Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA MBERE

“Iyatakaye nzoyirondera”

“Iyatakaye nzoyirondera”

Iyo ntama yabuze iyo iva n’iyo ija. Igihe yariko irarisha, hari ukuntu yatandukanye n’izindi ntama. Ubu aho iri, ntishobora kubona izindi ntama canke umwungere. Buriko burira. Yatakariye mu mwonga aho ibikoko vy’ibiryanyi biguma biyerera; iyo ntama ntigira gitabara. Ng’iyo igiye yumva ijwi imenyereye; ni iry’umwungere wayo; ariruka agana iyo iri, akayiterura, akayizingira mu mpuzu yiwe, agaca ayitahana.

AKENSHI Yehova yigereranya n’uwo mwungere. Adukura amazinda mw’Ijambo ryiwe ati: “Jewe ubwanje . . . nzorondera intama zanje, ndaziteho.”​—Ezekiyeli 34:11, 12.

“Intama ndagira”

Intama za Yehova ni bande? Muri make, intama za Yehova ni abantu bamukunda kandi bamusenga. Bibiliya ivuga iti: “Nimuze dusenge, twuname; dupfukame imbere ya Yehova Umuhinguzi wacu. Kuko ari Imana yacu, natwe tukaba abantu bo mu buragiriro bwayo n’intama zo mu kuboko kwayo.” (Zaburi 95:6, 7) Nka kurya intama zikurikira umwungere, abasavyi ba Yehova barihatira gukurikira Umwungere wabo. Boba bama babigira ata gahaze? Habe namba. Rimwe na rimwe, abasavyi b’Imana barabaye ‘intama zasabagijwe,’ “intama zazimiye,” kandi barabaye ‘nk’intama zariko zirazimira.’ (Ezekiyeli 34:12; Matayo 15:24; 1 Petero 2:25) Naho ari ukwo, iyo umuntu agiye kure y’ishengero, Yehova aguma yiteze ko azogaruka.

Woba ubona ko Yehova akiri Umwungere wawe? Yehova yerekana gute ko ari Umwungere muri iki gihe? Raba uburyo butatu:

Aratugaburira mu buryo bw’impwemu. Yehova avuga ati: ‘Nzozigaburirira mu buragiriro bwiza. Aho ni ho zizovyagira mu kibanza ciza co kubamwo, zirishe mu buragiriro butotahaye.’ (Ezekiyeli 34:14) Yehova ntiyigeze ananirwa no kuduha ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitandukanye, biruhura, kandi ku gihe kibereye. Woba wibuka ikiganiro, insiguro, canke ividewo yishuye isengesho watuye urondera ko Yehova yogufasha? None ntivyagukuye amazinda ko Yehova akwitwararika wewe ubwawe?

Aradukingira kandi aradushigikira. Yehova asezerana ati: “Iyangajwe [nzoyigarukana], iyavunitse ndayitubike, iyirwaye ndayikomeze.” (Ezekiyeli 34:16) Yehova arakomeza ababa bagoyagoye kubera amaganya canke ababa barengewe n’amaganya. Aratubika intama ziwe, akazifasha gukira igihe ziba zakomeretse, n’igihe mbere ziba zakomerekejwe n’abo basangiye ukwizera. Kandi aragarukana abagiye kure y’ishengero bashobora kuba bariko baranyinyana n’inyiyumvo zica intege.

Arumva ko atujejwe. Yehova avuga ati: “Nzozirokora ndazikure mu bibanza vyose zasanzarijwemwo . . . Iyatakaye nzoyirondera.” (Ezekiyeli 34:12, 16) Kuri Yehova, intama izimiye ntiba igiye akagirire. Iyo intama izimiye arabimenya, akayirondera, kandi iyo ayironse aranezerwa. (Matayo 18:12-14) Kanatsinda, abasavyi biwe b’ukuri abita “intama zanje, intama ndagira.” (Ezekiyeli 34:31) Uri umwe muri izo ntama.

Kuri Yehova, intama izimiye ntiba igiye akagirire. Aranezerwa iyo ibonetse

“Tuzanire imisi mishasha nka kera”

Kubera iki Yehova ariko arakurondera, akagusaba ngo ugaruke kuri we? Kubera ko yipfuza ko unezerwa. Asezerana ko ku ntama ziwe “hazoba imvura icuncubuka y’umuhezagiro.” (Ezekiyeli 34:26) Ukwo si ukujajura namba. Uramaze kwibonera ibimenyamenya bivyemeza.

Niwibuke ukuntu vyagenze igihe wamenya Yehova. Nk’akarorero, wumvise umerewe gute igihe wumva ari bwo bwa mbere ukuri guteye umunezero kwerekeye izina ry’Imana n’umugambi ifitiye abantu? Uribuka ingene wasanga biteye umunezero kwifatanya n’abakirisu bagenzawe ku materaniro no ku mahwaniro? Igihe waba wabwiye inkuru nziza umuntu agashimishwa vy’ukuri, none ntiwataha unezerewe kandi wumva ko wakoze bigashimwa?

Urashobora gusubira kugira uwo munezero. Abasavyi b’Imana ba kera basenze bati: “Ewe Yehova, nutugarukane kuri wewe, natwe tuzogaruka n’umutima ukunze. Tuzanire imisi mishasha nka kera.” (Gucura intimba 5:21) Yehova yarishuye iryo sengesho, kandi abasavyi biwe baragarutse baramusukurira, barasubira kugira umunezero. (Nehemiya 8:17) Ivyo nyene ni vyo Yehova azogukorera.

Ariko kugaruka kuri Yehova vyoroshe kuvuga ntivyoroshe gukora. Raba ibintu bimwebimwe bituma umuntu bimugora kugaruka be n’ukuntu wobitsinda.