Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA GATATU

Kubabara: Igihe hari icotuma ‘twidoga’

Kubabara: Igihe hari icotuma ‘twidoga’

“Hari umuvukanyikazi wo mw’ishengero ryacu yanyagirije ko namwivye amahera. Abandi barabimenye maze baca batangura kugira aho bahengamiye. Uwo muvukanyikazi yahavuye ambwira ko hari amakuru mashasha yaronse yerekana ko ntamwivye. Naho yansavye imbabazi, mu mutima wanje numva ko ntazokwigera ndamuharira.”​—Linda.

IVYAWE vyoba vyifashe nk’ukwo kwa Linda, uwababajwe cane n’ivyo umukirisu mugenziwe yakoze? Ikibabaje, ni uko hari abababajwe n’ukuntu abandi bigenza ku buryo vyahungabanije ibikorwa vyabo vyo mu vy’impwemu. Nawe woba warashikiwe n’ikintu nk’ico?

Hoba hari uwoshobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana”?

Tuvugishije ukuri, vyoshobora kutatworohera guharira uwo dusangiye ukwizera yatubabaje. Ariko ntiwumve, abakirisu bakwiye gukundana. (Yohani 13:34, 35) Igihe uwo dusangiye ukwizera aducumuyeko, turacika intege cane kandi tukababara rwose.​—Zaburi 55:12.

Ego ni ko, Bibiliya irerekana ko hariho igihe umukirisu aba ‘afise ico yidogera’ uwundi. (Abakolosayi 3:13) Ariko, igihe ivyo ari twebwe ubwacu bishikiye, birashobora kutatworohera kwihangana. Hoba hariho ikintu codufasha? Raba ingingo ngenderwako zitatu zo mu Vyanditswe:

Data wa twese wo mw’ijuru aramenya ibintu vyose. Yehova arabona ibintu vyose bidushikira, harimwo akarenganyo ako ari ko kose n’ingorane gatera. (Abaheburayo 4:13) Vyongeye, Yehova aratugirira impuhwe iyo turi mu ngorane. (Yesaya 63:9) Ntiyigera yemera ko hagira ikintu na kimwe “[ki]dutandukanya n’urukundo rw’Imana,” naho yoba “amakuba, canke amarushwa” kibure ikindi kintu ico ari co cose, mbere naho yoba ari uwundi musavyi wiwe. (Abaroma 8:35, 38, 39) Natwe ntidukwiye kureka ngo hagire ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe adutandukanya na Yehova.

Guharira ntibisigura kurenza uruho rw’amazi kw’ikosa. Igihe duhariye abadukoreye amakosa, ntibisigura ko tuba dufatiye mu rwara amakosa badukoreye, ko tuba tubona ko ivyo bakoze ari ibisanzwe, canke ko tuba tubirengejeko uruho rw’amazi. Niwibuke ko Yehova atigera ashigikira igicumuro, ariko arababarira uwagikoze igihe hariho imvo yo kumuharira. (Zaburi 103:12, 13; Habakuki 1:13) Igihe Yehova aturemesha kubabarira abandi aba ariko aradusaba kumwigana. “[Ntagumana] inzika gushika igihe kitagira urugero.”​—Zaburi 103:9; Matayo 6:14.

Tutabitse inzika, ni twe bigirira akamaro. Mu buhe buryo? Iyumvire iki kintu. Dufate ko uteruye ibuye, kumbure ritaremereye cane. Vyoshobora kukworohera kurigumya umwanya mutoyi. Ariko bite ho igihe wogerageza kumara umwanya munini uriteruye? Worimarana umwanya ungana gute? Iminuta? Isaha? Canke amasaha? Nta gukeka ko ukuboko kworuha cane! Ariko, uburemere bw’ibuye ni bwa bundi nyene. Yamara uko urimarana umwanya muremure ni ko rirushiriza kukuremera. Ukwo ni ko bimeze no ku nzika. Uko tumara igihe kirekire twabitse inzika, naho yoba ari iy’akantu gatoyi, ni ko turushiriza kwibabaza. Ntibitangaje kuba Yehova aturemesha kutabika inzika. Mu vy’ukuri, kutabika inzika ni twe bigirira akamaro.​—Imigani 11:17.

Tutabitse inzika, ni twe bigirira akamaro

“Numvise nk’aho ari Yehova ariko arambwira”

Ni igiki cafashije Linda kutaguma abitse inzika kubera ukuntu uwo basangiye ukwizera yari yamufashe? Mu vyamufashije, harimwo ukuba yarazirikanye ku mvo zishingiye ku Vyanditswe zituma tubabarira abandi. (Zaburi 130:3, 4) Linda yarafashijwe ahanini no kumenya ko igihe duhariye abandi, Yehova na we aheza akatubabarira. (Abanyefeso 4:32–5:2) Kubera ivyo bintu yazirikanyeko vyagize ico bimukozeko, yavuze ati: “Numvise nk’aho ari Yehova ariko arambwira.”

Linda yahavuye areka kubika inzika. Yarahariye ata gahigihigi uwo muvukanyikazi, kandi ubu uwo muvukanyikazi ni umugenzi wiwe somambike. Linda arabandanya gusukurira Yehova. Numenye neza ko Yehova ashaka kugufasha ngo ukore gutyo nyene.