Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ironderero ry’amashusho

Ironderero ry’amashusho

Atondetswe Hisunzwe Urupapuro Ariko

  • Ku gipfukisho Pawulo, Tabita, Galiyo, Luka, umupolisi wo ku rusengero ari kumwe n’intumwa, Umusadukayo, Pawulo ajanywe i Sezariya; ukwamamaza mu bihe vya none hakoreshejwe umuduga uriko ivyuma biduza amajwi be n’icuma gisohora amajwi.

  • Urupapuro 1 Pawulo aboheshejwe umunyororo, ari kumwe na Luka mu bwato butwaye ibidandazwa i Roma.

  • Urupapuro 2, 3 Umuvukanyi J. E. Barr be n’umuvukanyi T. Jaracz bo mu Nama Nyobozi bari imbere y’ikarata y’isi.

  • Urupapuro 11 Yezu ashinga igikorwa za ntumwa ziwe 11 z’intahemuka be n’abandi bayoboke biwe ku musozi w’i Galilaya.

  • Urupapuro 15 Yezu aduga mw’ijuru. Intumwa ziguma zimwitegereza.

  • Urupapuro 22 Kuri Pentekoti, abigishwa batanguye kuganiriza abashitsi mu ndimi zabo.

  • Urupapuro 40 Intumwa zihagaze imbere ya Kayifa yarakaye. Abapolisi bo ku rusengero bariteguriye gukoreshwa n’Inama Nkuru kugira bafate intumwa.

  • Urupapuro 49 Hepfo: Inyuma ya ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, igihe sentare yo mu Buseruko bw’Ubudagi yagoreka urubanza ikagiriza Ivyabona vya Yehova yuko ngo ari abatasi b’Abanyamerika.​—Ikinyamakuru kimwe (Neue Berliner Illustrierte) casohotse ku wa 3 Gitugutu 1950.

  • Urupapuro 52 Sitefano ariko yagirizwa imbere y’Inama Nkuru. Ibubamfu bwiwe hicaye Abasadukayo b’abatunzi, iburyo bwiwe na ho hicaye Abafarizayo bakurikiza bimwe birenze urugero imigenzo ya kera.

  • Urupapuro 60 Petero arambitse ibiganza ku mwigishwa mushasha, Simoni na we ari inyuma yiwe afise agatu k’ibiceri.

  • Urupapuro 85 Petero n’abo bafadikanije urugendo binjiye kwa Koruneliyo. Koruneliyo afise ku rutugu rw’ibubamfu impuzu idasanzwe yerekana ko ari intwazangabo y’abasoda 100 b’Abaroma.

  • Urupapuro 93 Petero ariko ayoborwa n’umumarayika; ashobora kuba yari yapfungiwe mu Munara wa Antonia.

  • Urupapuro 95 Hepfo: Akagwi k’abantu b’inkazi hafi y’i Montréal muri Québec, mu 1945.​—ikinyamakuru kimwe (Weekend Magazine) casohowe muri Mukakaro 1956.

  • Urupapuro 103 Pawulo na Barunaba batabwa hanze y’igisagara ca Antiyokiya h’i Pisidiya. Amaja hejuru y’iyo shusho hari umugende w’amazi ukiri mushasha w’ico gisagara, bikaba bishoboka ko wubatswe mu ntango z’ikinjana ca mbere inyuma ya Kristu.

  • Urupapuro 106 Pawulo na Barunaba banka gushemagizwa i Lusitira. Mu bisanzwe, igihe abantu baba bariko baratanga ibimazi, wasanga bagira ibirori birangwamwo akanyamuneza kenshi n’uruyogoyogo, hamwe n’imiziki myinshi.

  • Urupapuro 113 Hejuru: Silasi na Yuda bariko bararemesha ishengero ry’i Antiyokiya h’i Siriya. (Ivyak. 15:30-32) Hepfo: Umucungezi w’umuzunguruko ariko ashikiriza insiguro mw’ishengero ryo muri Uganda.

  • Urupapuro 121 Ishengero ry’i Yeruzalemu ryikoraniriza mu nzu y’umuntu.

  • Urupapuro 142 Pawulo na Timoteyo bari mu bwato bw’Abaroma butwara ibidandazwa. Uravye hirya kure ushobora kubona umunara wariko itara.

  • Urupapuro 157 Pawulo na Silasi bari ahantu hari umuryango wugaye, bariko bahunga akagwi k’abantu bashangashiwe.

  • Urupapuro 177 Galiyo akankamira abariko bagiriza Pawulo. Yambaye impuzu ijanye n’ikibanza afise, ni ukuvuga umutamana wera w’inyambarabami ufise umukunjo w’umuyugubwe, be n’ibirato vyitwa calcei.

  • Urupapuro 180 Demetiriyo ariko avugana n’abakozi bo mu ruganda rw’i Efeso bacuriramwo ifeza. Utunyabugoro tw’ifeza twa Arutemi twaragurishwa kugira ngo abantu batugire utugenegene twabo tw’icibutso.

  • Urupapuro 195 Pawulo na bagenziwe bariko burira ubwato. Uravye hirya kuri iyo shusho, urabona igishushanyo amahero cubatswe mu kinjana ca mbere imbere ya Kristu kigereranya ikivuko.

  • Urupapuro 205 Hepfo: Icabona akiri muto ariko yinjiza mu mpisho ibisohokayandikiro muri Kanada igihe ibisohokayandikiro vyacu vyari bibujijwe muri ico gihugu mu myaka ya 1940 (Vyasubiwemwo mu buryo bw’agakino.)

  • Urupapuro 208 Pawulo ariyorosha akemera gukora ivyo abakurambere bamusavye. Inyuma yiwe, hari Luka na Timoteyo baje bamutwaje intererano zarungikiwe abavukanyi.

  • Urupapuro 218 Umwishwa wa Pawulo ariko avugana na Kolode Lisiyasi mu Munara wa Antonia, bikaba bishoboka ko aho ari ho Pawulo yari apfungiwe. Uravye amaja inyuma kuri iyo shusho, urashobora kubona urusengero rwa Herodi.

  • Urupapuro 236 Pawulo ariko arasenga asabira abo bari kumwe mu bwato bw’ibidandazwa barushe basanzaye.

  • Urupapuro 254 Imbohe Pawulo ariko aritegereza igisagara ca Roma, aboheshejwe umunyororo ku musoda w’Umuroma.