Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA GATANU

Nimugaruke “kuri wa mwungere akaba n’umucungezi w’ubuzima bwanyu”

Nimugaruke “kuri wa mwungere akaba n’umucungezi w’ubuzima bwanyu”

Mu ngorane twavuze muri aka gatabu, hoba hari n’imwe yoba isa n’iyo ufise? Nimba ihari, uri mu bandi. Abasavyi b’Imana benshi b’abizigirwa, baba abo mu gihe ca kera canke abo mu gihe ca none, barashikiwe na mwene izo ngorane. Nk’uko nyene Yehova yabafashije kuzitsinda, na wewe arashobora kugufasha.

Yehova azogufasha igihe uzoba uriko urarondera kugaruka kuri we

NUMENYE neza ko Yehova azogufasha igihe uzoba uriko urarondera kugaruka kuri we. Azogufasha kwihanganira amaganya, gutuma umubabaro ufise uhera, no kuronka amahoro yo mu muzirikanyi no mu mutima ava ku kugira ijwi ryo mu mutima ryiza. Gutyo woshobora kwumva usubiye kuvyurirwa umutima wo gusukurira Yehova uri kumwe n’abasavyi biwe bagenzawe. Ivyawe bizoba bimeze nk’ivy’abakirisu bamwe bo mu kinjana ca mbere, abo intumwa Petero yandikiye ati: “Mwari nk’intama, muriko murazimira; ariko ubu mwaragarutse kuri wa mwungere akaba n’umucungezi w’ubuzima bwanyu.”​—1 Petero 2:25.

Nta kindi kintu na kimwe wokora coza kiruta kugaruka kuri Yehova. Uti kubera iki? Kubera ko ivyo bizonezereza umutima wa Yehova. (Imigani 27:11) Nk’uko ubizi, Yehova arafise inyiyumvo, rero ivyo dukora birashobora kumunezereza canke kumubabaza. Ariko ntiwumve, Yehova ntaduhata ngo tumukunde canke ngo tumukorere. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Umuhinga umwe mu vya Bibiliya yabivuze muri ubu buryo: “Nta muntu n’umwe yoshobora kwugurura umutima wawe. Ni we utegerezwa kuwiyugururira.” Dukoreye Yehova tubitumwe n’umutima wuzuye urukundo, tuba twuguruye umutima wacu. Ivyo tubigize, tuba tumuhaye ingabirano y’agaciro, nayo akaba ari ugutungana kwacu, kandi ivyo biratuma umutima wiwe unezerwa cane. Mu vy’ukuri, nta kintu na kimwe cogereranywa n’agahimbare twironkera iyo dukoreye Yehova nk’uko abibereye.​—Ivyakozwe 20:35; Ivyahishuwe 4:11.

Vyongeye, niwasubira gukora imirimo ya gikirisu, uzoronka ivyo ukenera mu vy’impwemu. (Matayo 5:3) Mu buryo ubuhe? Abantu bo hirya no hino kw’isi baribaza bati: ‘Ni kubera iki turiho?’ Ntibafise inyishu z’ibibazo vyerekeye intumbero y’ubuzima. Abantu barumva bakeneye ivy’impwemu kubera ko ukwo ari ko Yehova yabaremye. Yaturemye ku buryo twumva dushize akanyota iyo tumusukuriye. Nta kintu cotuma twumva dushize akanyota kiruta gusukurira Yehova tubitumwe n’urukundo.​—Zaburi 63:1-5.

Numenye ko Yehova yipfuza ko ugaruka kuri we. Ivyo wovyemezwa n’iki? Zirikana iki kintu: Aka gatabu kateguwe mu buryo bwitondewe hariko n’amasengesho menshi. Kumbure wakaronse ugahawe n’umukurambere canke uwundi musangiye ukwizera. Rero waragasomye maze urashira mu ngiro ivyo kavuga. Ivyo vyose ni ivyerekana ko Yehova atakwibagiye. Ahubwo nyabuna, ariko aragukwegera abigiranye urukundo ngo ugaruke kuri we.​—Yohani 6:44.

Turahumurizwa no kumenya yuko Yehova atigera yibagira abasavyi biwe bazimiye. Ivyo ni vyo mushiki wacu umwe yitwa Donna yahavuye atahura. Yavuze ati: “Naragiye akayombekere ndava mu kuri, ariko akenshi nasanga ndiko ndazirikana kuri Zaburi 139:23, 24, iyigira iti: ‘Mana, nunserangure umenye umutima wanje. Nunsuzume umenye ivyiyumviro vyanje bidurumbanya, urabe ko muri jewe hari inzira n’imwe ibabaza, unyobore mu nzira y’igihe kitagira urugero.’ Nari nzi ko ntari uw’isi, sinigeze mbona ko ndayifisemwo ikibanza, kandi nari nzi ko ishirahamwe rya Yehova ari ryo nari nkwiye kuba ndimwo. Naratanguye kubona ko Yehova atigeze ampeba; nari nkeneye gusa kurondera ukuntu nosubira kuri we. Kandi ndanezerewe cane kubera ko nabigize!”

“Naratanguye kubona ko Yehova atigeze ampeba; nari nkeneye gusa kurondera ukuntu nosubira kuri we”

Dusenga tubikuye ku mutima dusaba ko nawe wosubira kugira “akanyamuneza ka Yehova.” (Nehemiya 8:10) Niwagaruka kuri Yehova ntuzokwigera wicuza.