Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 15

“Bakomeza amashengero”

“Bakomeza amashengero”

Abacungezi b’ingenzi barafasha amashengero kugira ngo akomezwe mu kwizera

Bishingiye ku Vyakozwe 15:36–16:5

1-3. (a) Uwundi muntu afadikanya ingendo na Pawulo ni nde, kandi ameze gute? (b) Ni ibiki tuza kwiga muri iki kigabane?

 MU GIHE bariko barenga barenguka mu mayira arimwo ibidunduri yinjira mu bisagara, intumwa Pawulo aza aratereza akajisho ku musore umwe bafadikanije urugendo, akazirikana ku vyiwe. Uwo musore w’umusonga yitwa Timoteyo. Ashobora kuba afise imyaka yababa 20 canke irenga gatoyi. Uko babandanya urugendo bava i Lusitira na Ikoniyo, ni ko Timoteyo atera aja kure y’iwabo. None ni ibiki biraririye kubashikira? Pawulo ntabiyobewe kubera ko uru ari urugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari. Arazi yuko baza gushikirwa n’ibintu biteye akaga be n’ingorane nyinshi. None uwo musore yoba aza kuvyihanganira?

2 Pawulo arizigiye cane Timoteyo, kumbure akaba amwizigiye kuruta uko uwo musore yicisha bugufi ubwiwe yiyizigira. Ibintu biheruka kuba vyarajijuye rwose Pawulo ko akeneye umuntu abereye bofadikanya ingendo. Pawulo arazi ko igikorwa kibarindiriye co kugendera amashengero no kuyakomeza, kiza gusaba yuko bompi baba ari abantu bafise umwiyemezo ukomeye kandi bahuje inama. Ni ibiki none bishobora kuba bituma Pawulo abona ibintu muri ubwo buryo? Kimwe muri ivyo gishobora kuba ari ukutumvikana guheruka kuba hagati ya Pawulo na Barunaba kwatumye batandukana.

3 Muri iki kigabane, turaza kuhigira vyinshi ku bijanye n’uburyo bwiza kuruta bwo gutorera umuti ukutumvikana. Turaza kandi kumenya igituma Pawulo yahisemwo Timoteyo ngo abe ari we bafadikanya urugendo, twongere dutahure neza ibijanye n’uruhara ruhambaye abacungezi b’imizunguruko bo muri iki gihe barangura.

“Reka dusubire kuraba abavukanyi” (Ivyak. 15:36)

4. Ni ibiki Pawulo yategekanya gukora mu rugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari?

4 Mu kigabane c’imbere y’iki, twarabonye ukuntu abavukanyi bane bari barungitswe n’inama nyobozi y’i Yeruzalemu, ari bo Pawulo, Barunaba, Yuda na Silasi, bakomeje ishengero ry’i Antiyokiya mu kurimenyesha ingingo iyo nama nyobozi yari yafashe ku bijanye n’ikibazo cerekeye ukugenyerwa. None Pawulo yaciye akora iki? Yaciye amenyesha Barunaba ibijanye n’urundi rugendo yariko yitegurira kugira. Yamubwiye ati: «Reka dusubire mu bisagara vyose twamamajemwo ijambo rya Yehova, tuje kuraba ingene abavukanyi baho bameze.» (Ivyak. 15:36) Pawulo ntiyariko avuga ibijanye no kuja kuramutsa gusa abo bantu bari baherutse gucika abakirisu. Igitabu c’Ivyakozwe kirerekana neza intumbero y’urugendo rwa kabiri rw’ubumisiyonari Pawulo yagize. Ubwa mbere, yari agiye kubandanya ashikiriza amashengero ingingo zari zashinzwe n’inama nyobozi. (Ivyak. 16:4) Ubwa kabiri na ho, kubera ko Pawulo yari umucungezi w’ingenzi, yari yiyemeje gukomeza amashengero mu buryo bw’impwemu, akayafasha kuguma ashikamye mu kwizera. (Rom. 1:11, 12) Ni gute none ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova mu bihe vya none rikurikiza ako karorero ryasigiwe n’intumwa?

5. Inama Nyobozi yo mu bihe vya none ironsa gute amashengero ubuyobozi be n’indemesho?

5 Muri iki gihe, Kristu arakoresha Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova kugira ngo ayobore ishengero ryiwe. Abavukanyi barobanujwe impwemu b’abizigirwa bagize iyo Nama Nyobozi, bararonsa ubuyobozi n’indemesho amashengero yose yo hirya no hino kw’isi, babicishije ku makete, mu bisohorwa mu mpapuro canke kuri internet, ku makoraniro be no mu bundi buryo bwo guhanahana amakuru. Vyongeye, abagize Inama Nyobozi barihatira kuguma bakurikiranira hafi ishengero rimwerimwe ryose. Ivyo babigira babicishije ku bacungezi b’imizunguruko. Inama Nyobozi ubwayo iramaze kugena hirya no hino kw’isi abakurambere ibihumbi bakwije ibisabwa kugira ngo basukure ari abacungezi b’imizunguruko.

6, 7. Ni amabanga amwamwe ayahe abacungezi b’imizunguruko bajejwe?

6 Abacungezi b’ingenzi bo mu bihe vya none barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bitwararike umwumwe wese mu bagize amashengero bagendera no kugira ngo babaremeshe mu buryo bw’impwemu. Uti none ivyo babigira gute? Babigira mu gukurikiza akarorero abakirisu bo mu kinjana ca mbere, nka Pawulo, babasigiye. Pawulo yahimirije umucungezi mugenziwe ati: «Wamamaze rya jambo, uvyihatire mu bihe vyiza no mu bihe bigoye, ukosore, wihanize, uhimirize. Ubigirane ukwihangana kwose n’ubuhanga bwo kwigisha. . . . Wamamaze inkuru nziza.»​—2 Tim. 4:2, 5.

7 Mu buryo buhuye n’ayo majambo, umucungezi w’umuzunguruko, we n’umukenyezi wiwe niba yubatse, arifatanya n’abamamaji b’ishengero aba yagendeye mu mice itandukanye y’ubusuku bwo mu ndimiro. Mwene abo bamamaji b’ingenzi usanga ari abanyamwete mu busuku, bakaba n’abigisha b’abahanga, izo zikaba ari kamere zigirira akamaro ubusho. (Rom. 12:11; 2 Tim. 2:15) Abo bavukanyi bagendera amashengero bamenyekanira canecane ku rukundo rwabo rurangwa n’ukwitanga. Baritanga babikunze, bakagira ingendo mu gihe ikirere kiba kimeze nabi, eka mbere bakazigirira no mu turere turimwo akaga. (Flp. 2:3, 4) Ikindi kandi, abacungezi b’imizunguruko bararemesha abagize ishengero iryo ari ryo ryose bagendeye, bakabigisha, bakongera bakabahanura biciye ku nsiguro zishingiye kuri Bibiliya bashikiriza. Abagize ishengero bose, iyo bitegereje ingeso z’abo bavukanyi kandi bakigana ukwizera kwabo, birabagirira akamaro cane.​—Heb. 13:7.

«Barashavuranira, barashwana bimwe bikaze» (Ivyak. 15:37-41)

8. Barunaba yakiriye gute ivyo Pawulo yamusavye?

8 Barunaba yarakiriye neza iciyumviro Pawulo yashikirije co “kuraba abavukanyi.” (Ivyakozwe 15:36) Bompi bari barakoranye neza mu ngendo bagiye baragira, kandi bompi bari bamaze kumenyera uturere bari bagiye kugendera be n’abantu baho. (Ivyak. 13:2–14:28) Ku bw’ivyo, ico ciyumviro co kujana muri urwo rugendo gisa n’uko cumvikana kandi kikaba cari ngirakamaro. Yamara rero, haciye havyuka ukutumvikana. Mu Vyakozwe 15:37 hagira hati: «Barunaba yipfuza cane ko Yohani yitwa kandi Mariko, na we nyene bojana.» Ico si iciyumviro gusa Barunaba yari ashikirije. «Yipfuza cane» kugenda ajanye n’incuti yiwe Mariko muri urwo rugendo rw’ubumisiyonari.

9. Ni kubera iki Pawulo atumvikanye na Barunaba?

9 Pawulo yaravyanse. Uti kubera iki? Iyo nkuru yigana iti: «Mugabo Pawulo ntiyashaka ko bojana [na Mariko] kubera ko yari yabasize i Pamfiliya, ntiyabandanya gukorana na bo.» (Ivyak. 15:38) Mariko yari yafadikanije na Pawulo be na Barunaba mu rugendo rwabo rwa mbere rw’ubumisiyonari, ariko abata rutararangira. (Ivyak. 12:25; 13:13) Urwo rugendo rugitangura, ni ukuvuga igihe bari bageze i Pamfiliya, Mariko yarahevye igikorwa yari yashinzwe maze yisubirira iwabo i Yeruzalemu. Bibiliya ntivuga igituma Mariko yahevye ico gikorwa, ariko biragaragara ko intumwa Pawulo yabona yuko Mariko yafata ibintu minenegwe. Pawulo ashobora kuba yaribaza niba Mariko yogumye ari umwizigirwa.

10. Ukutumvikana kwabaye hagati ya Pawulo na Barunaba kwavuyemwo iki, kandi ivyo vyatumye mu nyuma ibintu bigenda gute?

10 Barunaba yari yarahiye ararengwa ko vyanse bikunze ajana na Mariko. Pawulo na we yari yarahiye ararengwa ko Mariko atagenda amugeze inyuma. Mu Vyakozwe 15:39 havuga hati: «Baca barashavuranira, barashwana bimwe bikaze ku buryo batandukana.» Barunaba yaciye afata ubwato yigira iwabo mw’izinga rya Shipure, ari kumwe na Mariko. Pawulo wewe yagumye yumiye ku mugambi wiwe. Iyo nkuru yigana iti: «Pawulo atora Silasi maze abavukanyi bamuragiza Yehova n’ubuntu bwiwe buhebuje, aca aragenda.» (Ivyak. 15:40) Baragiye «baca i Siriya n’i Silisiya, bakomeza amashengero.»​—Ivyak. 15:41.

11. Ni kamere zihambaye izihe zodufasha kwirinda kuguma tudacana uwaka n’uwo dufitaniye ingorane?

11 Iyo nkuru iratwibutsa ko tudatunganye. Pawulo na Barunaba bari bagenywe kuba abantu badasanzwe, baserukira inama nyobozi. Bishoboka ko Pawulo yahavuye aba uwo mu bagize iyo nama nyobozi. Ariko rero ku bijanye n’ico kintu cabaye, Pawulo na Barunaba bararengewe n’impengamiro zabo ziva ku kudatungana. None boba bagumye badacana uwaka? Naho Pawulo na Barunaba bari abanyagasembwa, bari abantu bicisha bugufi, bafise umuzirikanyi wa Kristu. Nta gukeka ko mu nyuma bagaragaje agatima ka kivukanyi, umwe wese araharira uwundi. (Ef. 4:1-3) Pawulo na Mariko bahavuye bakorana mu yindi mirimo ya gitewokarasi. a​—Kol. 4:10.

12. Ni kamere izihe abahagarikizi muri iki gihe bakwiye kugaragaza kugira ngo bigane Pawulo na Barunaba?

12 Ukwo gushwana bimwe bikaze kwabaye hagati ya Pawulo na Barunaba, ntigusobanura yuko ari ko bari basanzwe bameze. Barunaba yari azwi ko ari umuntu akunda abandi kandi atanga cane ku buryo intumwa, aho gukoresha izina ryiwe Yozefu, zari zamutaziriye Barunaba, risobanura ngo «umwana w’uruhoza.» (Ivyakozwe 4:36) Pawulo na we yari azwi ko ari umuntu w’ikibabarwe kandi yengenga. (1 Tes. 2:7, 8) Kugira ngo abahagarikizi bose bakirisu muri iki gihe, ushizemwo n’abacungezi b’imizunguruko, bigane Pawulo na Barunaba, bakwiye nantaryo kwihatira kugaragaza ukwicisha bugufi, bakongera bakihatira gufatana ikibabarwe abakurambere bagenzi babo, tutibagiye n’abagize ubusho bwose.​—1 Pet. 5:2, 3.

«Yavugwa neza» (Ivyak. 16:1-3)

13, 14. (a) Timoteyo yari inde, kandi we na Pawulo bamenyanye gute? (b) Ni igiki catumye Pawulo yitaho cane Timoteyo? (c) Ni igikorwa ikihe Timoteyo yashinzwe?

13 Urugendo rwa kabiri rw’ubumisiyonari Pawulo yagize rwatumye ashika mu ntara y’Uburoma yitwa Galatiya, akarere kari kamaze gushingwamwo amashengero makeyi. Yahavuye «ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira.» Iyo nkuru ivuga iti: «Hariyo umwigishwa yitwa Timoteyo. Nyina yari Umuyudakazi yizera, mugabo se akaba yari Umugiriki.»​—Ivyak. 16:1. b

14 Biboneka ko Pawulo yari yamenyanye n’umuryango Timoteyo yavukamwo igihe yagendera ari bwo bwa mbere mu karere kabo nko mu 47 inyuma ya Kristu. Aho Pawulo asubiriye kugendera ako karere haciye imyaka ibiri canke itatu, yaritayeho cane uwo musore Timoteyo. Uti kubera iki? Kubera ko Timoteyo «yavugwa neza n’abavukanyi.» Ntiyavugwa neza gusa n’abavukanyi bo mu gisagara yavukamwo, ariko kandi yaravugwa neza n’abo mu mashengero ya kure. Iyo nkuru ivuga ko abavukanyi b’i Lusitira be n’abo muri Ikoniyo, nko ku bilometero 30 uvuye aho iwabo, na bo nyene bamuvuga neza. (Ivyak. 16:2) Abakurambere bayobowe n’impwemu nyeranda, barajeje Timoteyo ibanga riremereye ryo gusahiriza Pawulo na Silasi, ivyo akabigira ari umucungezi w’ingenzi.​—Ivyak. 16:3.

15, 16. Ni ibiki vyatumye Timoteyo avugwa neza ukuraho?

15 Ni ibiki vyatumye Timoteyo avugwa neza gutyo, kandi yari akiri muto? Vyoba vyavuye ku bwenge yari afise, ku kuntu yasa, canke ku bubangukirwe yari afise? Ivyo ni vyo akenshi usanga bishimisha abantu. Mbere n’umuhanuzi Samweli vyarashitse arahendwa n’ukuntu umuntu asa. Ariko rero, Yehova yamwibukije ati: «Imana [ntiraba] nk’uko abantu baraba. Abantu baraba ibiboneka inyuma, mugabo Yehova we araba mu mutima.» (1 Sam. 16:7) Nta kindi kintu catuma Timoteyo avugwa neza n’abakirisu bagenziwe, atari kamere nziza yari afise.

16 Haciye imyaka nk’ingahe, intumwa Pawulo yaravuze zimwezimwe muri izo kamere Timoteyo yari afise. Yaravuze ko Timoteyo yari afise umutima mwiza, urukundo rutuma yitanga, yongera avuga ko yitwararikana umwete imirimo ya gitewokarasi yashingwa. (Flp. 2:20-22) Vyongeye, Timoteyo yari azwi ko afise ukwizera «kutagira ubwiyorobetsi.»​—2 Tim. 1:5.

17. Abakiri bato bashobora gute kwigana akarorero ka Timoteyo?

17 Muri iki gihe, hari abakiri bato benshi bigana akarorero ka Timoteyo mu gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. Muri ubwo buryo, baba bironkeje izina ryiza kuri Yehova no ku basavyi biwe, naho mbere boba bakiri bato cane. (Imig. 22:1; 1 Tim. 4:15) Baragaragaza ukwizera kutarimwo ubwiyorobetsi, bakamirira kure ivyo kugira ubuzima burimwo tubiri. (Zab. 26:4) Ivyo bituma abatari bake muri bo bashobora gufasha cane mw’ishengero nka kumwe kwa Timoteyo. Ese ukuntu baremesha abantu bose bakunda Yehova babakikuje, igihe bakwiza ibisabwa bakaba abamamaji b’inkuru nziza, maze igihe kigeze bakiyegurira Yehova hanyuma bakabatizwa!

Amashengero “akomezwa mu kwizera” (Ivyak. 16:4, 5)

18. (a) Ni uduteka utuhe Pawulo na Timoteyo batewe bitumwe n’uko bari abacungezi b’ingenzi? (b) Amashengero yahezagiwe gute?

18 Pawulo na Timoteyo baramaze imyaka itari mike bakorana. Narirya bari abacungezi b’ingenzi, bararanguye ibikorwa bitandukanye baba bashinzwe n’inama nyobozi. Inkuru yo muri Bibiliya igira iti: «Bagenda baca mu bisagara, bashikiriza abaho ingingo zashinzwe n’intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu, ngo bazubahirize.» (Ivyak. 16:4) Biboneka ko amashengero yakurikiza ubuyobozi bwava ku ntumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu. Kubera ukwo kugamburuka «amashengero [yabandanije] vy’ukuri gukomezwa mu kwizera no kugwira ku musi ku musi.»​—Ivyak. 16:5.

19, 20. Ni kubera iki abakirisu bakwiye kugamburukira «ababaja imbere»?

19 Ivyabona vya Yehova muri iki gihe na bo nyene barironkera imihezagiro kubera bagamburuka no kubera ko bakurikiza ubuyobozi butangwa n’«ababaja imbere.» (Heb. 13:17) Kubera ko ivy’isi biguma bihindagurika, birahambaye cane ko twebwe abakirisu tuguma dushira mu ngiro tudatebaganye ubuyobozi duhabwa biciye ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa na wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.» (Mat. 24:45; 1 Kor. 7:29-31) Kubigenza gutyo birashobora kudukingira akaga ko mu buryo bw’impwemu, kandi bikadufasha kuguma twirinze ntitwanduzwe.​—Yak. 1:27.

20 Ni ivy’ukuri ko abahagarikizi bakirisu mu bihe vya none, ushizemwo n’abagize Inama Nyobozi, badatunganye, nka kurya nyene kwa Pawulo, Barunaba, Mariko, be n’abandi bakurambere barobanujwe impwemu bo mu kinjana ca mbere . (Rom. 5:12; Yak. 3:2) Ariko rero, abagize Inama Nyobozi barerekana ko ari abizigirwa kubera ko bakurikiza Ijambo ry’Imana be n’akarorero basigiwe n’intumwa, ata guca ku ruhande. (2 Tim. 1:13, 14) Ivyo bituma amashengero aguma aremeshwa kandi agakomezwa mu kwizera.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Mariko aterwa uduteka twinshi