Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 3

Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?

Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?

Yehova yarahaye Adamu na Eva ibintu vyiza vyinshi. Itanguriro 1:28

Yehova yararemye umugore wa mbere Eva aca amuha Adamu ngo abe umugore wiwe.—Itanguriro 2:21, 22.

Yehova yabaremye bafise ubwenge n’imibiri bitagira agasembwa, ni ukuvuga bitagira akanenge.

Iparadizo babamwo wari umurima wa Edeni, hakaba hari ahantu heza cane hari uruzi n’ibiti vy’ivyamwa hamwe n’ibikoko.

Yehova yaravugana na bo; yarabigisha. Iyo bamwumviriza bari kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.

Imana yababujije kurya ku giti kimwe mu vyari ng’aho. Itanguriro 2:16, 17

Yehova yareretse Adamu na Eva igiti kimwe c’ivyamwa cari muri uwo murima maze ababwira yuko baramutse bakiriyeko bopfuye.

Umwe mu bamarayika yaragararije Imana. Uwo mumarayika mubi ni Shetani.

Shetani ntiyashaka ko Adamu na Eva bagamburukira Yehova. Yaciye rero akoresha inzoka mu kubwira Eva yuko aramutse ariye icamwa co kuri ico giti, atopfuye, ahubwo ko yociye amera nk’Imana. Birumvikana ko ico cari ikinyoma.—Itanguriro 3:1-5.