Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 4

Kuba barumvirije Shetani vyavuyemwo iki?

Kuba barumvirije Shetani vyavuyemwo iki?

Kubera ko Adamu na Eva batagamburukiye Imana, barapfuye. Itanguriro 3:6, 23

Eva yarumvirije iyo nzoka maze ararya kuri ico camwa. Mu nyuma yarahayeko Adamu na we arakirya.

Ico kintu bakoze nticari kibereye, cari igicumuro. Imana yaciye ibakura mw’Iparadizo babamwo.

Ubuzima bwari bugoye kuri bo no ku bana babo. Barashaje hanyuma barapfa. Nta hantu na hamwe bagiye; bararetse kubaho.

Abapfuye ntibagira ubuzima; bameze nk’umukungugu. Itanguriro 3:19

Dupfa kubera yuko twese dukomoka kuri Adamu na Eva. Abapfuye ntibashobora kubona canke kwumva kibure gukora ikintu na kimwe.—Umusiguzi 9:5, 10.

Yehova ntiyashaka yuko abantu bapfa. Vuba azozura abapfuye. Nibamwumviriza, bazobaho ibihe bidahera.