Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA KANE

Kwiyagiriza: “Umpumanure igicumuro canje”

Kwiyagiriza: “Umpumanure igicumuro canje”

“Akazi gashasha naronse karatumye umuryango wacu urushiriza kubaho neza, ariko kandi karatumye nkora ibintu vyinshi biteye amakenga ku mukirisu. Naratanguye guhimbaza imisi mikuru, kwitaba ibirori bijanye n’ivya politike, mbere no kuja mu misa. Namaze imyaka 40 ndi Icabona ca Yehova yahororokewe. Uko haca igihe ni ko narushiriza kwiyumvira ko Yehova adashobora kumbabarira. Jewe ubwanje nabona ko ntashobora kwigirira ikigongwe. Kanatsinda ivyo vyose nabigiyemwo nsanzwe nzi ukuri.”​—Martha.

UKWIYAGIRIZA birashobora kuba umutwaro uremereye. Umwami Dawidi yanditse ati: “Amakosa yanje yarenze umutwe wanje; nka kurya kw’umutwaro uremereye, arandemereye birenze.” (Zaburi 38:4) Hari abakirisu bamizwe n’umubabaro urenze gushika aho biyumvira ko Yehova atoshobora kubababarira. (2 Abakorinto 2:7) None ivyo biyumviriye vyari vyo? Naho woba warakoze ibicumuro bikomeye, woba waratandukanye cane na Yehova ku buryo atokwigera aguharira? Oya namba!

“Tugorore ibintu hagati yacu”

Yehova ntaheba abacumuzi bigaye. Ahubwo arabafasha! Muri wa mugani w’umwana w’icangazi, Yezu yagereranije Yehova n’umuvyeyi w’umunyarukundo afise umuhungu yomotse akaja kwiberaho mu buhumbu. Mu nyuma, uwo muhungu yarafashe ingingo yo gusubira imuhira. Uwo muhungu “akiri kure, se wiwe amukubita ijisho aca aterwa n’ikigongwe, arirukanga amugwa mw’izosi, amusomagurana ikibabarwe.” (Luka 15:11-20) Woba wipfuza kwiyegereza Yehova ariko ukaba ubona ko ‘ukiri kure’ yiwe? Nk’ukwo kw’uwo muvyeyi wo mu kigereranyo ca Yezu, Yehova aragufitiye impuhwe z’ikibabarwe. Arashashaye kukwakira ugarutse.

Ariko bite ho igihe wiyumvira ko ibicumuro vyawe bikomeye cane kandi ari vyinshi cane ku buryo Yehova atobiharira? Raba akamo Yehova adutera muri Yesaya 1:18, ahagira hati: “‘Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu,’ ni ko Yehova avuga. ‘Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.’” Emwe, n’ibicumuro bisa n’ibitokwigera bihanagurika, bimeze nka kurya kw’ikirabagu c’agahama ku mpuzu yera, Yehova arashobora kubiharira.

Yehova ntashaka ko uguma ufise ijwi ryo mu mutima rikwagiriza ikibi. None woshobora gute kuronka amahoro ava ku guharirwa n’Imana no ku kugira ijwi ryo mu mutima ridahumanye? Raba ibintu bibiri Umwami Dawidi yakoze. Ubwa mbere, yavuze ati: “Nzokwaturira Yehova ibigabitanyo vyanje.” (Zaburi 32:5) Niwibuke ko Yehova yamaze kugutera akamo ngo umwiyegereze mw’isengesho kandi ngo mwe na we ‘mugorore ibintu.’ Niwemere ako kamo agutera. Niwaturire Yehova ibicumuro vyawe, kandi umubwire ukuntu wiyumva. Dawidi aravye ivyamubayeko yarashoboye kuvugana ubujijutsi ati: “Umpumanure igicumuro canje. . . . Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura.”​—Zaburi 51:2, 17.

Ubugira kabiri, Dawidi yarafashijwe n’uwo Imana yagenye ngo imuserukire, umuhanuzi Natani. (2 Samweli 12:13) Muri iki gihe, Yehova yaragenye abakurambere mw’ishengero, bano bakaba baramenyerejwe gufasha abacumuzi bigaye gusubira kugiranira ubucuti na we. Niwitura abakurambere, bazokoresha Ivyanditswe bongere bature amasengesho avuye ku mutima kugira batume utekana mu mutima, batume inyiyumvo zica intege wari ufise zigabanuka canke mbere zihera, kandi bagufashe gukira mu vy’impwemu.​—Yakobo 5:14-16.

Yehova yipfuza ko ugira amahoro ava ku kugira ijwi ryo mu mutima ryiza

“Hahiriwe umuntu umugararizo wiwe uhariwe”

Tuvugishije ukuri, hari aho wokwumva ko kwaturira ibicumuro vyawe Yehova Imana no kwitura abakurambere biri mu bintu bigoye cane wokora. Biragaragara ko na Dawidi yabibona gutyo. Yaramaze igihe ‘aguma acereje,’ ataratura ibicumuro vyiwe. (Zaburi 32:3) Ariko yahavuye atahura akamaro ko kwatura ibicumuro vyiwe no guhindura ingendo.

Ikintu gikomeye vyamumariye ni uko yasubiye kugira umunezero. Yanditse ati: “Hahiriwe umuntu umugararizo wiwe uhariwe, uwo igicumuro ciwe gipfutswe.” (Zaburi 32:1) Yaranasenze ati: “Ewe Yehova, ese woteranura iyi minwa yanje, kugira ngo akanwa kanje kamenyeshe ishemezo ryawe.” (Zaburi 51:15) Kubera ko Dawidi atari aciyagiriza kandi akaba yarakengurutse kuba Imana yaramuhariye, yaravyuriwe umutima wo kubwira abandi ivyerekeye Yehova.

Yehova yipfuza ko ugira amahoro ava ku kugira ijwi ryo mu mutima ryiza. Kandi yipfuza ko ubwira abandi ibimwerekeye n’imigambi yiwe, ata co wiyagiriza, ariko ufise umutima mwiza be n’umunezero mwinshi. (Zaburi 65:1-4) Niwibuke ko agutera akamo ngo uze kugira ngo “ibicumuro vyawe bihanagurwe, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye imbere ya Yehova.”​—Ivyakozwe 3:19.

Ico ni co Martha yakoze. Yigana ati: “Umuhungu wanje yaguma andungikira ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Buhorobuhoro, narasubiye kumenya Yehova. Ikintu cangoye cane igihe nariko ndondera kugaruka kwari ugusaba imbabazi ku bicumuro vyose nari narakoze. Ariko amaherezo narituye Imana mw’isengesho, maze ndayisaba ngo imbabarire. Biragoye kwemera ko namaze imyaka 40 ntaragaruka kuri Yehova. Ivyanshikiye birerekana ko naho mbere hoba haciye imyaka myinshi, umuntu ashobora kugaruka kuri Yehova agasubira mu rukundo rwiwe.”