Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 26

“Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe”

“Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe”

Pawulo aragaragaza ukwizera gukomeye be n’urukundo akunda abandi igihe ubwato arimwo busaba

Bishingiye ku Vyakozwe 27:1–28:10

1, 2. Ni urugendo nyabaki Pawulo agiye kugira, kandi ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora kuba bimuraje ishinga?

 PAWULO aguma yiyumvira amajambo Buramatari Fesito yamubwiye ngo «uzorenguka imbere ya Sezari,» kubera ko ayo majambo agiye kugira ikintu gikomeye akoze kuri kazoza kiwe. Kubera ko Pawulo yari amaze imyaka ibiri apfunzwe, urugendo rurerure agiye kugira aja i Roma ruraza gutuma n’imiburiburi uko ivyiwe vyari vyifashe guhinduka, abone ibindi bintu. (Ivyak. 25:12) Naho ari ukwo, ibintu vyinshi Pawulo yibuka neza ku bijanye n’ingendo zo mu biyaga yagiye aragira, birimwo n’ibindi uretse ibijanye n’ibihe aho wasanga akayaga gahuhuta bukebuke kandi amazi atekanye gushika ibuheramaso. Urugendo Pawulo agiyemwo kugira ngo arenguke imbere ya Sezari, rushobora kuba rutuma yibaza ibibazo bitari bike bikomakomeye.

2 Pawulo yarashikiwe n’«akaga mu kiyaga» incuro nyinshi, ararokoka incuro zitatu imeri yamusabiyeko, aranamara ijoro n’umurango hagati mu kiyaga. (2 Kor. 11:25, 26) N’ikindi kandi, urwo rugendo ruza kuba rutandukanye cane n’ingendo z’ubumisiyonari yagize ari umuntu yidegemvya. Pawulo aza kugira urwo rugendo rurerure cane ari imbohe, akaba agiye i Roma avuye i Sezariya, urugendo rw’ibilometero birenga 3.000. Yoba aza gushika i Roma impundu amarembe? Naho yoshikayo amarembe, ubwo hoho ntazohava acirwa urwo gupfa? Niwibuke ko yari agiye gucirwa urubanza n’ubutegetsi bukomeye kuruta ubundi bwose mw’isi ya Shetani y’ico gihe.

3. Pawulo yari afise umwiyemezo uwuhe, kandi ni ibiki tuza kurimbura muri iki kigabane?

3 Ufatiye ku vyo umaze gusoma vyose ku vyerekeye Pawulo, woba wibaza ko yari yihebuye kubera ivyari biraririye kumushikira? Habe namba! Yari azi yuko yoshikiwe n’ibintu bigoye, ariko ntiyari azi ivyo ari vyo. Wumva none yari gutakaza umunezero yakura mu busuku yarangura, kubera kwiganyira birenze urugero ku bijanye n’ibintu atari ashoboye guhagarika ngo ntibimushikire? (Mat. 6:27, 34) Pawulo yari azi yuko Yehova yagomba ko akoresha akaryo kose aronse kugira ngo abwire abantu inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, harimwo mbere n’abakuru bo mu vy’intwaro. (Ivyak. 9:15) Pawulo yari yiyemeje gushitsa igikorwa yari yashinzwe, naho hoje iki. None uwo si wo mwiyemezo na twebwe dukwiye kugira? Nimuze rero tujane na Pawulo muri urwo rugendo rw’intibagirwa uko twihweza ingene twokwungukira cane ku karorero kiwe.

«Imiyaga yaduturuka imbere» (Ivyak. 27:1-7a)

4. Pawulo yatanguriye urugendo rwiwe mu bwato ubuhe, kandi ni bande bari kumwe na we?

4 Pawulo be n’izindi mbohe bari bashikirijwe intwazangabo y’Umuroma yitwa Yuliyo, uno akaba yahisemwo kubatwara mu bwato bwatwara ibidandazwa bwari bwashikiye i Sezariya. Ubwo bwato bwari bwaje buvuye i Aduramutiyo, ikivuko co ku nkengera yo mu Burengero bwa Aziya Ntoya, aharabana n’igisagara c’i Mitileni kw’izinga rya Lesbos. Ubwo bwato bwobanje kugenda bwerekeza mu Buraruko, hanyuma bugaca bwerekeza mu Burengero, bukaza burahagarara kugira ngo bupakururwe bwongere bupakirwe ibidandazwa. Mwene ubwo bwato bw’ibidandazwa ntibwari bubereye gutwara ingenzi, na canecane imbohe. (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Kugendera mu mato y’ibidandazwa.») Igishimishije ni uko Pawulo atari we mukirisu wenyene yari kumwe n’uwo mugwi w’abagizi ba nabi. Yari kumwe n’imiburiburi n’abakirisu bagenziwe babiri, ari bo Arisitariko na Luka. Nkako, Luka ni we yanditse iyo nkuru. Ntituzi niba abo bagenzi babiri b’intahemuka ba Pawulo ari bo bari birihiye urwo rugendo canke ko bari abasuku biwe.​—Ivyak. 27:1, 2.

5. Ni bande Pawulo yashoboye kwifatanya na bo i Sidoni, kandi ni igiki dushobora kuvyigirako?

5 Haciye umusi umwe nya bwato buriko buragenda kandi bumaze kugira urugendo rw’ibilometero nka 110 amaja mu Buraruko, bwarahagaze i Sidoni, ku nkengera ya Siriya. Biboneka ko Yuliyo atafashe Pawulo nk’uko yafata abandi bagizi ba nabi, ivyo akaba kumbure yabitumwa n’uko Pawulo yari Umuroma, akaba atari bwagirwe n’icaha. (Ivyak. 22:27, 28; 26:31, 32) Yuliyo yararetse Pawulo arava mu bwato, hanyuma araja kuramutsa abakirisu bagenziwe. Ese ukuntu abo bavukanyi n’abo bashiki bacu bategerezwa kuba barahimbawe cane no kwitwararika iyo ntumwa inyuma y’ikiringo kirekire cane yari imaze ipfunzwe! Woba ubona uturyo wogaragarizamwo abakirisu bagenzawe ubwakiranyi ubikuye ku mutima, nawe ugaheza ugakomezwa?​—Ivyak. 27:3.

6-8. Pawulo yashitse gute i Kinido avuye i Sidoni, kandi ni uturyo utuhe ashobora kuba atagishije mu bijanye no kwamamaza inkuru nziza?

6 Nya bwato buvuye i Sidoni, bwarabandanije bujana iyo nkengera, burengana Silisiya, hafi y’igisagara Pawulo yavukamwo c’i Taruso. Luka ntavuga ahandi hantu ubwo bwato bwagiye burahagarara, naho nyene ashiramwo ibijanye n’akaga kari karaririye kubashikira igihe avuga ivyerekeye «imiyaga yaduturuka imbere.» (Ivyak. 27:4, 5) Naho biri ukwo, turashobora kwiha ishusho Pawulo ariko akoresha akaryo kose aronse kugira ngo yamamaze inkuru nziza. Nta gukeka ko yabwiye inkuru nziza izindi mbohe be n’abandi bantu bari muri ubwo bwato, ushizemwo ababugendesha be n’abasoda, hamwe n’abantu bose bahura na we ku bivuko ubwo bwato bwagiye burahagararako. Twoba natwe muri iki gihe dukoresha neza uturyo twose turonse, maze tukabwira abantu inkuru nziza?

7 Haciye igihe, ubwo bwato bwarashitse i Mira, ikivuko co ku nkengera yo mu Bumanuko bwa Aziya Ntoya. Ng’aho, Pawulo n’abandi babwirijwe gufata ubundi bwato bwobashikanye i Roma, iyo bari bagiye. (Ivyak. 27:6) Muri ico gihe, Uburoma bwakura ibifungurwa vy’intete mu Misiri, kandi amato yaba atwaye ivyo bifungurwa yahagarara i Mira. Aho Yuliyo aboneye ubwo bwato yaciye ategeka abasoda n’imbohe kubwurira. Ubwo bwato butegerezwa kuba bwari bunini cane kuruta ubwo bari bafashe ubwa mbere. Nya bwato bwari butwaye imizigo y’ingano y’agaciro kanini hamwe n’abantu 276, abari bagizwe n’ababugendesha, abasoda, imbohe, kumbure hakaba harimwo n’abandi bantu bari bagiye i Roma. Bigaragara ko kuba barafashe ubundi bwato vyatumye Pawulo aronka abandi bantu benshi kuruta abwira inkuru nziza, kandi nta gukeka ko atagishije ako karyo.

8 Ubwo bwato bwasubiye guhagarara i Kinido amaja mu Bumanuko bushira Uburengero bwa Aziya Ntoya. Igihe bwaba buriko bugenda imiyaga ibuturuka inyuma, kuva i Mira gushika i Kinido bwashobora kuhagenda nk’umusi umwe. Yamara, Luka avuga yuko bamaze “imisi itari mike bagenda bukebuke bashika i Kinido bigoranye.” (Ivyak. 27:7a) Nticari igihe ciza co gusoza ubwato muri ico kiyaga. (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Imiyaga yo muri Mediterane irahindagura iyo ihuhuta ijana.») Iyumvire ukuntu abantu bari muri ubwo bwato bari bamerewe, buno bukaba bwariko bugerageza guca muri iyo miyaga ikaze no muri ico kiyaga gisuriranya.

«Igihuhusi cariko gituma tuzungazunga rwose» (Ivyak. 27:7b-26)

9, 10. Ni ingorane izihe zashikiye izo ngenzi mu micungararo ya Kirete?

9 Naho umukapitene w’ubwo bwato yipfuza ko baca babandanya berekeza mu Burengero bavuye aho i Kinido, Luka, uwari muri nya bwato, avuga yuko “umuyaga utabakundiye.” (Ivyak. 27:7b) Nya bwato bumaze gushika kure y’inkengera, ntibwabaye bukiyoborwa n’imiyaga ivuye i musozi; igihuhusi gikaze kivuye mu Buraruko bushira Uburengero caciye kibusunikira mu Bumanuko, bikaba bishoboka ko bwagenda bunyaruka cane. Nk’uko nyene izinga rya Shipure ryigeze gukinga imiyaga ikaze yaturuka imbere y’ubwato Pawulo yarimwo imbere y’aho, ni na ko izinga rya Kirete ryakingiye ubwo bwato barimwo ico gihe. Ibintu bisa n’ivyagenze neza gatoyi inyuma y’aho ubwo bwato burenganiye agace k’isi kinjira mu mazi kitwa Salumone gaherereye amaja ku mpera y’inkengera yo mu Buseruko bwa Kirete. Uti kubera iki? Ni uko nya bwato bwari bwashitse mu gice co mu Bumanuko bw’iryo zinga, ahantu hari imiyaga idakaze cane. Iyumvire nawe ukuntu abari muri ubwo bwato bumvise basubirijwe umutima mu nda muri ako kanya! Ariko rero, magingo ubwo bwato bwari muri ico kiyaga, ababugendesha ntibari bakwiye kwiyobagiza ivy’uko urushana rwari rwimirije. Bari bafise imvo zo guhagarika umutima.

10 Luka aravuga adomako ati: «Duca hafi y’inkengera yaho [ya Kirete] ariko ntivyatworoheye. Mugabo twarashitse ahantu hamwe hitwa Bivuko vyiza.» Naho ubwo bwato bwari bukingiwe n’iryo zinga, kubuyobora vyari bigoye cane. Ariko, bahavuye baronka aho babuhagarika mu kagobe gatoyi, ako vyiyumvirwa yuko kari mu karere umuntu yabanza gushikira imbere y’uko atandukira inkengera y’iryo zinga yo mu Buraruko. None bamaze igihe kingana iki aho hantu? Luka avuga yuko bahamaze «imisi itari mike,» naho bitatumye boroherwa. Kugendera muri ico kiyaga muri Nyakanga no muri Gitugutu, vyarimwo akaga cane.​—Ivyak. 27:8, 9.

11. Ni impanuro iyihe Pawulo yahaye abo bari kumwe mu bwato, ariko ni ingingo iyihe bafashe?

11 Bamwebamwe mu bari muri ubwo bwato bashobora kuba barahanuje Pawulo kubera ko yari amenyereye kugira ingendo mu Kiyaga Mediterane. Yabahanuye ko batobandanya urwo rugendo. Baramutse babandanije, “hari ivyokwononekara, hakaba n’uruhombo rukomeye,” kumbure bakanahasiga ubuzima. Ariko rero, uwariko agendesha ubwo bwato na nyenebwo bashaka kubandanya, bakaba kumbure babona ko vyihutirwa yuko baronka ahantu hatagira inkomanzi kuruta. Barajijuye Yuliyo, kandi nka bose babona yuko bari bakwiye kugerageza bakaraba yuko boshikira ikivuko c’i Feniki, cari hirya kure kuri iyo nkengera. Babwirizwa kuronka ikivuko kinini kandi ciza kuruta bomazemwo urwo rushana. Ni co gituma igihe bahendwa n’umuyaga uhuhuta bukebuke uvuye mu Bumanuko, baciye babandanya urugendo.​—Ivyak. 27:10-13.

12. Ni ibiki vyabangamiye ubwato bumaze kuva i Kirete, kandi ababugendesha bagerageje gute kwirinda izo ngeramizi?

12 Ibintu vyaciye birushiriza gukomera, kuko haciye haba «umuyaga ukaze» uvuye mu Buraruko bushira Ubuseruko. Mu nyuma, bahavuye bakingirwa n’«izinga ritoyi ryitwa Kawuda» nko ku bilometero 65 uvuye ku Bivuko Vyiza. Naho vyari ukwo, ubwo bwato bwari guhava buraririzwa amaja mu Bumanuko, maze bukiseka ku bidunduri vy’imisenyi vyo ku nkengera ya Afrika. Kubera ko abagendesha ubwo bwato batinya ko ivyo bibashikira, baciye bakwega akato gatoyi kakwegwa n’ubwo bwato. Gukwega ako kato ntivyaboroheye kubera ko gashobora kuba karimwo amazi menshi. Baciye bakora uko bashoboye kwose kugira ngo badade ubwo bwato munsi, ivyo bakabigira mu kuza baracisha imigozi canke iminyororo munsi yabwo kugira ngo babohe cane imbaho zabwo ntizitane. Ivyo biheze, baciye bamanura ibifashe ihema, hanyuma barabureka ngo bugume bujanwa n’umuyaga gushika nya gihuhusi kirenganye. Iyumvire ukuntu ivyo bintu bitegerezwa kuba vyari biteye ubwoba! Naho bari bakoze utwo twigoro twose, nya bwato bwabandanije “kuzungazungishwa n’ico gihuhusi rwose.” Ku musi ugira gatatu, baciye bata ibikoresho vy’ubwo bwato mu kiyaga, kumbure kugira ngo barabe ko nya bwato bworushiriza kureremba.​—Ivyak. 27:14-19.

13. Ibintu vyari vyifashe gute mu bwato Pawulo yarimwo bwariko buzungazungishwa n’igihuhusi?

13 Abenshi bategerezwa kuba baratekewe n’ubwoba. Pawulo na bagenziwe bobo bari bizigiye ko borokotse. Umukama yari yakuye amazinda Pawulo yuko iyo ntumwa yoshinze intahe i Roma, kandi hari umumarayika mu nyuma yemeje uwo muhango. (Ivyak. 19:21; 23:11) Ariko ntiwumve, nya gihuhusi camaze amayinga abiri yose gihuhuta kidatezura ijoro n’umurongo. Kubera ko imvura yaguma ari jejeje kandi igipfungu kikaba cari cazitanye ku buryo izuba n’inyenyeri bitashobora kuboneka, uwugendesha nya bwato ntiyashobora kumenya aho bugeze canke iyo bwariko bwerekeza. Mbere n’ugufungura vyari urugamba. None wumva bari kwiyumvira gute ivyo gufungura, narirya hari igikonyozi, imvura yari jejeje, bumva bamerewe nabi kubera ugusuriranya kw’ikiyaga, kandi bari batekewe n’ubwoba?

14, 15. (a) Ni kubera iki Pawulo yavuze ibijanye n’imburi yari yatanze? (b) Ni ivyigwa ibihe dukura ku butumwa butanga icizigiro Pawulo yashikirije?

14 Pawulo yahavuye ahaguruka. Yaravuze ibijanye n’imburi yari yatanze, ariko ntiyabivuga mu buryo bwo kubakora kw’itama. Ahubwo riho, ibintu vyariko biraba vyerekana ko batari bakwiye kwirengagiza ivyo yavuze. Yaciye avuga ati: «Ndabasavye mureme, kuko ata muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe, ariko ubwato bwo ntibuzorokoka.» (Ivyak. 27:21, 22) Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarahumurije cane abo yariko abwira! Pawulo na we nyene ashobora kuba yaranezerejwe no kuba Yehova yari yamuhaye ubutumwa nk’ubwo butanga icizigiro ngo abushikirize abo bari kumwe. Birahambaye cane ko twama twibuka yuko Yehova yitwararika ubuzima bw’umuntu uwo ari we wese. Umuntu wese ari n’agaciro kuri Yehova. Intumwa Petero yanditse ati: «Yehova . . . [nta]shaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.» (2 Pet. 3:9) Ese ukuntu rero vyihutirwa yuko twihatira kubwira abantu benshi bashoboka ubutumwa butanga icizigiro buva kuri Yehova! Ubuzima bw’abantu, ubwo Yehova asanzwe abona ko buri n’agaciro, burageramiwe.

15 Pawulo ashobora kuba yari yabwiye abantu benshi bari muri ubwo bwato ibijanye n’uko “yizigiye ivyo Imana yasezeranye.” (Ivyak. 26:6; Kol. 1:5) Ico gihe na ho, bitumwe n’uko ubwo bwato hari kabiri na rimwe bugasaba, Pawulo yarababwiye imvo zihambaye cane zatuma bizigira ko borokotse ivyagira bibashikire. Yavuze ati: «Muri iri joro, hari umumarayika w’Imana nsenga . . . yahagaze iruhande yanje, ambwira ati: “Ntutinye, Pawulo. Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari, kandi wewe n’abo muri kumwe mu bwato bose Imana izobarokora.”» Pawulo yaciye abahimiriza ati: «Nimureme rero, yemwe bagabo. Ndemera ko Imana izobikora nk’uko nabibwiwe. Ariko ikiyaga gitegerezwa kuduta kw’izinga kanaka.»​—Ivyak. 27:23-26.

«Bose bashika i musozi badora» (Ivyak. 27:27-44)

«Akengurukira Imana imbere yabo bose.»​—Ivyakozwe 27:35

16, 17. (a) Ni akaryo akahe katumye Pawulo atura isengesho, kandi ivyo vyavuyemwo iki? (b) Ku bijanye n’imburi Pawulo yatanze, ni gute vyagaragaye ko ivyo yavuga kwari ukuri?

16 Haheze za ndwi zibiri bamaze batekewe n’ubwoba bari mu bwato bwari bwararirijwe na ca gihuhusi nko ku bilometero 870, ababugendesha barumvise ihinduka mu kiyaga, bakaba kumbure bumvise imipfunda y’ikiyaga yikubita ku nkengera. Baciye bakorora inanga bazicishije kw’itenzi kugira ngo bakingire ubwato ntibuhave butwarwa irya n’ino no kugira bayobore impanza yabwo berekeza ku nkengera, ngo barabe ko bobushikanayo. Ivyo biheze, baciye bagerageza kuva muri ubwo bwato ariko abasoda ntibabakundiye. Pawulo yabwiye intwazangabo n’abasoda ati: «Aba bantu batagumye mu bwato, ntimushobora gukira.» Nya bwato bumaze gusa n’ubutekanye, Pawulo yarahimirije abari muri bwo bose ngo bafungure, yongera abakura amazinda yuko borokotse. Pawulo yaciye «akengurukira Imana imbere yabo bose.» (Ivyak. 27:31, 35) Mu gutura iryo sengesho ryo gukenguruka, yarabereye akarorero keza Luka, Arisitariko be n’abakirisu bo muri iki gihe. Amasengesho utura userukiye abandi, yoba aremesha abandi kandi akabahumuriza?

17 Pawulo ahejeje gutura isengesho, «bose bararema, na bo nyene batangura gufungura.» (Ivyak. 27:36) Barasubiye kuremurura nya bwato mu kuza baraterera imizigo y’ingano mu kiyaga kugira ngo bitume burushiriza kureremba, gutyo bubone gushika ku nkengera. Bukeye, abagendesha ubwo bwato baraciye imigozi yari igumije inanga, barabohora imigozi y’ingafe bongera baraduza ihema ritoyi ry’imbere kugira ngo bagerageze kubuyobora, barabe ko bwoshika ku nkengera. Hanyuma, igice c’imbere c’ubwo bwato caciye kigoma, kumbure bitewe n’uko bwisetse ku kirundo c’umusenyi canke ku rushanga, itenzi na ryo rica ritangura kumenagurwa n’imipfunda ikaze yisuka kuri bwo. Hari abasoda bashatse kwica imbohe kugira ngo ntihagire n’imwe itoroka, ariko Yuliyo yarababujije. Yaciye ategeka abari muri nya bwato bose ngo bagerageze bashike i musozi mu kugenda boga canke bareremba ku mbaho canke ku bindi bintu vy’ubwo bwato. Ivyo Pawulo yari yavuze vyararangutse; bose uko bari 276 bararokotse. Emwe, “bose bashitse i musozi badora.” Ariko none bari he?​—Ivyak. 27:44.

«Umutima mwiza w’akataraboneka» (Ivyak. 28:1-10)

18-20. Abantu bo kw’izinga rya Malita bagaragaje gute «umutima mwiza w’akataraboneka,» kandi ni igitangaro ikihe Imana yakoze ibicishije kuri Pawulo?

18 Nya bantu bari barokotse basanze bari kw’izinga rya Malita, mu Bumanuko bwa Sisile. (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Izinga rya Malita ryari riherereye he?») Abantu bo kuri iryo zinga bavuga ururimi rw’urunyamahanga, barabagaragarije «umutima mwiza w’akataraboneka.» (Ivyak. 28:2) Baracaniye umucanwa abo bantu batari bazi bari bashitse kuri iryo zinga ryabo bajovye kandi bariko barajugumira. Uwo mucanwa warabafashije gususuruka naho hari hakanye cane kandi imvura ari jejeje. Vyongeye, waratumye hakorwa igitangaro.

19 Pawulo yaraterereye agacumu k’ubumwe muri ico gikorwa ciza bariko bakorerwa. Yaratoraguye inkwi zo gushira kuri nya mucanwa. Igihe yariko arazishirako, hari imamba y’ubumara yasokorotse muri zo imwibohera ku kuboko, iramukomora. Abantu bo muri iryo zinga rya Malita baciye biyumvira ko imana zimuhanye. a

20 Nya bantu bo kuri iryo zinga babonye ko Pawulo yari yakomowe n’iyo nzoka, biyumviriye yuko yociye «avyimba.» Igitabu kimwe kivuga yuko ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango rihindurwa ngo “kuvyimbagana” ari «imvugo ikoreshwa mu vy’ubuvuzi.» Ntibitangaje rero kubona mwene iyo mvugo ari yo yaciye iza mu bwenge bwa «Luka umuganga mukundwa.» (Ivyak. 28:6; Kol. 4:14) Naho vyari ukwo, Pawulo yarikunkumuye nya nzoka y’ubumara, kandi nta co yari yabaye.

21. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe bivugwa mu buryo budomako dusanga muri iki gice c’inkuru yiganwa na Luka? (b) Ni ibitangaro ibihe Pawulo yakoze, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute ku bantu bo mw’izinga rya Malita?

21 Hari umuntu umwe w’umutunzi yitwa Pubiliyo yari afise amatongo menshi, yaba muri ako karere. Ashobora kuba yari intwazangabo y’Umuroma yari ihambaye cane kuri iryo zinga rya Malita. Luka avuga ko Pubiliyo yari «umukuru w’iryo zinga,» akaba akoresha neza na neza izina ry’icubahiro riboneka ku vyandikano bibiri vyubuwe muri iryo zinga. Yarahaye indaro Pawulo na bagenziwe, bahamara imisi itatu. Yamara, se wa Pubiliyo yari arwaye. Luka aradondora neza na neza ukuntu uwo muntu yari amerewe. Yaravuze n’indwara kandondwa uwo muntu yari arwaye, ati: «Yari ku musego arembejwe n’inyonko n’amacinya.» Pawulo yarasenze yongera arambika ibiganza kuri nya muntu, na we aca arakira. Kubera ko abantu bo muri iryo zinga bakozwe ku mutima cane n’ico gitangaro, baciye bazana abandi barwayi kugira ngo bakizwe, barazana n’ingabirano kugira ngo baronse Pawulo na bagenziwe ivyo bari bakeneye.​—Ivyak. 28:7-10.

22. (a) Umwigisha umwe yahayagije gute inkuru Luka yanditse ku bijanye n’urugendo Pawulo yagize aja i Roma? (b) Ni ibiki turimbura mu kigabane gikurikira?

22 Inkuru yerekeye urwo rugendo rwa Pawulo tumaze kurimbura gushika aha, nta mahinyu irimwo kandi ni iy’ukuri. Umwigisha umwe yavuze ati: «Inkuru ya Luka . . . ni imwe mu nkuru zitomoye kuruta izindi zose ziganwa muri Bibiliya yose uko ingana. Amakuru y’ido n’ido iyo nkuru itanga ku bijanye n’ingendo zagirwa mu Kiyaga Mediterane mu kinjana ca mbere be n’ukuntu iyo nkuru idondora ingene akarere ko mu Buseruko bwa Mediterane kari kameze, usanga bitomoye kandi bitagiramwo amahinyu» ku buryo bitegerezwa kuba vyanditswe n’umuntu yari ku rugendo yaza arandika ivyaza biraba ku musi ku musi. Luka ashobora kuba yagiye arandika ayo makuru igihe yagira ingendo ari kumwe n’intumwa Pawulo. Nimba ari uko yabigenjeje, hari vyinshi yokwanditse ku bijanye n’urugendo bari basigaje kugira. Ni ibiki none vyashikiye Pawulo aho amaherezo ashikiye i Roma? Reka tubirabe.

a Kuba abo bantu bari bazi mwene izo nzoka z’imamba, vyerekana ko zigeze kuba zirangwa muri iryo zinga. Muri kino gihe, nta mamba zikirangwa kuri iryo zinga rya Malita. Ivyo bishobora kuba vyatewe n’amahinduka yabaye mu bijanye n’ibidukikije, mu binjana n’ibindi vyagiye birahaca. Canke na ho bikaba vyatewe n’igwirirana ry’abantu ryabaye kuri iryo zinga bigatuma bazihonya.