Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 18

«Nibarondere Imana, baheze bayironke vy’ukuri»

«Nibarondere Imana, baheze bayironke vy’ukuri»

Pawulo ararondera ico ahurizako n’abamwumviriza, kandi agahuza n’uko ivyabo vyifashe

Bishingiye ku Vyakozwe 17:16-34

1-3. (a) Ni kubera iki intumwa Pawulo ashavura cane igihe ari i Atene? (b) Ni ibiki dushobora kwigira ku kurimbura akarorero Pawulo yadusigiye?

 PAWULO yashavuye cane. Ari mu gisagara c’i Atene mu Bugiriki, kino kikaba ari co kibanza nyamukuru catangirwamwo inyigisho, akaba ari na ho abafilozofe nka Sokrate, Pulato, na Arisitote bigeze kuba bigishiriza. Abantu b’i Atene barakunda cane ivyo gusenga. Ahantu hose Pawulo atereje ijisho, haba mu nsengero, mu bibanza rusangi, canke mu mabarabara, aguma abona ibigirwamana umuyoro, kubera ko Abanyatene basenga ibimana vyinshi cane. Pawulo arazi ukuntu Yehova, we Mana y’ukuri, abona ibijanye n’ugusenga ibigirwamana. (Kuv. 20:4, 5) Kubera yuko iyo ntumwa idahemuka isanzwe ibona ibintu nk’uko Yehova abibona, iranka urunuka ibigirwamana!

2 Ivyo Pawulo abona yinjiye mu kaguriro, ni vyo canecane bimushavuza rwose. Hafi y’irembo rikuru ry’ako kaguriro, ku mfuruka yo mu buraruko bushira uburengero hatonze ibishushanyo vy’ikimana Herume bifise imero y’umuntu w’igitsina-gabo ari gusa. Ako kaguriro kuzuyemwo udusengero. None iyo ntumwa y’umwete iza kuvyifatamwo gute kugira ngo ibwire inkuru nziza abo bantu basenga cane ibigirwamana? Yoba aza kwigumya maze akarondera ico ahurizako na bo? Yoba aza kugira abo afashije kugira ngo barondere Imana, baheze bayironke vy’ukuri?

3 Uravye insiguro Pawulo yashikirije incabwenge z’i Atene, na yo ikaba iboneka mu Vyakozwe 17:22-31, usanga ari umuntu dukwiye kwigana yari amenyereye ivyo kuvuga, yakoresha ubugenge, kandi yatahura ibintu. Mu gihe turimbuye ako karorero Pawulo yadusigiye, turashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’ukuntu tworondera ivyo duhurizako n’abo tubwira inkuru nziza, tukabafasha kuzirikana.

Kwigishiriza «mu kaguriro» (Ivyak. 17:16-21)

4, 5. Ni hehe Pawulo yagiye kwamamaza inkuru nziza igihe yari mu gisagara c’i Atene? Yahasanze abantu bameze gute?

4 Pawulo yagendeye i Atene mu gihe c’urugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari, nko mu 50 inyuma ya Kristu. a Mu kurindira ko Silasi na Timoteyo bashika bavuye i Beroya, Pawulo yaciye «atangura . . . kwigishiriza mw’isinagogi Abayuda,» nk’uko yari asanzwe abigira. Yaranagiye ahantu yoshoboye gushikira abanyagihugu bo muri ico gisagara batari Abayuda, ni ukuvuga «mu kaguriro.» (Ivyak. 17:17) Akaguriro k’i Atene kari gafise uburinganire bw’amahegitari 5 canke arenga, kakaba kari gaherereye mu buraruko bushira uburengero bw’agasozi ka Akoropoli. Ako kaguriro nticari ikibanza cakorerwamwo ivy’urudandaza gusa, cari n’ikibanza rusangi muri ico gisagara. Igitabu kimwe kivuga yuko ako kaguriro cari co kibanza «co muri ico gisagara cabarizwamwo ibintu vyose bijanye n’ivy’ubutunzi, ivy’intwaro be n’ivy’imico kama.» Abanyatene barakunda guhurira muri ico kibanza kugira ngo baganire ku bintu vy’incabwenge.

5 Muri ako kaguriro, Pawulo yahasanze abantu bagoye. Hari harimwo Abepikuri be n’Abasitoyiko, bakaba bari mu migwi ibiri y’abafilozofe itemera bimwe. b Abepikuri bemera yuko ibinyabuzima vyapfuye kwiyadukiza. Muri make, babona ubuzima muri ubu buryo: «Nta na kimwe cotuma umuntu atinya Imana. Urupfu ntirubabaza. Umuntu arashobora gushika ku vyiza. Umuntu arashobora kwihanganira ibintu bigoye.» Abasitoyiko bashimika ku mvo n’imvano z’ibintu, kandi ntibemera ko Imana ibaho koko. Abepikuri be n’Abasitoyiko ntibemera inyigisho y’izuka yigishwa n’abigishwa ba Kristu. Mu vy’ukuri, inyigisho za filozofiya iyo migwi ibiri yemera, nta ho zari zihuriye n’ukuri guhambaye cane kuranga abakirisu b’ukuri, ari na kwo Pawulo yariko aramamaza.

6, 7. Abagiriki bamwebamwe bize bakiriye gute inyigisho ya Pawulo? Muri iki gihe hoho abantu bamwebamwe bakira gute inyigisho tubabwira?

6 None abo Bagiriki bize bakiriye gute inyigisho ya Pawulo? Bamwe bamwise «umuswaganyi,» ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo “umuntu anoba imbuto.” (Ivyak. 17:18) Ku bijanye n’iryo jambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe muri ico canditswe, incabwenge imwe ivuga iti: «Mu ntango, iryo jambo ryerekeza ku kanyoni kagenda karanobagura intete, mu nyuma na ho ryerekezwa ku bantu banobagura ibiribwa canke ibindi bintu vyaba vyaguye hasi mu kaguriro. Ariko ryahavuye rikoreshwa bashaka kuvuga umuntu wese apfa gutororokanya amakuru ayo ari yo yose yumvise, na canecane umuntu adashoboye kuyashikiriza mu buryo bubereye.» Abo bantu biyita incabwenge ni nk’aho bariko bavuga yuko Pawulo yapfa gusubiramwo ivyo yumvise vyose nka gasuku. Ariko rero, nk’uko tuza kubibona, Pawulo ntiyatewe ubwoba n’ukwo kuntu bamukengereye.

7 Ukwo ni ko bimeze no muri iki gihe. Twebwe Ivyabona vya Yehova, akenshi usanga abantu batwita amazina yo kudutyoza baduhora ivyo twemera bishingiye kuri Bibiliya. Nk’akarorero, abigisha bamwebamwe usanga bigisha yuko ibiriho vyose vyabayeho biciye kw’ihindagurika, kandi bagashimika ku vy’uko umuntu wese w’incabwenge ategerezwa kwemera iyo nyigisho. Ni nk’aho baba bariko bavuga yuko abatemera iyo nyigisho ari ibijuju. Mwene abo bantu biyita incabwenge boshobora gutuma abantu biyumvira yuko turi “abaswaganyi” igihe tuba turiko turababwira ivyo Bibiliya ivuga be n’igihe tuba turiko twerekana ivyemeza yuko ibiriho vyose biri n’uwabishizeho. Ariko, ntugire ngo ivyo biradutera ubwoba. Ahubwo riho, turavugana umutima mu nda igihe tuba turiko tuburanira ivyo twemera ku bijanye n’uko ibiriho vyose bifise Umuremyi w’umunyabwenge yabishizeho, na we akaba ari Yehova Imana.​—Ivyah. 4:11.

8. (a) Bamwe mu bariko bumviriza Pawulo bakiriye gute ubutumwa yariko arashikiriza? (b) Kuba Pawulo yarajanywe ahitwa Areyopago bishobora kuba vyasobanura iki? (Raba akajambo k’epfo.)

8 Abandi bantu bariko bumviriza Pawulo muri ako kaguriro bakiriye inyigisho yiwe mu bundi buryo. Bavuze bati: «Asa n’uwumenyekanisha imana z’inyamahanga.» (Ivyak. 17:18) Pawulo yoba mu vy’ukuri yariko amenyesha Abanyatene ibimana batari bazi? Ico cari ikintu c’agacamutwe casa na kimwe mu vyo Sokrate yigeze kwagirizwa mu binjana nka bingahe imbere y’aho, maze agaca acirwa urwo gupfa. Ntibitangaje rero kubona Pawulo yaciye ajanwa ahitwa Areyopago maze agasabwa gusigura izo nyigisho yariko yigisha, Abanyatene batari bamenyereye. c None Pawulo yashoboye gute kuburanira ubutumwa yariko ashikiriza abo bantu batari bazi ico Ivyanditswe bivuga?

«Bagabo b’i Atene, ndabona . . . » (Ivyak. 17:22, 23)

9-11. (a) Pawulo yashoboye gute kuronka ico ahurizako n’abo yariko abwira inkuru nziza? (b) Dushobora gute kwigana ako karorero ka Pawulo mu busuku turangura?

9 Niwibuke yuko Pawulo yari yashavujwe cane n’ibigirwamana yari yabonye. Ariko rero, aho guca atangura kurwanya abo Banyatene kubera ko basenga ibigirwamana, yagumye atekanye. Pawulo abigiranye ubugenge bwinshi, yaragerageje uko ashoboye kwose kugira ngo akore ku mutima abo yariko abwira inkuru nziza mu kurondera ico bahurizako. Yaciye atangura kuvuga ati: «Bagabo b’i Atene, ndabona yuko muri vyose musa n’abatinya imana kurusha abandi.» (Ivyak. 17:22) Ni nk’aho Pawulo yashaka kuvuga ati: “Ndabona yuko mukunda cane ivy’ugusenga.” Pawulo yarabakeje abigiranye ubukerebutsi kubera ko bari abantu bakunda gusenga. Yari azi neza yuko bamwebamwe mu bemera inyigisho z’ikinyoma bivuye ku kutamenya, boshoboye kwakira neza ukuri. Nkako, Pawulo yari azi yuko na we ubwiwe yigeze kuba akora ibintu «kubera ukutamenya no kubera [ata]gira ukwizera.»​—1 Tim. 1:13.

10 Pawulo afatiye kuri ico kintu bahurizako, yaravuze ko yari yabonye ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko abo Banyatene bari abantu bakunda ivyo gusenga, ico na co kikaba cari igicaniro cari cubakiwe «Imana itazwi.» Igitabu kimwe kivuga giti: «Abagiriki be n’abandi bantu bari bamenyereye kwubakira ibicaniro “ibimana bitazwi,” kubera ko mu bijanye n’ugusenga kwabo batinya yuko hagira ikimana bababaza bitumwe n’uko kumbure bacirengagije.» Biciye kuri ico gicaniro, Abanyatene bari bemeje yuko hariho Imana batari bazi. Pawulo yarafatiye kuri ico gicaniro kugira ngo atangure kubashikiriza inkuru nziza yariko aramamaza. Yasiguye ati: «Iyo Mana musenga mutazi, ni yo rero ndiko ndabamenyesha.» (Ivyak. 17:23) Naho ico Pawulo yashaka kuvuga kitashoka cibonekeza, cari gikomeye cane. Ntiyariko arigisha ibijanye n’ikimana gishasha canke c’icaduka, nk’uko hari ababimwagirije. Ahubwo riho, yariko abasigurira ivyerekeye Imana batari bazi, ni ukuvuga Imana y’ukuri.

11 Dushobora gute none kwigana akarorero ka Pawulo mu busuku turangura? Niba turi abantu bazi kwihweza, turashobora kubona ibintu bitwereka yuko umuntu akunda ivy’ugusenga, kumbure nk’ibintu biranga idini aba yambaye canke bimanitse mu nzu iwe canke tubona hanze mu rugo. Twoshobora kuvuga duti: “Ndabona yuko uri umuntu akunda gusenga. Ndashima kuganira n’umuntu nkawe.” Twoshobora kuronka ico duhurizako n’uwo muntu tumweretse tubigiranye ubugenge yuko dushimishwa n’ukuba akunda ivy’ugusenga. Niwibuke ko tudakwiye kwinuba abandi dufatiye ku vyo bemera. Mu bo dusangiye ukwizera, benshi usanga bahora bemera ata co binona inyigisho z’ikinyoma.

Nurondere ico wohurizako n’abo uriko ubwira inkuru nziza, abe ari co wubakirako

Imana «[ntiri] kure y’umuntu n’umwe muri twebwe» (Ivyak. 17:24-28)

12. Ni uburyo ubuhe Pawulo yakoresheje kugira ngo ahuze n’abariko baramwumviriza?

12 Ko Pawulo yari amaze kuronka ico ahurizako n’abo yariko abwira inkuru nziza, yoba none ari co yagumye yubakiyeko? Kubera ko yari azi yuko abariko bamwumviriza bari bize filozofiya y’Abagiriki be n’uko batari bazi ico Ivyanditswe bivuga, yakoresheje uburyo butandukanye kugira ngo ahuze n’uko ivyabo vyari vyifashe. Ubwa mbere, yabamenyesheje ivyo Bibiliya yigisha atarinze gusubiramwo mu buryo budomako ico Ivyanditswe bivuga. Ubwa kabiri, yarerekanye ko ivyo yariko aravuga na we nyene vyari bimwerekeye, rimwe na rimwe akaba yaza arishiramwo mu vyo avuga. Ubwa gatatu, yarasubiyemwo ibivugwa mu vyo Abagiriki banditse kugira ngo yerekane ko inyigisho zimwezimwe yariko arigisha zaboneka no mu vyo bo ubwabo banditse. Reka ubu na ho turimbure ibijanye n’insiguro ikomeye cane Pawulo yashikirije. Ni ukuri guhambaye ukuhe yashikirije ku vyerekeye iyo Mana Abanyatene batari bazi?

13. Pawulo yasiguye ko ibiriho vyose bikomoka he, kandi yashaka kwerekana iki?

13 Imana ni yo yaremye ibiriho vyose. Pawulo yavuze ati: «Imana yaremye isi n’ibintu vyose biri muri yo, ikaba ari yo Mukama w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu.» d (Ivyak. 17:24) Ibiriho ntivyabayeho ku gihamana. Imana y’ukuri ni yo yaremye ibintu vyose. (Zab. 146:6) Umukama Segaba w’ijuru n’isi ntameze nk’ikimanakazi Atena canke ibindi bimana, ivyo usanga ubwiza bwavyo bugaragarizwa ku nsengero, ku tunyabugoro be no ku bicaniro vyavyo, kubera ko we adashobora gukwira mu nsengero zubatswe n’abantu. (1 Abm. 8:27) Ico Pawulo yashaka kuvuga cari gitomoye, na co kikaba ari iki: Imana y’ukuri irarengeye kure n’iyo ibigirwamana vyose vyakozwe n’abantu biri mu nsengero zubatswe n’abantu.​—Yes. 40:18-26.

14. Pawulo yerekanye gute ko Imana idakeneye gufashwa n’abantu?

14 Imana ntikeneye gufashwa n’abantu. Abasenga ibigirwamana bari bamenyereye kuza barambika ibishusho vyavyo ibihuzu vyinshi, bakaza barabiha ingabire umuyoro zizimvye cane, canke bakabizanira ibifungurwa n’ibinyobwa, nk’aho umengo ivyo bigirwamana vyari bikeneye mwene ivyo bintu! Ariko rero, muri abo bafilozofe b’Abagiriki bariko bumviriza hashobora kuba harimwo abemera yuko ata kintu na kimwe kivuye ku bantu ikimana cokenera. Nimba ari ukwo, nta gukeka ko bemeye ivyo Pawulo yavuze yuko Imana «[idakeneye] gufashwa n’abantu nk’aho umengo hari ico ibuze.» Nkako, nta kintu na kimwe gifadika abantu bashobora guha Umuremyi! Ahubwo nyabuna, ni yo ironsa abantu ivyo bakeneye, ni ukuvuga «ubuzima n’impemu n’ibintu vyose,» harimwo izuba, imvura, be n’isi ndimwa. (Ivyak. 17:25; Ita. 2:7) Ni co gituma rero Imana, yo Mutanzi, idakeneye gufashwa n’abantu, bo bene guhabwa.

15. Ni gute Pawulo yagize ico avuze ku bijanye n’iciyumviro Abanyatene bari bafise c’uko ngo bari hejuru y’abatari Abagiriki, kandi ni icigwa gihambaye ikihe dushobora kwigira kuri ako karorero kiwe?

15 Imana ni yo yakoze abantu. Abanyatene babona yuko bari hejuru y’abatari Abagiriki. Ariko Bibiliya iriyamiriza ivy’ukwiratira ubwenegihugu canke ibara ry’urukoba. (Gus. 10:17) Pawulo yarasiguye ico ciyumviro c’inkoramutima abigiranye ubugenge n’ubuhanga. Nta gukeka ko igihe Pawulo yavuga ngo Imana «yaremye amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe,» yatumye abariko bamwumviriza bazirikana. (Ivyak. 17:26) Yariko yerekeza ku nkuru yo mw’⁠Itanguriro yigana ivyerekeye Adamu, uwo abantu bose bakomokako. (Ita. 1:26-28) Kubera ko abantu bose bakomoka ku muntu umwe, nta n’umwe akwiye kubona ko ari hejuru y’abandi kubera ibara ryiwe ry’urukoba canke ubwenegihugu bwiwe. Wumva none hari n’umwe mu bariko bumviriza Pawulo atatahuye ico yashaka kuvuga? Turakura icigwa gihambaye kuri ako karorero kiwe. Naho twipfuza kuba abantu bavugana ubugenge kandi bakora ibitegereka mu gikorwa turangura co kwamamaza inkuru nziza, ntitujoborora ukuri kwo muri Bibiliya kugira ngo dutume abantu boroherwa cane no kukwemera.

16. Ni igiki catumye Umuremyi arema abantu?

16 Imana yashaka ko abantu bayiyegereza. Naho abafilozofe bari mu bariko bumviriza Pawulo bari bamaze igihe kirekire bavuga ibijanye n’icatumye abantu babaho, ntibari bwigere babisigura mu buryo bumara akanyota. Yamara rero, Pawulo yaratomoye neza igituma Umuremyi yaremye abantu, na co kikaba ari «kugira barondere Imana, mbere bakabakabe bayirondera, baheze bayironke vy’ukuri, kuko itari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.» (Ivyak. 17:27) Birashoboka ko umuntu amenya iyo Mana Abanyatene batari bazi. Nakare, ntiri kure y’abipfuza vy’ukuri kuyironka no kumenya ibiyerekeye. (Zab. 145:18) Urabona ko Pawulo yakoresheje ijambo «twebwe,» gutyo akaba na we nyene yari yishize muri abo bakeneye “kurondera” Imana no “gukabakaba bayirondera.”

17, 18. Ni kubera iki abantu bakwiye kwumva ko Imana ibakwēgēra, kandi ni igiki dushobora kwigira ku buryo Pawulo yakoresheje kugira ngo ashimishe abariko bamwumviriza?

17 Abantu barakwiye kwumva ko Imana ibakwēgēra. Pawulo yavuze ko kuba “dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho,” tubikesha Imana. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko Pawulo yariko yerekeza ku vyavuzwe n’umuryoshamvugo umwe w’Umunyakirete yitwa Épiménide wo mu kinjana ca gatandatu imbere ya Kristu, akaba n’«umuntu yemerwa cane mu bijanye n’imigenzo y’ivy’idini y’Abanyatene.» Pawulo yarerekanye iyindi mvo ikwiye gutuma abantu bumva ko Imana ibakwēgēra, ati: «N’abaryoshamvugo banyu bamwe barayamaze bati: “Erega natwe turi abana bayo.”» (Ivyak. 17:28) Abantu barakwiye kwumva ko hari ico bapfana n’Imana; ni yo yaremye umuntu umwe, uwo abantu bose bakomokako. Kugira ngo Pawulo ashimishe abo yariko abwira inkuru nziza, abigiranye ubukerebutsi, yarasubiyemwo mu majambo ivyo Abagiriki banditse, bino bikaba ata gukeka vyarubahwa n’abariko bamwumviriza. e Mu kwigana ako karorero ka Pawulo, na twebwe twoshobora rimwe na rimwe gusubiramwo ibivugwa mu bitabu vyo mw’isi vyigana inkuru za kahise, ibivugwa mu bitabu vy’inkoranyabumenyi, canke ibivugwa mu bindi bitabu vyubahwa n’abantu. Nk’akarorero, gusubiramwo amajambo abereye akuwe mu gitabu cubahwa n’abantu, vyoshobora kujijura umuntu atari Icabona ku bijanye n’inkomoko y’imigenzo be n’imisi mikuru bimwebimwe vyo mw’idini ry’ikinyoma.

18 Gushika aha, Pawulo yari amaze gushikiriza abo Banyatene ukuri kw’ishimikiro kwerekeye Imana, ivyo akaba yabigize mu kuza arahuza inyigisho yiwe n’uko ivyabo vyari vyifashe, abigiranye ubuhanga. None iyo ntumwa yashaka ko abo Banyatene bokora iki bafatiye kuri ivyo bintu bihambaye cane yari abamenyesheje? Yaciye abagira ku muriri ico bari bakwiye gukora.

“Abantu bose, aho bari hose, bakwiye kwigaya” (Ivyak. 17:29-31)

19, 20. (a) Ni gute Pawulo yashize ahabona abigiranye ubugenge ubupfu buri mu gusenga ibigirwamana vyahinguwe n’abantu? (b) Ni igiki abariko bumviriza Pawulo bari bakwiye gukora?

19 Pawulo yari yiteguriye guhimiriza abariko bamwumviriza kugira ngo bagire ico bakoze. Yarongeye kwerekeza ku bivugwa mu vyo Abagiriki banditse, ati: «Ko rero turi abana b’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu abantu bahingura canke biyumvira.» (Ivyak. 17:29) Nkako, niba abantu bose bahinguwe n’Imana, bishoboka bite none ngo iyo Mana nyene igereranywe n’ibigirwamana vyahinguwe n’abantu? Ico ciyumviro Pawulo yashikirije abigiranye ubugenge, carashize ahabona ubupfu buri mu gusenga ibigirwamana vyahinguwe n’abantu. (Zab. 115:4-8; Yes. 44:9-20) Mu kuvuga ngo «ntidukwiye,» mu vy’ukuri vyaratumye abo Pawulo yariko abwira babona yuko atari yabakariye cane.

20 Iyo ntumwa yaratomoye yuko hari ico bari bakeneye gukora, ati: «Imana yarirengagije ibihe vy’ukwo kutamenya [ukwari kujanye n’ukwiyumvira ko Imana yohimbawe n’abantu basenga ibigirwamana]. Ariko ubu iriko ibwira abantu bose, aho bari hose, yuko bakwiye kwigaya.» (Ivyak. 17:30) Bamwe mu bariko bumviriza Pawulo bashobora kuba barababajwe no kuba yarabateye ako kamo ngo bigaye. Ariko, insiguro yiwe ikomeye cane yarerekanye neza ko ubuzima bwabo babukesha Imana, gutyo ikaba rero hari ico izobabaza. Bari bakwiye kurondera Imana, kwiga ukuri ku biyerekeye, no kubaho mu buzima bwabo bwose bahuza n’ukwo kuri. Ivyo vyasobanura yuko abo Banyatene bemera icese ico caha bakora c’ugusenga ibigirwamana, maze bakagiheba.

21, 22. Pawulo yasozereye insiguro yiwe n’amajambo ayahe akomeye cane, kandi ayo majambo asobanura iki kuri twebwe muri iki gihe?

21 Pawulo yasozereye insiguro yiwe n’aya majambo akomeye cane agira ati: «[Imana] yashinze umusi wo gucira urubanza isi mu bugororotsi biciye ku muntu yagenye. Kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya c’uko bizoba mu kumuzura mu bapfuye.» (Ivyak. 17:31) Ukuza kw’Umusi w’Urubanza, emwe iyo ni yo mvo ihambaye cane ikwiye gutuma umuntu arondera Imana y’ukuri kandi akayironka! Pawulo ntiyavuze izina ry’uwo Mucamanza yashizweho n’Imana. Ahubwo nyabuna, yaravuze ikintu gishimishije cane ku bijanye n’uwo Mucamanza, na co kikaba ari ic’uko yigeze kubaho ari umuntu nkatwe, arapfa, mu nyuma Imana iramuzura mu bapfuye!

22 Ayo majambo akora ku mutima Pawulo yasozereyeko ari n’insobanuro ikomeye kuri twebwe muri iki gihe. Turazi yuko uwo Mucamanza yashizweho n’Imana ari Yezu Kristu yazuwe mu bapfuye. (Yoh. 5:22) Turazi kandi ko uwo Musi w’Urubanza uzomara imyaka igihumbi, be n’uko uriko uraza wihuta cane. (Ivyah. 20:4, 6) Twebwe ntidutinya uwo Musi w’Urubanza, kubera ko dutahura neza yuko uzotuma abazoba babonetse ko ari abizigirwa bironkera imihezagiro itagira ukwo yovugwa. Ca gitangaro gihambaye kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga izuka rya Yezu Kristu, ni ikimenyamenya kitwereka ko icizigiro dufise ku bijanye na kazoza kaninahaye turindiriye kizoranguka ata kabuza.

“Bamwe barizera” (Ivyak. 17:32-34)

23. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abantu bakiriye insiguro Pawulo yashikirije?

23 Abumvirije iyo nsiguro ya Pawulo bayakiriye mu buryo butandukanye. «Bamwe [baciye] batangura kwitwengera» igihe bumva ibijanye n’izuka. Abandi na bo, naho bubashe ubutumwa Pawulo yariko arashikiriza, ntiberekanye aho bahagaze, ariko bivugiye gusa bati: «Uzoba urabitubwira hanyuma.» (Ivyak. 17:32) Ariko rero, hari bakeyi babwakiriye neza, kuko iyo nkuru yigana iti: «Abagabo bamwe bifatanya na we, barizera. Muri bo harimwo Diyoniziyo umucamanza wa sentare ya Areyopago, umugore yitwa Damari n’abandi bari kumwe na bo.» (Ivyak. 17:34) Uko ni na kwo nyene abantu bakira ubutumwa dushikiriza mu busuku turangura. Hari abashobora kudutwengera mw’ijigo, abandi na bo bakagaragaza ko bubaha ubutumwa dushikiriza, yamara ntiberekane aho bahagaze. Yamara rero, akamwemwe karadusya iyo hagize abemera ubutumwa bw’Ubwami twamamaza, maze bakaba abakirisu.

24. Ni ibiki dushobora kwigira ku nsiguro Pawulo yashikirije ahagaze hagati muri Areyopago?

24 Igihe tuzirikanye kuri iyo nsiguro Pawulo yashikirije, turashobora kuhigira vyinshi. Turahigira uburyo bwo gushikiriza ivyiyumviro vyumvikana kandi bijijura, be ningene twohuza n’uko ivyo abariko batwumviriza biba vyifashe. N’ikindi kandi, turashobora kubona igituma bikenewe ko tuba abantu bihangana kandi bavugana ubugenge igihe tuba turiko turayaga n’abantu bakurikiza inyigisho z’idini ry’ikinyoma babitumwe n’ukutamenya. Turashobora kandi kuhakura iki cigwa gihambaye: Ntidukwiye kwigera tujoborora ukuri kwo muri Bibiliya kugira ngo gusa dushimishe abariko batwumviriza. Ahubwo riho, biciye ku kwigana akarorero k’intumwa Pawulo, turashobora kuba abigisha babishoboye kuruta, mu busuku bwo mu ndimiro. Ikigeretse kuri ivyo, mbere n’abacungezi barashobora kurushiriza kuba abigisha babishoboye mw’ishengero. Nitwabigenza gutyo, twese tuzoba abafise ibikwiye vyose kugira ngo dufashe abandi “kurondera Imana, baheze bayironke vy’ukuri.”​—Ivyak. 17:27.

b Raba uruzitiro ruvuga ngo « Abepikuri be n’Abasitoyiko

c Areyopago yari iherereye mu buraruko bushira uburengero bw’agasozi kitwa Akoropoli, hakaba ari ho sentare nkuru y’i Atene yasasira kera. Ijambo «Areyopago» rishobora kuba ryerekeza kuri iyo sentare canke kuri ako gasozi nyene. Ni co gituma incabwenge zimwezimwe usanga zivuga yuko Pawulo yoba yajanywe kuri ako gasozi canke mu micungararo yako, canke akaba yajanywe ahandi hantu iyo sentare yaciye isasira, kumbure muri ka kaguriro.

d Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo «isi» ni koʹsmos, Abagiriki bakaba barikoresha bashaka kuvuga ibiri kw’isi no mu kirere. Birashoboka rero ko ng’aha Pawulo yakoresheje iryo jambo muri ubwo buryo nyene kuko yashaka kuguma afise ico ahurizako n’abo Bagiriki bariko baramwumviriza.

e Pawulo yasubiyemwo amajambo aboneka mu cese kimwe citwa Phénomènes, canditswe n’umuryoshamvugo w’Umusitoyiko yitwa Aratusi. Ayo majambo nyene araboneka mu bindi bitabu Abagiriki banditse, harimwo n’ururirimbo rwitwa Hymne à Zeus, rwatunganijwe n’umwanditsi w’Umusitoyiko yitwa Cléanthe.