Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 26

Imana “yiteguriye kubabarira”

Imana “yiteguriye kubabarira”

1-3. (a) Ni umutwaro uremereye uwuhe umwanditsi wa Zaburi Dawidi yari yikoreye, kandi ni igiki camuhumurije? (b) Mu gihe dukoze igicumuro, vyoshobora kutuviramwo ingaruka yo kwikorera uwuhe mutwaro, mugabo Yehova adukura amazinda ku biki?

 «NDENGEWE n’amakosa yanje.» Ivyo vyanditswe na Dawidi umwanditsi wa Zaburi. Yongeyeko ati: «Ameze nk’umuzigo uremereye cane, sinshobora kuwikorera. Umubiri wanje watimvye kandi wajanjaguritse wose.» (Zaburi 38:4, 8) Dawidi yari azi ukuntu umutwaro w’ijwi ryo mu mutima riri n’ico ryiyagiriza ushobora kuremera. Ariko hari ikintu camuhumurije. Yaratahura yuko naho Yehova yanka igicumuro, atanka umucumuzi mu gihe aba yigaye vy’ukuri kandi agaheba ingendo yiwe y’igicumuro. Kubera ko Dawidi yari azi neza ko Yehova afise umutima ukunze wo kubabarira umucumuzi yigaye, yavuze ati: «Ewe Yehova . . . witeguriye kubabarira!»​—Zaburi 86:5.

2 Igihe dukoze igicumuro, turashobora natwe nyene kwikorera umutwaro uremereye w’ijwi ryo mu mutima ribuze amahoro. Iyo nyiyumvo yo kwiyagiriza iri n’akamaro. Irashobora kudusunikira ku gutera intambwe zikenewe kugira ngo dukosore amakosa twakoze. Ariko rero, kwiyagiriza birenze urugero birimwo ingeramizi. Umutima wacu wiyagiriza woshobora kuguma wiyumvira yuko Yehova atazoduharira, naho twoba twigaye gute. Igihe “twishwe n’umubabaro urenze urugero”, Shetani arashobora kugerageza gutuma duheba, tukiyumvira yuko Yehova abona ko ata co tumaze, ko tutabereye kumukorera.​—2 Abakorinto 2:5-11.

3 Mbega ukwo ni ko Yehova abona ibintu? Ihibambewe! Uguharira igicumuro ni umuce w’urukundo ruhambaye rwa Yehova. Mw’Ijambo ryiwe, aradukura amazinda yuko iyo tugaragaje ukwigaya nyakuri kandi kuvuye ku mutima, agira umutima ukunze wo kuduharira. (Imigani 28:13) Kugira ntitwiyumvire ko Yehova atokwigera aduharira, nimuze dusuzume igituma aharira n’ingene abigira.

Igituma Yehova “yiteguriye kubabarira”

4. Yehova yibuka iki ku vyerekeye ukuntu tumeze, kandi ivyo bigira ico bikoze gute ku buryo adufata?

4 Yehova arazi aho tugarukiriza. Muri Zaburi 103:14 hagira hati: «A[ra]zi neza ingene turemwe, aribuka ko turi umukungugu.» Ntiyibagira yuko turi ibiremwa vyo mu mukungugu, tukaba turi abanyantegenke canke tugoyagoya bitumwe n’uko tudatunganye. Iyo mvugo ngo arazi «ingene turemwe» iratwibutsa yuko Bibiliya isanisha Yehova n’umubumvyi natwe ikadusanisha n’ibibumbano ahingura. (Yeremiya 18:2-6) Wa Mubumvyi Mukuru arengenga mu buryo adufata akurikije ubugoyagoye bw’imero yacu y’icaha, akurikije kandi n’uburyo twakira canke tutakira ubuyobozi bwiwe.

5. Igitabu c’Abaroma kidondora gute ububasha bukomeye bw’igicumuro?

5 Yehova aratahura ukuntu igicumuro gifise ububasha. Ijambo ryiwe ridondora igicumuro nk’inguvu ikomeye igumya umuntu mu buryo bwica. None neza na neza igicumuro kigumya umuntu ku rugero rungana iki? Mu gitabu c’Abaroma, intumwa Pawulo asigura ati: “Tugabwa n’igicumuro”, nk’uko abasoda bagabwa n’umukomanda wabo (Abaroma 3:9); igicumuro “caraganje” abantu nk’umwami (Abaroma 5:21); «kiba» muri twebwe (Abaroma 7:17, 20); «itegeko» ryaco ribandanya kudukoreramwo, kikaba mu bisanzwe kigerageza gukontorora ubuzima bwacu. (Abaroma 7:23, 25) Mbega ukuntu igicumuro gifise ububasha bukomeye ku mubiri wacu udatunganye!​—Abaroma 7:21, 24.

6, 7. (a) Yehova abona gute abarondera ko abagirira imbabazi bafise umutima wemera ikosa? (b) Ni kubera iki tudakwiye kuriramwo mbege ku mbabazi z’Imana?

6 Kubera ico, Yehova arazi yuko tudashobora kugamburuka bimwe bitagira agahaze, naho twoba twipfuza gute kumugamburukira bimwe bitagira agahaze. Aradukura amazinda abigiranye urukundo yuko mu gihe turondera ko atugirira ikigongwe dufise umutima wemera ikosa, aduharira. Muri Zaburi 51:17 hagira hati: «Ibimazi bihimbara Imana ni umutima umenetse. Ewe Mana, umutima umenetse kandi ujanjaguritse ntuzowuta.» Yehova ntazokwigera ashibura canke ngo atere umugongo umutima «umenetse kandi ujanjaguritse» kubera ukwiyagiriza cane.

7 None ivyo bisigura yuko dushobora kuriramwo mbege ku kigongwe c’Imana, tugakoresha imero yacu y’icaha kugira ngo tuyigire urwitwazo rwo gucumura? Habe n’intete! Yehova ntiyoshwa n’inyiyumvo gusa. Imbabazi ziwe zirafise aho zigarukira. Ntazokwigera na rimwe aharira abakora icaha nkana ntibagaragaze ukwigaya. (Abaheburayo 10:26) Ku rundi ruhande, iyo abonye umutima wemera ikosa, aca yitegurira kubabarira. Ubu na ho, nimuze turimbure amwamwe mu majambo akora ku mutima akoreshwa muri Bibiliya mu kudondora uwo muce mwiza igitangaza w’urukundo rwa Yehova.

Yehova aharira ku rugero rungana iki?

8. Mu vy’ukuri, Yehova akora iki mu gihe aduhariye ibicumuro vyacu, kandi ivyo bituma tugira ukwizigira ukuhe?

8 Dawidi uwigaye igicumuro ciwe, yavuze ati: «Nahavuye ndakwaturira igicumuro canje. Sinanyegeje ikosa ryanje. . . . Nawe warahariye ikosa ryanje n’ibicumuro vyanje.» (Zaburi 32:5) Ijambo «warahariye» rihinduwe mw’ijambo ry’igiheburayo ahanini risigura «gukuraho» canke «gutwara.» Ukuntu rikoreshwa ng’aha risigura gukuraho «ukwiyagiriza, ububi, igicumuro.» Mu vy’ukuri rero, Yehova yarakuyeho ibicumuro vya Dawidi kandi abijana kure. Nta mazinda yuko ivyo vyatumye inyiyumvo za Dawidi z’ukwiyagiriza ziturura. (Zaburi 32:3) Natwe nyene turashobora kwizigira Imana tugaherezako, yo ijana kure ibicumuro vy’abarondera ko ibaharira bishimikije ukwizera incungu ya Yezu.​—Matayo 20:28.

9. Yehova ashira ibicumuro vyacu ahantu kure yacu hangana gute?

9 Dawidi yarakoresheje iyindi mvugo ikomeye mu kudondora ukuntu Yehova aharira ibicumuro ati: «Nk’uko ubuseruko buri kure cane y’uburengero, ni ko ashira kure cane amakosa yacu.» (Zaburi 103:12) Izuba riserukira mu buseruko rikarengera mu burengero. None mu buseruko hari ku burebure bungana iki uvuye mu burengero? Mu buryo bumwe, twovuga yuko mu buseruko hama hari kure rwose hashoboka yo mu burengero; aho hantu habiri ntihashobora kwigera hahura. Umuhinga umwe avuga yuko iyo mvugo isobanura «kure rwose hashoboka, kure rwose dushobora kwiyumvira.» Amajambo yahumetswe ya Dawidi aratubwira yuko iyo Yehova ahariye, ashira ibicumuro vyacu ahantu kure rwose yacu dushobora kwiyumvira.

«Ibicumuro vyanyu . . . bizosigara vyera derere»

10. Mu gihe Yehova aduhariye ibicumuro, ni kubera iki tudakwiye kwiyumvira yuko dufise ikirabagu ca mwene ivyo bicumuro mu gihe dusigaje kubaho?

10 Woba warigeze kugerageza gukura ikirabagu ku mpuzu ifise ibara rikeye? Kumbure naho wagize utwigoro dukomeye, nya kirabagu cagumye kiboneka. Ehe raba ukuntu Yehova adondora ubushobozi afise bwo guharira: «Naho ibicumuro vyanyu vyoba bisa n’agahama, bizosigara vyera derere. Naho vyoba bitukura nk’impuzu y’ibara ry’umutukutuku, bizosigara bisa n’ubwoya bwera.» (Yesaya 1:18) Imvugo «agahama» isigura ibara ritukura bimwe bimena amaso. a «Ibara ry’umutukutuku» ryari rimwe mu mabara y’agahama bakoresha mu guhindura ibara ry’ikintu. (Nahumu 2:3) Ntidushobora gukoresha utwigoro twacu bwite ngo dushobore kwigera dukuraho ikirabagu c’igicumuro. Mugabo Yehova arashobora gufata ibicumuro bimeze nk’ibara ritukura tukutuku be n’iry’agahama maze akabihindura ivyera nka shelegi canke nk’impuzu yera derere. Mu gihe Yehova aduhariye ibicumuro, ntidukwiye kwiyumvamwo yuko dufise ikirabagu ca mwene ivyo bicumuro mu gihe dusigaje kubaho.

11. Ni mu buryo ubuhe Yehova arenza inyuma yiwe ibicumuro vyacu vyose?

11 Mu ruririmbo rw’ugukenguruka rukora ku mutima Hezekiya yatunganije aho amariye gukizwa indwara yica, yabwiye Yehova ati: «Ibicumuro vyanje vyose wabitereye inyuma y’umugongo wawe.» (Yesaya 38:17) Ng’aha Yehova agereranywa n’uwuriko arafata ibicumuro vy’umucumuzi yigaye maze akabirenza inyuma yiwe aho adashobora kwongera kubibona canke ngo yongere kuvyibuka na gato. Dukurikije igitabu kimwe, iciyumviro gishikirizwa gishobora guserurwa uku: «Watumye [ibicumuro vyanje] bimera nk’aho umenga ntivyari vyarakozwe.» None ivyo ntibidusubiriza umutima mu nda?

12. Amajambo Mika yavuze yerekana gute yuko mu gihe Yehova ahariye, akuraho ibicumuro vyacu ubutakigaruka?

12 Mw’isezerano ry’ugusubiza ibintu mu buryo, umuhanuzi Mika yaraseruye ukujijuka kwiwe yuko Yehova yohariye abasavyi biwe bigaya ati: «Imana imeze nkawe ni iyihe, . . . [yi]rengagiza igicumuro c’abasigaye bo mu ntoranwa yayo? . . . Uzoshiburira epfo mu kiyaga ibicumuro vyabo vyose.» (Mika 7:18, 19) Iyumvire ico ayo majambo yasigura ku babaho mu bihe vya Bibiliya. Hoba hariho icizigiro na kimwe co kugarukana ikintu cari cajugunyiwe «epfo mu kiyaga»? Ku bw’ivyo, amajambo Mika yavuze yerekana rero yuko mu gihe Yehova ahariye, akuraho ibicumuro vyacu ubutakigaruka.

13. Amajambo ya Yezu agira ati «nuduhebere amadeni yacu» afise insobanuro iyihe?

13 Yezu yarerekeje kw’isano riri hagati y’abafise amadeni na ba nyene kubagurana kugira ngo atange akarorero k’ukuntu Yehova aharira. Yezu yaduhimirije gusenga duti: «Nutubabarire ibicumuro vyacu [canke, «nuduhebere amadeni yacu», akajambo k’epfo]. (Matayo 6:12) Gutyo, Yezu yagereranije ibicumuro n’amadeni. (Luka 11:4) Iyo ducumuye, tuba tubaye nk’“abafitiye amadeni” Yehova. Ku bijanye n’insobanuro y’irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kubabarira”, igitabu kimwe kigira giti: «Kurekura, guheba ideni, mu kureka kuryishuza.» Twovuga yuko iyo Yehova ahariye, ahanagura ideni twotegerejwe guharurwako. Gutyo, abanyavyaha bigaya barashobora guhumurizwa. Yehova ntazokwigera asaba ko yishurwa ideni yahanaguye!​—Zaburi 32:​1, 2.

14. Amajambo avuga ngo «ibicumuro vyanyu bihanagurwe» aduha iyihe shusho mu bwenge?

14 Uguharira kwa Yehova kwarasubiye kudondorwa mu Vyakozwe 3:19 ahagira hati: «Nimwigaye rero kandi muhindukire kugira ibicumuro vyanyu bihanagurwe.» Ayo majambo ya nyuma yahinduwe mu rivuga ry’ikigiriki rishobora gusobanura «gukuraho, . . . guhanagura canke guhonya.» Dukurikije ivyo abahinga bamwebamwe bavuga, ishusho bitanga ni iyo guhanagura indome. Ivyo vyashoboka gute? Irangi ryari rikunze gukoreshwa mu bihe vya kera ryari rikozwe mu ruvange rwarimwo karuboni, ibintu bikorwamwo ka gahanaguzo bita gomme be n’amazi. Inyuma yo kwandikisha iryo rangi, umuntu yarashobora gufata igihanaguzo kirimwo amazi agahanagura ivyo yanditse. Aho harimwo ikigereranirizo ciza cane cerekana imbabazi za Yehova. Iyo aduhariye ibicumuro, ni nk’aho aba afashe igihanaguzo maze akabihanagura.

15. Yehova ashaka ko tumenya iki ku bimwerekeye?

15 Iyo tuzirikanye kuri ivyo bigereranirizo binyuranye, ntibitomoye none yuko Yehova ashaka ko tumenya yuko yiteguriye koko kuduharira ibicumuro mu gihe abonye ko twigaye bivuye ku mutima? Ntidukwiye gutinya yuko yoba azosubira kuvyura nya bicumuro muri kazoza ngo tuvyishure. Ivyo biragaragazwa n’ikindi kintu Bibiliya ihishura ku vyerekeye imbabazi nyinshi za Yehova: Iyo ahariye aribagira.

Yehova ashaka yuko tumenya ko “yiteguriye kubabarira”

«Igicumuro cabo sinzosubira kucibuka»

16, 17. Iyo Bibiliya ivuga yuko Yehova yibagira ibicumuro vyacu, iba ishaka kuvuga iki, kandi ni kubera iki wishuye gutyo?

16 Yehova yatanze umuhango ku vyerekeye abo mw’isezerano rishasha ati: «Nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.» (Yeremiya 31:34) None ivyo vyoba bisigura yuko iyo Yehova ahariye aba atagishobora kwibuka ibicumuro? Ico si co bisigura. Bibiliya iratubwira ivyerekeye ibicumuro vy’abantu benshi Yehova yahariye, dushizemwo na Dawidi. (2 Samweli 11:1-17; 12:13) Biraboneka yuko n’ubu Yehova azi amakosa bakoze. Inkuru y’ibicumuro bakoze, hamwe n’ukuba barigaye kandi Imana ikabaharira, vyarazigamwe ku nyungu zacu. (Abaroma 15:4) None, Bibiliya iba ishaka kuvuga iki iyo ivuga ko Yehova “atibuka” ibicumuro vy’abo aharira?

17 Irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “sinzosubira kwibuka” ntiryumvikanisha gusa kwibuka kahise. Igitabu kimwe (Theological Wordbook of the Old Testament) kivuga yuko harimwo «iyindi nsobanuro yo kugira ico ukoze gikwiriye.» Muri ubwo buryo rero, “kwibuka” igicumuro birimwo no guhana abacumuzi. (Hoseya 9:9) Mugabo igihe Imana ivuga ngo «igicumuro cabo sinzosubira kucibuka», iba iriko idusubiriza umutima mu nda yuko mu gihe ihariye abanyavyaha bigaya, itazobibahanira muri kazoza. (Ezekiyeli 18:21, 22) Gutyo, Yehova aribagira mu buryo bw’uko atama agarukana ibicumuro vyacu kugira ngo aducire urubanza canke abandanye kuduhana. None ntibidusubiriza umutima mu nda kumenya yuko Imana yacu iduharira kandi ikibagira?

Twovuga iki ku vyerekeye ingaruka z’igicumuro?

18. Ni kubera iki uguharira bidasigura yuko umucumuzi yigaye adashobora gushikirwa n’ingaruka zose z’ikibi yakoze?

18 None kuba Yehova agabirije guharira vyoba bisigura yuko umunyavyaha yigaye adashikirwa n’ingaruka zose z’ikibi yakoze? Ihibambewe. Ntidushobora gucumura ngo tugende tudashikiwe n’ingaruka mbi. Pawulo yanditse ati: «Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.» (Abagalatiya 6:7) Twoshobora gushikirwa n’ingaruka kanaka z’ivyo twakoze. Ivyo ntibisigura yuko iyo Yehova amaze kuduharira aca atuma ivyago bidushikira. Igihe ingorane zivyutse, umukirisu ntakwiye kwiyumvira ngo: “Kumbure Yehova ariko arampana kubera ibicumuro nakoze kera.” (Yakobo 1:13) Ku rundi ruhande, Yehova ntadukingira ingaruka zose z’ibibi twakoze. Ukwahukana, ugutwara inda utabishaka, indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, ugutakaza ukwizigirwa canke icubahiro, ivyo vyose bishobora kuba ingaruka z’igicumuro ziteye umubabaro kandi ata wushobora kuzirinda. Ibuka yuko n’igihe mbere Yehova yari amaze guharira Dawidi ibicumuro vyiwe mu bijanye na Batisheba be na Uriya, atamukingiye ntashikirwe n’ingaruka z’agacavutu zakurikiye.​—2 Samweli 12:9-12.

19-21. (a) Ni gute amabwirizwa yanditse mu Balewi 6:1-7 yagirira akamaro uwagiriwe nabi n’uwamugiriye nabi nyene? (b) Mu gihe abandi bagiriwe nabi n’ibicumuro twakoze, Yehova anezerezwa n’uko dukora iki?

19 Ibicumuro vyacu birashobora guteza n’izindi nkurikizi, na canecane mu gihe hari abandi bagiriwe nabi n’ivyo twakoze. Nk’akarorero, rimbura ivyo dusanga mu Balewi ikigabane ca 6. Ng’aho amategeko ya Musa avuga ibijanye n’igihe umuntu akoze ikibi gikomeye mu gutwara ibintu vya mugenziwe w’Umwisirayeli akoresheje ubusuma, ubunyazi, canke akabizuruma, maze agahakana yuko ata kimwagira, mbere akarahira ibinyoma. Ico gihe nta kimenyamenya kiba kihari cerekana ko yakoze ivyo bintu. Ariko rero mu nyuma, uwo mucumuzi ijwi ryo mu mutima riramwagiriza maze akemera igicumuro yakoze. Kugira ngo Imana imuharire, ategerezwa gukora ibindi bintu bitatu: kugarukana ico yari yivye, kuriha nyene kwibwa indishi ingana n’ikigira gatanu c’ibintu vyaba vyibwe, kandi agatanga n’impfizi y’intama yo kuba ikimazi c’impongano. Hanyuma, ayo mategeko avuga ati: «Umuherezi azomutangira impongano imbere ya Yehova, kandi azobabarirwa.»​—Abalewi 6:1-7.

20 Ayo mategeko yari intunganyo iranga imbabazi ivuye ku Mana. Yaragirira akamaro nyene kwibwa kuko yasubizwa ibintu vyiwe kandi akumva ko ahumurijwe cane igihe nyene kumwiba yahava akemera icese igicumuro ciwe. Muri ico gihe nyene, amategeko yaragirira akamaro umuntu amaherezo ijwi ryo mu mutima ryasunikira kwemera ikosa kandi agakosora ikibi yakoze. Kukaba nkako, mu gihe yaba yanse gukora ivyo, ntivyashoboka yuko Imana imuharira.

21 Naho tutagengwa n’amategeko ya Musa, ayo mategeko aratuma dutahura umuzirikanyi wa Yehova, dushizemwo n’ukuntu yiyumvira ku vyerekeye uguharira ivyaha. (Abakolosayi 2:13, 14) Nimba abandi barababajwe n’ibicumuro twakoze, Imana iranezerwa igihe dukora ivyo dushoboye kugira ngo dutunganye ikibi twakoze. (Matayo 5:23, 24) Ivyo bishobora kuba birimwo kwemera icese igicumuro twakoze, kwemera ko icaha kitwagira, eka mbere tugasaba imbabazi uwo twakoreye ikosa. Maze turashobora kwegera Yehova twishimikije incungu ya Yezu kandi tugahera amazinda yuko Imana yaduhariye.​—Abaheburayo 10:21, 22.

22. Ni igiki gishobora kujana n’uguharira ibicumuro kwa Yehova?

22 Cokimwe n’umuvyeyi munyarukundo uwo ari we wese, hari aho Yehova yoharira umuntu agashirako n’ukumutoza indero ku rugero kanaka. (Imigani 3:11, 12) Hari aho umukirisu yigaye yoba yotegerezwa guheba agateka ko kuba umukurambere, umukozi w’ishengero canke umwamamaji w’igihe cose. Kumara igihe kinaka yatakaje uduteka yakunda cane vyoshobora kumutera umubabaro. Ariko rero, mwene ukwo gutozwa indero ntigusigura yuko Yehova atamuhariye. Dutegerezwa kwibuka yuko igihano kivuye kuri Yehova ari ikimenyamenya c’uko adukunda. Kucemera be no kugikurikiza ni twebwe bigirira akamaro.​—Abaheburayo 12:5-11.

23. Ni kubera iki tudakwiye kwigera dushika ku ciyumviro c’uko Yehova adashobora kutugirira imbabazi, kandi ni kubera iki dukwiye kwigana ukuntu aharira?

23 Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Imana yacu “yiteguriye kubabarira”! Naho dushobora kuba twarakoze amakosa, dukwiye kutigera dushika ku ciyumviro c’uko Yehova adashobora kutugirira imbabazi. Mu gihe twigaye vy’ukuri, tugatera intambwe zo gukosora ikibi twakoze, kandi tugasengana ubwira dusaba yuko twoharirwa twishimikije amaraso ya Yezu yasheshwe, turashobora kwizigira tugaherezako yuko Yehova azoduharira. (1 Yohani 1:9) Nimuze twigane ukuntu Yehova aharira ivyaha mu vyo tugiriranira hagati yacu. Nakare, nimba Yehova, umwe atigera acumura, ashobora kuduharira gutyo abigiranye urukundo, none twebwe abantu b’abacumuzi ni twe tutokora uko dushoboye kugira ngo duharirane?

a Umuhinga umwe avuga yuko ibara ritukura tukutuku «ryari ibara riguma riboneka, canke ritava ku kintu. Caba ikime, canke imvura, canke ukwoza ikintu ririko, canke ukumara igihe kirekire rikoreshwa, ntivyashobora gutuma riva ku kintu.»