Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara

Intangamarara

Imana imeze nk’umuvyeyi munyarukundo. 1 Petero 5:6, 7

Imana ni yo Muremyi wacu kandi iratwitwararika. Nk’uko nyene umuvyeyi munyarukundo kandi w’inkerebutsi yigisha abana biwe, ni ko n’Imana yigisha abantu bo mu mihingo yose uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho.

Imana irahishura ukuri kw’agaciro gutuma tugira umunezero n’icizigiro.

Niwumviriza Imana, izokuyobora, igukingire yongere igufashe kwihanganira ingorane.

Ariko hariho n’ikindi: Uzobaho ibihe bidahera!

Imana itubwira iti: “Muze kuri jewe. Nimwumvirize, mubandanye kubaho.” Yesaya 55:3