza] kumubogora n’umutima w’ubwitonzi.» (Abagalatiya 6:1) Kubera ico, abakurambere ntiboryagagura uwakoze ikosa canke ngo bakoreshe amajambo akaze. Ahubwo impanuro itanganywe urukundo iraremesha uwuriko arayihabwa. N’igihe nyene abakurambere bariko barakangira umuntu ata gucisha ku ruhande, ni ukuvuga berekana badakikiriza ingaruka z’ingendo itaranga ubukerebutsi, baramiza mu muzirikanyi yuko uwo muntu basangiye ukwizera yakoze ikosa ari intama yo mu mukuku wa Yehova. b (Luka 15:7) Mu gihe impanuro canke igikangiro bitanzwe bishingiye ku rukundo kandi bigatanganwa urukundo, birashoboka cane bizotuma nyene gukora ikosa yikubita agashi.

19. Ni ingingo izihe abakurambere basabwa gufata, kandi mwene izo ngingo bategerezwa kuzishingira ku ki?

19 Abakurambere kenshi bategerezwa gufata ingingo zigira ico zikoze ku bo basangiye ukwizera. Nk’akarorero, uko igihe kinaka kihaciye, abakurambere barahura kugira ngo barabe nimba abandi bavukanyi bo mw’ishengero bakwije ibisabwa kugira baratwe ngo bazobe abakurambere canke abakozi b’ishengero. Abakurambere barazi ko ukutagira nkunzi bihambaye. Barareka ivy’Imana isaba bikaba ari vyo bibarongora mu gufata ingingo bijanye y’abo barata, ntibiheke ku nyiyumvo zabo bwite. Gutyo baba bakoze «ata kwiyumvira abandi uko batari canke ngo [ba]gire nkunzi.»​—1 Timoteyo 5:21.

20, 21. (a) Abakurambere bihatira kuba iki, kandi kubera iki? (b) Abakurambere bashobora gukora iki kugira ngo bafashe «abacitse intege»?

20 Abakurambere barakoresha ubutungane bw’Imana no mu bundi buryo. Yesaya amaze kumenyesha yuko abakurambere bokoze «mu butungane», yabandanije ati: «Umwe wese azoba nk’ahantu ho kwikinga umuyaga, nk’ahantu ho kwugama imvura y’igihuhusi, nk’imigezi y’amazi mu gihugu kitagira amazi, nk’igitutu c’urutare amahero mu gihugu cumye.» (Yesaya 32:1, 2) Abakurambere rero barihatira kuruhurira no kuremesha abo basangiye ukwemera.

21 Muri iki gihe, hari ingorane nyinshi zivuna umutima zituma abasavyi ba Yehova benshi bakenera indemesho. Yemwe bakurambere, mwokora iki kugira ngo mufashe «abacitse intege»? (1 Abatesalonika 5:14) Nimubatege ugutwi mubigiranye impuhwe. (Yakobo 1:19) Hari aho boba bakeneye kubwira umuntu bizigira amaganya ari mu mutima wabo. (Imigani 12:25) Nimubasubirize umutima mu nda yuko Yehova hamwe n’abavukanyi na bashiki babo babakeneye, babaha agaciro, be n’uko babakunda. (1 Petero 1:22; 5:6, 7) Vyongeye, murashobora gusenga muri kumwe na mwene abo bantu, mugasenga mubasabira. Kwumva umukurambere ariko aratura isengesho rivuye ku mutima ku bwabo, birashobora kubabera impumurizo ntangere. (Yakobo 5:14, 15) Ya Mana y’ubutungane ntizobura kubona utwigoro mugira two gufasha abihebuye mubitumwe n’urukundo.

Abakurambere baragaragaza ubutungane bwa Yehova igihe baremesha abavunitse imitima

22. Ni mu buryo ubuhe dushobora kwigana ubutungane bwa Yehova, kandi bivamwo ingaruka iyihe?

22 Vy’ukuri, turarushiriza kwiyegereza Yehova mu kwigana ubutungane bwiwe! Igihe dushigikira ingingo ngenderwako ziwe zigororotse, tukabwira abandi ya nkuru nziza irokora ubuzima, be n’igihe duhitamwo kwibanda ku vyiza tubona mu bandi aho kubatora amahinyu, tuba turiko turagaragaza ubutungane bw’Imana. Yemwe bakurambere, igihe mukingira ishengero kugira ngo ntirihumane, igihe mutanga impanuro ziremesha zishingiye ku Vyanditswe, iyo mufata ingingo mutagira nkuzi be n’iyo muremesha abavunitse umutima, muba muriko mugaragaza ubutungane bw’Imana. Ese ukuntu bitegerezwa kuba binezereza umutima wa Yehova iyo aravye kw’isi ari mw’ijuru maze akabona abasavyi biwe bagerageza gukora ivyo bashoboye vyose ngo “bakurikize ubutungane” mu kugendana n’Imana yabo!

a Impinduro zimwezimwe zivuga ngo «ntimugahinyurire mu mitima» na «ntimucire abandi rubi.» Mwene izo mpinduro zishaka kuvuga ngo «ntimutangure guca urubanza» na «ntimutangure gutsindisha.» Ariko rero, abanditse Bibiliya mu rurimi rwo mu ntango ng’aha bakoresha amategeko yo guhakana muri kubu (kerekana igikorwa kibandanya). Gutyo rero ibikorwa bivugwa ng’aho vyariko birakorwa, mugabo vyategerezwa guhagarara.

b Muri 2 Timoteyo 4:2, Bibiliya ivuga yuko abakurambere bategerezwa rimwe na rimwe “gukosora, kwihaniza no guhimiriza.” Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «guhimiriza» (pa·ra·ka·leʹo) rishobora gusobanura «kuremesha.» Ijambo ry’ikigiriki rifitaniye isano n’iryo, ari ryo pa·raʹkle·tos, rishobora kwerekeza ku mushingwamanza aburanira uwundi mu rubanza. Gutyo, naho nyene abakurambere bakangira umuntu bashikamye, intumbero baba bafise ni iyo kumufasha gusubira kwiyegereza Yehova.