Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 1

Ni gute twumviriza Imana?

Ni gute twumviriza Imana?

Imana ivugana natwe biciye kuri Bibiliya. 2 Timoteyo 3:16

Imana y’ukuri yarayoboye abantu barandika ivyiyumviro vyayo mu gitabu ceranda kimwe. Ico gitabu ni Bibiliya. Kirimwo amakuru ahambaye Imana yipfuza ko umenya.

Imana irazi icotubera ciza kuruta, kandi ni yo Sôko ry’ubukerebutsi bwose. Niwayumviriza uzoba inkerebutsi vy’ukuri.—Imigani 1:5.

Imana yipfuza ko umuntu wese wo kw’isi asoma Bibiliya. Ubu ico gitabu kiraboneka mu ndimi nyinshi.

Niwaba wipfuza kwumviriza Imana, utegerezwa gusoma Bibiliya ukongera ugatahura ibiri muri yo.

Abantu bo mu mihingo yose bariko barumviriza. Matayo 28:19

Ivyabona vya Yehova barashobora kugufasha gutahura Bibiliya.

Kw’isi yose, barigisha ukuri kwerekeye Imana.

Kugira ngo uronke iyo nyigisho si ngombwa ngo ugire ico urishe. Urashobora kandi kwiga ivyerekeye Imana ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova iri mu karere iwanyu.