Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 9

“Imana ntigira nkunzi”

“Imana ntigira nkunzi”

Abanyamahanga batagenyerewe batangura kubwirwa inkuru nziza

Bishingiye ku Vyakozwe 10:1–11:30

1-3. Ni ibiki Petero yeretswe, kandi ni kubera iki dukeneye gutahura ico vyasobanura?

 TURI mu 36 inyuma ya Kristu. Petero ariko arasenga ari hejuru ku gisenge c’inzu iri hafi y’ikiyaga mu gisagara c’i Yopa, akazuba ko mu gatasi na ko kakaba kariko karamwakirako. Haraciye imisi nk’ingahe Petero ahawe indaro muri iyo nzu. Kuba yaremeye n’umutima ukunze kumara imisi muri iyo nzu, birerekana ku rugero runaka, yuko Petero ata gatima ko kwinuba abandi afise. Nyene urwo rugo, ari we Simoni, asanzwe ari umuhinguzi w’inshato, kandi nta Muyuda n’umwe yokwemeye gusaba indaro ku muntu nk’uwo. a Ariko rero, Petero ahava yiga icigwa gihambaye ku bijanye n’uko Yehova atagira nkunzi.

2 Petero akiriko arasenga, aramera nk’uwutwawe n’indoto. Emwe, ivyo abona nta Muyuda n’umwe bitozazanira! Arabona ikintu kimeze nk’igihuzu kimanuka kivuye mw’ijuru, kirimwo ibikoko amategeko ya Musa avuga ko bihumanye. Petero amaze kubwirwa ngo abage hanyuma arye, aca asubizayo ati: «Sindigera ndya ikintu na kimwe canduye canke gihumanye.» Incuro zitatu zose abwirwa ati: «Ibintu Imana yahumanuye ntusubire kuvyita ivyanduye.» (Ivyak. 10:14-16) Emwe, ivyo bintu Petero abonye biratuma amara umwanya azazaniwe!

3 None ivyo Petero yeretswe vyasobanura iki? Birahambaye ko tumenya ico vyasobanura, kubera ko bidufasha gutahura neza ukuntu Yehova abona abantu. Twebwe abakirisu b’ukuri, ntitwoshobora gushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana mu gihe tutoba tubona abantu nk’uko Imana ibabona. Kugira ngo dutahure ico ivyo Petero yeretswe vyasobanura, reka tubanze twihweze ibintu bidasanzwe vyabaye muri ico gihe.

«Yama atakambira Imana» (Ivyak. 10:1-8)

4, 5. Koruneliyo yari nde, kandi ni ibiki vyabaye igihe yariko arasenga?

4 Petero ntiyigeze amenya yuko ku musi bwaca yerekwa ivyo bintu, hari umugabo umwe yitwa Koruneliyo na we nyene yari yagize ivyo yerekwa n’Imana i Sezariya, nko ku bilometero 50 amaja mu buraruko. Koruneliyo, intwazangabo y’abasoda 100 b’Abaroma, yari «umuntu yubaha Imana.» b Vyongeye, yari intangakarorero mu rugo rwiwe, kuko “yatinya Imana ari kumwe n’urugo rwiwe rwose.” Koruneliyo ntiyari yarinjiye idini ry’Abayuda, ahubwo yari umunyamahanga atagenyerewe. Naho vyari ukwo, yaragirira impuhwe Abayuda bari bakenye, akabafasha mu vy’umubiri. Uwo mugabo w’inziraburyarya «yama atakambira Imana.»​—Ivyak. 10:2.

5 Ico gihe, nk’isaha 9 zo ku muhingamo, Koruneliyo yariko arasenga hanyuma yerekwa umumarayika amubwira ati: «Imana yumvise amasengesho yawe, irabona n’imfashanyo uha aboro kandi iguma ivyibuka.» (Ivyak. 10:4) Abitegetswe n’uwo mumarayika, Koruneliyo yaciye arungika abagabo kuja guhamagara intumwa Petero. Uwo munyamahanga atagenyerewe, ari we Koruneliyo, yagira aterwe agateka atari bwigere aterwa. Yagira aronke ubutumwa ndokorabuzima.

6, 7. (a) Niwigane inkuru yerekana ko Imana yishura amasengesho y’abantu b’inziraburyarya bipfuza kumenya ukuri ku biyerekeye. (b) Izo nkuru zerekana iki?

6 None ubwo muri iki gihe Imana yoba yishura amasengesho aturwa n’abantu b’inziraburyarya baba bipfuza kumenya ukuri ku biyerekeye? Rimbura iki kintu cabaye. Hari umukenyezi wo muri Albaniya yakiriye ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirimwo ikiganiro kivuga ibijanye n’ukurera abana. c Yabwiye Icabona yari yamugendeye ati: «Wari uzi ko nari namye nsenga Imana ndayisaba kugira ngo imfashe kumenya ingene norera abakobwa banje? Emwe, ni yo yakurungitse! Umengo wari wabonye aho ndwaye!» Nya mukenyezi be n’abakobwa biwe baciye batangura kwiga Bibiliya, mu nyuma na ho umunega wiwe arakurikira.

7 None wibaza ko ata bandi ivyo vyashikiye? Emwe, bariho nyene! Ibintu nk’ivyo birakunze kuba hirya no hino kw’isi, kandi ugasanga biba incuro nyinshi cane ku buryo ata wovuga ko ari ibintu biba vyapfuye guhurirana. Uti none ivyo vyerekana iki? Ubwa mbere, vyerekana ko Yehova yishura amasengesho aturwa n’abantu b’inziraburyarya bamurondera. (1 Abm. 8:41-43; Zab. 65:2) Ubugira kabiri, vyerekana ko abamarayika bashigikira igikorwa co kwamamaza turangura.​—Ivyah. 14:6, 7.

“Petero yarazazaniwe” (Ivyak. 10:9-23a)

8, 9. Ni ibiki impwemu yamenyesheje Petero, kandi yavyakiriye gute?

8 Igihe ba bagabo Koruneliyo yarungika bari begereje gushika kuri ya nzu Petero yari acumbitsemwo, Petero yari akiri hejuru ku gisenge, “akizazaniwe,” yibaza ico ivyo yari yeretswe bisobanura. (Ivyak. 10:17) Ko Petero yari yanse incuro zitatu zose kurya ivyo yabona ko bihumanye afatiye ku mategeko ya Musa, ubwo yari kwemera ata kugonanwa kujana n’abo bagabo mu nzu y’umunyamahanga? Uko biri kwose, impwemu nyeranda yaramuhishuriye ivyo Imana igomba ku bijanye n’ico kintu. Petero yabwiwe ati: «Hari abagabo batatu bariko barakurondera. Va hasi rero wururuke, ujane na bo. Ntugire amakenga, kuko ari jewe nabatumye.» (Ivyak. 10:19, 20) Nta gukeka ko ivyo Petero yeretswe ku bijanye na ca kintu kimeze nk’igihuzu, vyamuteguye kugira ngo yemere kuyoborwa n’impwemu nyeranda.

9 Petero amaze kumenya ko Koruneliyo yamutumyeko abitegetswe n’Imana, yaciye yinjiza mu nzu nya bagabo b’abanyamahanga, «abaha n’indaro.» (Ivyak. 10:23a) Iyo ntumwa igamburuka yari imaze gutangura gukora ibintu ihuza n’intunganyo nshasha ijanye n’ivyo Imana igomba.

10. Yehova ayobora gute abasavyi biwe, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

10 No muri iki gihe, Yehova ayobora abasavyi biwe intambwe ku yindi. (Imig. 4:18) Abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda, ariko arayobora wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.» (Mat. 24:45) Mu bihe bimwebimwe, twoshobora kuronka umuco mushasha ku bijanye n’ukuntu dutahura Ijambo ry’Imana canke na ho hakaba amahinduka mu bijanye n’ukuntu ibintu bikorwa. Vyoba vyiza umwumwe wese muri twebwe yibajije ati: “Iyo hagize ibiryohorwa, ndavyakira gute? Noba nemera kuyoborwa n’impwemu y’Imana muri iyo mice?”

Petero «ategeka ko babatizwa» (Ivyak. 10:23b-48)

11, 12. Petero yakoze iki igihe yashika i Sezariya, kandi ni igiki yari yatahuye?

11 Bukeye Petero yaraye yeretswe vya bintu, we hamwe n’abandi bantu icenda, ni ukuvuga ba bagabo batatu barungikwa na Koruneliyo be n’Abayuda bagenziwe «batandatu» b’i Yopa, baciye bafata inzira baja i Sezariya. (Ivyak. 11:12) Kubera ko Koruneliyo yari yiteze Petero, yari yakoranije «incuti n’abagenzi somambike,» bikaba bishoboka ko bose bari abanyamahanga. (Ivyak. 10:24) Emwe, Petero amaze gushika yarinjiye mu nzu y’umunyamahanga atagenyerewe, ico kikaba ari ikintu yabona ko atokwigeze akora! Petero yavuze ati: «Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ata muntu n’umwe nkwiye kwita “uwanduye” canke “uwuhumanye.”» (Ivyak. 10:28) Ico gihe, Petero yaciye atahura ko ivyo yari yeretswe bitari ivyo kumwigisha gusa ivyo umuntu akwiye gufungura. Yaratahuye ko “ata muntu n’umwe yari akwiye kwita uwanduye,” n’iyo yoba ari umunyamahanga.

«Koruneliyo na we yari abiteze, akaba yari yakoranije incuti n’abagenzi somambike.»​—Ivyakozwe 10:24

12 Bose bari bashashaye kwumva ivyo Petero avuga. Koruneliyo yavuze ati: «Twese turi imbere y’Imana kugira twumve ibintu vyose Yehova yagutegetse kuvuga.» (Ivyak. 10:33) Iyumvire ukuntu wokwumva umerewe hamwe wobwirwa amajambo nk’ayo n’umuntu yipfuza kumenya ivyerekeye Yehova! Petero yahereye kuri aya majambo akomeye agira ati: «Ubu ndatahuye neza ko Imana itagira nkunzi, mugabo ko yemera umuntu wese ayitinya agakora ibigororotse, naho yoba ava mw’ihanga irihe.» (Ivyak. 10:34, 35) Petero yari yatahuye ko ukuntu Imana ibona abantu bitavana n’ibara ryabo ry’urukoba, ubwenegihugu bwabo canke ukuntu baboneka inyuma. Petero yaciye atangura kubabwira ivyerekeye ubusuku Yezu yaranguye, urupfu rwiwe be n’izuka ryiwe.

13, 14. (a) Kuba Koruneliyo be n’abandi banyamahanga baracitse abakirisu mu 36, vyerekanye iki? (b) Ni kubera iki tudakwiye gucira abantu urubanza dufatiye ku kuntu baboneka inyuma?

13 Ico gihe haciye haba ikintu kitari bwigere kiba. «Petero akiriko aravuga,» impwemu nyeranda yaciye isukwa kuri abo «banyamahanga.» (Ivyak. 10:44, 45) Aho ni ho hantu honyene Ivyanditswe bivuga ivyerekeye abantu basutsweko impwemu nyeranda imbere y’uko babatizwa. Aho Petero aboneye ico kimenyetso cerekana ko abo banyamahanga bamaze kwemerwa n’Imana, yaciye «ategeka ko babatizwa.» (Ivyak. 10:48) Igihe abo banyamahanga bahinduka bakaba abakirisu mu 36 inyuma ya Kristu, vyarerekanye yuko ikiringo Abayuda bamaze batoneshwa n’Imana mu buryo budasanzwe cari kirangiye. (Dan. 9:24-27) Ico gihe, Petero yari akoresheje “urupfunguruzo rw’ubwami” rugira gatatu, ari na rwo rwa nyuma. (Mat. 16:19) Urwo rupfunguruzo rwarugururiye umuryango abanyamahanga batagenyerewe, baraterwa agateka ko kuba abakirisu barobanujwe impwemu.

14 Twebwe abamamaji b’Ubwami bo muri kino gihe, turazi neza ko «Imana itagira nkunzi.» (Rom. 2:11) Igomba ko «abantu b’uburyo bwose bakizwa.» (1 Tim. 2:4) Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwigera ducira abantu urubanza dufatiye ku kuntu baboneka inyuma. Twashinzwe igikorwa co gushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana. Ivyo birimwo kubwira inkuru nziza abantu bose, tutarinze kuraba ibara ryabo ry’urukoba, ubwenegihugu bwabo, ukuntu baboneka inyuma canke idini barimwo.

“Ntibasubira guharira, baca baninahaza Imana” (Ivyak. 11:1-18)

15, 16. Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe b’Abayuda bagiye impaka na Petero, kandi yisiguye gute?

15 Nta gukeka ko Petero yaciye aja i Yeruzalemu, ashashaye kumenyesha abandi ivyari vyabaye. Biboneka ko amakuru ajanye n’uko abanyamahanga batagenyerewe bari «bemeye ijambo ry’Imana» yamutanzeyo, kubera yuko akimara gushika aho i Yeruzalemu, «abashigikiye ivy’ukugenyerwa [baciye] batangura kumutora amahinyu.» Bari bababajwe n’uko yari yinjiye «mu nzu y’abantu batagenyerewe kandi agasangira na bo.» (Ivyak. 11:1-3) Icari kiraje ishinga abo Bayuda, si uko abanyamahanga bashobora kuba canke ntibabe abayoboke ba Kristu. Ahubwo riho, bariko bashimika ku vy’uko abo banyamahanga bakwiye kwubahiriza amategeko ya Musa, harimwo n’ukugenyerwa, kugira ngo basenge Yehova mu buryo yemera. Biboneka ko bamwe muri abo Bayuda vyabagora kwemera ko amategeko ya Musa atari agikurikizwa.

16 None Petero yisiguye gute? Nk’uko mu Vyakozwe 11:4-16 havyerekana, yisiguye mu kubiganira ibi bimenyamenya bine vyerekana ko ivyabaye vyose vyari biyobowe n’Imana: (1) ivyo yari yeretswe n’Imana (Umurongo wa 4-10); (2) ivyo yategetswe n’impwemu nyeranda (Umurongo wa 11, 12); (3) ivy’uko umumarayika yari yaje kwa Koruneliyo (Umurango wa 13, 14); be (4) n’ukuba abanyamahanga bararonse impwemu nyeranda. (Umurongo wa 15, 16) Petero yasozereye mu kubaza ikibazo kijijura ati: «Ko rero Imana yabahaye [abanyamahanga bemeye ukuri] ingabire ya gusa [y’impwemu nyeranda] nk’imwe yaduha twebwe [Abayuda] abemeye Umukama Yezu Kristu, jewe nari nde ngo mbuze Imana kugira ico ikoze?»​—Ivyak. 11:17.

17, 18. (a) Ni gute intahe Petero yashinze yatumye abakirisu b’Abayuda berekana aho bahagaze? (b) Ni kubera iki kuzigama ubumwe mw’ishengero bishobora kuba urugamba, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

17 Intahe Petero yashinze yatumye abo bakirisu b’Abayuda babwirizwa kwerekana aho bahagaze. Boba bari kurandurana n’imizi agatima k’ukwinuba abandi, hanyuma bakemera yuko abo banyamahanga bari baherutse kubatizwa ari abakirisu bagenzi babo? Iyo nkuru utubwira iti: «Aho [intumwa be n’abandi Bayuda] bumviye ivyo bintu, ntibasubira guharira. Baca baninahaza Imana, bavuga bati: “Imana rero yahaye n’abanyamahanga akaryo ko kwigaya kugira baronke ubuzima.”» (Ivyak. 11:18) Ako gatima keza bagaragaje karatumye ishengero riguma ryunze ubumwe.

18 Kuzigama ubumwe muri kino gihe, birashobora kuba urugamba kubera ko abasavyi b’Imana b’ukuri bava «mu mahanga yose, imiryango yose, amoko yose n’indimi zose.» (Ivyah. 7:9) Ni co gituma amashengero menshi usanga arimwo abantu bafise ibara ry’urukoba ritandukanye, b’imico kama itandukanye, kandi bakuriye mu bintu bitandukanye. Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: “Noba nararanduranye n’imizi agatima ko kwinuba abandi? Ubwo noba nariyemeje kutigera ndeka ivyiyumviro vy’iyi si bitera amacakubiri, nk’ukwiratira igihugu, ubwoko, imico kama be n’ibara ry’urukoba, ngo binyoshe mu kuntu mfata abavukanyi banje?” Niwibuke ivyashikiye Petero (ari we Kefa) haciye imyaka mikeyi abanyamahanga ba mbere babaye abakirisu. Kubera ko yaretse agatima ko kwinuba abandi kakamwigarurira, vyarashitse «arasokora akarenge,» ntiyaba acifatanya n’abanyamahanga babaye abakirisu, bica biba ngombwa ko akosorwa na Pawulo. (Gal. 2:11-14) Nimuze twame turikanuye kugira ntitugwe muri uwo mutego wo kwinuba abandi.

“Abantu benshi bacika abemera” (Ivyak. 11:19-26a)

19. Abayuda b’i Antiyokiya batanguye kubwira inkuru nziza ba nde, kandi vyavuyemwo iki?

19 None abayoboke ba Yezu boba baciye batangura kubwira inkuru nziza abanyamahanga batagenyerewe? Rimbura ivyahavuye biba i Antiyokiya h’i Siriya. d Naho ico gisagara cabamwo Abayuda benshi cane, muri rusangi wasanga babanye neza n’abanyamahanga. Ni co gituma vyari vyoroshe kubwira inkuru nziza abanyamahanga baho. Muri ico gisagara, ni ho abakirisu bamwebamwe b’Abayuda batanguriye kubwira inkuru nziza abantu «bavuga ikigiriki.» (Ivyak. 11:20) Iyo nkuru nziza ntibayibwira gusa Abayuda bavuga ikigiriki. Baranayibwira abanyamahanga batagenyerewe. Yehova yarahezagiye ico gikorwa, kandi «abantu benshi baraci[tse] abemera.»​—Ivyak. 11:21.

20, 21. Barunaba yagaragaje gute ukwifata ruto kubereye? Dushobora gute kumwigana mu busuku twajejwe?

20 Kugira ngo ishengero ry’i Yeruzalemu ryitwararike abantu b’i Antiyokiya bari banyotewe ukuri, ryaciye rirungikayo Barunaba. Biboneka ko abashimishwa n’ukuri bari benshi cane ku buryo atari gushobora kubitwararika wenyene. Hari uwundi none yari abereye gufasha abo bantu kuruta Sawuli, uwari yagenywe kuba intumwa ku mahanga? (Ivyak. 9:15; Rom. 1:5) None Barunaba yoba yofashe Sawuli nk’umukeba? Habe namba! Ahubwo riho, yaragaragaje ukwifata ruto kubereye. Yaribwirije aja i Taruso kurondera Sawuli, maze amuzana i Antiyokiya kugira ngo agire ico afashije. Bompi bamaze umwaka bakomeza abigishwa bo mw’ishengero ryaho.​—Ivyak. 11:22-26a.

21 Dushobora gute kwerekana ko twifata ruto igihe turangura ubusuku twajejwe? Kugira ngo tugaragaze iyo kamere bisaba ko twemera ko hari ivyo tudashoboye. Umwe wese muri twebwe usanga afise ubushobozi be n’ububangukirwe bitandukanye n’ivy’uwundi. Nk’akarorero, hariho abo usanga bashoboye kwamamaza akaryo kizanye canke ku nzu n’inzu ariko ugasanga ntiboroherwa no gusubira kugendera abashimishijwe canke gutanguza inyigisho za Bibiliya. Niba wipfuza kugira ivyo uryohoye mu mice minaka y’ubusuku, ubona gute usavye abandi ngo bagufashe? Hamwe wobigenza gutyo, woshobora kurushiriza kuba kirumara mu busuku urangura, kandi ukaronka umunezero mwinshi.​—1 Kor. 9:26.

Barungikira «imfashanyo abavukanyi» (Ivyak. 11:26b-30)

22, 23. Abavukanyi b’i Antiyokiya bakoze iki kugira ngo bagaragaze ko bakunda bagenzi babo? Ni mu buryo ki abasavyi b’Imana bo muri kino gihe babigenza nk’ukwo nyene?

22 I Antiyokiya ni ho «abigishwa batanguriye kwitwa “abakirisu” bivuye ku Mana.» (Ivyak. 11:26b) Iryo zina baronse bivuye ku Mana rirabereye koko abantu bagerageza kubaho bisunga akarorero ka Kristu. Igihe abanyamahanga bahinduka abakirisu, ubwo hoba harabayeho ubucuti bwa kivukanyi hagati yabo be n’abakirisu b’Abayuda? Rimbura ivyabaye igihe inzara ikomeye yatera nko mu 46 inyuma ya Kristu. e Mu bihe vya kera, abakene gusa ni bo basinzikazwa n’inzara, kubera ko ata duhera baba baraziganije canke ata bifungurwa vy’umusesekara baba bafise. Mu gihe c’iyo nzara, abakirisu b’i Yudaya, benshi muri bo bakaba bari abakene, bari bakeneye ibifungurwa. Aho abavukanyi b’i Antiyokiya babimenyeye, aho hakaba harimwo n’abanyamahanga bari basigaye ari abakirisu, baciye barungikira abavukanyi babo b’i Yudaya «imfashanyo.» (Ivyak. 11:29) Ese ukuntu bagaragaje ko bakunda vy’ukuri abavukanyi babo!

23 Ukwo ni ko bimeze no mu basavyi b’Imana bo muri kino gihe. Igihe tumenye ko abavukanyi bacu bari n’ivyo bakeneye, baba abo mu kindi gihugu canke bo mu karere dutuyemwo, turagira ico dukoze n’umutima ukunze kugira ngo tubagarukireko. Abagize komite z’ishami barihutira gushinga Komite zijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago kugira ngo zitwararike abavukanyi bacu bashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka, harimwo n’ibihuhusi, vya nyamugigima be n’ibisebuzi. Utwo twigoro twose tugirwa mu bijanye no gutabara, turerekana ko twebwe tugize umuryango nyakuri w’abavukanyi.​—Yoh. 13:34, 35; 1 Yoh. 3:17.

24. Twokwerekana gute ko dufata nka nkama insobanuro y’ivyo Petero yeretswe?

24 Twebwe abakirisu b’ukuri, turafata nka nkama insobanuro y’ivyo Petero yeretswe ari hejuru ku gisenge c’inzu i Yopa, bikaba vyabaye mu kinjana ca mbere. Dusenga Imana itagira nkunzi. Igomba ko dushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bwayo, ivyo bikaba birimwo kubwira inkuru nziza abandi tutarinze kuraba ibara ryabo ry’urukoba, igihugu bakomokamwo canke ikibanza bafise mu kibano. Nimuze rero twiyemeze kubwira inkuru nziza abo bose bipfuza kuyumva, kugira na bo baronke akaryo ko gukorera Imana.​—Rom. 10:11-13.

Igihe abavukanyi bacu bari n’ivyo bakeneye, turagira ico dukoze n’umutima ukunze kugira ngo tubagarukireko

a Abayuda bamwebamwe baranena abahinguzi b’inshato, kubera yuko uwo mwuga wabo watuma bakora ku mivyimba y’ibikoko be no ku nshato zavyo, hamwe no ku bintu bishisha vyakoreshwa muri ico gikorwa. Abahinguzi b’inshato babonwa ko batabereye guhonyoza ikirenge ku rusengero, kandi ico gikorwa cabo bategerezwa kukirangurira n’imiburiburi ku metero nka 22 uvuye mu gisagara. Kumbure ni co gituma inzu ya Simoni yari «iruhande y’ikiyaga.»​—Ivyak. 10:6.

b Raba uruzitiro ruvuga ngo « Koruneliyo be n’igisoda c’Uburoma.»

c Ico kiganiro cavuga ngo «Impanuro zo kwizigirwa zofasha abavyeyi kurera abana,» kikaba casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2006, ku rupapuro rwa 4-7.

d Raba uruzitiro ruvuga ngo « Antiyokiya h’i Siriya

e Umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Josèphe avuga ko iyo «nzara ikomeye» yateye mu gihe c’ingoma y’Umwami w’abami Kolode (mu 41-54 inyuma ya Kristu).