IGICE CA 2
Imana y’ukuri ni nde?
Hariho Imana y’ukuri imwe gusa, izina ryayo rikaba ari Yehova. (Zaburi 83:18; Yesaya 12:2) Ifise umubiri w’impwemu, ntidushobora kuyibona. Iradukunda kandi yipfuza yuko natwe tuyikunda. Yipfuza kandi yuko dukunda abandi bantu. (Matayo 22:35-40) Ni Musumbavyose, Umuremyi w’ibintu vyose.
Uwo Imana yahereyeko kurema yari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha, akaba yahavuye yitwa Yezu Kristu. Yehova kandi yararemye abamarayika.
Yehova yararemye ibintu vyose biri mw’ijuru . . . n’ibiri kw’isi. Ivyahishuwe 4:11
Yehova Imana yararemye inyenyeri hamwe n’isi be n’ibintu vyose biri kuri yo.—
Yarabumvye umuntu wa mbere Adamu mu mukungugu w’ubutaka.