Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 16

«Jabuka uze i Masedwane»

«Jabuka uze i Masedwane»

Imihezagiro iva ku kwemera amabanga be no ku kwihanganira uruhamo ubigiranye umunezero

Bishingiye ku Vyakozwe 16:6-40

1-3. (a) Ni gute Pawulo na bagenziwe bayobowe n’impwemu nyeranda? (b) Ni ibintu ibihe tugiye kurimbura?

 HARI umugwi w’abagore uvuye mu gisagara c’i Filipi muri Masedwane. Abo bagore ntibateba gushika ahari akuzi kitwa Gangitès. Nk’uko basanzwe babigira, baricara ku nkengera z’ako kuzi kugira ngo basenge Imana ya Isirayeli. Yehova ariko aritegereza.​—2 Ngo. 16:9; Zab. 65:2.

2 Muri ico gihe nyene, nko ku bilometero birenga 800 mu buseruko bw’i Filipi, hari umugwi w’abagabo uvuye mu gisagara c’i Lusitira mu bumanuko bw’intara ya Galatiya. Haciye imisi, nya bagabo barashika mw’ibarabara rikuru ry’Uburoma rishashemwo amabuye ryerekeza mu burengero mu karere karimwo abantu benshi kuruta utundi mu ntara ya Aziya. Abo bagabo, ari bo Pawulo, Silasi, na Timoteyo, barashashaye cane kujana iryo barabara kugira ngo baje kugendera igisagara c’i Efeso be n’ibindi bisagara birimwo abantu ibihumbi n’ibihumbi bakeneye kwumva ivyerekeye Kristu. Yamara bataranatangura urwo rugendo, hari ukuntu impwemu nyeranda ibabuza. Ntibemererwa kuja kwamamaza inkuru nziza muri Aziya. Uti kubera iki none? Yezu akoresheje impwemu y’Imana, ashaka kuyobora Pawulo na bagenziwe kugira ngo bace mu karere ka Aziya Ntoya, bajabuke ikiyaga Égée, bace babandanya gushika ku nkengera za ka kuzi kitwa Gangitès.

3 Muri iki gihe turakura ivyigwa bihambaye ku kuntu Yezu yayoboye Pawulo na bagenziwe mu gihe c’urwo rugendo rudasanzwe bagize i Masedwane. Ku bw’ivyo rero, nimuze twihweze ibintu bimwebimwe vyabaye mu gihe c’urugendo rwa kabiri rw’ubumisiyonari Pawulo yagize, urwo yatanguye nko mu 49 inyuma ya Kristu.

«Imana yari yadutumyeko» (Ivyak. 16:6-15)

4, 5. (a) Ni igiki cashikiye Pawulo na bagenziwe hafi y’i Bitiniya? (b) Ni ingingo iyihe izo ntumwa zafashe kandi vyavuyemwo iki?

4 Aho Pawulo na bagenziwe baburijwe kwamamaza inkuru nziza muri Aziya, baciye bagenda amaja mu buraruko bagiye kwamamaza mu bisagara vy’i Bitiniya. Kugira ngo bashike muri ako karere, bashobora kuba bamaze imisi itari mike bariko baragenda baca mu mabarabara y’ibivu yahuza intara zirimwo abantu bake, ari zo Firijiya na Galatiya. Ariko rero bagira bashike i Bitiniya, Yezu yarasubiye gukoresha impwemu nyeranda kugira ngo ibatangire. (Ivyak. 16:6, 7) Ico gihe, abo bagabo bategerezwa kuba barazazaniwe. Bari bazi ico bategerezwa kwamamaza be n’ukuntu bocamamaza, ariko ntibari bazi aho bokwamamaje. Ni nk’aho bari badodoye ku muryango wotumye babwira inkuru nziza abantu bo muri Aziya, ariko biba impfagusa. Bari badodoye ku muryango wotumye bamamaza muri Bitiniya, na ho nyene biba impfagusa. Naho vyari ukwo, Pawulo yari yiyemeje kuguma adodora gushika aronse aho bomwugururira. Abo bagabo baciye bafata ingingo ubiravye yasa n’iyitaranga ubukerebutsi. Baciye bagenda amaja mu burengero maze bagira urugendo rw’ibilometero 550, baca mu gisagara no mu kindi gushika bashitse ku kivuko c’i Tirowa, aho umuntu yaca agiye i Masedwane. (Ivyak. 16:8) Bageze aho i Masedwane, Pawulo yaradodoye ubugira gatatu. Emwe, aho ni ho yaza yugururirwa, kandi umuryango waruguruwe cane.

5 Umwanditsi w’Injili Luka, uno akaba yahambirije Pawulo na bagenziwe i Tirowa, aravuga ivyabaye ati: «Mw’ijoro Pawulo arerekwa, abona umugabo w’Umunyamasedwane ahagaze ng’aho, ariko aramwinginga ati: “Jabuka uze i Masedwane udufashe!” Akimara kwerekwa, duca tugerageza kuja i Masedwane, kuko twashitse ku ciyumviro c’uko Imana yari yadutumyeko ngo tubamenyeshe inkuru nziza.» a (Ivyak. 16:9, 10) Pawulo yaza yamenya rero ikibanza co kwamamazamwo inkuru nziza. Ese ukuntu Pawulo ategerezwa kuba yarahimbawe no kuba atari yatanye n’akabando muri urwo rugendo yarimwo! Abo bagabo bane, baciye ubwo nyene bafata ubwato baja i Masedwane.

«Nuko twurira ubwato tuva i Tirowa.»​—Ivyakozwe 16:11

6, 7. (a) Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku vyabaye mu gihe c’urugendo rwa Pawulo? (b) Ni igiki dushobora kwemera tudakeka dufatiye ku vyashikiye Pawulo?

6 None iyo nkuru itwigisha iki? Urabona ko impwemu y’Imana yagiye kuhaseruka ari uko Pawulo amaze gufata urugendo ruja muri Aziya. Yezu yagiye guha ubuyobozi Pawulo ari uko amaze kwegereza i Bitiniya. Yezu kandi yagiye kwongera guha ubuyobozi Pawulo bwo kuja i Masedwane ari uko amaze gushika i Tirowa. Kubera ko Yezu ari we Mutwe w’ishengero, yoshobora kutuyobora muri ubwo buryo nyene muri iki gihe. (Kol. 1:18) Nk’akarorero, hari aho woba wariyumviriye ibijanye no gukora ubutsimvyi canke kwimukira aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi. Mugabo, vyoshobora gushika ko Yezu, abicishije ku mpwemu y’Imana, akuyobora ari uko gusa umaze gutera intambwe zo gushikira uwo mugambi wawe. Uti kubera iki abanza kurindira? Zirikana kuri aka karorero: Umushoferi arashobora kunyonga umuduga wiwe hanyuma agakatira i buryo canke i bubamfu. Ivyo abigira mu gihe gusa uyo muduga uba uriko uragenda. Muri ubwo buryo nyene, Yezu ashobora kutuyobora mu bijanye no kwagura ubusuku bwacu, mu gihe gusa tuba turiko turagenda, ni ukuvuga mu gihe tuba turiko turagira utwigoro tuboneka kugira ngo dushike kuri uwo mugambi twishingiye.

7 Ariko none, vyogenda gute igihe utwigoro tugira ata co duciye tuvamwo ubwo nyene? Twoba dukwiye guca dutana n’akabando, tugashika ku ciyumviro c’uko impwemu y’Imana itariko iratuyobora? Habe namba. Niwibuke yuko Pawulo na we nyene yahuye n’intambamyi. Yamara, yabandanije kurondera gushika abonye urugi rwuguruwe. Turashobora kwizigira tudakeka yuko nitwaguma turondera “umuryango munini ushikana ku bikorwa,” tuzoronka impera nk’iyo nyene.​—1 Kor. 16:9.

8. (a) Dondora ingene igisagara c’i Filipi cari kimeze. (b) Ni ikintu ikihe giteye umunezero cabaye inyuma y’aho Pawulo yamamarije inkuru nziza mu «kibanza co gusengeramwo»?

8 Pawulo na bagenziwe aho bashikiye mu ntara ya Masedwane, baciye baja i Filipi, igisagara cabamwo abantu bishimira ko bafise ubwenegihugu bw’Uburoma. Abasoda b’Abaroma bakukurutse baba muri ico gisagara caganzwa n’Uburoma, babona ko kimeze nk’agahugu k’Ubutaliyano, ni ukuvuga Uburoma butoyi bwimuriwe i Masedwane. Hanze y’irembo ry’ico gisagara, iruhande y’akuzi, abo bamisiyonari barabonye ahantu biyumviriye yuko hari «ikibanza co gusengeramwo.» b Kw’isabato, baramanutse baja ha hantu maze bahasanga abagore batari bake bari bakoraniyeho kugira ngo basenge Imana. Nya bigishwa baricaye hanyuma bavugana n’abo bagore. Umugore umwe yitwa Lidiya «yariko arumviriza, maze Yehova yugurura cane umutima wiwe.» Lidiya yarakozwe ku mutima cane n’ivyo yigiye kuri abo bamisiyonari, ku buryo we hamwe n’abo mu rugo rwiwe baciye babatizwa. Yaciye agobera Pawulo be n’abo bari bafatanije urugendo ngo baje iwe, bahagume. c​—Ivyak. 16:13-15.

9. Ni gute muri iki gihe abantu benshi biganye akarorero ka Pawulo, kandi ivyo vyatumye bironkera imihezagiro iyihe?

9 Iyumvire nawe umunezero wahabaye igihe Lidiya yabatizwa! Ese ukuntu Pawulo ategerezwa kuba yarahimbawe cane no kuba yaritabiriye akamo yatewe kamusaba “kujabuka akaja i Masedwane” be n’uko Yehova yahisemwo kumukoresha we na bagenziwe kugira ngo yishure amasengesho yaturwa n’abo bagore batinya Imana! Muri iki gihe, abavukanyi na bashiki bacu batari bake, baba abakiri bato canke abakuze, abubatse canke abatubatse, na bo nyene barimukira mu turere aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe cane. Ego ni ko, barashikirwa n’ibintu bigoye, ariko ivyo bintu usanga ata co bivuze babigereranije n’umunezero bironkera igihe baronse abantu bameze nka Lidiya bakira ukuri kwo muri Bibiliya. Woba nawe ushobora kugira ivyo uhinduye vyotuma “ujabuka ukaja” mu karere aho usanga abamamaji bakenewe cane? Hari imihezagiro myinshi ikurindiriye. Nk’akarorero, rimbura ibijanye na Aaron, umuvukanyi ari mu myaka 20 yimutse akaja mu gihugu kimwe co muri Amerika yo Hagati. Araserura inyiyumvo nk’izo abandi benshi baserura, mu kuvuga ati: «Gukorera mu kindi gihugu vyaramfashije gukura mu vy’impwemu vyongera biramfasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. Igikorwa co mu ndimiro usanga kiryoshe. Ubu mfise inyigisho za Bibiliya umunani!»

Muri iki gihe dushobora gute “kujabuka tukaja i Masedwane”?

“Isinzi ribavira hasi ngo ribarwanye” (Ivyak. 16:16-24)

10. Amadayimoni yagize uruhara gute mu gutuma igikorwa ca Pawulo na bagenziwe kirwanywa?

10 Nta gukeka ko Shetani ishavu ryaniga bitumwe n’uko inkuru nziza yari yashwaye mu karere k’isi aho we hamwe n’amadayimoni yiwe bishira bakizana. Ntibitangaje rero kubona ayo madayimoni yaragize uruhara mu gutuma igikorwa ca Pawulo na bagenziwe kirwanywa! Igihe Pawulo na bagenziwe bari basubiye kugendera ca kibanza co gusengeramwo, hari umusukukazi umwe yarimwo idayimoni yagumye abakurikira, akaba yaratungisha ba shebuja mu kuragura. Yaguma asemerera ati: «Aba bantu ni abashumba b’Imana Musumbavyose. Bariko babamenyesha inzira y’ubukiriro.» Iyo dayimoni ishobora kuba yatumye uwo musukukazi asemerera ayo majambo kugira ngo biboneke ko ivyo yaragura be n’inyigisho za Pawulo vyakomoka hamwe. Ivyo vyotumye abariko bavyitegereza batitaho ivyo abayoboke b’ukuri ba Kristu bariko barigisha. Ariko Pawulo yaranumije nya musukukazi mu kwirukana idayimoni yari muri we.​—Ivyak. 16:16-18.

11. Ni ibiki vyashikiye Pawulo na Silasi inyuma y’aho idayimoni yirukaniwe ikava muri wa musukukazi?

11 Aho ba shebuja b’uwo musukukazi baboneye ko aho bakura akanoti batarinze kuruha hagiye amazimayongo, ishavu ryaciye riniga. Baciye baburutira Pawulo na Silasi mu kaguriro, aho abacamanza, ni ukuvuga abategetsi baserukira Uburoma, bacira imanza. Ba shebuja ba nya musukukazi, bafatiye ku vy’uko abo bacamanza basanzwe ari abantu binuba abandi kandi biratira igihugu, bagirije Pawulo na Silasi, bati: “Abo Bayuda bariko baratera umudurumbanyo mu kwigisha imigenzo twebwe Abaroma tutemerewe gukurikiza.” Ivyo birego vyaciye ubwo nyene bigira ico bishitseko. Iyo nkuru ivuga iti: «Isinzi [ryari muri ako kaguriro] rivira hasi rimwe ngo ribarwanye [ni ukuvuga Pawulo na Silasi],» hanyuma ba bacamanza na bo bategeka yuko Pawulo na Silasi «bakubitwa inkoni.» Inyuma y’ivyo, Pawulo na Silasi baciye baburutirwa mw’ibohero. Umurinzi w’ibohero yaciye afata abo bagabo bari buzuyeko inguma, abaterera mu gasho k’indani, yongera abohera ibirenge vyabo mu mpatane z’ibiti. (Ivyak. 16:19-24) Igihe uwo murinzi w’ibohero yugara umuryango w’iryo bohero, haciye haba umwiza w’umuzitanya ku buryo, yaba Pawulo canke Silasi, ata n’umwe yashobora kubona uwundi. Yamara, Yehova yariko yitegereza ibiriko biraba.​—Zab. 139:12.

12. (a) Abigishwa ba Kristu babona gute uruhamo, kandi kubera iki? (b) Ni uburyo ubuhe bwo kuturwanya Shetani n’abakozi biwe bagikoresha?

12 Mu myaka itari mike imbere y’aho, Yezu yari yabwiye abigishwa biwe ati: «Bazobahama.» (Yoh. 15:20) Ni co gituma igihe Pawulo na bagenziwe bajabuka bakaja i Masedwane, bari biteguriye kurwanywa. Igihe haduka uruhamo, ntibabonye ko cari ikimenyetso c’uko Yehova atari abashigikiye, ahubwo babonye ko urwo ruhamo rwari rutewe n’ishavu rya Shetani. No muri iki gihe, abakozi ba Shetani baracakoresha uburyo busa n’ubwo bwakoreshejwe i Filipi. Abaturwanya b’uruyeri usanga batuvuga uko tutari, haba kw’ishure canke aho dukorera, kugira ngo batume turwanywa. Mu bihugu bimwebimwe, abanyamadini baturwanya usanga batwagiriza mu masentare, bati: “Ibi Vyabona baratera umudurumbanyo mu kwigisha imigenzo itemerwa na twebwe abasanzwe bakurikiza imico kama y’abakera.” Mu mihingo imwimwe, abo dusangiye ukwizera barakubitwa bakongera bagatabwa mw’ibohero. Yamara Yehova aba ariko aravyitegereza.​—1 Pet. 3:12.

“Babatizwa badatebaganye” (Ivyak. 16:25-34)

13. Ni igiki catumye umurinzi w’ibohero abaza ati: «Nkore iki kugira nkizwe?»

13 Bitegerezwa kuba vyasavye umwanya kugira ngo Pawulo na Silasi bagarure agatege, inyuma y’ivyo bintu bigoye vyari vyabashikiye kuri uwo musi. Ariko rero, mu gicugu, ububabare bw’inkoni bari bakubiswe bwari bumaze kugabanuka ku buryo «bariko barasenga bongera bashemeza Imana mu kuririmba.» Bukwi na bukwi, muri iryo bohero haciye haba nyamugigima ikomeye! Wa murinzi w’ibohero yarazanzamutse, asanga imiryango yuguruye, hanyuma aca agira ubwoba yiyumvira yuko imbohe zari zatorotse. Yari azi yuko yohanywe kubera ko yaretse izo mbohe zigatoroka. Ni co gituma yaciye «asokora inkota yiwe ngo yiyice.» Yamara Pawulo yaciye asemerera n’ijwi rirenga ati: «Ntiwigirire nabi kuko twese turi hano!» Nya murinzi w’ibohero yari yataye umutwe ababaza ati: «Bashinganta, nkore iki kugira nkizwe?» Pawulo na Silasi ntibari bashoboye kumukiza. Yezu gusa ni we yari abishoboye. Ni co gituma bishuye bati: «Niwizere Umukama Yezu urakizwa.»​—Ivyak. 16:25-31.

14. (a) Pawulo na Silasi bafashije gute wa murinzi w’ibohero? (b) Ni umuhezagiro uwuhe Pawulo na Silasi bironkeye bitumwe n’uko bihanganiye uruhamo babigiranye umunezero?

14 None ico kibazo uwo murinzi w’ibohero yabajije coba cari kivuye ku mutima? Pawulo nta makenga yagize ku bijanye n’uko uwo mugabo yari abikuye ku mutima. Uwo murinzi w’ibohero yari umunyamahanga, akaba atari azi Ivyanditswe. Kugira ngo acike umukirisu, yari akeneye kubanza kumenya ukuri kw’ishimikiro kwo mu Vyanditswe kandi akakwemera. Ni co gituma Pawulo na Silasi baciye bafata umwanya wo “kumubwira ijambo rya Yehova.” Igihe Pawulo na Silasi bari bacokeye mu vyo kwigisha uwo mugabo Ivyanditswe, birashoboka ko bibagiye ububabare bw’inkoni bari bakubiswe. Ariko nya murinzi yarabonye ibisebe bari bafise ku mugongo, maze aca atangura kuvyuhagira. Ico gihe, we hamwe n’abo mu rugo rwiwe baciye “babatizwa badatebaganye.” Ese ukuntu Pawulo na Silasi bahezagiwe kubona barihanganiye uruhamo babigiranye umunezero!​—Ivyak. 16:32-34.

15. (a) Ni mu buryo ki Ivyabona batari bake bo muri iki gihe bakurikije akarorero ka Pawulo na Silasi? (b) Ni kubera iki dukwiye kuguma dusubira kuraba ababa mu cibare cacu?

15 Nk’ukwo kwa Pawulo na Silasi, Ivyabona benshi muri iki gihe baramamaje inkuru nziza igihe batabwa mw’ibohero bahowe ukwizera kwabo, kandi ivyo vyaravuyemwo ivyiza. Nk’akarorero, mu gihugu kimwe aho igikorwa cacu cari kibujijwe, vyarigeze gushika aho abize ukuri ku vyerekeye Yehova bari mw’ibohero, bashika ibice 40 kw’ijana vy’Ivyabona bose baba muri ico gihugu. (Yes. 54:17) Urabona kandi ko nya murinzi w’ibohero yasavye ko yofashwa inyuma y’aho habereye nyamugigima. Muri iki gihe, abantu bamwebamwe batarigera bakira neza ubutumwa bw’Ubwami, na bo nyene boshobora kubwakira bishitse mu karere babamwo hakaduka icago gitema kigatongora. Mu kuza turakorera tudahorereza mu cibare cacu twongera dusubira kuraba abantu baho, tuba tuberetse ko tuhari kugira ngo tubafashe.

«None ubu badute hanze mu mpisho?» (Ivyak. 16:35-40)

16. Ni gute ibintu vyahindutse bukeye Pawulo na Silasi baraye batonaguwe?

16 Mu gitondo Pawulo na Silasi baraye batonaguwe, ba bacamanza barategetse ko barekurwa. Ariko rero, Pawulo yavuze ati: «Badutonaguye ku mugaragaro ata caha kitwagiriye kandi turi Abaroma, baca baduta mw’ibohero. None ubu badute hanze mu mpisho? Oya, ntibishoboka! Nibaze abe ari bo badusohora.» Aho nya bacamanza bamenyeye ko nya bagabo babiri ari Abaroma, baciye «batekerwa n’ubwoba,» kubera yuko bari bahonyanze agateka kabo. d Ibintu vyari bihindutse. Kubera ko abo bigishwa bari bakubiswe ku mugaragaro, nya bacamanza babwirizwa gusaba ikigongwe ku mugaragaro. Baringinze Pawulo na Silasi ngo bave i Filipi. Abo bigishwa babiri baravyemeye, ariko babanza gufata umwanya wo kuremesha wa mugwi w’abigishwa bashasha wariko urongerekana babona kugenda.

17. Ni icigwa ikihe gihambaye abigishwa bashasha bigiye ku kwihangana kwa Pawulo na Silasi?

17 Iyo Pawulo na Silasi bakoresha imbere y’igihe uburenganzira bafise bwo kuba ari Abaroma, emwe ntibari gutonagurwa. (Ivyak. 22:25, 26) Ariko rero, ivyo vyari guhava bituma abigishwa b’i Filipi biyumvira yuko abo bagabo bari bitwaje ubwo bwenegihugu kugira ngo birinde kubabazwa bahorwa Kristu. None ivyo vyogize ico bikoze gute ku kwizera kw’abo bigishwa batari Abaroma? Uko biri kwose, iryo tegeko ntiryobakingiye ngo ntibatonagurwe. Kuba Pawulo na mugenziwe barihanganiye igihano bahawe, barabereye akarorero keza abo bigishwa bashasha, barabereka ko abayoboke ba Kristu ari abantu bashoboye guhagarara bashikamye mu ruhamo. N’ikindi kandi, kuba Pawulo na Silasi barasavye ko ubwenegihugu bwabo bwubahirizwa, ni nk’aho bari bategetse abo bacamanza ngo bemange ku mugaragaro yuko bari bahonyanze amategeko. Ivyo vyotumye abari basangiye ukwizera na Pawulo badafatwa nabi, bigatuma kandi bakingirwa n’amategeko ku rugero runaka, ntibagirweko mwene ivyo bitero mu nyuma.

18. (a) Abahagarikizi bakirisu muri kino gihe, bigana gute akarorero ka Pawulo? (b) Ni mu buryo ki muri iki gihe cacu “tuburanira inkuru nziza kandi tugatuma yemerwa n’amategeko”?

18 Muri kino gihe, abahagarikizi mw’ishengero, na bo nyene bayobora abandi biciye ku karorero batanga. Ikintu cose abo bungere bakirisu baba biteze ko abakirisu bagenzi babo bakora, na bo nyene baragikora n’umutima ukunze. Cokimwe na Pawulo, na twebwe nyene turarimbura twitonze ukuntu twokoresha ivyo amategeko atwemerera, tukarimbura n’igihe twobikoresha kugira ngo dukingirwe. Igihe bibaye ngombwa, turitura sentare y’intango, y’igihugu, washaka mbere na sentare mpuzamakungu, kugira ngo amategeko adukingire mu bijanye n’ugusenga kwacu. Ivyo ntitubigira kugira ngo hagire ibihinduka mu kibano, ariko tuba turondera «kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko,» nk’uko Pawulo yavyandikiye ishengero ry’i Filipi haciye imyaka nka cumi apfungiwe aho i Filipi. (Flp. 1:7) Yamara rero, naho ayo masentare yoducira urubanza uruhe, nka kumwe kwa Pawulo na bagenziwe, tuguma dufise umwiyemezo wo kubandanya “tumenyesha inkuru nziza” aho ari ho hose impwemu y’Imana yotuyobora kuja.​—Ivyak. 16:10.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Luka, umwanditsi w’igitabu c’Ivyakozwe.»

b Bishoboka ko Abayuda bari barabujijwe gushinga isinagogi muri ico gisagara c’i Filipi kubera yuko cabamwo ahanini abahoze ari abasoda. Canke na ho nta bagabo cumi b’Abayuda bari muri ico gisagara kuko ari co gitigiri gitoyi casabwa kugira ngo bemererwe gushinga isinagogi.

c Raba uruzitiro ruvuga ngo « Lidiya, umudandaza w’impuzu z’umuyugubwe.»

d Itegeko ry’Abaroma ryavuga yuko Umuroma yama nantaryo afise uburenganzira bwo kwumvirizwa imbere y’uko acirwa urubanza, rikavuga kandi ko atigera ahanwa ku mugaragaro atabanje kwagirwa n’icaha.