Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 29

«Kumenya urukundo rwa Kristu»

«Kumenya urukundo rwa Kristu»

1-3. (a) Ni igiki catumye Yezu ashaka kumera nka Se? (b) Ni imice iyihe y’urukundo rwa Yezu tugiye kurimbura?

 WOBA umaze kubona agahungu gatoyi kariko kagerageza kumera nka se? Nya gahungu koshobora kwigana ukuntu se wiwe atambuka, ukuntu avuga canke ukuntu akora ibintu. Mu nyuma, ako gahungu koshobora mbere no kwigana kamere zo mu vyo kwigenza runtu be n’izo mu vy’impwemu za se wako. Egome, urukundo umwana yumva afitiye umuvyeyi munyarukundo harimwo n’ukumushima, biravyurira nya gahungu umutima wo gushaka kumera nka se.

2 Tuvuge iki ku bucuti buri hagati ya Yezu na Se wiwe wo mw’ijuru? Igihe kimwe Yezu yavuze ati: «[Ndakunda] Data.» (Yohani 14:31) Nta n’umwe ashobora gukunda Yehova kuruta ukuntu Umwana wiwe amukunda, uwari kumwe na Se kera cane imbere yuko ibindi biremwa vyose bibaho. Urwo rukundo rwatumye uwo Mwana w’intahemuka ashaka kumera nka Se.​—Yohani 14:9.

3 Mu bigabane vya mbere vy’iki gitabu, twarihweje ukungene Yezu yiganye neza na neza ububasha bwa Yehova, ubutungane bwiwe be n’ubukerebutsi bwiwe. Ariko none, Yezu yiganye gute urukundo rwa Se? Nimuze turimbure imice itatu y’urukundo rwa Yezu, ni ukuvuga agatima yagaragaje ko kwitanga, imbabazi ziwe zirimwo ikibabarwe be n’umutima ukunze yari afise wo guharira ibicumuro.

«Nta wu[mu]rusha urukundo»

4. Yezu yatanze gute akarorero gahambaye k’urukundo ruranga ukwitanga?

4 Yezu yaratanze akarorero kibonekeje k’urukundo ruranga ukwitanga. Ukwitanga birimwo ukwitwararika ivyo abandi bakeneye be n’ibibaraje ishinga imbere y’ukwitwararika ivyawe bwite. None Yezu yagaragaje gute mwene urwo rukundo? We ubwiwe yavuze ati: «Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe.» (Yohani 15:13) Yezu abigiranye umutima ukunze yaratanze ubuzima bwiwe butunganye ku bwacu. Bwari bwo buryo bwo kugaragaza urukundo buhambaye kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Ariko Yezu yaragaragaje urukundo rwo kwitanga no mu bundi buryo.

5. Ni kubera iki kuba Umwana w’ikinege w’Imana yaravuye mw’ijuru kwari ukwitanga kurangwa urukundo?

5 Mu kubaho kwiwe ataraba umuntu nkatwe, Umwana w’ikinege w’Imana yari afise ikibanza kidasanzwe kandi kininahaye mw’ijuru. Yari afitaniye ubucuti somambike na Yehova be n’amasinzi y’ibiremwa vy’impwemu. Naho yari yifitiye utwo duteka, uwo Mwana mukundwa «yarahevye vyose amera nk’umushumba, acika umuntu.» (Abafilipi 2:7) Yaraje n’umutima ukunze kuba mu bantu b’abacumuzi mw’isi «iganzwa na wa mubisha.» (1 Yohani 5:19) Mbega none ku Mwana w’Imana ukwo ntikwari ukwitanga kurangwa n’urukundo?

6, 7. (a) Ni mu buryo ubuhe Yezu yerekanye urukundo rwo kwitanga mu kiringo c’ubusuku yaranguye kw’isi? (b) Ni akarorero akahe gakora ku mutima k’urukundo ruzira ubwikunzi kanditse muri Yohani 19:25-27?

6 Mu busuku Yezu yaranguriye kw’isi, yarerekanye urukundo ruranga ukwitanga mu buryo butandukanye. Yari umuntu atarangwa n’ubwikunzi na gatoyi. Yarafatirwa cane n’ubusuku bwiwe gushika naho yiyima ibintu vyizavyiza bisanzwe abantu basanzwe bakenera mu buzima. Yavuze ati: «Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo, n’inyoni zirafise ivyari. Ariko Umwana w’umuntu ntagira aho aryamika umusaya.» (Matayo 8:20) Kuba yari umubaji w’umuhanga, Yezu yari gushobora gufata umwanya kugira ngo yiyubakire inzu nziza, canke kugira ngo ahingure ibikoresho vyo mu nzu vyiza cane vyo kugurisha kugira aronke amahera arenze ku yo yari asanzwe aronka. Mugabo ntiyakoresheje ubuhinga bwiwe mu kurondera ibintu vy’umubiri.

7 Akarorero gakora ku mutima vy’ukuri k’urukundo rwo kwitanga rwa Yezu, kanditse muri Yohani 19:25-27. Iyumvire ibintu vyinshi bitegerezwa kuba vyari biri mu muzirikanyi wa Yezu no mu mutima wiwe ku muhingamo yapfiriyeko. Igihe yababarizwa ku giti, yari arajwe ishinga n’ivyerekeye abigishwa biwe, igikorwa co kwamamaza, na canecane akaba yari arajwe ishinga n’ukutadohoka kwiwe hamwe n’ukuntu vyogize ico bikoze kw’izina rya Se. Mu vy’ukuri, kazoza kose k’umuryango w’abantu kari gahagaze kuri we! Yamara, imbere gatoyi y’uko apfa, Yezu yarerekanye kandi ko arajwe ishinga na nyina wiwe Mariya, uwari umupfakazi ico gihe. Yezu yasavye intumwa Yohani gusigara araraba Mariya nk’aho umenga yari nyina bwite wa Yohani, maze iyo ntumwa iraheza ijana Mariya i muhira iwayo. Gutyo Yezu yararinganije ivy’uko nyina abungabungwa mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Ewe kuntu bwari uburyo buhambaye bw’ukuntu Yezu yagaragaje urukundo ruzira ubwikunzi!

«Bamutera ikigongwe»

8. Ni iyihe nsobanuro y’ijambo ry’ikigiriki Bibiliya yakoresheje mu kudondora imbabazi Yezu yagira?

8 Cokimwe na Se, Yezu yari umunyembabazi. Ivyanditswe bivuga ko Yezu yaterwa ikigongwe n’abari mu ngorane bigatuma yama arondera ukuntu abafasha. Kugira ngo Bibiliya idondore imbabazi za Yezu, yakoresheje ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo «guterwa ikigongwe.» Incabwenge imwe yavuze iti: «Ridondora . . . inyiyumvo ituma umuntu yumva akozweko ibwina muri we. Ni ryo jambo rikomeye kuruta ayandi mu kigiriki, rikoreshwa ku nyiyumvo y’imbabazi.» Rimbura ibihe bimwebimwe Yezu yasunitswe n’imbabazi bigatuma agira ico akoze.

9, 10. (a) Ni ibintu ibihe vyabaye vyatumye Yezu n’intumwa ziwe barondera ahantu hatekanye? (b) Igihe isinzi ryabuza Yezu kuruhuka yavyakiriye gute, kandi kubera iki?

9 Yaravyurirwa umutima wo kuronsa abantu ivyo baba bakeneye mu vy’impwemu. Inkuru iri muri Mariko 6:30-34 irerekana ikintu canecane cavyurira Yezu umutima wo kugaragaza impuhwe. Niwihe ishusho y’ivyariko biraba. Intumwa zari zinezerewe, kubera yuko zari zirangije igikorwa kinini co kwamamaza. Zaragarutse kuri Yezu maze zibigiranye umushasharo, zimwiganira ibintu vyose zari zabonye n’ivyo zari zumvise. Mugabo isinzi rinini rikoranira hamwe, rituma Yezu n’intumwa ziwe babura n’akanya ko gufungura. Kubera ko Yezu yari umuntu yama yihweza, yarabonye yuko intumwa ziwe zirushe. Aca azibwira ati: «Nimuze mwenyene, tuje ahantu hiherereye kugira muruhuke gatoya.» Baca burira ubwato, maze baca ku nkengera yo mu buraruko bw’ikiyaga ca Galilaya bagana ahantu hatekanye. Mugabo nya sinzi ryarababonye bagiye. N’abandi barumvise ko bagiye. Bose hamwe baca barirukanga bajana inkengera y’ikiyaga, maze batanga bwa bwato gushika ku ruhande rwo hakurya!

10 None Yezu yoba yarababaye kubera bari bamubujije kuruhuka? Habe namba! Abonye iryo sinzi iryarimwo abantu ibihumbi bari bamurindiriye, vyaramukoze ku mutima cane. Mariko yanditse ati: «Abona isinzi rinini ry’abantu. Bamutera ikigongwe kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere, aca atangura kubigisha ibintu vyinshi.» Yezu yabona ko abo bantu bari bakeneye ivy’impwemu. Bari bameze nk’intama zijuragirika zitagira gitabara, zitagira umwungere wo kuziyobora canke kuzikingira. Yezu yari azi yuko abo bantu batobato birengagizwa n’abarongozi b’amadini batagira ikigongwe, abari bitezwe ko baba abungere bitwararikana. (Yohani 7:47-49) Aca yumvira akagongwe abo bantu, maze atangura kubigisha «ivyerekeye ubwami bw’Imana.» (Luka 9:11) Urabona yuko Yezu yagiriye abo bantu akagongwe n’imbere nyene y’uko abona ingene bakira ivyo yari agiye kubigisha. Mu yandi majambo, imbabazi zuzuye ikibabarwe yagize ntizatumwe n’uko yigishije iryo shengero, ahubwo riho ni zo zatumye abigisha.

«Aramvura ukuboko amukorako»

11, 12. (a) Mu bihe vya Bibiliya, abanyamibembe bafatwa gute, mugabo Yezu yavyifashemwo gute igihe umuntu «yuzuye imibembe» yamwegera? (b) Ukuba Yezu yarakoze ku munyamibembe, bishobora kuba vyatumye uwo munyamibembe amererwa gute, kandi ni gute ivyo bigaragazwa n’ivyo umuganga umwe yabonye?

11 Yaravyurirwa umutima wo gukiza abantu ububabare. Abantu baba barwaye indwara zitandukanye bariyumvamwo yuko Yezu agira imbabazi, ari co gituma bumva bakwegerewe kuri we. Ivyo canecane vyaragaragaye hamwe umugabo «yuzuye imibembe» yamwegera, isinzi na ryo ririko riramukurikira. (Luka 5:12) Mu bihe vya Bibiliya, abanyamibembe barabakumira kugira ngo ntihagire abandi bandukiza. (Guharura 5:1-4) Ariko rero mu nyuma, indongozi z’Abarabi zararemesheje ukubona imibembe mu buryo butagiramwo ikigongwe, bishiriraho amategeko yabo bwite y’agahahazo. a Mugabo, raba ingene Yezu yafashe uwo munyamibembe: «Haza umunyamibembe, aramwinginga yapfukamye, amubwira ati: “Ubishatse, urashobora kumpumanura.” Yezu aca amwumvira impuhwe, aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: “Ndabishaka! Humanuka.” Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako.» (Mariko 1:40-42) Yezu yari azi yuko amategeko atemerera uwo munyamibembe no kuba ari ng’aho. Yamara, aho kumwirukana, Yezu yaravyuriwe umutima w’ikigongwe gushika naho akora ikintu kitari citezwe. Yezu yaramukozeko!

12 Woshobora none kwiyumvira ico ivyo vyasigura kuri uwo munyamibembe? Kugira ngo tubitangire ikigereranirizo, rimbura aka karorero. Umuganga umwe yitwa Paul Brand, akaba ari umuhinga mu vyo kuvura imibembe, arigana inkuru y’umunyamibembe yavuye mu gihugu c’Ubuhindi. Igihe nya muganga yariko aramusuzuma, yarashize ikiganza ku rutugu rwa nya munyamibembe, maze abicishije ku musobanuzi asigura ukuntu nya mugabo yari agiye kuvurwa. Buno nyene, nya munyamibembe atangura kurira. Nya muganga abaza ati: «Hari ikintu kibi noba navuze?» Nya musobanuzi abaza uwo musore mu rurimi rwiwe maze yishura ati: «Oya, muganga. Avuze yuko ariko ararira kubera yuko wamushize ikiganza ku rutugu. Imbere y’uko aza ng’aha hari haheze imyaka myinshi ata muntu n’umwe amukorako.» Kuri wa munyamibembe yegera Yezu, gukorwako vyari bifise mbere insobanuro ihambaye kuruta. Amaze kumukorako rimwe, iyo ndwara yari yatumye aba ruhebwa yaciye igenda!

13, 14. (a) Yezu yahuye n’umurongo wa bande igihe yariko aregereza igisagara c’i Nayini, kandi ni igiki catumye ivyo bintu biba ibiteye umubabaro bimwe bidasanzwe? (b) Imbabazi za Yezu zamuvyuriye umutima wo gukora iki ku neza ya wa mupfakazi w’i Nayini?

13 Yaravyurirwa umutima wo gukiza intuntu. Yezu yarababazwa cane n’intuntu abandi baba bafise. Nk’akarorero, rimbura inkuru iri muri Luka 7:11-15. Iyo nkuru yabaye nko mu gihe Yezu yari agejeje ubusuku bwiwe hagati, igihe yashika hafi y’igisagara c’i Galilaya citwa Nayini. Igihe Yezu yashika hafi y’irembo ry’ico gisagara, yahahuriye n’umurongo w’abagiye ku maziko. Ivyo bintu vyari agacamutima bimwe bidasanzwe. Hari hapfuye umusore umwe, akaba ari we mwana wenyene nyina yari afise, kandi nyina yari umupfakazi. Birashoboka ko imbere yaho yari yarigeze kugira muri mwene urwo rugendo aja ku maziko, ni ukuvuga igihe baja guhamba umugabo wiwe. Ico gihe hoho, yari umuhungu wiwe, kumbure akaba ari we wenyene yari amutunze. Isinzi ryari ryifatanije na nya mupfakazi rishobora kuba ryarimwo abandi bantu bari mu mubabaro bagenda baraboroga bacura intimba, hamwe n’abacuraranzi bagenda bararirimba uturirimbo tw’intuntu. (Yeremiya 9:17, 18; Matayo 9:23) Ariko rero, Yezu ashinga ijisho nya muvyeyi yari yishwe n’intuntu, uwushobora kuba yariko agendera hambavu y’inderuzo yari itwaye ikiziga c’umwana wiwe.

14 Yezu “aterwa ikigongwe” n’uwo mugore yari yabuze uwiwe. Yezu avugana ijwi rihumuriza, amubwira ati: «Reka kurira.» Ata wubimusavye, yigira hafi ya nya nderuzo, maze ayikorako. Abari bayireruye, hamwe kumbure n’abandi bo muri iryo shengero, barahagarara. Yezu avugana ijwi ry’ububasha, abwira nya kiziga ati: «Musore, ndabikubwiye: Haguruka!» Ni ibiki vyakurikiye? «Wa muntu yari yapfuye aricara, atangura kuvuga», nk’aho umenga akuwe mw’itiro ryinshi! Haca hakurikira iryungane rikora ku mutima kuruta ayandi rigira riti: «Aca amuha nyina.»

15. (a) Za nkuru za Bibiliya zerekeye ukuntu Yezu yagize ikigongwe zerekana isano irihe hagati y’imbabazi no kugira ico umuntu akoze? (b) Twoshobora gute kwigana Yezu muri ivyo?

15 Twigira iki kuri izo nkuru? Kuri imwimwe yose, urabona ko hari isano riri hagati y’imbabazi no kugira ico umuntu akoze. Yezu ntiyashobora kubona ivyago vy’abandi ngo areke kubumvira akagongwe, kandi ntiyashobora kugira mwene izo mbabazi ngo agende ata co akoze. Twoshobora gute kwigana akarorero kiwe gute? Kubera yuko turi Abakirisu, turafise ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. Ubwa mbere na mbere dusunikwa n’urukundo dukunda Imana. Ariko, nitwibuke yuko ico kandi ari igikorwa kiranga imbabazi. Igihe tugirira akagongwe abantu nk’uko Yezu yakabagirira, umutima wacu uzodusunikira ku gukora ivyo dushobora vyose kugira ngo tubabwire inkuru nziza. (Matayo 22:37-39) Tuvuge iki ku vyerekeye kugaragariza imbabazi abo dusangiye ukwizera bariko barashikirwa n’imibabaro canke batuntuye? Ntidushobora gukuraho ingorane zose zishika canke ngo tuzure abapfuye ku gitangaro. Ariko rero, turashobora kugaragaza imbabazi mu ngiro, mu kwibwiriza kubereka ko tubababaye, canke mu kubaronsa imfashanyo bakeneye.​—Abanyefeso 4:32.

«Dawe, bababarire»

16. Umutima ukunze Yezu yari afise wo guharira ibicumuro wagaragaye gute n’igihe yari ku giti co kubabarizwako?

16 Yezu yaragaragaje neza na neza urukundo rwa Se mu bundi buryo buhambaye: yari «[yi]teguriye kubabarira.» (Zaburi 86:5) Uwo mutima ukunze waragaragaye mbere n’igihe yari ku giti co kubabarizwako. None igihe yategerezwa kwihanganira urupfu ruteye isoni, igihe imisumari yinjira mu biganza no mu birenge, Yezu yavuze iki? Yoba yasavye Yehova ngo ahane abariko baramwica? Eka data! Ahubwo mu majambo ya nyuma Yezu yavuze harimwo aya agira ati: «Dawe, bababarire kuko batazi ivyo bariko barakora.»​—Luka 23:34. b

17-19. Ni mu buryo ubuhe Yezu yagaragaje yuko yahariye intumwa Petero uwari yaramwihakanye incuro zitatu?

17 Kumbure akarorero mbere karushirize kuba agakora ku mutima k’uguharira ibicumuro kwa Yezu, twoshobora kukabonera mu buryo yafashe intumwa Petero. Nta gukekeranya yuko Petero yakunda cane Yezu. Ku wa 14 Nisani, mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwa Yezu, Petero yamubwiye ati: «Mukama, nditeguriye kujana nawe mw’ibohero, eka mbere no gupfana nawe.» Yamara, haheze amasaha makeyi gusa, Petero yarihakanye Yezu incuro zitatu mbere aramwihakana ngo ntanamuzi! Bibiliya iratubwira ivyashitse igihe Petero yamwihakana ubugira gatatu: «Umukama aca arahindukira, araba mu maso Petero.» Petero arembejwe n’uburemere bw’igicumuro ciwe, «arasohoka hanze, araturikisha ararira.» Igihe inyuma y’aho Yezu yapfa kuri uwo musi, iyo ntumwa ishobora kuba yaribajije iti: “Ubwo koko Umukama wanje yampariye?”​—Luka 22:33, 61, 62.

18 Petero ntiyari kurindira inyishu igihe kirekire. Yezu yari yazutse mu gitondo co ku wa 16 Nisani, kandi nk’uko biboneka, kuri uwo musi nyene ubwiwe yaragendeye Petero. (Luka 24:34; 1 Abakorinto 15:4-8) Ni kubera iki Yezu yitwararitse muri mwene ubwo buryo budasanzwe iyo ntumwa yari yamwihakanye yivuye inyuma? Yezu ashobora kuba yarashaka gusubiriza umutima mu nda Petero uwari yigaye, yuko Umukama wiwe yari akimukunda be n’uko yari akimuha agaciro. Ariko Yezu yarakoze n’ibiruta ivyo mu guhumuriza Petero.

19 Haciye umwanya, Yezu yarabonekeye abigishwa biwe ku kiyaga ca Galilaya. Ico gihe, Yezu yarabajije incuro zitatu Petero (uwari yihakanye Umukama wiwe incuro zitatu) ko amukunda. Ahejeje kumubaza ubugira gatatu, Petero yishura ati: «Mukama, wewe urazi vyose. Urazi ko ndagukunda.» Mu vy’ukuri, Yezu, uwashobora kubona mu mitima, yari azi neza ko Petero amukunda be n’uko amwiyumvamwo. Yamara, Yezu yarahaye Petero akaryo ko kwemeza urukundo rwiwe. Turetse ivyo, Yezu yashinze Petero ibanga ryo “kugaburira” no “kuragira” “intama ziwe ntonto.” (Yohani 21:15-17) Imbere y’aho, Petero yari yashinzwe igikorwa co kwamamaza. (Luka 5:10) Mugabo ubu na ho, mu buryo buranga ukumwizigira bimwe bidasanzwe, Yezu yari amuhaye irindi banga riremereye: kwitwararika abocitse abayoboke ba Kristu. Inyuma gatoya, Yezu yarahaye Petero ibanga rihambaye mu gikorwa abigishwa bari bafise. (Ivyakozwe 2:1-41) Ese ukuntu Petero ategerezwa kuba yarahumurijwe no kumenya yuko Yezu yari yamuhariye kandi akaba yari akimwizigiye!

Woba uzi «urukundo rwa Kristu»?

20, 21. Dushobora gute gushika neza ku «kumenya urukundo rwa Kristu»?

20 Vy’ukuri, Ijambo rya Yehova riradondora mu buryo bwiza cane urukundo rwa Kristu. Ariko none, dukwiye kwakira gute urukundo rwa Yezu? Bibiliya iduhimiriza «kumenya urukundo rwa Kristu rurengeye ubumenyi.» (Abanyefeso 3:19) Nk’uko twabibonye, inkuru zo mu Njili zivuga ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku bwiwe ziratwigisha vyinshi ku vyerekeye urukundo rwa Kristu. Ariko rero, gushika neza ku «kumenya urukundo rwa Kristu» ntiharimwo gusa kwiga ivyo Bibiliya ivuga ku bimwerekeye.

21 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «kumenya» risigura kumenya «mu buryo buboneka, biciye mu bikorwa.» Iyo tugaragaje urukundo nk’uko Yezu yarugaragaje, tukitanga tutiziganya ku neza y’abandi, tukitwararika kubaronsa ivyo bakeneye tubigiranye imbabazi, tukabaharira tubikuye ku mutima, ni ho dushobora gutahura vy’ukuri inyiyumvo ziwe. Muri ubwo buryo, biciye mu bikorwa turashobora gushika ku «kumenya urukundo rwa Kristu rurengeye ubumenyi.» Nimuze kandi ntitwibagire yuko uko turushiriza kumera nka Kristu, ari ko turushiriza kwiyegereza uwo Yezu yiganye ata kwihenda, uwo na we akaba ari ya Mana yacu yuzuye urukundo, Yehova.

a Amategeko y’Abarabi yavuga yuko ata muntu n’umwe akwiye guhagarara ku metero 1 na santimetero 80 uvuye ku munyamibembe. Mugabo mu gihe umuyaga waba uriko urahuhuta, uwo munyamibembe yategerezwa n’imiburiburi kugumizwa ku metero 45. Igitabu kimwe (Midrash Rabbah) kiravuga ivyerekeye Umurabi umwe yinyegeza abanyamibembe, be n’uwundi yabatera amabuye kugira ngo ntibamwegere. Gutyo abanyamibembe bari bazi umubabaro wo gutabwa nk’akanuka, kunenwa canke kwumva ko batabashaka.

b Igihimba ca mbere ca Luka 23:34 carakuwe mu nzandiko zimwezimwe za kera. Ariko rero, kubera yuko ayo majambo tuyasanga mu zindi nzandiko nyinshi zemewe, yarashizwe muri Bibiliya y’isi nshasha no mu zindi mpinduro zitari nke. Birashoboka ko Yezu yariko yerekeza ku basoda b’Abaroma bamumanitse. Ntibari bazi ivyo bariko barakora, kubera yuko batari bazi Yezu uwo ari we vy’ukuri. Birashoboka kandi ko yari afise mu bwenge abayuda basavye ko yicwa ariko mu nyuma bakaba bohavuye bamwemera. (Ivyakozwe 2:36-38) Ariko ntiwumve, indongozi z’amadini zagiye umugambi wo kumwicisha ni zo vyagira cane, kubera yuko zakoze ibintu n’ibigirankana kandi zikabikorana urwenge. Kuri benshi muri bo, guharirwa ibicumuro ntivyashoboka.​—Yohani 11:45-53.