IGIHIMBA CA 4 • IVYAKOZWE 13:1–14:28
“Barungikwa n’impwemu nyeranda”
Muri iki gihimba, turaza kujana n’intumwa Pawulo mu rugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari. Igisagara cose iyo ntumwa yacamwo, yarahamwa. Naho vyari ukwo, iyo ntumwa iyobowe n’impwemu nyeranda, yarabandanije gushinga intahe yongera iratanguza amashengero mashasha. Nta gukeka ko iyo nkuru ikora ku mutima izotuma turushiriza kugira umwete mwinshi mu busuku turangura.