Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE Ca 11

“Barujujwe umunezero be n’impwemu nyeranda”

“Barujujwe umunezero be n’impwemu nyeranda”

Akarorero Pawulo yadusigiye mu bijanye n’ukuntu twofata abantu bagoye, baterekwa ukuri

Bishingiye ku Vyakozwe 13:1-52

1, 2. Ni kubera iki urugendo Barunaba na Sawuli bagiye kugira ari urudasanzwe? Igikorwa bagiye gukora kizoshitsa gute ibivugwa mu Vyakozwe 1:8?

 NI UMUSI uteye akanyamuneza ku bagize ishengero ry’i Antiyokiya. Mu bahanuzi bose be n’abigisha bose bo muri iryo shengero, Barunaba na Sawuli ni bo impwemu nyeranda yahisemwo kugira ngo baje kwamamaza inkuru nziza mu turere twa kure cane. a (Ivyak. 13:1, 2) Naho ari ukwo, hari abagabo babishoboye bigeze kurungikwa gukora ico gikorwa imbere y’abo. Yamara muri ivyo bihe, abarungikwa gukora ico gikorwa baja mu turere wasanga abakirisu bamaze gushingamwo imizi. (Ivyak. 8:14; 11:22) Ubu hoho, Barunaba na Sawuli, bari kumwe na Yohani Mariko uwabafasha udukorwa, barungitswe mu turere tubamwo abantu batazi na kimwe ku bijanye n’inkuru nziza.

2 Haraciye nk’imyaka 14 Yezu abwiye abayoboke biwe ati: «Muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no mu mihingo ya kure cane y’isi.» (Ivyak. 1:8) Kuba Barunaba na Sawuli bagenywe kuja gukora ico gikorwa ari abamisiyonari, biraza gutuma ayo majambo y’ubuhanuzi Yezu yavuze aranguka. b

“Bashirwa ku ruhande kugira bakore igikorwa” (Ivyak. 13:1-12)

3. Ni kubera iki mu kinjana ca mbere wasanga ari urugamba kugira ingendo ndende?

3 Muri iki gihe, kubera ko hahinguwe imiduga be n’indege, abantu barashobora kugira ingendo ndende mw’isaha imwe canke mu masaha abiri. Ukwo si ko vyari bimeze mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Ico gihe, ahanini abantu bagira ingendo n’amaguru, akenshi bagaca mu mayira ameze nabi. Urugendo rw’umusi umwe, urushobora kuba rwari rugizwe n’ibilometero 30 gusa, rwaratuma umuntu aruha agasanzara! c Ku bw’ivyo, naho Barunaba na Sawuli bari bashashaye gutangura ico gikorwa bari bashinzwe, nta gukeka ko batahura neza yuko kukirangura vyobasavye kugira utwigoro twinshi be no kwitanga cane.​—Mat. 16:24.

4. (a) Itegeko ry’uko hatorwa Barunaba na Sawuli ryavuye hehe, kandi abakirisu bagenzi babo bavyakiriye gute? (b) Twoshigikira gute abaterwa uduteka mw’ishengero?

4 Ni kubera iki none impwemu nyeranda yategetse ko Barunaba na Sawuli baba ari bo “bashirwa ku ruhande ngo bakore ico gikorwa”? (Ivyak. 13:2) Bibiliya nta co ibivugako. Ikizwi coco ni uko impwemu nyeranda ari yo yategetse ko abo bagabo batorwa. Nta kintu na kimwe cerekana ko abahanuzi be n’abigisha b’i Antiyokiya barwanije iyo ngingo. Ahubwo riho, barashigikiye bimwe vyuzuye igenwa ryabo. Iyumvire ukuntu Barunaba na Sawuli bumvise bamerewe igihe abavukanyi babo bisonzesha, bagasenga, “bakabarambikako ibiganza, bagaheza bakabarungika,” kandi ata shari babigiranye. (Ivyak. 13:3) Na twebwe nyene turakwiye gushigikira abaterwa uduteka mw’ishengero, ushizemwo n’abagabo bagenwa kugira ngo babe abahagarikizi mw’ishengero. Aho kugirira ishari ababa batewe utwo duteka, dukwiye riho “kububaha bimwe bidasanzwe tubigiranye urukundo kubera igikorwa bakora.”​—1 Tes. 5:13.

5. Kwamamaza inkuru nziza mw’izinga rya Shipure vyasaba iki?

5 Barunaba na Sawuli baragiye n’amaguru gushika ku kivuko c’i Selesiya cari hafi ya Antiyokiya, hanyuma baca bafata ubwato bubajana mw’izinga rya Shipure, rukaba rwari urugendo rw’ibilometero nka 200. d Kubera ko Barunaba yari imvukira y’aho i Shipure, nta gukeka ko yari ashashaye kubwira inkuru nziza abo mu karere k’iwabo. Aho abo bagabo bashikiye i Salami, igisagara co ku nkengera yo mu buseruko bw’iryo zinga, baciye batangura igikorwa. Ubwo nyene baciye, «batangura kumenyekanisha ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda.» e (Ivyak. 13:5) Barunaba na Sawuli baraciye muri iryo zinga ryose rya Shipure, kumbure bakaba bagenda baramamaza mu bisagara bikurubikuru vyaryo. Bivanye n’inzira abo bamisiyonari bajanye, bishoboka ko boba bagize urugendo rw’ibilometero nka 160.

6, 7. (a) Serejiyo Pawulosi yari nde? Ni kubera iki Bari-Yezu yagerageje kumuhubisha ngo ntiyumvirize inkuru nziza? (b) Ni gute Sawuli yahinduye ubusa uwo mugambi wa Bari-Yezu?

6 Mu kinjana ca mbere, ugusenga kw’ikinyoma kwari kwiraye mw’izinga rya Shipure. Ivyo vyaribonekeje canecane igihe Barunaba na Sawuli bashika i Pafo, ku nkengera yo mu burengero bw’iryo zinga. Igihe bahashika, barahuye n’umugabo umwe yitwa «Bari-Yezu. Yari umupfumu akaba n’umuhanuzi w’ikinyoma. Yari kumwe na buramatari Serejiyo Pawulosi, umugabo aciye ubwenge.» f Mu kinjana ca mbere, Abaroma benshi bize, ushizemwo mbere n’«umugabo aciye ubwenge,» nka Serejiyo Pawulosi, akenshi wasanga imbere yo gufata ingingo zihambaye babanza kuja ku bapfumu canke ku baragurisha inyenyeri kugira ngo babafashe. Ariko ntiwumve, Serejiyo Pawulosi yarashimishijwe cane n’ubutumwa bw’Ubwami, bituma «[yumva] ashashaye kwumva ijambo ry’Imana.» Ivyo ntivyaguye neza Bari-Yezu, uwari yarataziriwe akazina k’ubuhizi ngo Elima, bisobanura ngo «Umupfumu,» kubera igikorwa yakora.​—Ivyak. 13:6-8.

7 Bari-Yezu yararwanije ubutumwa bw’Ubwami. Nkako, ikintu kimwe gusa yari gukora kugira ngo agumane igiti gikomeye yari afise co kuba umuhanuzi wa Serejiyo Pawulosi, kwari «kubuza uwo buramatari ngo ntiyizere.» (Ivyak. 13:8) Ariko rero, Sawuli ntiyari kwihanganira ko uwo mupfumu wo ku kirimba abuza Serejiyo Pawulosi kwakira ukuri. Uti none Sawuli yakoze iki? Iyo nkuru yigana iti: «Sawuli, ari na we Pawulo, yuzura impwemu nyeranda, amushinga ijisho, avuga ati: “Ewe wa muntu yuzuye ububeshi bw’ubwoko bwose n’ikibi c’ubwoko bwose, wa mwana wa Shetani we, wa mwansi w’ibigororotse vyose! Kubera iki ubandanya kugoramika inzira zigororotse za Yehova? Ukuboko kwa Yehova rero kugira kuguhane, uhume, umare igihe utabona umuco w’izuba.” Ako kanya nyene igipfungu kizitanye n’umwiza bimugwako. Aca atangura kugendagenda irya n’ino arondera uwomufata ukuboko.» g Uti none ico kintu gitangaje cabaye, cavuyemwo iki? Iyo nkuru ibandanya iti: «Buramatari ngo abone ibibaye, aca arizera kuko yari atangajwe cane n’inyigisho ya Yehova.»​—Ivyak. 13:9-12.

Nka kumwe kwa Pawulo, turaburanira ukuri tubigiranye ubutinyutsi igihe tuba turiko turarwanywa

8. Ni gute muri kino gihe twogaragaza ubutinyutsi nk’ubwa Pawulo?

8 Pawulo ntiyatewe ubwoba na Bari-Yezu. Na twebwe nyene ntidukwiye gutinya abaturwanya igihe bogerageza guhungabanya ukwizera kw’abantu baba bashimishijwe n’ubutumwa bw’Ubwami. Naho biri ukwo, imvugo yacu ikwiye “kwamana igikundiro, irunze umunyu.” (Kol. 4:6) Ariko rero, ntitwoshima ko uwashimishijwe n’ukuri agirirwa nabi mu vy’impwemu ngo ni uko gusa tudashaka guhangana n’abaturwanya. Eka mbere ntidukwiye gutinya gushira ku kabarore idini ry’ikinyoma, iribandanya «kugoramika inzira zigororotse za Yehova» nka kumwe kwa Bari-Yezu. (Ivyak. 13:10) Cokimwe na Pawulo, ese natwe twobandanya gutangaza ukuri tubigiranye ubutinyutsi no gufasha abantu b’umutima nziraburyarya. No mu gihe mbere bitoshoka vyibonekeza ko Imana iriko iradushigikira nk’uko vyagenze kuri Pawulo, turashobora kwizigira tudakeka yuko Yehova azokoresha impwemu yiwe nyeranda kugira ngo abafise agatima kabereye baze mu kuri.​—Yoh. 6:44.

«Ijambo ry’indemesho» (Ivyak. 13:13-43)

9. Ni akarorero keza akahe Pawulo na Barunaba basigiye abaja imbere abandi mw’ishengero muri kino gihe?

9 Biboneka ko hari ihinduka ryabaye igihe ba bagabo bafata ubwato bakava i Pafo bakaja i Peruga, ku nkengera ya Aziya Ntoya, urwo rukaba rwari urugendo rw’ibilometero nka 250. Mu Vyakozwe 13:13, havuga ko uwo mugwi ugizwe na «Pawulo na bagenziwe.» Ayo majambo yerekana ko kuva ico gihe Pawulo ari we yaja imbere abo bagabo mu vyo barangura. Naho vyari ukwo, nta kintu na kimwe cerekana ko Barunaba yoba yaragiriye ishari Pawulo. Ahubwo riho, abo bagabo babiri barabandanije basenyera ku mugozi umwe kugira ngo bakore ivyo Imana igomba. Pawulo na Barunaba barasigiye akarorero keza abaja imbere abandi mw’ishengero muri kino gihe. Aho guhiganirwa ubukuru, abakirisu bama bibuka aya majambo ya Yezu agira ati: «Mwese muravukana.» Yongeyeko ati: «Uwishira hejuru azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.»​—Mat. 23:8, 12.

10. Vuga ukuntu urugendo rwo kuva i Peruga uja i Antiyokiya h’i Pisidiya rwari rumeze.

10 Bashitse i Peruga, Yohani Mariko yaciye atandukanya na Pawulo be na Barunaba, maze yisubirira i Yeruzalemu. Bibiliya ntivuga igituma yafashe iyo ngingo giturumbuka. Pawulo na Barunaba barakomeje urugendo, bava i Peruga baja i Antiyokiya h’i Pisidiya, igisagara co mu ntara ya Galatiya. Urwo rugendo ntirwari rworoshe, kubera ko ico gisagara cari nko ku burebure bw’imetero 1.100 ufatiye ku rugero rw’ibahari. Uretse ko utuyira two mu misozi bacamwo twari tumeze nabi, twari dukunze kubamwo abambuzi. Ikigeretse kuri ivyo, bishoboka ko ico gihe Pawulo yari afise ingorane z’amagara. h

11, 12. Igihe Pawulo yariko avugira mw’isinagogi y’i Antiyokiya h’i Pisidiya, ni gute yakwegereye abariko bamwumviriza?

11 Pawulo na Barunaba bashitse i Antiyokiya h’i Pisidiya, baciye binjira mw’isinagogi ku musi w’isabato. Iyo nkuru yigana iti: «Abantu bamaze gusomerwa amategeko n’ivyanditswe mu bitabu vy’abahanuzi, abakuru b’isinagogi batuma uwubabwira ngo: “Bagabo benewacu, nimba hari ijambo ry’indemesho mufise ryo kubwira abantu, nimurivuge.”» (Ivyak. 13:15) Pawulo yaciye ahaguruka, afata ijambo.

12 Pawulo yatanguye avuga ati: «Yemwe bagabo b’Abisirayeli namwe mwese mutinya Imana, nimwumvirize.» (Ivyak. 13:16) Abariko bumviriza Pawulo bari Abayuda be n’abari barinjiye idini ry’Abayuda. None Pawulo yakwegereye gute abo bantu batemera icese uruhara Yezu afise mu mugambi w’Imana? Pawulo yahereye ku kuvuga mu ncamake kahise k’ihanga ry’Abayuda. Yarasiguye ukuntu «abo muri iryo hanga [Yehova] yabagize abakomeye igihe bari abanyamahanga mu gihugu ca Misiri,» yongera arasigura ukuntu bamaze kurekurwa, Imana “yabihanganiye mu bugaragwa” mu kiringo c’imyaka 40. Pawulo yaravuze kandi ingene Abisirayeli bigaruriye ca Gihugu c’isezerano be n’ingene Yehova «yaciye [abaha] ico gihugu ngo kibabere intoranwa.» (Ivyak. 13:17-19) Hari abiyumvira yuko, mu kuvuga ayo majambo, Pawulo ashobora kuba yariko yerekeza ku mirongo kanaka yo mu Vyanditswe yari yasomwe n’ijwi ryumvikana, nk’uko vyari bisanzwe bigirwa imbere y’uko isabato ihimbazwa. Niba ari ukwo, ako ni akandi karorero kerekana ko Pawulo yari azi “gucika vyose ku bantu b’uburyo bwose.”​—1 Kor. 9:22.

13. Dushobora gute gushika ku nyota abatwumviriza?

13 Na twebwe nyene turakwiye kwihatira gushika ku nyota abo tubwira inkuru nziza. Nk’akarorero, kumenya idini umuntu arimwo vyoshobora kudufasha guhitamwo neza ibiganiro vyomushimisha. Vyongeye, twoshobora gusubiramwo ivyanditswe vyo muri Bibiliya uwo muntu asanzwe azi. Vyoshobora kuba ngirakamaro cane uwo muntu yisomeye muri Bibiliya yiwe bwite. Nurondere ukuntu woshika ku nyota abakwumviriza.

14. (a) Pawulo yaciriye inzira gute inkuru nziza yerekeye Yezu, kandi ni imburi iyihe yatanze? (b) Iryo sinzi ry’abantu ryakiriye gute ivyo Pawulo yababwiye?

14 Ubukurikira, Pawulo yaravuze ibijanye n’ukuntu umuryango wakomokamwo abami ba Isirayeli wavuyemwo «umukiza, ari we Yezu,» integuza yiwe akaba yari Yohani Umubatizi. Pawulo yaciye yigana ukuntu Yezu yishwe, hanyuma akazurwa mu bapfuye. (Ivyak. 13:20-37) Pawulo yavuze ati: «Nimumenye rero benewacu, yuko biciye kuri we muriko muramenyeshwa ibijanye no kubabarirwa ibicumuro . . . Umuntu wese yizera abibabarirwa biciye kuri Yezu.» Iyo ntumwa yaciye iha abariko bamwumviriza iyi mburi igira iti: «Nimurabe neza rero kugira ngo ibivugwa mu bitabu vy’abahanuzi ntibibashikeko, bimwe bigira biti: “Nimurabe ivyo ndiko ndakora yemwe banyakagaye, mutangare muzimangane, kuko mu misi yanyu ngira nkore ikintu mutazokwigera mwemera naho hogira uwukibabwira ido n’ido.”» Ukuntu abo bantu bakiriye ivyo Pawulo yari ababwiye, vyabaye igitangaza. Bibiliya ivuga iti: «Abantu barabinginga ngo ivyo bintu baze babivuge no kw’isabato ikurikira.» Vyongeye, ikoraniro ryo mw’isinagogi rimaze kurangira, «Abayuda benshi n’abasenga Imana binjiye idini ry’Abayuda bakurikira Pawulo na Barunaba.»​—Ivyak. 13:38-43.

«Tugiye kuribwira amahanga» (Ivyak. 13:44-52)

15. Inyuma y’aho Pawulo ashikiririje insiguro yiwe, ni ibiki vyabaye kw’isabato yakuriye?

15 Kw’isabato yakurikiye, «igisagara nka cose» carakoraniye hamwe kugira ngo bumvirize Pawulo. Ivyo ntivyahimbaye Abayuda bamwebamwe, abaciye «batangura guhaririza Pawulo batyoza ivyo avuga.» Pawulo na Barunaba, babigiranye ubutinyutsi, bababwiye bati: «Vyari bikenewe ko ari mwebwe mubanza kubwirwa ijambo ry’Imana. Ko muryanse rero ntimubone ko mubereye ubuzima budahera, tugiye kuribwira amahanga. Nkako Yehova yadutegetse ati: “Nakugenye ngo ubere umuco amahanga, ngo ubere abantu ubukiriro gushika ku mpera z’isi.”»​—Ivyak. 13:44-47; Yes. 49:6.

«Batangura guhama Pawulo na Barunaba . . . Abigishwa babandanya kwuzuzwa umunezero be n’impwemu nyeranda.»​—Ivyakozwe 13:50-52

16. Abayuda bakiriye gute amajambo akomeye yashikirijwe na Pawulo na Barunaba, kandi abo bamisiyonari baciye bakora iki?

16 Abanyamahanga bariko bumviriza Pawulo baranezerewe, kandi «abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera barizera.» (Ivyak. 13:48) Ijambo rya Yehova ntiryatevye gukwiragira mu gihugu cose. Ariko, ivyo ntivyanezereje Abayuda. Nkako, nya bamisiyonari babwiye abo Bayuda yuko, naho ari bo babanje kubwirwa ijambo ry’Imana, bahisemwo gutera akagere Mesiya maze ivyo bituma baja mu gitigiri c’abo Imana izocira rubi. Abayuda baciye bagumura abagore b’abanyacubahiro be n’abantu bakurubakuru b’igisagara, «hanyuma batangura guhama Pawulo na Barunaba maze babaterera inyuma y’akarere kabo.» None Pawulo na Barunaba baciye bakora iki? Baciye «bakunkumura umukungugu wo ku birenge vyabo ngo kibe ikimenyetso kibagiriza, baraheza baja muri Ikoniyo.» None ico gihe abakirisu baciye bazimangana muri ico gisagara ca Antiyokiya h’i Pisidiya? Uwokubesha! Abigishwa bagumye muri ico gisagara «[babandanije] kwuzuzwa umunezero be n’impwemu nyeranda.»​—Ivyak. 13:50-52.

17-19. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwigana akarorero keza Pawulo na Barunaba badusigiye? Kubigenza gutyo bizofasha gute kugumana akanyamuneza?

17 Turakura icigwa gihambaye ku kuntu abo bizigirwa bavyifashemwo igihe bariko bararwanywa. Ntitureka kwamamaza inkuru nziza, no mu gihe mbere abantu bakomakomeye bo mw’isi bagerageje kutugondoza ngo tubireke. Niwibuke kandi ko igihe abantu b’i Antiyokiya biyamiriza ubutumwa Pawulo na Barunaba bariko barashikiriza, bano baciye «bakunkumura umukungugu wo ku birenge vyabo,» ico kikaba kitari ikimenyetso c’uko bashavuye, ariko ko cari c’uko ata kibagira. Abo bamisiyonari baratahuye ko ata bubasha bari bafise bwo gutuma abantu bakira ubutumwa uku canke kuriya. Ico bari bashoboye kwari ukwifatira ingingo yo kubandanya bamamaza inkuru nziza canke kubireka. Emwe, ari ukwamamaza, barundi barabigize. Bagiye baramamaza inzira yose igihe bariko baja muri Ikoniyo!

18 Bite ho ku bijanye n’abigishwa bari basigaye i Antiyokiya? Naho bari mu karere kagoye, kuba hari abantu bakira neza inkuru nziza si vyo ahanini vyatuma bagira akanyamuneza. Yezu yavuze ati: «Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza!» (Luka 11:28) Kandi ico ni co kintu nyene abakirisu b’i Antiyokiya h’i Pisidiya bari biyemeje gukora.

19 Nk’ukwo kwa Pawulo na Barunaba, ese twokwama twibuka ko twajejwe ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza. Abatwumviriza ni bo ubwabo bihitiramwo kwemera canke kutemera ubutumwa bwiza. Bishitse abo tubwira inkuru nziza bagasa n’abatayakira neza, niduce twibuka akarorero twasigiwe n’abigishwa bo mu kinjana ca mbere. Nitwaha agaciro ukuri kandi tukemera kuyoborwa n’impwemu nyeranda, na twebwe nyene tuzogira akanyamuneza, mbere n’igihe twoba turiko turarwanywa.​—Gal. 5:18, 22.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Barunaba, “umwana w’uruhoza.”»

b Gushika ubu, amashengero aramaze gushingwa hirya no hino gushika n’i Antiyokiya h’i Siriya, nko ku bilometero 550 mu buraruko bwa Yeruzalemu.

c Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ingendo zo mu mabarabara ya kera.»

d Mu kinjana ca mbere, ubwato bwarashobora kugira urugendo rw’ibilometero nka 160 ku musi, igihe ikirere caba ari ciza. Mu gihe ikirere caba kimeze nabi, urwo rugendo rwaba rurerure.

e Raba uruzitiro ruvuga ngo « Mu masinagogi y’Abayuda.»

f Inama nkenguzamateka y’Uburoma ni yo yatwara izinga rya Shipure. Umutegetsi mukuru yatwara iryo zinga yari buramatari, akaba yanganya igiti na buramatari yaserukira umwami w’abami w’Uburoma mu karere kanaka.

g Kuva ng’aha, Sawuli aca atangura kuza aritwa Pawulo. Hari abiyumviriye ko yahisemwo kwitwa iryo zina ry’ikiroma kugira ngo bitere iteka Serejiyo Pawulosi. Ariko rero, kuba yagumye yitwa Pawulo n’inyuma y’aho aviriye i Shipure bitanga iciyumviro gitandukanye n’ico. Yahisemwo kuguma akoresha iryo zina ry’ikiroma kubera ko yari «intumwa ku mahanga.» Birashoboka kandi ko yahisemwo kuguma akoresha izina Pawulo kubera yuko izina ryiwe ry’igiheburayo ari ryo Sawuli, inyaturo yaryo ifitaniye isano n’ijambo ryo mu kigiriki risobanura ikintu kibi.​—Rom. 11:13.

h Ikete Pawulo yandikiye Abagalatiya, yaryanditse haciye imyaka itari mike inyuma y’aho. Muri iryo kete, Pawulo yanditse ati: «Indwara [ni] yo yatumye ndonka akaryo ko kubamenyesha inkuru nziza ari bwo bwa mbere.»​—Gal. 4:13.