Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Bavukanyi namwe bashiki bacu dukunda,

Urukundo dukunda Imana n’abantu ruratuma “tugenda guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, tukababatiza.” (Mat. 28:​19, 20; Mrk. 12:​28-31) Urukundo rutagira ubwikunzi rurakomeye. Rurashobora gukora ku mutima abantu «bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.»—Ivyak. 13:48.

Muri kahise, gufata ku mutwe amajambo yo gutanguza ibiyago no gusiga ibitabu ni vyo twashimikako. Ariko ubu turakeneye kuryohora ukuntu tuyaga n’abantu. Twipfuza kwerekana ko dukunda abandi mu kuganira na bo ibintu bibashimisha. Ivyo bisaba ko duhuza n’uko ivyabo vyifashe tukongera tukihweza neza ibishimisha umwe wese muri bo n’ibimuraje ishinga. None aka gatabu kazodufasha gute kubishikako?

Aka gatabu gafise ivyigwa 12 bitwigisha kamere n’ubuhinga dukeneye gutsimbataza kugira tugaragaze urukundo mu guhindura abantu abigishwa. Icigwa cose gishingiye ku nkuru yo muri Bibiliya yerekana kamere Yezu canke uwundi musavyi wa Yehova wo mu kinjana ca mbere yagaragaje mu ndimiro. Intumbero yacu si ugufata ku mutwe amajambo yo gutanguza ibiyago, ahubwo ni ukuraba uburyo twogaragaza ko dukunda abantu. Naho imwimwe yose muri izo kamere ikenewe ku mice yose y’igikorwa co mu ndimiro, tuzobona ukuntu kamere zimwezimwe zikenewe cane igihe dutanguza ibiyago, igihe dusubira kuraba abo twayaze, n’igihe tuyobora inyigisho za Bibiliya.

Uko wihweza icigwa kimwekimwe cose, niwiyumvire witonze uburyo woshobora kugaragaza kamere iboneka muri ico cigwa igihe uganira n’abantu b’aho ubaye. Niwihatire gukomeza urukundo ukunda Yehova n’abantu. Urwo rukundo ruzogufasha gushikira intumbero yawe yo guhindura abantu abigishwa, kuruta ubuhinga ubwo ari bwo bwose.

Turakenguruka agateka kadasanzwe dufise ko gukorana namwe twunze ubumwe. (Zef. 3:9) Ese Yehova yobahezagira cane uko mubandanya gukunda abantu mu kubahindura abigishwa!

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova