Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 11

Yehova yoba atwumviriza?

Yehova yoba atwumviriza?

Imana irumva vy’ukuri amasengesho yacu. 1 Petero 3:12

Yehova “[ar]umva amasengesho.” (Zaburi 65:2) Yipfuza yuko tumubwira ibivuye ku mutima.

Nusenge Yehova, ntihagire uwundi usenga.

Turashobora gushira ibintu bitandukanye mu masengesho dutura. 1 Yohani 5:14

Nusenge usaba yuko ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi no mw’ijuru.

Nusenge mw’izina rya Yezu kugira ngo werekane yuko uha agaciro ivyo yagukoreye.

Nusabe Yehova agufashe gukora ivyiza. Urashobora kandi gusenga ku bijanye n’ibifungurwa, akazi, uburaro, ivyambarwa hamwe n’amagara.