Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

“Bamaze gucanamwo cane”

“Bamaze gucanamwo cane”

Ikibazo cerekeye ukugenyerwa kijanwa ku nama nyobozi

Bishingiye ku Vyakozwe 15:1-12

1-3. (a) Ni ikintu ikihe gituma ishengero ryo mu ntango rihakwa kwicamwo imice? (b) Twokwungukira gute ku kurimbura iyo nkuru yiganwa mu gitabu c’Ivyakozwe?

 PAWULO na Barunaba baragarutse mu gisagara ca Antiyokiya h’i Siriya umunezero ari wose, bakaba bavuye mu rugendo rwabo rwa mbere rw’ubumisiyonari. Akamwemwe karabasya kubera ko Yehova «yugururiye amahanga umuryango ujana ku kwizera.» (Ivyak. 14:26, 27) Nkako, inkuru nziza iramaze gukwiragira i Antiyokiya hose, kandi «abantu benshi» b’abanyamahanga bariko barongerwa ku bagize ishengero ryo muri ico gisagara.​—Ivyak. 11:20-26.

2 Inkuru iteye akamwemwe yerekeye iryo yongerekana ntiteba gushika i Yudaya. Aho kunezereza bose, iyo nkuru ituma nyabuna barushiriza guharira n’ibiti bikuma ku bijanye n’ico kibazo cerekeye ukugenyerwa. Ni ubucuti nyabaki bwari bukwiye kurangwa hagati y’abakirisu b’Abayuda be n’abakirisu batari Abayuda, kandi abo bantu batari Abayuda bari bakwiye kubona gute amategeko rya Musa? Ico kibazo kiratuma haba ugucanamwo gukomeye ku buryo bihakwa gutuma ishengero ryicamwo imice. None ico kibazo kiza gutunganywa gute?

3 Nitwarimbura iyi nkuru yiganwa mu gitabu c’Ivyakozwe, turaza kuhigira ibintu bihambaye bitari bike. Ivyo bintu vyoshobora kudufasha gukorana ubukerebutsi hamwe muri kino gihe vyoshika hakaduka ibibazo vyotuma haba ukutumvikana.

«Mutagenyerewe» (Ivyak. 15:1)

4. Ni iciyumviro ikihe kitari co abakirisu bamwebamwe bariko barashigikira? Ivyo bituma havyuka ikibazo ikihe?

4 Umwigishwa Luka yanditse ati: «Abantu bamwe baramanuka [i Antiyokiya] bavuye i Yudaya, batangura kwigisha abavukanyi ngo: “Mutagenyerewe nk’uko bisabwa n’amategeko ya Musa, ntimushobora gukizwa.”» (Ivyak. 15:1) Iyo nkuru ntivuga niba abo “bantu bavuye i Yudaya” bari barigeze kuba Abafarizayo imbere y’uko bacika abakirisu. Uko biri kwose, bisa n’uko bari baranyuzwe n’ivyiyumviro vy’akagwi k’Abayuda bashimika cane ku vyo gukurikiza amategeko urudome ku rundi. Ikigeretse kuri ivyo, bashobora kuba barabeshe mu kuvuga yuko bari batumwe n’intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu. (Ivyak. 15:23, 24) Ni kubera iki none abakirisu b’Abayuda baguma bashigikira ivyo kugenyerwa, kandi hari haciye imyaka nka 13 abanyamahanga batagenyerewe bemerewe kwinjira mw’ishengero, nk’uko Imana yari yabitomoreye intumwa Petero? a​—Ivyak. 10:24-29, 44-48.

5, 6. (a) Ni kubera iki hari abakirisu b’Abayuda banse kuvirira ivyerekeye ukugenyerwa? (b) Isezerano ryo kugenyerwa ryoba ryari mu bigize rya sezerano Imana yagirana na Aburahamu? Sigura. (Raba akajambo k’epfo.)

5 Bashobora kuba babitumwa n’imvo nyinshi. Ikizwi coco, ni uko Yehova ubwiwe ari we yari yarashinze ko umuntu w’igitsina-gabo agenyerwa, kandi ukugenyerwa cari ikimenyetso cerekana ko uwo muntu afitaniye na Yehova ubucuti budasanzwe. Ukugenyerwa kwatanguriye kuri Aburahamu be n’abo mu rugo rwiwe, hakaba hari imbere y’uko isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa rishingwa, ariko mu nyuma kwahavuye kuba mu bigize ayo mategeko. b (Lew. 12:2, 3) Mu gihe c’amategeko ya Musa, mbere na ba kavamahanga bategerezwa kugenyerwa imbere y’uko baterwa uduteka tumwetumwe, nk’ukwihereza ku mfungurwa za Pasika. (Kuv. 12:43, 44, 48, 49) Nta gukeka yuko Abayuda biyumvira ko umuntu atagenyerewe yari ahumanye, kandi ko yari agayitse.​—Yes. 52:1.

6 Ku bw’ivyo rero, Abayuda babaye abakirisu bari bakeneye ukwizera n’ukwicisha bugufi kugira bahuze ivyiyumviro vyabo n’ukuntu Yehova abona ibintu. Isezerano rishingiye ku mategeko ya Musa ryari ryasubiriwe n’isezerano rishasha, rero umuntu avutse ari Umuyuda ntivyaba bisobanura ko aca aba umusavyi w’Imana. Vyongeye, cokimwe n’abakirisu b’i Yudaya, abakirisu b’Abayuda babana n’Abayuda nka bo, bikaba vyasaba ko bagira umutima rugabo kugira ngo bemere icese Kristu no kugira ngo bemere ko abanyamahanga batagenyerewe basigaye ari abakirisu bagenzi babo.​—Yer. 31:31-33; Luka 22:20.

7. Ni ukuri ukuhe ba “bantu bavuye i Yudaya” batatahura?

7 Nta gukeka ko ingingo ngenderwako z’Imana zitigeze zihinduka. Ikivyemeza ni uko ingingo ngenderwako zari mu mategeko ya Musa tuzisanga no mw’isezerano rishasha. (Mat. 22:36-40) Nk’akarorero, Pawulo yahavuye yandika ku bijanye n’ukugenyerwa ati: «Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda, kandi agenyerwa ku mutima biciye ku mpwemu, ntagenyerwa biciye ku mategeko yanditse.» (Rom. 2:29; Gus. 10:16) Ba “bantu bavuye i Yudaya” bigisha ivy’ukugenyerwa ntibari baratahuye ukwo kuri, ahubwo baguma bemeza ko Imana itigeze ikuraho rya tegeko ryo kugenyerwa. None boba bokwemera guhindura ukuntu babona ibintu?

«Gucanamwo no guharira» (Ivyak. 15:2)

8. Ni kubera iki ikibazo cerekeye ukugenyerwa carungitswe ku nama nyobozi i Yeruzalemu?

8 Luka yongeyeko ati: «[Abo bantu «bavuye i Yudaya»] bamaze gucanamwo no guharira cane na Pawulo na Barunaba, hashingwa yuko Pawulo na Barunaba n’abandi bo muri bo baduga i Yeruzalemu kuraba intumwa n’abakurambere ku vyerekeye ico kibazo.» c (Ivyak. 15:2) Iyo mvugo ngo «gucanamwo no guharira» yerekana ko ku mpande zompi, abantu baguma badadaza, ku buryo ishengero ry’i Antiyokiya ritari gushobora gutunganya iyo ngorane. Kugira ngo ishengero rizigame ubumwe n’amahoro, ryaciye rifata ingingo iranga ubukerebutsi yo kurungika ico kibazo ku “ntumwa n’abakurambere i Yeruzalemu,” bano bakaba ari bo bari bagize inama nyobozi. None twokwigira iki kuri abo bakurambere b’i Antiyokiya?

Hari abaguma basaba bashimitse bati: “Birakenewe ko abanyamahanga bategekwa kwubahiriza amategeko ya Musa”

9, 10. Ni mu buryo ubuhe abavukanyi b’i Antiyokiya hamwe na Pawulo be na Barunaba badusigiye akarorero keza muri iki gihe?

9 Icigwa gihambaye tuhakura ni uko dukwiye kwizigira ishirahamwe ry’Imana. Zirikana kuri iki kintu: Abavukanyi b’i Antiyokiya bari bazi ko abakirisu bari bagize inama nyobozi, bose bari Abayuda. Naho vyari ukwo, barizigiye ko uwo mugwi wotunganije mu buryo buhuje n’Ivyanditswe ico kibazo cerekeye ukugenyerwa. Uti kubera iki? Iryo shengero ryari ryizigiye ridakeka ko Yehova yoyoboye ibintu abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda no kuri Yezu Kristu, we Mutwe w’ishengero. (Mat. 28:18, 20; Ef. 1:22, 23) Hamwe vyoshika muri iki gihe hakavyuka ibibazo bikomakomeye, nimuze twigane akarorero keza k’abo bakirisu b’i Antiyokiya, mu kwizigira ishirahamwe ry’Imana be n’Inama Nyobozi yaryo igizwe n’abakirisu barobanujwe impwemu.

10 Vyongeye, ico kintu cabaye kiratwibutsa agaciro ko kwicisha bugufi no kwihangana. Naho Pawulo na Barunaba bari bagenywe n’impwemu nyeranda ubwayo kugira ngo baje kubwira inkuru nziza abantu bo mu mahanga, ntibakoresheje ubwo bubasha ngo bace bagerageza gutorera umuti ico kibazo ng’aho nyene i Antiyokiya. (Ivyak. 13:2, 3) N’ikindi kandi, Pawulo yahavuye yandika ati: «Naduzeyo [i Yeruzalemu] kubera nari nabihishuriwe,» aho akaba yashaka kwerekana ko yari ayobowe n’Imana. (Gal. 2:2) Muri kino gihe, abakurambere barihatira kugaragaza agatima nk’ako ko kwicisha bugufi no kwihangana, igihe hadutse ibibazo vyoshobora gutuma mw’ishengero haba ugucanamwo. Aho kuja mu bihari, bariheka kuri Yehova mu kurimbura Ivyanditswe hamwe n’ubuyobozi butangwa n’umushumba w’umwizigirwa.​—Flp. 2:2, 3.

11, 12. Ni kubera iki kurindira Yehova bihambaye?

11 Mu bihe bimwebimwe, vyoshobora kuba ngombwa yuko turindira ko Yehova atomora ikintu kinaka. Niwibuke ko imbere y’uko Yehova atorera umuti ikibazo kijanye n’ukumenya nimba abanyamahanga bari bakwiye kugenyerwa canke bitari bikenewe, abavukanyi bo mu gihe ca Pawulo babwirijwe kurindira gushika nko mu 49 inyuma ya Kristu, aho hakaba hari haciye imyaka nka 13 Koruneliyo arobanujwe impwemu mu 36 inyuma ya Kristu. Ni kubera iki none ivyo vyafashe igihe kirekire gutyo? Kumbure, Imana yashaka ko Abayuda b’umutima nziraburyarya baronka umwanya uhagije kugira ngo bahindure ukuntu bari basanzwe babona ibintu, maze bahuze n’iryo hinduka rihambaye. Nkako, isezerano ry’ukugenyerwa Imana yari yaragiranye na sekuruza wabo bikundira Aburahamu, ryari rimaze imyaka 1.900. Guheba ico kintu rero ntivyari vyoroshe.​—Yoh. 16:12.

12 Ese ukuntu ari agateka kwigishwa no kubumbabumbwa na Data wa twese wo mw’ijuru yihangana kandi w’umunyabuntu! Ivyo vyose yama abigira ku bw’ineza yacu. (Yes. 48:17, 18; 64:8) Nimuze rero ntitwigere turondera kwumira ku vyiyumviro vyacu bwite tubigiranye ubwishime, canke ngo turwanye amahinduka ajanye n’ukuntu ishirahamwe ritunganya ibintu, canke ayajanye n’ukuntu twahora dutahura ivyanditswe bimwebimwe. (Umus. 7:8) Hamwe wosanga ufise mwene ako gatima, ubona gute uzirikanye ubijanishije n’isengesho ku ngingo ngenderwako zihuye n’igihe dusanga mu gitabu c’Ivyakozwe ikigabane ca 15? d

13. Twogaragaza gute ukwihangana nk’ukwa Yehova mu busuku turangura?

13 Vyoshobora gukenerwa ko tugaragaza ukwihangana igihe abo twigisha Bibiliya bitaborohera kuvavanura n’imigenzo idashingiye ku Vyanditswe canke inyigisho zitari zo bikundira. Mu bihe nk’ivyo, hari aho twokenera kureka hagaca umwanya ubereye kugira ngo impwemu y’Imana ikorere mu mutima w’umutohoji nk’uwo. (1 Kor. 3:6, 7) Vyongeye, vyoba vyiza tugiye turashira ico kintu mu masengesho dutura. Ukwo biri kwose, Imana izodufasha ku gihe kibereye kugira ngo tumenye ukuntu twovyifatamwo mu buryo buranga ubukerebutsi.​—1 Yoh. 5:14.

Babiganira «ido n’ido» ibintu biremesha vyari vyabaye (Ivyak. 15:3-5)

14, 15. (a) Ni gute ishengero ry’i Antiyokiya ryateye iteka Pawulo, Barunaba be n’abandi bari bafadikanije urugendo? (b) Pawulo na bagenziwe baremesheje gute abakirisu bagenzi babo?

14 Luka abandanya yigana ati: «Abagize ishengero barabaherekeza gatoyi. Abo bagabo babandanya urugendo baca i Fenisiya n’i Samariya, bigana ido n’ido ingene abanyamahanga bariko barahinduka, batuma abavukanyi bose bagira umunezero mwinshi.» (Ivyak. 15:3) Ishengero ryarateye iteka Pawulo na Barunaba be n’abo bari bafadikanije urugendo, rirabaherekeza. Ico kintu kiranga urukundo babagiriye cerekana ko babipfuriza umuhezagiro w’Imana. Ese ukuntu ako ari akandi karorero keza abo bavukanyi b’i Antiyokiya badusigiye! Woba uhora utera iteka abavukanyi bawe, na «canecane [abakurambere] bakora cane mu kuvuga no mu kwigisha.»?​—1 Tim. 5:17.

15 Igihe abo bavukanyi bari ku rugendo, barabereye umuhezagiro abakirisu bagenzi babo b’i Fenisiya be n’ab’i Samariya, mu kubiganira «ido n’ido» ibintu vyari vyabaye mu gikorwa cariko kirangurirwa mu karere k’abanyamahanga. Bishoboka ko mu bariko babumviriza hari harimwo abakirisu b’Abayuda bari barahungiye muri utwo turere inyuma y’aho Sitefano yiciwe rumaratiri. No muri iki gihe nyene, amakuru avuga ibijanye n’ingene Yehova ahezagira igikorwa co guhindura abantu abigishwa araremesha abavukanyi bacu, na canecane ababa bari mu bigeragezo. Woba uhora wungukira bimwe bishitse kuri ayo makuru? Turayaronka igihe twitavye amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro canke igihe dusoma inkuru z’abavukanyi bacu mu bitabu vyacu canke kuri jw.org?

16. Ni igiki cerekana ko ikibazo cerekeye ukugenyerwa cari kimaze gukomera?

16 Bamaze kugira urugendo rw’ibilometero nka 550 berekeza mu bumanuko, nya bavukanyi bari bavuye i Antiyokiya bahavuye bashika iyo bari bagiye. Luka yanditse ati: «Bashitse i Yeruzalemu bakiriwe neza n’ishengero n’intumwa n’abakurambere, baraheza babiganira ibintu vyinshi Imana yari yakoze biciye kuri bo.» (Ivyak. 15:4) Ariko rero, «bamwe mu bo mu mugwi w’idini w’Abafarizayo bari basigaye bizera, barahaguruka aho bari bicaye bavuga bati: “Birakenewe ko bagenyerwa kandi bagategekwa kwubahiriza amategeko ya Musa.”» (Ivyak. 15:5) Biragaragara rero ko ikibazo c’ukugenyera abakirisu batari Abayuda cari kimaze gukomera, akaba ari co gituma categerezwa kwicarirwa.

«Intumwa n’abakurambere bakoranira hamwe» (Ivyak. 15:6-12)

17. Ni bande bari bagize inama nyobozi y’i Yeruzalemu? Ni igiki gishobora kuba caratumye hashirwamwo «abakurambere»?

17 Mu Migani 13:10 havuga hati: «Abarondera impanuro baba bafise ubukerebutsi.» Mu buryo buhuye n’iyo ngingo ngenderwako itomoye, «intumwa n’abakurambere [bakoraniye] hamwe ngo bige ico kibazo [c’ukugenyerwa].» (Ivyak. 15:6) «Intumwa n’abakurambere» ni bo baserukira ishengero ryose ico gihe, nk’uko nyene Inama Nyobozi ari yo iriserukira muri kino gihe. Ni kubera iki none abo «bakurambere» bakorana n’intumwa? Niwibuke ko intumwa Yakobo yari yaragandaguwe, be n’uko intumwa Petero na we yari yarigeze kumara n’imiburiburi igihe kinaka apfunzwe. None iyo izindi ntumwa zishikirwa n’ikintu nk’ico, vyociye bigenda gute? Ukuba harimwo abagabo babishoboye barobanujwe impwemu, vyotumye igikorwa co guhagarikira ishengero kiguma kigenda neza.

18, 19. Ni amajambo akomeye ayahe Petero yavuze, kandi abariko baramwumviriza bari bakwiye guca bashika ku ciyumviro ikihe?

18 Luka abandanya ati: «Bamaze kukiganirako bimwe bikomeye, Petero aca [ahaguruka akavuga] ati: “Bavukanyi, murazi neza yuko haciye igihe Imana intoye muri mwebwe kugira ngo biciye kuri jewe abanyamahanga bumve ijambo ry’inkuru nziza maze bizere. Kandi Imana, imwe izi imitima, yarerekanye ko ibashigikiye mu kubaha impwemu nyeranda nk’uko natwe yayiduhaye. Kandi nta tandukaniro na ritoyi yagize hagati yacu na bo, mugabo yatyoroye imitima yabo biciye ku kwizera.”» (Ivyak. 15:7-9) Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo «kukiganirako bimwe bikomeye» ng’aho ku murongo wa 7, ritanga kandi iciyumviro co «kurondera,» canke «gutohoza.» Biboneka ko abo bavukanyi bari bafise ivyiyumviro bibereye ariko bitandukanye, bakaba babiserura ata kwitinya.

19 Ayo majambo akomeye Petero yavuze, yaribukije abari ng’aho bose yuko ubwiwe ari ho yari ari igihe abanyamahanga ba mbere batagenyerewe, ari bo Koruneliyo n’urugo rwiwe, barobanuzwa impwemu nyeranda mu 36 inyuma ya Kristu. Nimba Yehova atari agitandukanya Abayuda n’abatari Abayuda, wumva none abantu bari kubigira bitwaje iki? Uretse ivyo, umutima w’umukirisu watyororwa no kwizera Kristu, ntiwatyororwa no gukurikiza amategeko ya Musa.​—Gal. 2:16.

20. Ni mu buryo ki abariko barashigikira ivy’ukugenyerwa “bariko barageza Imana”?

20 Petero yishimikije iyo ntahe ntaharirizwa ishingiye kw’ijambo ry’Imana no ku mpwemu nyeranda, yasozereye ati: «Kubera iki none muriko murageza Imana mu kuremeka abigishwa umutwaro baba ba sogokuruza canke twebwe tutashoboye kwikorera? Ahubwo riho, dufise ukwizera ko dukizwa biciye ku buntu buhebuje bw’Umukama Yezu cokimwe na bo.» (Ivyak. 15:10, 11) Ku bwa ngingo, abariko barashigikira ivy’ukugenyerwa, “bariko barageza Imana,” canke nk’uko bivugwa n’iyindi Bibiliya, “bariko bagerageza ukwihangana kwayo.” Bariko bagerageza kuremeka abanyamahanga amategeko Abayuda ubwabo batashobora gukurikiza bimwe bishitse, ivyo bikaba vyatuma abo Bayuda bacirwa urwo gupfa. (Gal. 3:10) Abo Bayuda bariko barumviriza Petero bari bakwiye nyabuna gukenguruka ubuntu buhebuje Imana yabagaragarije biciye kuri Yezu.

21. Ni igiki Barunaba na Pawulo baterereye mu nama yariko iragirwa?

21 Biboneka ko amajambo Petero yavuze yabakozeko, kuko “abari ng’aho bose baciye bacereza.” Barunaba na Pawulo baciye babiganira «ibimenyetso vyinshi n’ibitangaza vyinshi Imana yakoze mu mahanga biciye kuri bo.» (Ivyak. 15:12) Ico gihe rero, intumwa n’abakurambere bari gushobora kurimbura ivyo bimenyamenya vyose, hanyuma bagafata ingingo yari kuba ihuje neza n’ivyo Imana igomba ku bijanye n’ico kibazo cerekeye ukugenyerwa.

22-24. (a) Ni gute Inama Nyobozi yo muri iki gihe ikurikiza akarorero yasigiwe n’inama nyobozi yo mu ntango? (b) Abakurambere bose bokwerekana gute ko bubaha ubukuru bwa gitewokarasi?

22 No muri iki gihe nyene, iyo abagize Inama Nyobozi bakoraniye hamwe mu gihe c’inama, bararonderera ubuyobozi mw’Ijambo ry’Imana bakongera bagasenga cane basaba impwemu nyeranda. (Zab. 119:105; Mat. 7:7-11) Ni co gituma umwe wese muri bo aronswa imbere y’igihe urutonde rw’ibizokwihwezwa kugira ngo ashobore kuba arabizirikanako abijanisha n’isengesho. (Imig. 15:28) Mu gihe c’inama, abo bavukanyi barobanujwe impwemu barashikiriza ivyiyumviro bisanzuye, ariko babigiranye icubahiro. Muri ukwo guhanahana ivyiyumviro, baguma bakoresha Bibiliya.

23 Abakurambere bo mw’ishengero barakwiye kwigana ako karorero. Mu gihe abakurambere barangije inama mugabo hakagira ikibazo gikomeye kibananira gutunganya, abo bakurambere boshobora guca bitura ibiro vy’ishami ishengero ryabo rikukira, canke na ho bakitura abavukanyi bagenywe babiserukira, nk’akarorero abacungezi b’imizunguruko. Ibiro vy’ishami na vyo, vyoshobora kwandikira Inama Nyobozi igihe bibaye ngombwa.

24 Mu vy’ukuri, Yehova arahezagira abubahiriza intunganyo ya gitewokarasi bakongera bakagaragaza agatima ko kwicisha bugufi, kudahemuka be no kwihangana. Nk’uko tuza kubibona mu kigabane gikurikira, impera Imana ironsa ababigenza gutyo ni amahoro nyakuri, ugusagamba mu vy’impwemu be n’ubumwe.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Inyigisho z’Abayuda bumira ku migenzo yabo

b Isezerano ryo kugenyerwa ntiryari riri mu bigize isezerano Imana yagiranye na Aburahamu, rino rikaba rigikora gushika n’ubu. Isezerano Imana yagiranye na Aburahamu ryatanguye gukora mu 1943 imbere ya Kristu aho Aburahamu (ico gihe akaba yitwa Aburamu) ajabukiye uruzi Efurate ariko aja i Kanani. Ico gihe yari afise imyaka 75. Isezerano ryo kugenyerwa ryagizwe mu nyuma, mu 1919 imbere ya Kristu, igihe Aburahamu yari afise imyaka 99.​—Ita. 12:1-8; 17:1, 9-14; Gal. 3:17.

c Biboneka ko umukirisu umwe w’Umugiriki yitwa Tito, uwahavuye aba umuntu w’umwizigirwa Pawulo yaza ararungikana ubutumwa, akongera agakorana na we, yari muri abo bantu barungitswe i Yeruzalemu. (Gal. 2:1; Tito 1:4) Uwo mugabo yari umwe mu banyamahanga batagenyerewe barobanujwe impwemu nyeranda.​—Gal. 2:3.