Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 10

«Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira»

«Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira»

Petero ararusimba, inkuru nziza na yo igakwiragizwa hirya no hino, naho hari uruhamo

Bishingiye ku Vyakozwe 12:1-25

1-4. Ni ibintu bitoroshe ibihe bishikira Petero? Wari kwumva umerewe gute iyo aza kuba ari wewe?

 PETERO arahejeje kwinjizwa mw’ibohero, umuryango amahero w’irembo ukozwe mu cuma na wo ukugarwa ku buryo uvuza urwamo rwinshi. Abarinzi babiri b’Abaroma baramwinjiza agasho, akaba aboheshejwe iminyororo ifashe kuri bo. Amasaha n’ayandi arakunkumuka, kumbure n’imisi ikarengana, arindiriye kumenya ico baza kumukoza. Aho atereje amaso hose, nta kindi kintu ashobora kubona atari ibihome vy’ako gasho be n’ibihindizo vyako, iminyororo aboheshejwe be n’abarinzi bamucunze.

2 Petero arateba akamenya ko yaciriwe rubi. Umwami Herodi Agiripa wa mbere yiyemeje kubona Petero ari ikiziga. a Nkako, umusi mukuru wa Pasika niwarangira, Herodi araza kumurengutsa imbere y’amasinzi y’abantu, hanyuma amucire urwo gupfa kugira ngo anezereze nya bantu. Kandi ntugire ngo iryo ni iterabwoba gusa! Ushima bikomeye, uwo mutegetsi nyene aherutse kugandagura iyindi ntumwa yitwa Yakobo.

3 Ni mw’ijoro, kandi bukeye Petero araza kwicwa. None ga yemwe ariko yiyumvira iki muri ako gasho k’umwiza w’umuzitanya? Yoba yibuka ko imyaka nk’ingahe imbere y’aho, Yezu yamuhishuriye ko umusi uri izina yoboshwe maze agatwarwa aho adashaka, ni ukuvuga akaja kwicwa? (Yoh. 21:18, 19) Petero ashobora kuba ariko aribaza niba ico gihe kigeze.

4 Iyo uza kuba Petero, wari kwumva umerewe gute? Abenshi bari kwihebura, bakabona ko kabaye. Ariko rero nta kintu na kimwe gikwiye gutuma umuyoboke w’ukuri wa Yezu Kristu abona ko kabaye. Ni ibiki twokwigira ku kuntu Petero be n’abakirisu bagenziwe bavyifashemwo igihe bashikirwa n’uruhamo? Reka tubirabe.

“Ishengero ryaguma ritakamba cane” (Ivyak. 12:1-5)

5, 6. (a) Ni kubera iki Umwami Herodi Agiripa wa mbere yagavye igitero kw’ishengero ry’abakirisu, kandi yabigize gute? (b) Ni kubera iki ishengero ryari rihekuwe igihe Yakobo yicwa?

5 Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, ishengero ryaragize akanyamuneza kenshi igihe wa munyamahanga Koruneliyo be n’abo mu rugo rwiwe bacika abakirisu. Ariko Abayuda batari bwizere, bategerezwa kuba barababaye igihe bamenya yuko abakirisu benshi b’Abayuda bariko barifatanya n’abatari Abayuda mu bijanye n’ugusenga, kandi bakaba babigira ata co binona.

6 Herodi, uno akaba yari umutegetsi w’amayeri, yaciye aboneraho akaryo ko kwikundwakaza ku Bayuda, maze atangura guhama abakirisu. Nta gukeka ko yari azi yuko intumwa Yakobo yari ifitaniye ubucuti bwa hafi na Yezu Kristu. Ivyo vyatumye Herodi «yicisha inkota Yakobo mwenewabo na Yohani.» (Ivyak. 12:2) Mbega ukuntu ishengero ryari rihekuwe! Yakobo yari umwe muri za ntumwa zitatu ziboneye ingene Yezu ahinduka ukundi be n’ibindi bitangaro izindi ntumwa zitabonye. (Mat. 17:1, 2; Mrk. 5:37-42) Kubera ko Yakobo na mwenewabo Yohani bari bafise ishaka rikomeye, Yezu yabise «Abana b’umuturagaro.» (Mrk. 3:17) Uca wumva rero ko ishengero ryari ribuze intumwa ryikundira, yarangwa n’umutima rugabo, ikaba n’icabona co kwizigirwa.

7, 8. Ishengero ryakoze iki igihe Petero yatabwa mw’ibohero?

7 Iyicwa rya Yakobo ryarahimbaye Abayuda, nk’uko nyene Agiripa yavyipfuza. Ivyo vyaciye bimuha inguvu zo kurondera kwica na Petero. Nk’uko vyavuzwe mu ntango z’iki kigabane, Agiripa yaruhutse abonye Petero atawe muri yompi. Ariko rero, Agiripa ashobora kuba yaribuka ko intumwa zitamara na kabiri mw’ibohero, nk’uko ikigabane ca 5 c’iki gitabu kivyerekana. Kugira ngo ivyo ntibisubire kuba, Herodi yategetse ko Petero ashirwa mu gasho aboheshejwe iminyororo hagati y’abarinzi 2, akongera agacungwa n’abandi barinzi 16 baza barakurakuranwa ijoro n’umurango kugira ngo ntatoroke. Ahirahiriye agatoroka, abo barinzi ni bo bociye bicwa mu kibanza ciwe. None muri ivyo bihe bigoye Petero yarimwo, ni igiki abakirisu bagenziwe bari gukora?

8 Ishengero ntiryari riyobewe ico ryokoze. Mu Vyakozwe 12:5 havuga hati: «Petero rero aguma mw’ibohero, mugabo ishengero riguma ritakambira Imana cane ku bwiwe.» Emwe, baguma basengera cane uwo muvukanyi wabo bikundira, bakinginga Imana bivuye ku mutima. Urupfu rwa Yakobo ntirwari rwatumye bihebura, canke ngo rutume babona ko gutura amasengesho ata co bimaze. Amasengesho dutura ari n’ico avuze kuri Yehova. Arayishura mu gihe aba ahuje n’ivyo agomba. (Heb. 13:18, 19; Yak. 5:16) Ico ni icigwa abakirisu bo muri iki gihe bakwiye kugumiza ku muzirikanyi.

9. Ni ibiki twokwigira ku karorero k’abavukanyi basengeye Petero?

9 Woba uzi abandi bakirisu bagenzawe bugarijwe n’ibigeragezo? Ushobora gusanga bariko barashikirwa n’uruhamo, canke igikorwa cabo cabujijwe n’ubutegetsi, kibure ugasanga bariko bashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka. Ubona gute ubibutse mu masengesho utura bivuye ku mutima? Hari aho woba uzi n’abandi bariko barashikirwa n’ibintu bitoroshe bidashoka vyibonekeza, nk’ingorane zo mu muryango, ugucika intege canke ibindi bintu bigerageza ukwizera kwabo. Hamwe wofata akanya ukazirikana imbere y’uko utura isengesho, woshobora kwibuka abantu batari bake wovuga mu mazina igihe usenga Yehova, Umwe “yumva amasengesho.” (Zab. 65:2) Nkako, na wewe nyene woshima ko abavukanyi bawe bakugirira nk’ukwo nyene mu gihe woba uri mu bihe bigoye.

Turatura amasengesho dusabira abavukanyi bacu bapfunzwe bazira ukwizera kwabo

“Nkurikira” (Ivyak. 12:6-11)

10, 11. Nuvuge ukuntu umumarayika wa Yehova yarokoye Petero akamukura mw’ibohero.

10 None Petero yoba yarahagaritswe umutima n’akaga yarimwo? Nta wovyemeza canke ngo abihakane. Ikizwi coco ni uko mw’ijoro rya nyuma yamaze muri iryo bohero, yari yibereye muri rinini hagati y’abarinzi babiri bari barikanuye. Naho uwo mugabo w’ukwizera atari azi ico buca bucana, nta gukeka ko yumva yuko atekaniwe ari kumwe na Yehova. (Rom. 14:7, 8) Uko biri kwose, Petero ntiyari azi ibintu bitangaje vyari bigiye gushika. Bukwi na bukwi, yagiye abona umuco ukayanganira mu gasho yarimwo. Haciye haboneka umumarayika, bikaba bigaragara ko nya barinzi batamubonye, maze aca avyura Petero ningoga na ningoga. Ya minyororo yari aboheshejwe ku maboko, iyasa n’uko itoshobora gucika, yaciye imuvako irakoroka.

«Bashikira irembo ry’icuma ryinjira mu gisagara, rica ririyugurura.»​—Ivyakozwe 12:10

11 Nya mumarayika yaciye amuha aya mategeko magufi kandi arashe, ati: «Vyuka ningoga! . . . Ambara impuzu, wambare n’ibirato. . . . Shirako n’impuzu yawe yo hejuru.» Petero yaciye agamburuka ata kugonanwa. Mu nyuma, nya mumarayika yavuze ati: “Nkurikira,” Petero na we aca aramukurikira. Baciye basohoka nya gasho, baca iruhande y’umugwi w’abarinzi bari hanze, hanyuma bagenda badakoma n’akatsi berekeje kuri wa muryango amahero w’irembo ukozwe mu cuma. None ga yemwe bari gusohokana hehe? Nimba vyarashitse Petero akibaza ico kibazo, yaciye aronka inyishu mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Igihe bari begereje nya rembo, ryaciye “ryiyugurura.” Mu kanya isase, bararenganye nya rembo no mw’ibarabara ngo ba, wa mumarayika aca arakamangana. Nya mumarayika amaze kumusiga ng’aho, Petero yahavuye agarura akenge maze aratahura yuko ivyo bintu vyose bitari ivyo yariko arerekwa, yamara ko vyari vyabaye koko. Emwe, yari yabohowe!​—Ivyak. 12:7-11.

12. Ni kubera iki kuzirikana ku kuntu Yehova yarokoye Petero bishobora kuduhumuriza?

12 None iyo tuzirikanye ku bubasha ntangere Yehova afise bwo kurokora abasavyi biwe, ntiduca twumva duhumurijwe? Petero yari yafashwe mpiri n’umwami yari ashigikiwe n’intwaro yari ikomeye kuruta izindi zose zari zarabayeho kw’isi. Naho ari ukwo, ivyo ntivyabujije ko Petero asohoka iryo bohero! Ni ivy’ukuri yuko Yehova adakorera igitangaro nk’ico abasavyi biwe bose. Ivyo ntiyabigiriye Yakobo canke ngo yongere kubigirira Petero inyuma y’aho, ni ukuvuga igihe amajambo Yezu yavuze ku vyerekeye iyo ntumwa yahava akaranguka. Naho abakirisu bo muri kino gihe batitega kurokorwa ku gitangaro, baragumiza ku muzirikanyi yuko Yehova atigeze ahinduka. (Mal. 3:6) N’ikindi kandi, vuba agiye gukoresha Umwana wiwe kugira ngo abohore abantu amamiliyoni, abakure mu rupfu, ari ryo bohero rikomeye kuruta ayandi yose. (Yoh. 5:28, 29) Imihango nk’iyo iratuma turushiriza kugira umutima rugabo igihe tuba duhanganye n’ibigeragezo muri iki gihe.

“Bamubonye barumirwa” (Ivyak. 12:12-17)

13-15. (a) Abagize ishengero bari bakoraniye kwa Mariya bavyifashemwo gute igihe Petero yabaturako amaguru? (b) Igitabu c’Ivyakozwe gihejeje kuvuga ivyerekeye Petero gica kivuga ivyerekeye nde? Naho biri ukwo, ni igiki Petero yabandanije kugirira abavukanyi biwe?

13 Petero yari ahagaze muri nya mabarabara mu mwiza w’umuzitanya, yibaza iyo yoca aja. Yahavuye ahatora. Hari umukirisu umwe yitwa Mariya yaba hafi y’aho. Biboneka ko Mariya yari umupfakazi yifise, kuko yari afise inzu nini yashobora gukoraniramwo ishengero ryose. Yari nyina wa Yohani Mariko. Aha ni ho hantu ha mbere igitabu c’Ivyakozwe kivuga ivyerekeye uwo musore, uwahavuye aba nk’umwana wa Petero. (1 Pet. 5:13) Naho muri iryo joro amasaha yari yitereye, abenshi mu bagize ishengero bari ng’aho mu nzu kwa Mariya, bariko barasenga cane. Nta gukeka ko bariko basenga basaba ko Petero yorekurwa, naho batari bazi ko Yehova yokwishuye amasengesho yabo.

14 Petero ashitse kwa Mariya, yaradodoye ku muryango w’irembo umuntu yacamwo kugira ngo ashike mu kigo. Umusukukazi umwe yitwa Roda, rino rikaba ryari izina ry’ikigiriki rimenyerewe cane ryakoreshwa mu kuvuga ishurwe ry’iroza, ni we yaje kuraba uwudodoye. Aho yumviye mw’ijwi ko ari Petero, yabaye nk’uwukubiswe n’inkuba. Aho kumwugururira, nya mwigeme yari anezerewe cane, yaciye asiga Petero ahagaze ng’aho kw’ibarabara, asubira mu nzu amaguru adakora hasi kugira ngo abwire abagize ishengero ko Petero yari abatuyeko amaguru. Naho bavuze ko uwo musukukazi yari yasaze, yagumye ashimika abemeza yuko ivyo ariko aravuga ari ivy’ukuri. Bamwebamwe muri bo babaye nk’abagondojwe, baca bavuga yuko uwo muntu yari adodoye ashobora kuba yari umumarayika aserukira Petero. (Ivyak. 12:12-15) Muri ico gihe cose, Petero yagumye adodora gushika baje kw’irembo bakamwugururira.

15 Bashitse kw’irembo, “baramubonye, barumirwa”! (Ivyak. 12:16) Kugira ngo Petero abiganire ivyari vyamushikiye, vyabaye ngombwa ko abanza guhwamika uruyogoyogo rwabo rwarangwa akanyamuneza, hanyuma aca abasaba ko na bo boja kuvyiganira umwigishwa Yakobo be n’abandi bavukanyi, maze ahejeje aca aragenda, abasoda ba Herodi bataraza kumurondera. Petero yaciye aja mu kandi karere gatekanye kuruta kugira ngo abandanirizeyo igikorwa yakorera Imana adahemuka. Nta handi hantu igitabu c’Ivyakozwe gisubira kuvuga ivyerekeye Petero, uretse mu kigabane ca 15, aho avugwa mu bijanye n’ugutorera umuti ikibazo cerekeye ukugenyerwa. Ico gitabu c’Ivyakozwe gica gitangura kuvuga ivyerekeye ingendo intumwa Pawulo yagize be n’igikorwa yaranguye. Naho biri ukwo, turashobora kwizigira tudakeka yuko aho Petero yagiye hose, yakomeje ukwizera kw’abavukanyi biwe. Igihe Petero yava kwa Mariya, nta gukeka ko yasize abo bakirisu bagenziwe akamwemwe kariko karabasya.

16. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko muri kazoza tuzokwinovora ibiringo vyinshi biteye umunezero?

16 Mu bihe bimwebimwe, Yehova araronsa abasavyi biwe ibiruta kure n’iyo ivyo bari biteze, bagasigara batamariwe, barengewe n’umunezero. Ukwo ni ko vyagendeye abavukanyi muri rya joro igihe Petero yarekurwa. Vyoshobora gushika na twebwe tukamererwa gutyo igihe Yehova aduhezagiye muri iki gihe. (Imig. 10:22) Muri kazoza, tuzokwibonera ingene imihango yose Yehova yatanze iranguka kw’isi yose. Ibintu bitangaje tuzokwibonera, mu vy’ukuri bizoba biruta kure n’iyo uko tuvyiyumvira muri iki igihe. Ku bw’ivyo rero, nitwaguma turi abizigirwa, tuzoshobora kwinovora ibihe biteye umunezero biturindiriye.

«Umumarayika wa Yehova aramukubita» (Ivyak. 12:18-25)

17, 18. Ni igiki catumye abantu bahayagiza Herodi n’akarimi gasosa?

17 Naho Herodi atanezerejwe no kwumva yuko Petero yatorotse, na we nyene yarajorewe. Ubwo nyene yaciye ategeka ko barondera Petero batamubura, hanyuma aca asambisha ba barinzi bari bacunze Petero. Baciye «bajanwa guhanwa,» bikaba bishoboka ko baciye bicwa. (Ivyak. 12:19) Herodi Agiripa yari umuntu atagira impuhwe akaba na ruburakigongwe. None uwo mugabo w’umubisha yoba atigeze ahanwa?

18 Naho Agiripa ashobora kuba yaramaramaye akabura iyo akwirwa kubera ko kwica Petero vyari vyamutaye ku w’amazi, ubwibone bwiwe ntibwatevye gusubira kwibonekeza. Harabonetse akaryo aho bamwebamwe mu bansi biwe bamusaba kugiranira na we amahoro, kandi nta gukeka ko ico gihe yari ashashaye gushikiriza ijambo abantu benshi cane bari aho. Luka avuga yuko igihe Herodi yariko yitegurira gushikiriza iryo jambo, “yambaye impuzu za cami.” Wa mutohozakahise w’Umuyuda Josèphe yanditse ko iyo mpuzu ya Herodi yariko ifeza, ku buryo igihe umuco waba urasiye kuri uwo mwami, vyaca bisa nk’aho yisakaye ubuninahazwa. Uwo mutegetsi w’umunyabwibone yaciye atangura gushikiriza ijambo. Nya bantu amasinzi baciye basemerera mu kumuhayagiza n’akarimi gasosa bati: «Iryo ni ijwi ry’imana, si iry’umuntu!»​—Ivyak. 12:20-22.

19, 20. (a) Ni kubera iki Yehova yahanye Herodi? (b) Ni gute duhumurizwa n’inkuru ivuga ingene Herodi Agiripa yapfuye bukwi na bukwi?

19 Imana ni yo yari ikwiye guhabwa ubuninahazwa nk’ubwo, kandi ntugire ngo ntiyariko irihweza ivyariko biraba! Herodi yari gushobora kwirinda kwikwegera akarambaraye. Yari gushobora guhambarira iryo sinzi ry’abantu, canke n’imiburiburi akiyamiriza ivyo bari bahejeje kuvuga. Aho kubigenza gutyo, yacitse iciro ry’uyu mugani ugira uti: «Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime.» (Imig. 16:18) “Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova yaciye amukubita,” ateza urupfu rubabaje kandi ruteye ubwoba uwo munyabwibone kandi w’ubwikunzi. Herodi yaciye «aribwa n’inyo, arapfa.» (Ivyak. 12:23) Wa mutohozakahise Josèphe na we nyene yavuze ko uwo Mwami Agiripa yakubiswe bukwi na bukwi, akavuga kandi yuko yahavuye atahura ko yari apfuye azira ko yemeye guhayagizwa n’isinzi ry’abantu ribigiranye akarimi gasosa. Josèphe yanditse ko Agiripa yagiye gucikana amaze imisi itanu ari muri iyo mimerere. b

20 Mu bihe bimwebimwe, vyoshobora gusa nk’aho abantu batibanga Imana bakora ububisha bw’ubwoko bwose, ariko ntibahanwe. Ivyo ntibikwiye kudutangaza, narirya «isi yose iganzwa na wa mubisha.» (1 Yoh. 5:19) Naho biri ukwo, birashika abasavyi b’Imana b’abizigirwa bakababazwa no kubona umengo abanyakibi ntibakubitwa intahe mu gahanga. Ni co gituma turemeshwa n’inkuru mwene iyi yigana ivyashikiye Herodi. Nkako, twama tubona ukuntu Yehova agira ico akoze, akibutsa abasavyi biwe bose yuko akunda ubutungane. (Zab. 33:5) Bitebe bitebuke, ubutungane bwiwe buzotsinda.

21. Ni icigwa nyamukuru ikihe dusanga mu gitabu c’Ivyakozwe ikigabane ca 12? Ni kubera iki ico cigwa kiduhumuriza muri kino gihe?

21 Iyo nkuru isozera mu kuduha icigwa kiremesha cane, kigira giti: «Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira, igitigiri c’abemera kirongerekana.» (Ivyak. 12:24) Ayo makuru yerekana ingene igikorwa co kwamamaza cagiye kiratera imbere, arashobora kutwibutsa ukuntu Yehova yagiye arahezagira ico gikorwa nyene mu bihe vya none. Bigaragara rero ko inkuru yiganwa mu Vyakozwe ikigabane ca 12, ahanini iterekana ukuntu intumwa imwe yishwe be n’ukuntu iyindi yarusimvye. Ahubwo riho, itwigisha ivyerekeye Yehova n’ukuntu yahinduye ubusa utwigoro Shetani yagize kugira ngo azimanganye ishengero rya gikirisu yongere ahagarike igikorwa co kwamamaza iryo shengero ryariko rikora ryivuye inyuma. Ivyo bitero nta co vyashitseko, nk’uko imigambi yiwe yose na yo nyene ata co ishobora gushikako. (Yes. 54:17) Ariko, abari ku ruhande rwa Yehova na Yezu Kristu bobo, baragira uruhara mu gikorwa ata kizokwigera kigihagarika. None ico ciyumviro ntikiduhumuriza? Ese ukuntu twatewe agateka muri kino gihe ko kugira ico duterereye mu gukwiragiza «ijambo rya Yehova»!

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Umwami Herodi Agiripa wa mbere

b Umuganga umwe akaba n’umwanditsi w’ibitabu yanditse yuko iyo ndwara Josèphe na Luka bavuga ishobora kuba yatewe n’ubwoko bunaka bw’inzoka zo mu nda zinjira mu mara maze zikayazibira, ivyo bigatuma umuntu ashobora gupfa. Rimwe na rimwe izo nzoka umuntu arashobora kuzidahwa, canke zikamusokorokamwo apfuye. Igitabu kimwe kivuga giti: «Amajambo arashe Luka yakoresheje, ayerekana ko yari umuganga yakanongoreye, atuma umuntu aca abona neza urupfu rumaramaje [Herodi] yapfuye.»