Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 8 • IVYAKOZWE 21:18–28:31

“Ababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana ata kimutangira”

“Ababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana ata kimutangira”

IVYAKOZWE 28:31

Muri iki gihimba, turaza kwiga ivyerekeye Pawulo igihe yahangana n’imigwi y’abantu barakaye, igihe yihanganira ugupfungwa, be n’igihe yaza ararengutswa imbere y’abategetsi batandukanye b’Abaroma. Naho iyo ntumwa ishikirwa n’ivyo bintu vyose, iguma ishinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana. Uko urimbura insozero iteye umunezero y’igitabu c’Ivyakozwe, niwibaze uti: «Noshobora gute kwigana uwo mwamamaji w’injili w’umurindutsi kandi w’umunyamwete?»