Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 6 • IVYAKOZWE 15:36–18:22

“Reka dusubire kuraba abavukanyi”

“Reka dusubire kuraba abavukanyi”

IVYAKOZWE 15:36

Ni uruhara ruhambaye uruhe abacungezi b’imizunguruko barangura mw’ishengero rya gikirisu? Ni imihezagiro iyihe twironkera igihe twemeye n’umutima ukunze kuzezwa amabanga mw’ishirahamwe? Dushobora gute gufasha abatwumviriza kuzirikana ku Vyanditswe mu buryo ngirakamaro, kandi ni kubera iki dukwiye guhuza n’uko ivyabo biba vyifashe? Ivyo bibazo hamwe n’ibindi, turaza kubironkera inyishu, uko tujana n’intumwa Pawulo mu rugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari.