Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Insozero

Insozero

Woba uhora wibuka ibintu vyiza vyabaye igihe wari kumwe n’abasavyi ba Yehova, nk’akarorero ikoraniro ry’ishengero riremesha, ihwaniro riteye umunezero, ikintu ciza cabaye mu busuku, canke gusa ikiyago ciza wagiraniye n’uwo musangiye ukwizera? Ntiwibagiye Yehova; kandi na we nyene ntiyakwibagiye. Aribuka cane umurimo wamuranguriye udahemuka. Kandi arashashaye kugufasha ngo ugaruke kuri we.

Yehova avuga ati: “Nzorondera intama zanje, ndaziteho. Nka kurya uwugaburira ubusho bwiwe abwitaho umusi aba ari hagati mu ntama ziwe zasabagijwe, ni ko nzokwitaho intama zanje; nzozirokora ndazikure mu bibanza vyose zasanzarijwemwo.”​—Ezekiyeli 34:11, 12.