Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 23

“Ni yo yabanje kudukunda”

“Ni yo yabanje kudukunda”

1-3. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyatumye urupfu rwa Yezu rutamera nk’urw’uwundi muntu n’umwe yabayeho kw’isi?

 HARI ku musi umwe wo mu mpeshi ubu hakaba haciye imyaka hafi ibihumbi 2.000, aho umugabo atagira ico azira yasambishwa, akagirizwa ubugizi bwa nabi atari yarigeze akora, hanyuma agatotezwa gushika naho yicwa. Ico si co gihano ca mbere co gupfa bunyamaswa kandi c’akarenganyo cari kibaye kuva abantu batanguye kubaho. Kandi ikibabaje, si co cari ica nyuma. Yamara, urwo rupfu ntirwari rumeze nk’izindi mpfu na gato.

2 Uko nya mugabo yababara mu masaha yiwe ya nyuma yamaze asambagirika, ijuru ubwaryo ryarerekanye insobanuro y’ico kintu cariko kiraba. Naho umusi wari ugeze hagati, umwijima waciye uza giturumbuka kuri ico gihugu. Nk’uko umwanditsi umwe w’ivya kahise yabivuze, «umuco w’izuba wari wazimye.» (Luka 23:44, 45) Maze, imbere gatoya y’uko nya mugabo acikana, yavuze aya majambo y’intibagirwa: «Birarangutse!» Mu vy’ukuri, mu gutanga ubuzima bwiwe, yararanguye ikintu ciza cane. Inkuka yatanze yabaye ikintu kiranga urukundo gihambaye kuruta ibindi vyose abantu baranguye.​—Yohani 15:13; 19:30.

3 Uwo mugabo nta wundi atari Yezu Kristu. Ukubabazwa kwiwe n’urupfu rwiwe kuri uwo musi mubi, ku wa 14 Nisani mu 33 inyuma ya Kristu, birazwi cane. Ariko rero, hari ikintu gihambaye usanga akenshi cirengagizwa. Naho Yezu yababaye cane, hariho uwundi muntu yababaye mbere kuruta. Mu vy’ukuri, hariho uwundi muntu yagize ikintu kinini kuruta ahevye kuri uwo musi, kikaba ari ikintu kiranga urukundo gihambaye kuruta ibindi vyose vyaranguwe mw’ijuru no kw’isi. Ico kintu cari ikihe? Inyishu y’ico kibazo iraturonsa intangamarara ibereye itujana ku kiganiro gihambaye kuruta ibindi: urukundo rwa Yehova.

Ikintu kiranga urukundo gihambaye kuruta ibindi

4. Ni gute umusoda w’Umuroma yahavuye abona yuko Yezu atari umuntu asanzwe, kandi ni iciyumviro ikihe nya musoda yashitseko?

4 Umukomanda w’abasoda w’Umuroma yari ahagarikiye iyicwa rya Yezu yaratangajwe n’umwijima wahabaye imbere y’uko Yezu apfa, be n’ikinyamugigima gikomeye cawukurikiye. Yavuze ati: «Ni ukuri, uyu yari Umwana w’Imana.» (Matayo 27:54) Biratomoye yuko Yezu atari umuntu asanzwe. Uwo musoda yari yafashije mu kwica Umwana w’ikinege w’Imana Musumbavyose! None neza na neza uwo Mwana yakundwa na Se ukungana iki?

5. Igihe kinini cane Yehova n’Umwana wiwe bamaze bari kumwe mw’ijuru gishobora gutangirwa ikigereranirizo gute?

5 Bibiliya yita Yezu «imfura mu vyaremwe vyose.» (Abakolosayi 1:15) Iyumvire gatoya: Umwana wa Yehova yabayeho imbere y’uko ibiri mu kirere vyose bibaho. None, Se n’Umwana bamaranye igihe kingana gute? Abanyasiyansi bamwebamwe bagereranya yuko ibiriho bimaze imyaka amamiliyaridi 13. Woba woshobora hoho no kwiyumvira ico kiringo kirekire gutyo? Kugira ngo abantu bafashwe gutahura imyaka ivyo mu kirere bimaze nk’uko bigereranywa n’abanyasiyansi, inzu imwe yerekanirwamwo ukuntu ikirere n’ibikirimwo bimeze irerekana umurongo werekana ivy’umwanya, nya murongo ukaba ureha n’imetero 110. Uko ingenzi zigendera iruhande y’uwo murongo, intambwe imwimwe yose batera igereranya imyaka imiliyoni nka 75 mu buzima bw’ibiri mu kirere. Ku mpera z’uwo murongo, kahise kose k’abantu kagereranijwe n’akamenyetso kamwe rudende k’intimbatimba ingana n’iy’agashatsi kamwe k’umuntu! Yamara, naho nyene iryo gereranya ryoba ari ryo, uwo murongo wose uko ungana ntiwoba ari muremure bihagije kugira ngo ugereranye imyaka Umwana wa Yehova amaze! None yakora iki muri ico kiringo kirekire gutyo cose?

6. (a) Umwana wa Yehova yakora igikorwa ikihe imbere y’uko aba umuntu nka twe? (b) Ni ubucuti bwoko ki buri hagati ya Yehova n’Umwana wiwe?

6 Uwo Mwana yarakoze anezerewe ari «umukozi w’umuhanga» wa Se. (Imigani 8:30) Bibiliya ivuga iti: «Nta kintu na kimwe cabayeho bitamuciyeko.» (Yohani 1:3) Rero, Yehova n’Umwana wiwe barakoranye mu kurema ibindi bintu vyose. Ese ukuntu bamaranye igihe giteye akanyamuneza n’agahimbare! Abenshi barazi yuko urukundo ruri hagati y’umuvyeyi n’umwana rukomeye bimwe bidasanzwe. Kandi urukundo ni «umugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe.» (Abakolosayi 3:14) None, hoba hari n’umwe muri twebwe yoshobora kugerageza gutahura ukuntu urukundo nk’urwo rwamaze igihe kirekire gutyo rwari rukomeye? Biratomoye yuko Yehova Imana be n’Umwana wiwe bunzwe n’urukundo rukomeye kuruta urwabayeho rwose.

7. Igihe Yezu yabatizwa, Yehova yaseruye gute ukuntu yiyumva ku vyerekeye Umwana wiwe?

7 Naho ari ukwo, Dawe wa twese yararungitse Umwana wiwe kw’isi kugira ngo avuke ari uruyoya. Kubigira gutyo vyasigura yuko Yehova yotegerejwe kumara imyaka mirongo yahevye ubucuti somambike bwo kuba kumwe n’Umwana wiwe mukundwa mw’ijuru. Abigiranye ubwitwararitsi bukomeye, Yehova yararaba ari mw’ijuru uko Yezu akura ngo abe umugabo atunganye. Ashikanye imyaka nka 30 y’amavuka, Yezu yarabatijwe. Ntitwirirwa turakekeranya ingene Yehova yumvise amerewe kuri we. Se yaravuze ubwiwe ari mw’ijuru ati: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo nashimye.» (Matayo 3:17) Kubona Yezu yarakoze adahemuka ivyari vyaravuzwe vyose, ivyo yari yasabwe gukora vyose, Se ategerezwa kuba yarahimbawe rwose!​—Yohani 5:36; 17:4.

8, 9. (a) Yezu yashikiwe n’ibiki ku wa 14 Nisani 33 inyuma ya Kristu, kandi vyagize ico bikoze gute kuri Se wiwe wo mw’ijuru? (b) Ni kubera iki Yehova yemeye ko Umwana wiwe ababazwa akongera agapfa?

8 Ariko none, Yehova yumvise amerewe gute ku wa 14 Nisani 33 inyuma ya Kristu? Yumvise amerewe gute igihe Yezu yagurwa maze agafatwa n’igitero c’abantu mw’ijoro? Yumvise amerewe gute igihe abagenzi biwe bamuta wenyene maze agasambishwa ku kadenderezo? Bite hoho igihe yatukwa, agacirwako amate, kandi agakubitwa ibipfunsi? Yumvise amerewe gute igihe yatonagurwa, umugongo wiwe ugashishagurika? Yumvise amerewe gute igihe yakomerwa imisumari mu biganza no mu birenge ku kigiga c’igiti kandi agasigwa amanitswe ng’aho abantu na bo bariko baramutuka? Se yumvise amerewe gute igihe Umwana wiwe mukundwa yasemerera amuhamagara igihe umubabaro wamusogota ariko arasambagirika? Yehova yumvise amerewe gute igihe Yezu yacikana, ari bwo bwa mbere kuva mu ntango y’iremwa rya vyose, Umwana wiwe mukundwa ntabe akiriho?​—Matayo 26:14-16, 46, 47, 56, 59, 67; 27:38-44, 46; Yohani 19:1.

9 Ntitworonka uko tubivuga. Kubera yuko Yehova afise inyiyumvo, umubabaro yagize ku rupfu rw’Umwana wiwe ntitworonka amajambo twowuseruramwo. Igishobora kuvugwa coco ni imvo yatumye Yehova areka urwo rupfu rugashika. Ni kubera iki Dawe wa twese yemeye akihanganira mwene izo nyiyumvo? Yehova araduhishurira ikintu ciza cane muri Yohani 3:16, uwo ukaba ari umurongo wa Bibiliya uhambaye rwose ku buryo wiswe Injili ntoya. Uvuga uti: «Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.» Rero, imvo Yehova yari afise ni iyi: urukundo. Ingabirano ya Yehova, ni ukuvuga ukuba yararungitse Umwana wiwe kugira ngo ababazwe yongere adupfire, yabaye ikintu agize kiranga urukundo kandi gihambaye kuruta ibindi.

“Imana yaratanze Umwana wayo w’ikinege”

Insobanuro y’urukundo rw’Imana

10. Abantu bakeneye iki, kandi ni ibiki vyashikiye insobanuro y’ijambo «urukundo»?

10 Iri jambo «urukundo» risobanura iki? Urukundo rwasiguwe yuko ari ikintu abantu bakeneye kuruta ibindi. Kuva abantu bavutse gushika bapfuye, bariruka inyuma y’urukundo, bakagwa bavyuka barondera kugirirwa igishika, bakarwipfuza bimwe bibi, n’ugupfa bagapfa kubera ukurubura. Ariko rero, ruragoye gusigura bimwe bitangaje. Birumvikana, abantu baravuga cane ivyerekeye urukundo. Hariho ibitabu vyinshi cane, vy’indirimbo be n’ibisomwa bihinyanyuye vyerekeye urukundo. Ibivugwamwo ntivyama bitomora insobanuro y’urukundo. Nimba hariho ikintu gikoreshwa mu buryo burenze urugero ni urukundo, gushika n’aho insobanuro nyakuri yaryo isa n’iyirushiriza kugora kumenya.

11, 12. (a) Ni hehe dushobora kwigira ikintu kinini ku vyerekeye urukundo, kandi ni kubera iki ari aho nyene tucigira? (b) Ni ubwoko bw’urukundo ubuhe bwerekanywe mu rurimi rwa kera rw’ikigiriki, kandi ni ijambo irihe ryahinduwe ngo «urukundo» rikoreshwa kenshi cane mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu? (Raba n’akajambo k’epfo.) (c) Ijambo a·gaʹpe akenshi riserura iciyumviro ikihe mu Vyanditswe?

11 Ariko rero, Bibiliya irigisha ivyerekeye urukundo mu buryo butomoye. Inyizamvugo imwe y’uwitwa Vine (Expository Dictionary of New Testament Words) igira iti: «Urukundo rushobora kumenyekanira gusa ku bikorwa rutuma umuntu akora.» Inkuru zo muri Bibiliya zerekeye ibikorwa Yehova yakoze ziratwigisha ikintu kinini ku vyerekeye urukundo rwiwe, ni ukuvuga urukundo rurangwa igishika afitiye ibiremwa vyiwe. Nk’akarorero, ni igiki cari gushobora guhishura vyinshi ku vyerekeye iyo kamere kuruta ca kintu kaminuza Yehova ubwiwe yagira c’urukundo, ari co twavuze amaja mu ntango muri iki kigabane? Mu bigabane bikurikira turaza kwihweza utundi turorero twinshi tw’urukundo rwa Yehova rubonekera mu bikorwa. Vyongeye, turashobora kuronka ugutahura kwimbitse dufatiye ku majambo yo mu ntango yahinduwe ngo «urukundo» yakoreshejwe muri Bibiliya. Mu rurimi rwa kera rw’ikigiriki, hariho amajambo ane yakoreshwa ku «rukundo.» a Muri ayo, irikunze gukoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu ni a·gaʹpe. Inyizamvugo imwe ya Bibiliya iryita «Ijambo rifise ububasha kuruta ayandi yose yoshobora kwiyumvirwa ku rukundo.» Kubera iki?

12 Nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, a·gaʹpe akenshi riserura iciyumviro c’urukundo rugengwa n’ingingo ngenderwako. Urumva rero ko atari gusa ukuntu umuntu yiyumva mu mutima ku vyo uwundi muntu akora canke avuga. Ruragutse kuruta, rukitwararika abandi kuruta kandi ntirudadaze mu vyo rukora. Ikiruta vyose, urukundo ruranga abakirisu ntirugira ubwikunzi na gato. Nk’akarorero, subira urabe muri Yohani 3:16. «Isi» Imana yakunze cane bigatuma itanga Umwana wayo w’ikinege ni iyihe? Ni abantu bishoboka ko bacungurwa. Muri abo harimwo abantu benshi bariko barakurikirana inzira y’icaha mu buzima. None ubwo Yehova yoba akunda umwumwe wese muri twebwe nk’umugenzi wiwe bwite, nk’uko yakunda wa mwizigirwa Aburahamu? (Yakobo 2:23) Oya, mugabo Yehova abigiranye urukundo aragirira abantu bose neza, mbere bikamutwara ibintu vyinshi. Ashaka ko bose bigaya kandi bagahindura inzira zabo. (2 Petero 3:9) Benshi barabigira. Abo arabakirana umunezero nk’abagenzi biwe.

13, 14. Ni igiki cerekana yuko urukundo ruranga abakirisu akenshi rurimwo igishika?

13 Ariko rero, hari abafise ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’ingene Bibiliya ikoresha ijambo a·gaʹpe. Biyumvira yuko risigura urukundo rutarimwo igishika, rushingiye ku bwenge bwo mu mutwe. Ariko rero, urukundo ruranga abakirisu akenshi rurimwo n’igishika umuntu agira. Nk’akarorero, igihe Yohani yandika ati: «Se arakunda Umwana», yakoresheje imero y’ijambo a·gaʹpe. None urwo rukundo rwoba rutarimwo igishika kivuye ku mutima? Urabona yuko Yezu yavuze ati: «Se ariyumvamwo Umwana», mu gukoresha imero y’ijambo phi·leʹo. (Yohani 3:35; 5:20) Urukundo rwa Yehova kenshi rujamwo n’ikibabarwe. Ariko rero, urukundo rwiwe ntirwigera rutwarwa n’inyiyumvo zisanzwe. Rwama nantaryo rugengwa n’ingingo ngenderwako ziranga ubukerebutsi kandi zitunganye.

14 Nk’uko twabibonye, kamere zose za Yehova, ziri hejuru, ziratunganye kandi zirakwegera. Ariko urukundo ni rwo rukwegera kuruta zose. Nta kintu na kimwe kidukwegera kuri Yehova bimwe bikomeye nk’urukundo. Igishimishije, urukundo kandi ni yo kamere yiwe yiganje kuruta izindi. Ivyo tubizi dute?

“Imana ni urukundo”

15. Ni igiki Bibiliya ivuga ku vyerekeye kamere ya Yehova y’urukundo, kandi ni mu buryo ubuhe ico kintu ivuga kidasanzwe? (Raba n’akajambo k’epfo.)

15 Hari ikintu Bibiliya ivuga ku vyerekeye urukundo itigera ivuga ku zindi kamere nyamukuru za Yehova. Ivyanditswe ntibivuga yuko Imana ari ububasha, canke yuko Imana ari ubutungane, canke yuko Imana ari ubukerebutsi. Izo kamere irazifise, ni yo Soko ruheta ryazo, kandi nta wogereranywa na we ku vyerekeye izo kamere uko ari zitatu. Ariko rero, ku vyerekeye kamere igira kane, hariho ikintu gishika kure kuruta kivugwa, ngo: «Imana [ni] urukundo.» b (1 Yohani 4:8) Ivyo bisobanura iki?

16-18. (a) Ni kubera iki Bibiliya ivuga yuko «Imana ari urukundo»? (b) Mu biremwa vyose biri kw’isi, ni kubera iki umuntu ari we kimenyetso kibereye ca kamere ya Yehova y’urukundo?

16 Iryungane “Imana ni urukundo” si uburyo busanzwe bwo kunganisha ibintu, nk’aho womengo ni ukuvuga ngo «Imana ingana n’urukundo.» Ntitwokwubahuka kunyuranya ibihimba bigize iyo mvugo ngo tuvuge yuko «urukundo ari Imana.» Yehova si kamere idafadika gusa. Arafise inyiyumvo nyinshi be n’ibimuranga vyinshi vyiyongereye ku rukundo. Yamara, urukundo ni rwo rumuranga. Igitabu kimwe kivuga ku bijanye n’uwo murongo giti: «Akameremere k’Imana canke uko yimereye ni urukundo.» Muri rusangi, twoshobora kuyiyumvira muri ubu buryo: Ububasha bwa Yehova bumushoboza kugira ico akoze. Ubutungane bwiwe n’ubukerebutsi bwiwe birayobora uburyo akora ibintu. Mugabo urukundo rwa Yehova rumuvyurira umutima wo kugira ico akoze. Kandi urukundo rwiwe rwama nantaryo ruri mu buryo akoresha izindi kamere ziwe.

17 Kenshi bivugwa yuko Yehova ari we nyene agereranya urukundo. Kubw’ivyo, nimba dushaka kwiga ivyerekeye rwa rukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako, dutegerezwa kwiga ivyerekeye Yehova. Birumvikana, twoshobora kubona iyo kamere nziza cane no mu bantu nyene. Ariko none ni kubera iki ibarimwo? Mu gihe c’irema, Yehova yavuze aya majambo, bikaboneka yuko yayabwiye Umwana wiwe, ati: «Tureme umuntu mw’ishusho yacu, asa natwe.» (Itanguriro 1:26) Mu biremwa vyose biri kuri iyi si, abagabo n’abagore bonyene ni bo bashobora kugaragaza urukundo gutyo bakaba biganye Dawe wa twese wo mw’ijuru. Ibuka yuko Yehova yakoresheje ibiremwa bitandukanye mu kugereranya kamere ziwe nyamukuru. Yamara, Yehova yahisemwo umuntu, ikiremwa ciwe co kw’isi gihambaye kuruta ibindi, kugira ngo agereranye ya kamere yiwe iruta izindi, ari yo y’urukundo.​—Ezekiyeli 1:10.

18 Iyo dukunda mu buryo buzira ubwikunzi kandi bugengwa n’ingingo ngenderwako, tuba turiko turagaragaza kamere ya Yehova iruta izindi. Ni nka kumwe nyene intumwa Yohani yandika, ati: «Twebwe turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda.» (1 Yohani 4:19) Ariko none ni mu buryo nyabaki Yehova yabanje kudukunda?

Yehova ni we yabanje kudukunda

19. Ni kubera iki vyoshobora kuvugwa yuko urukundo rwagize uruhara nyamukuru mu gikorwa ca Yehova c’irema?

19 Kamere y’urukundo si nshasha. Nakare, ni igiki catumye Yehova atangura kurema? Ntikwari ukubera yuko yari afise irungu akaba yari akeneye uwurimumara. Yehova aruzuye kandi arikwije, nta kintu ahajije uwundi muntu yoshobora kumuronsa. Mugabo urukundo rwiwe, kamere ikomeye, mu bisanzwe ni rwo rwatumye ashaka gusangira umunezero w’ubuzima n’ibiremwa bifise ubwenge vyashobora gushima mwene iyo ngabirano. Uwo «Imana yatanguri[ye]ko kurema» ni Umwana wayo w’ikinege. (Ivyahishuwe 3:14) Mu nyuma Yehova yarakoresheje uwo Mukozi wiwe w’Umuhanga mu kurema ibindi biremwa vyose, uhereye ku bamarayika. (Yobu 38:4, 7; Abakolosayi 1:16) Kubera ko vyari vyarahezagiwe mu guhabwa umwidegemvyo, ubwenge be n’inyiyumvo, ivyo biremwa vy’impwemu vyuzuye inkomezi vyari bifise akaryo ko kugiranira ubucuti bwuzuye urukundo hagati yavyo, kandi hejuru ya vyose, bikabugiranira na Yehova Imana. (2 Abakorinto 3:17) Gutyo, vyaragize urukundo kubera yuko vyabanje gukundwa.

20, 21. Adamu na Eva bari bafise ikimenyamenya ikihe c’uko Yehova yabakunda, yamara bavyakiriye gute?

20 Ukwo ni ko vyagenze no ku bantu nyene. Kuva mu ntango, Adamu na Eva biyamira mu rukundo. Ahantu hose batereza amaso mw’Iparadizo babamwo muri Edeni, barashobora kubona ikimenyamenya c’urukundo Se yari abafitiye. Ehe raba ico Bibiliya ivuga: «Yehova Imana atunganya itongo muri Edeni, amaja mu buseruko, maze ahashira uwo muntu yari yabumvye.» (Itanguriro 2:8) Woba umaze kuja mu busitani canke mw’itongo ryiza cane? Ni igiki caguhimbaye cane kuruta ibindi? Mbega wari umuco urasira mu mababi ahantu hinyegeje? Mbega yari amabara menshi y’agatangaza ari mu mashurwe atandukanye? Mbega wari umuziki wumva w’amazi asuma, inyoni ziririmba be n’udukoko tuyingira? Bite hoho ku kamoto k’ibiti, k’ivyamwa be n’ak’amashurwe? Mu buryo ubwo ari bwo bwose nta busitani na bumwe muri iki gihe bwoshobora kugereranywa n’ubwari muri Edeni. Kubera iki?

21 Iryo tongo ryari ryatewe na Yehova ubwiwe! Ritegerezwa kuba ryari rifise ubwiza utoraba. Ryarimwo igiti ico ari co cose gihimbaye ku bwiza canke gifise ivyamwa vy’akanovera. Iryo tongo ryari ryiza, ryagutse kandi ryuzuye ibikoko bitandukanye vy’ubwiza ntangere. Adamu na Eva bari bafise ikintu cose cotumye bahimbarwa mu buzima bwabo kandi ntibagire ico babura, tutibagiye igikorwa kimara akanyota be n’ubugenzi butunganye bari bifitiye. Yehova yabanje kubakunda, kandi bari bafise imvo yumvikana yo kuvyakira neza. Yamara, baranse kuvyakira neza. Aho kugamburukira Se wabo wo mw’ijuru babigiranye urukundo, baramugararije n’ubwikunzi n’akantu.​—Itanguriro, ikigabane ca 2.

22. Ukuntu Yehova yakiriye ubugarariji bwabaye muri Edeni vyagaragaje gute ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe?

22 Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarababaje Yehova! Ariko none ukwo kugarariza kwoba kwarateye umujinya umutima wiwe wuzuye urukundo? Oya! «Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.» (Zaburi 136:1) Gutyo, yaciye ubwo nyene afata umugambi wo gushiraho intunganyo ziranga urukundo zo gucungura umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Adamu na Eva afise agatima kabereye. Nk’uko twabibonye, izo ntunganyo zari zirimwo n’inkuka y’incungu ya wa Mwana wiwe mukundwa, ari yo yatwaye Se ikintu c’agaciro kanini rwose.​—1 Yohani 4:10.

23. Imwe mu mvo zituma Yehova aba «Imana ihimbawe» ni iyihe, kandi ni ikibazo gihambaye ikihe ikigabane gikurikira gica irya n’ino?

23 Egome, kuva mu ntango Yehova yaribwirije kugaragariza abantu urukundo. Mu buryo bwinshi budaharurwa, ni we «yabanje kudukunda.» Urukundo ruratuma haba uguhuza be n’umunezero, ari co gituma bidatangaje kuba Yehova avugwa ko ari «Imana ihimbawe.» (1 Timoteyo 1:11) Ariko rero hariho ikibazo gihambaye kivyuka. Yehova vy’ukuri yoba adukunda umwumwe wese ukwiwe? Ikigabane gikurikira kiraca irya n’ino ico kibazo.

a Irivuga phi·leʹo, risobanura «kugirira urukundo rw’igishika, gukunda ikinaka canke umunaka; canke gushima (nk’uko umuntu ashobora kwumva amerewe ku vyerekeye umugenzi somambike canke umuvukanyi)», rirakoreshwa kenshi mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Imero y’ijambo stor·geʹ, canke urukundo rwa hafi rwo mu muryango, ryarakoreshejwe muri 2 Timoteyo 3:3 mu kwerekana yuko mwene urwo rukundo rwobuze bimwe bibabaje mu misi y’iherezo. Ijambo Eʹros, canke urukundo ruba hagati y’abantu badasangiye igitsina, ntirikoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu naho nyene ubwo bwoko bw’urukundo buvugwa muri Bibiliya.​—Imigani 5:15-20.

b Hariho izindi mvugo zo mu Vyanditswe zubatswe mu buryo bumwe. Nk’akarorero, «Imana ni umuco», na «Imana . . . ni umuriro utema ugatongora.» (1 Yohani 1:5; Abaheburayo 12:29) Mugabo izo mvugo zitegerezwa gufatwa nk’imvugo mberanya, kubera ko zisanisha Yehova n’ibintu biboneka. Yehova ameze nk’umuco, kubera ko ari mweranda kandi akaba agororotse. Nta «mwiza», canke uguhumana bimurimwo. Kandi ashobora kugereranywa n’umuriro kubera ko akoresha ububasha bwiwe bwo gusangangura.