Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 17

«Abafasha kuzirikana ku Vyanditswe»

«Abafasha kuzirikana ku Vyanditswe»

Ico inyigisho ngirakamaro ishingiyeko; akarorero keza ab’i Beroya badusigiye

Bishingiye ku Vyakozwe 17:1-15

1, 2. Ni bande bariko baja i Tesalonika bavuye i Filipi, kandi bashobora kuba bariko bariyumvira iki?

 NI MW’IBARABARA rikunze gucamwo abantu ryubatswe n’abahinga b’Abaroma. Iryo barabara rica hagati mu misozi iriko ibitandara vy’amabuye. Hari igihe ryumvikanamwo urwamo rw’indogobwa, urw’amakurudumu y’imikogote, be n’urw’ingenzi zitandukanye, muri zo bikaba bishoboka ko haba harimwo abasirikare, abadandaza, be n’abahinguzi b’utugenegene. Hari abagabo batatu bafatanije urugendo, ari bo Pawulo, Silasi, na Timoteyo, bariko baca muri iryo barabara nyene, bakaba bagiye i Tesalonika bavuye i Filipi, urugendo rw’ibilometero 130. Urwo rugendo ntirworoshe, rukaba na canecane rutorohera Pawulo na Silasi kubera ko bagifise inguma z’inkoni bakubiswe.​—Ivyak. 16:22, 23.

2 Ni igiki none gifasha abo bagabo kugira ngo ntibagume biyumvira ibijanye n’urwo rugendo rurerure bategerezwa kugira? Nta gukeka ko bagenda baratera ryarenga. Baracibuka ca kintu giteye umunezero cabera i Filipi, aho umurinzi w’ibohero be n’abo mu rugo rwiwe bacika abemera. Ico kintu cari catumye Pawulo n’abo bafatanije urugendo barushiriza kugira umwiyemezo wo kubandanya batangaza ijambo ry’Imana. Ariko rero, uko barushiriza kwegereza igisagara ca Tesalonika, kiri ku nkengera y’ikiyaga, ni ko kumbure baguma biyumvira ukuntu Abayuda bo muri ico gisagara baza kubakira. Boba baza gufatwa nabi, mbere no gukubitwa bagakubitwa, nk’uko vyari vyabagendeye i Filipi?

3. Kurimbura ukuntu Pawulo yaronse ubutinyutsi kugira ngo yamamaze inkuru nziza bishobora gute kudufasha muri iki gihe?

3 Pawulo yahavuye aserura ukuntu yiyumva ico gihe, mw’ikete yandikiye abakirisu b’i Tesalonika, ati: «Twabanje gushikirwa n’imibabaro twongera dufatwa nabi bimwe biteye isoni i Filipi, nk’uko mubizi, mugabo Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana naho twarwanijwe cane.» (1 Tes. 2:2) Ayo majambo asa n’ayerekana yuko Pawulo yari afise ubwoba bwo kwinjira muri ico gisagara c’i Tesalonika, canecane kubera ivyari vyabaye i Filipi. Ushobora kuba utahura Pawulo. Vyoba birashika ukabona ko kwamamaza inkuru nziza ari urugamba? Pawulo yarihetse kuri Yehova kugira ngo amukomeze, amufashe kugira ubutinyutsi yari akeneye. Kurimbura ibijanye n’akarorero ka Pawulo, na wewe birashobora kugufasha kubigenza gutyo nyene.​—1 Kor. 4:16.

“Yarazirikana ku Vyanditswe” (Ivyak. 17:1-3)

4. Ni kubera iki bishoboka ko Pawulo atoba yamaze indwi zitatu gusa i Tesalonika?

4 Iyo nkuru itubwira ko igihe Pawulo yari i Tesalonika, yamaze amasabato atatu yamamaza inkuru nziza mw’isinagogi. Ivyo vyoba bisobanura ko yamaze indwi zitatu gusa muri ico gisagara? Si ngombwa. Ntituzi igihe Pawulo yari amaze muri ico gisagara imbere y’uko atangura kuja kwamamaza mw’isinagogi. N’ikindi kandi, amakete Pawulo yanditse ahishura yuko igihe yari i Tesalonika, hari ibikorwa we hamwe na bagenziwe bakora kugira ngo baronke ikibabeshaho. (1 Tes. 2:9; 2 Tes. 3:7, 8) Vyongeye, igihe Pawulo yari muri ico gisagara, abavukanyi b’i Filipi baramurungikiye ivya nkenerwa, kabiri kose. (Flp. 4:16) Ku bw’ivyo rero, biboneka ko aho i Tesalonika, Pawulo atahamaze indwi zitatu gusa.

5. Ni mu buryo ki Pawulo yafashije abantu kuzirikana?

5 Kubera ko Pawulo yari amaze kugira ubutinyutsi bwo kwamamaza, yarabwiye inkuru nziza abari bakoraniye mw’isinagogi. Nk’uko yari asanzwe abigira, «[yarabafashije] kuzirikana ku Vyanditswe. Yarabasigurira, akabaha n’ivyanditswe vyemeza ko vyari bikenewe ko Kristu ashikirwa n’imibabaro, hanyuma akazuka mu bapfuye. Yababwira ati: “Uwo Yezu ndiko ndabamenyesha ni we Kristu.”» (Ivyak. 17:2, 3) Urabona ko Pawulo atarondera gutangaza abariko bamwumviriza, ahubwo ko yashaka kubafasha kuzirikana. Yari azi ko abari bakoraniye muri iyo sinagogi bari basanzwe bazi Ivyanditswe kandi ko bavyubaha. Kubitahura neza ni co kintu bari bahajije. Ni co gituma Pawulo, afatiye ku Vyanditswe, yazirikanye hamwe na bo, akabasigurira, akongera akabemeza ko Yezu w’i Nazareti yari we Mesiya, canke Kristu, yari yarasezeranywe.

6. Ni gute Yezu yazirikanye hamwe n’abigishwa biwe afatiye ku Vyanditswe, kandi ivyo vyashitse ku ki?

6 Pawulo yarigana akarorero ka Yezu, uwashingira inyigisho ziwe ku Vyanditswe. Nk’akarorero, mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yabwiye abayoboke biwe yuko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’ibintu bibabaza, agapfa, maze mu nyuma akazurwa mu bapfuye, nk’uko Ivyanditswe bivyerekana. (Mat. 16:21) Yezu amaze kuzuka, yarabonekeye abigishwa biwe. Nta gukeka ko ico cari ikimenyamenya c’uko yari yaravuze ukuri. Yamara, Yezu yarabahaye n’ibindi bimenyamenya. Ku bijanye n’ivyo yabwiye abigishwa bamwe, dusoma duti: «Ahera kuri Musa no ku Bahanuzi bose, abasobanurira ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose.» Uti none ivyo vyashitse ku ki? Nya bigishwa baciye bavugana ugutangara bati: «Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko aravugana natwe ku nzira, ariko aradusigurira neza Ivyanditswe?»​—Luka 24:13, 27, 32.

7. Ni kubera iki bihambaye ko ivyo twigisha tubishingira ku Vyanditswe?

7 Ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana burafise ububasha. (Heb. 4:12) Ni co gituma abakirisu bo muri iki gihe bashingira ivyo bigisha kuri iryo Jambo nyene, nk’uko Yezu, Pawulo be n’izindi ntumwa babigira. Na twebwe nyene turazirikana hamwe n’abantu dufatiye ku Vyanditswe, tukabibasigurira tukongera tukabaha ibimenyamenya vyerekana ko ivyo twigisha ari ukuri. Ivyo tubigira mu kuza turazingurura Bibiliya kugira ngo tubereke ivyo ivuga. Nakare, ubutumwa tubashikiriza si ubwacu. Dukoresheje kenshi Bibiliya, turafasha abantu gutahura neza yuko ivyo twamamaza atari ivyiyumviro vyacu bwite, yamara ko ari inyigisho ziva ku Mana. Ikigeretse kuri ivyo, dukwiye kwama twibuka yuko ubutumwa twamamaza bushingiye rwose kw’Ijambo ry’Imana. Ni ubwo kwizigirwa ijana kw’ijana. Gutahura ivyo ntibituma none wumva urushirije guhera amazinda yuko ukwiye kubwira abandi ubwo butumwa ubigiranye ubutinyutsi, nk’uko Pawulo yabigize?

“Bamwe barizera” (Ivyak. 17:4-9)

8-10. (a) Abantu b’i Tesalonika bakiriye gute inkuru nziza? (b) Ni kubera iki Abayuda bamwebamwe bagiriye ishari Pawulo? (c) Abayuda barwanya Pawulo bakoze iki?

8 Pawulo yari amaze kwibonera ko aya majambo ya Yezu ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: «Umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, namwe bazobahama, kandi nimba barubahirije ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryubahiriza.» (Yoh. 15:20) I Tesalonika Pawulo yahasanze abantu nk’abo: Bamwe bari bashashaye kwubahiriza ijambo ry’Imana, mu gihe abandi na bo babirwanya. Ku bijanye n’abo bavyakiriye neza, Luka yanditse ati: “Bamwe muri bo [Abayuda] barizera [baba abakirisu], hanyuma bifatanya na Pawulo na Silasi. Abagiriki benshi cane basenga Imana be n’abagore batari bake b’abanyacubahiro na bo nyene barizera.” (Ivyak. 17:4) Nta gukeka ko abo bigishwa bashasha banezerejwe no kuba barafashijwe gutahura neza Ivyanditswe.

9 Naho bamwe bahaye agaciro ivyo Pawulo yavuze, abandi bobo baramuhekenyeye imisaya. Abayuda bamwe b’i Tesalonika baragiriye ishari Pawulo kubera ko yari yashoboye kujijura «Abagiriki benshi cane.» Kubera ko abo Bayuda bari bafise umugambi wo gutuma abatari Abayuda binjira idini ryabo, bari barigishije Abagiriki Ivyanditswe vy’igiheburayo. Rero babona yuko abo Bagiriki ari abigishwa babo. Ariko bukwi na bukwi, wamengo Pawulo aje kubanyaga abo Bagiriki, kandi akabigirira mw’isinagogi yabo nyene! Abo Bayuda rero ishavu ryaciye riniga.

«Barondera kuzana Pawulo na Silasi imbere y’ako kagwi.»​—Ivyakozwe 17:5

10 Luka aratubwira ivyaciye bikurikira ati: «Abayuda bagira ishari, bakoranya abagabo bamwe b’ababisha birirwa mu kaguriro bareze amaboko, bagira akagwi, baca batangura gutera intureka mu gisagara. Batera inzu ya Yasoni barondera kuzana Pawulo na Silasi imbere y’ako kagwi. Bababuze, baburuta Yasoni n’abavukanyi bamwe babajana ku batware b’igisagara, basemerera bati: “Ba bantu batembagaje isi bashitse n’ino. Kandi Yasoni yabakiriye iwe. Aba bantu bose barwanya ingingo zashinzwe na Sezari, bakavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yezu.”» (Ivyak. 17:5-7) None ivyo bintu ako kagwi kakoze vyogize ico bikoze gute kuri Pawulo na bagenziwe?

11. Ni ibirego ibihe Pawulo be n’abamamaji b’Ubwami bagenziwe bagirijwe? Ni ingingo yashinzwe iyihe ababarwanya bashobora kuba bari bafise ku muzirikanyi? (Raba akajambo k’epfo.)

11 Akagwi k’abantu bagumutse kaba gateye ubwoba. Kameze nk’uruzi rwuzuye, rusurirana bimwe bikaze, kandi ata woshobora kuruhagarika. Ico ni co kirwanisho nya Bayuda bakoresheje ngo bagerageze kwikurako Pawulo na Silasi. Aho nya Bayuda bamariye gutera «intureka» muri ico gisagara, baciye bagerageza kujijura abatware baco yuko ibirego Pawulo na Silasi bariko bagirizwa vyari bikomeye cane. Ikirego ca mbere cari ic’uko ngo Pawulo be n’abamamaji b’Ubwami bagenziwe bari «batembagaje isi,» kandi ntuze atari bo bari bateye iyo ntureka aho i Tesalonika! Ikirego ca kabiri coco cari gikomeye kuruta ico. Abo Bayuda bemeje yuko ngo nya bamisiyonari bariko batangaza uwundi Mwami, ari we Yezu, gutyo bakaba bariko bahonyanga ingingo zashinzwe n’umwami w’abami. a

12. Ni igiki cerekana ko ibirego abakirisu b’i Tesalonika bagirijwe vyokweze akarambaraye?

12 Niwibuke ko indongozi z’idini zagirije Yezu ikirego gisa n’ico nyene. Babwiye Pilato bati: «Twasanze uyu muntu ariko aragumura ihanga ryacu . . . kandi yiyita ngo ni Kristu umwami.» (Luka 23:2) Pilato yaraciriye Yezu urwo gupfa, kubera ko kumbure yatinya yuko umwami w’abami yohavuye abona ko yari yasasiye indava ubuhemu bukomeye. Muri ubwo buryo nyene, ibirego abakirisu b’i Tesalonika bariko baragirizwa vyokweze akarambaraye. Igitabu kimwe kivuga giti: «Ntikwoba ari ukurenza urugero tuvuze yuko ivyo vyarimwo akaga gakomeye, kubera ko “naho umuntu yaba yakoze agakosa gatoyi gute, ariko akagirizwa ko yahemukiye umwami w’abami, akenshi yacirwa urwo gupfa.”» None ivyo birego bagirijwe n’abo bantu bari buzuye urwanko vyoba vyarashitse ku co barondera?

13, 14. (a) Ni kubera iki ka kagwi k’abantu katashitse ku co karondera? (b) Pawulo yakurikije gute impanuro Kristu yatanze ku bijanye n’ukwiyubara, kandi twomwigana gute?

13 Nya kagwi ntikashoboye guhagarika igikorwa co kwamamaza inkuru nziza i Tesalonika. Uti kubera iki? Ica mbere ni uko ako kagwi katashoboye kumenya aho Pawulo na Silasi bari bari. Ikindi na co, biboneka ko ba batware b’igisagara batari bajijuwe neza ku bijanye n’ivyo birego. Nya batware bamaze gusaba «ingwati ihagije,» kumbure bakaba basavye amahera, baciye barekura Yasoni be n’abandi bavukanyi bari barengukishijwe imbere yabo. (Ivyak. 17:8, 9) Mu gukurikiza impanuro Yezu yatanze ijanye no “kwiyubara nk’inzoka, ariko tukaba intungane nk’inuma,” Pawulo yarikingiye akaga abigiranye ukwigengesera kugira ngo ashobore kubandanya yamamaza mu kandi karere. (Mat. 10:16) Biragaragara rero ko Pawulo atari umuntu yita mu kaga akabona, naho yari afise ubutinyutsi. None abakirisu bo muri iki gihe bashobora gute kwigana akarorero kiwe?

14 Mu bihe vya none, abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu akenshi usanga bagumura utugwi tw’abantu kugira ngo turwanye Ivyabona vya Yehova. Izo ndongozi z’amadini zagiriza Ivyabona yuko ngo bagumura abantu be n’uko ngo bagarariza ubutegetsi, zigatuma abategetsi babarwanya. Cokimwe n’abo bantu bo mu kinjana ca mbere bahama abakirisu, abantu bo mu bihe vya none barwanya Ivyabona usanga babiterwa n’ishari. Uko biri kwose, twebwe abakirisu b’ukuri ntitwita mu ngorane tuzibona. Turirinda uko dushoboye kwose guharira n’abantu nk’abo baba bashangashiwe kandi ata co bibanga, ariko tukihatira kurondera ukuntu twobandanya kurangura igikorwa cacu mu mahoro, kumbure tukagaruka mu nyuma, bamaze guturura.

Bari bafise «agatima keza» (Ivyak. 17:10-15)

15. Abanyaberoya bakiriye gute inkuru nziza?

15 Kugira ngo Pawulo na Silasi ntibagirirwe nabi, baciye barungikwa i Beroya, nko ku bilometero 65. Bashitseyo, Pawulo yaciye yinjira mw’isinagogi atangura kwigisha abari bahakoraniye. Ese ukuntu bihimbaye kuronka abakira neza inkuru nziza! Luka yanditse yuko Abayuda b’i Beroya «bari bafise agatima keza kuruta ab’i Tesalonika, kuko bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye kugira barabe ko ivyo bumvise ari ukuri.» (Ivyak. 17:10, 11) None ayo majambo yoba yarashira hasi ba Batesalonika bari bakiriye ukuri? Habe namba. Mu nyuma, Pawulo yabandikiye ati: «Twama dushimira Imana kubera ko igihe mwakira ijambo ryayo mwatwumvanye, mutaryemeye nk’ijambo ry’abantu, ahubwo mwaryemeye nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana. Ni na ryo ririko rirakorera muri mwebwe abemera.» (1 Tes. 2:13) Ni igiki none catumye abo Bayuda b’i Beroya bavugwa ko bari n’agatima keza ukuraho?

16. Ni kubera iki bibereye ko Abanyaberoya bavugwa yuko bari n’«agatima keza»?

16 Naho Abanyaberoya bariko babwirwa ibintu bishasha, ntibabigizeko amakenga canke ngo babinebagure. Ariko kandi ntibapfuye kuvyemera nk’impumyi. Ubwa mbere, barateze yompi Pawulo. Ubugira kabiri, barasubiye gusuzuma bitonze ivyo bari bize, biciye ku kwihweza neza Ivyanditswe Pawulo yari yabafashije gutahura. N’ikindi kandi, barize Ijambo ry’Imana babigiranye umwete, ivyo bakabigira ku musi ku musi, atari kw’isabato gusa. Ivyo vyose babikora «babishashaye cane,» bakihatira kurushiriza kumenya ico Ivyanditswe vyahishura bisunze iyo nyigisho nshasha. Ubwa nyuma, baragaragaje ukwicisha bugufi kugira ngo bagire ivyo bahinduye, ivyo bikaba bigaragazwa n’uko “benshi muri bo bizeye.” (Ivyak. 17:12) Ntibitangaje rero kubona Luka avuga ko bari n’«agatima keza»!

17. Ni kubera iki Abanyaberoya bakwiye gukezwa cane kubera akarorero basize? Dushobora gute kuguma tubigana naho twoba tumaze igihe turi abakirisu?

17 Abanyaberoya ntibari bazi yuko ukwo kuntu bakiriye inkuru nziza n’agatima keza vyozigamwe mw’Ijambo ry’Imana kugira ngo bibere abandi akarorero. Bakoze neza na neza ivyo Pawulo yari abitezeko, bikaba ari na vyo Yehova Imana yashaka ko bakora. Ivyo ni vyo na twebwe turemesha abantu gukora, ni ukuvuga gusuzuma Bibiliya bitonze kugira ngo ukwizera kwabo kube ugushingiye rwose kuri iryo Jambo ry’Imana. Bite ho kuri twebwe? Vyoba none bigikenewe ko tubandanya kugira mwene ako gatima keza, naho twoba tumaze igihe turi abakirisu? Cane nyene. Ico ni co gihe biba bihambaye cane ko turushiriza kwumva dushashaye kwigishwa na Yehova no gushira mu ngiro ivyo atwigisha tudatebaganye. Muri ubwo buryo, turareka Yehova akatubumbabumba akongera akatumenyereza mu buryo buhuye n’ivyo agomba. (Yes. 64:8) Ivyo biraheza bigatuma dushishikara gukoreshwa na Data wa twese wo mw’ijuru, tukongera tukamuhimbara bimwe bishitse.

18, 19. (a) Ni kubera iki Pawulo yaciye ava i Beroya? Ni igiki yabandanije gukora kandi twomwigana gute? (b) Ni hehe Pawulo yaciye aja kuvuga inkuru nziza, kandi yayibwiye bande?

18 Pawulo ntiyamaze igihe kirekire i Beroya. Iyo nkuru itubwira iti: «Aho Abayuda b’i Tesalonika bamenyeye yuko Pawulo yariko aramamaza ijambo ry’Imana n’i Beroya, bajayo kugira bagumure bongere badurumbanye amasinzi. Ubwo nyene abavukanyi baca barungika Pawulo ku kiyaga, mugabo Silasi na Timoteyo basigarayo. Ariko abari baherekeje Pawulo baramujana gushika i Atene. Maze Pawulo ababwira yuko Silasi na Timoteyo bomusanga iyo ari vuba bishoboka, baca baragenda.» (Ivyak. 17:13-15) Emwe, nya bansi b’inkuru nziza bari bakobeje pe! Babona ko kwirukana Pawulo i Tesalonika bitari bihagije, akaba ari co gituma baciye baja i Beroya maze bagerageza na ho nyene kuhatera intureka nk’iyo bari bateye i Tesalonika. Kubera ko Pawulo yari azi ko icibare yakoreramwo cari kinini cane, yaciye rero yigira kwamamaza inkuru nziza mu kandi karere. Ese na twebwe nyene twokwiyemeza guhindura ubusa utwigoro tugirwa n’ababa barondera guhagarika igikorwa co kwamamaza inkuru nziza!

19 Inyuma y’aho Pawulo amariye gushinga intahe bimwe bishitse mu kubwira inkuru nziza Abayuda b’i Tesalonika be n’ab’i Beroya, nta gukeka ko yatahuye vyinshi cane ku bijanye n’akamaro ko kwamamaza umuntu abigiranye ubutinyutsi no kuzirikana hamwe n’abantu afatiye ku Vyanditswe. Na twebwe ni kwo kw’uko. Ubu na ho, Pawulo agiye kubwira inkuru nziza abanyamahanga b’i Atene, bano bakaba batandukanye cane n’Abanyaberoya. None muri ico gisagara biza kumugendera gute? Turaza kubibona mu kigabane gikurikira.

a Incabwenge imwe ivuga yuko ico gihe hariho ingingo yashinzwe na Sezari yabuza ko hagira umuntu n’umwe atangaza ibijanye n’«ukuza kw’umwami mushasha canke ubwami bushasha, na canecane uwovuzwe ko yobaye aje gukuraho umwami w’abami canke kumucira urubanza.» Abansi ba Pawulo bariko bagerageza gutuma ubutumwa yariko arashikiriza busa nk’aho ari ukurenga kuri iyo ngingo yashinzwe. Raba uruzitiro ruvuga ngo « Abasezari be n’igitabu c’Ivyakozwe.»