“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
Iki gitabu kirerekana ukuntu ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere ryashinzwe n’ukuntu bisa n’uko ivyacu vyifashe muri iki gihe.
Amakarata
Amakarata yerekana ico bakunze kwita Igihugu Ceranda muri iki gihe be n’ingendo z’ubumisiyonari intumwa Pawulo yagize.
Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
Kubera iki twokwizigira ko Imana idushigikira igihe tubandanya “gushinga intahe bimwe bishitse” ku vyerekeye Ubwami bw’Imana?
IKIGABANE CA 1
“Nimugende muhindure abantu abigishwa”
Yezu yamenyesheje ko ubutumwa bw’Ubwami bwokwamamajwe mu mahanga yose. None ivyo biriko biranguka gute?
IGIHIMBA CA 1
«Mwujuje Yeruzalemu inyigisho zanyu»
IKIGABANE CA 2
«Muzombera ivyabona»
Yezu yateguye gute abigishwa biwe kuja imbere mu gikorwa co kwamamaza?
IKIGABANE CA 3
«Buzuzwa impwemu nyeranda»
Ni uruhara uruhe impwemu nyeranda y’Imana yaranguye mu gutanguza ishengero ry’abakirisu?
IKIGABANE CA 4
«Abantu batize kandi basanzwe»
Intumwa zirakorana ubutinyutsi, maze Yehova akazihezagira.
IKIGABANE CA 5
«Dutegerezwa kugamburukira Imana»
Intumwa zaragize impagararo abakirisu b’ukuri bose bakwiye kwigana.
IGIHIMBA CA 2
«Havyuka uruhamo rukomeye kw’ishengero»
IKIGABANE CA 6
Sitefano yari «yuzuye ubuntu bw’Imana n’ububasha»
Dushobora kwigira iki ku kuntu Sitefano yashinze intahe n’umutima rugabo ari imbere ya Sentare nkuru y’Abayuda?
IKIGABANE CA 7
Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»
Filipo ni akarorero keza k’umwigisha w’inkuru nziza.
IKIGABANE CA 8
Ishengero «rija mu kiringo c’amahoro»
Sawuli uwahamana bikaze acika umwamamaji w’umunyamwete.
IGIHIMBA CA 3
“Abanyamahanga baremeye ijambo ry’Imana”
IKIGABANE CA 9
“Imana ntigira nkunzi”
Igikorwa co kwamamaza carugururiye imiryango abanyamahanga batagenyerewe.
IKIGABANE CA 10
«Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira»
Petero ararekurwa, uruhamo na rwo ntirubuza ko inkuru nziza ikwiragira.
IGIHIMBA CA 4
“Barungikwa n’impwemu nyeranda”
IKIGABANE CA 11
“Barujujwe umunezero be n’impwemu nyeranda”
Pawulo ni akarorero keza mu kuntu afata abantu batashimishwa n’inkuru nziza canke bayanka.
IKIGABANE CA 12
«Bavuga badatinya biciye ku bubasha bwa Yehova»
Pawulo na Barunaba baragaragaje ukwicisha bugufi, ukwumirako, no guhuza n’uko ibintu vyifashe.
IGIHIMBA CA 5
«Intumwa n’abakurambere bakoranira hamwe»
IKIGABANE CA 14
“Twese hamwe twafashe ingingo”
Nurabe ukuntu inama nyobozi yafashe ingingo ku bijanye no kugenyerwa be n’ukuntu iyo ngingo yatumye amashengero yunga ubumwe.
IGIHIMBA CA 6
“Reka dusubire kuraba abavukanyi”
IKIGABANE CA 15
“Bakomeza amashengero”
Abacungezi b’imizunguruko barafasha amashengero gukomera mu kwizera.
IKIGABANE CA 16
«Jabuka uze i Masedwane»
Imihezagiro iva ku kwemera gushingwa igikorwa no kunezerwa mu ruhamo.
IKIGABANE CA 17
«Abafasha kuzirikana ku Vyanditswe»
Pawulo ariko ashinga intahe bimwe bishitse ku Bayuda b’i Tesalonika n’i Beroya.
IKIGABANE CA 18
«Nibarondere Imana, baheze bayironke vy’ukuri»
Mu gufatira ku vyo ahurijeko n’abamwumviriza, ni uturyo utuhe two kwamamaza Pawulo yaronse?
IKIGABANE CA 19
«Guma uvuga, ntucereze»
Ni ivyigwa ibihe twigira ku bikorwa Pawulo yakoreye i Korinto vyodufasha gushinga intahe bimwe bishitse yerekeye Ubwami bw’Imana?
IGIHIMBA CA 7
“Kwigishiriza ku mugaragaro n’inzu ku nzu”
IKIGABANE CA 20
Ijambo rya Yehova «ribandanya gukwiragira no gutsinda» naho rirwanywa
Nurabe ukuntu Apolo na Pawulo bagira ico baterere mu gukwiragiza inkuru nziza.
IKIGABANE CA 21
«Ndera ku bijanye n’amaraso y’abantu bose»
Pawulo ni umunyamwete mu ndimiro kandi araha impanuro abakurambere.
IKIGABANE CA 22
«Ivyo Yehova agomba nibibe»
Kubera ko yari yiyemeje gukora ivyo Imana igomba, Pawulo araja i Yeruzalemu.
IGIHIMBA CA 8
“Ababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana ata kimutangira”
IKIGABANE CA 23
“Nimwumve ukwiregura kwanje”
Pawulo ariburanira imbere y’akagwi kashangashiwe n’imbere ya Sentare nkuru.
IKIGABANE CA 24
«Gira umutima rugabo!»
Pawulo ararokoka umugambi mubi bamugiriye maze akiburanira imbere ya Buramatari Felisi.
IKIGABANE CA 25
«Ndungururije kwa Sezari!»
Pawulo aratanga akarorero mu bijanye no kuburanira inkuru nziza.
IKIGABANE CA 26
“Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe”
Pawulo ubwato buramusabirako, akerekana ukwizera gukomeye be n’uko akunda abantu.
IKIGABANE CA 28
“Gushika mu mihingo ya kure cane y’isi”
Ivyabona vya Yehova barabandanya igikorwa catangujwe n’abayoboke ba Kristu bo mu kinjana ca mbere mu gihe cacu.
Ironderero ry’amashusho
Urutonde rw’amafoto nyamukuru ari muri iki gitabu.