Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 9

Iparadizo izoza ryari?

Iparadizo izoza ryari?

Ingorane ziri kw’isi zirerekana yuko Ubwami bw’Imana buzogira ico bukoze vuba. Luka 21:10, 11; 2 Timoteyo 3:1-5

Bibiliya yari yaravuze vyinshi mu bintu biriko biraba muri iki gihe. Yaravuze yuko abantu bobaye inkunzi z’amahera, abagambararira abavyeyi, inkazi, n’abakunda ibinezereza.

Hobaye vya nyamugigima bikomakomeye, intambara, amapfa hamwe n’indwara zikwiye hose. Ivyo bintu biriko biraba muri iki gihe.

Yezu yaravuze kandi yuko inkuru nziza yerekeye Ubwami yokwamamajwe mw’isi yose.—Matayo 24:14.

Ubwo Bwami buzokuraho ububisha bwose. 2 Petero 3:13

Yehova agiye gutikiza ababisha bose.

Shetani n’amadayimoni bazohanwa.

Abumviriza Imana bazorokoka babe mw’isi nshasha igororotse, ahatazosubira kuba ibintu biteye ubwoba. Iyo si izoba irimwo abantu bizigirana kandi bakundana.