Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 5 • IVYAKOZWE 15:1-35

«Intumwa n’abakurambere bakoranira hamwe»

«Intumwa n’abakurambere bakoranira hamwe»

IVYAKOZWE 15:6

Haradutse ikibazo gikomeye cari kigeramiye ubumwe n’amahoro vyari bisasagaye mu mashengero. None ayo mashengero yituye nde kugira ngo aronke ubuyobozi bwoyafashije gutunganya ico kibazo? Muri iki gihimba, turaza kubona neza ingene ishengero ryo mu kinjana ca mbere ryari ritunganijwe, ivyo bikaba ari na vyo abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bisunga.