Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Mwamamaji w’Ubwami mukundwa,

Dufate ko uri umwe mu ntumwa za Yezu zihagaze ku musozi w’Imyelayo. Mugiye mubona Yezu ng’uyo imbere yanyu. Asigaje gatoyi ngo aduge mw’ijuru, ukaza wumva avuze ati: «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no mu mihingo ya kure cane y’isi.» (Ivyak. 1:8) None wewe wovyakira gute?

Kumbure wokwumva ko ico gikorwa kikurengeye kubera ko ari kinini cane. Hari aho wokwibaza uti: “None ga yemwe, twebwe abigishwa biwe bari ku rushi, tuzoshobora gute kwamamaza inkuru nziza gushika «mu mihingo ya kure cane y’isi»?” Ushobora kuba wibuka iyi mburi Yezu yatanze muri rya joro bwaca yicwa, igira iti: «Umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, namwe bazobahama, kandi nimba barubahirije ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryubahiriza. Mugabo ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse.» (Yoh. 15:20, 21) Uzirikanye kuri ayo majambo, hari aho wokwibaza uti: “Nshobora gute gushinga intahe bimwe bishitse bariko barandwanya bongera bampama?”

Muri iki gihe, turibaza mwene ivyo bibazo. Igikorwa twebwe Ivyabona vya Yehova twashinzwe kurangura na co nyene gisaba ko dushinga intahe bimwe bishitse gushika «mu mihingo ya kure cane y’isi,» tukabwira inkuru nziza «abantu bo mu mahanga yose.» (Mat. 28:19, 20) None dushobora gute kurangura ico gikorwa na canecane ko vyari vyaravuzwe yuko tworwanijwe?

Igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa kiratwiganira inkuru iteye akamwemwe yerekana ingene intumwa be n’abandi bakirisu bo mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu baranguye igikorwa bari bashinzwe, bafashijwe na Yehova. Iki gitabu uriko urasoma kigenewe kugufasha kwihweza iyo nkuru, uheze winovore ibintu biteye umunezero bivugwa muri co. Uzotangazwa no kwibonera ibintu bitari bike abasavyi b’Imana bo mu kinjana ca mbere bahuriyeko n’abasavyi bayo bo muri iki gihe. Uzobona ko ivyo bintu bitajanye gusa n’igikorwa dukora, ariko kandi ko bijanye n’ingene dutunganijwe kugira ngo dukore ico gikorwa. Nta gukeka ko kuzirikana kuri ivyo bintu bizotuma urushiriza kwemera yuko Yehova Imana aguma ayobora igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe.

Turizigiye yuko gusuzuma igitabu c’Ivyakozwe bizotuma urushiriza guhera amazinda yuko Yehova azogufasha be n’uko impwemu yiwe nyeranda y’ububasha izogushigikira, kandi ni na co tuguma dusenga dusaba. Ese rero kugisuzuma vyokuremesha kubandanya “gushinga intahe bimwe bishitse” ku vyerekeye Ubwami bw’Imana, no gufasha abandi guca muri ya nzira ishikana ku bukiriro!​—Ivyak. 28:23; 1 Tim. 4:16

Abavukanyi bawe,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova