Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 10

Abumviriza Imana bazoronka imihezagiro iyihe?

Abumviriza Imana bazoronka imihezagiro iyihe?

Benshi mu bazoba barapfuye bazozukira kuba kw’isi. Ivyakozwe 24:15

Nuzirikane imigisha yo muri kazoza uzokwironkera niwumviriza Yehova! Uzogira amagara meza; nta n’umwe azorwara canke ngo agire amagara make. Nta bantu babi bazoba bariho, kandi uzoshobora kwizigira abantu bose.

Imibabaro, intuntu, canke amarira ntibizobaho. Nta wuzosaza canke ngo apfe.

Uzoba uri kumwe n’abagenzi hamwe n’umuryango. Ubuzima bwo mw’Iparadizo buzoba buhimbaye.

Nta wuzogira ubwoba. Abantu bazoba vy’ukuri bahimbawe.

Ubwami bw’Imana buzokuraho imibabaro yose. Ivyahishuwe 21:3, 4