Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 24

«Gira umutima rugabo!»

«Gira umutima rugabo!»

Pawulo arahakwa kwicwa, hanyuma akiburanira imbere ya Felisi

Bishingiye ku Vyakozwe 23:11–24:27

1, 2. Ni kubera iki Pawulo adatangazwa n’uruhamo rumushikira i Yeruzalemu?

 PAWULO arasubira gutabwa mw’ibohero inyuma y’aho akuriwe mu vyara vy’akagwi k’abantu bashangashiwe i Yeruzalemu. Iyo ntumwa y’umwete mwinshi ntitangazwa n’uruhamo ruyishikira aho i Yeruzalemu. Yari yabwiwe kwitega ko “azopfungwa akongera agashikirwa n’amakuba” muri ico gisagara. (Ivyak. 20:22, 23) Naho Pawulo atazi neza ibiraririye kumushikira, arazi yuko ategerezwa kubandanya acumukura ku bw’izina rya Yezu.​—Ivyak. 9:16.

2 Mbere n’abakirisu bavuga ubuhanuzi baraburiye Pawulo yuko yoboshwe maze “agashikirizwa abanyamahanga.” (Ivyak. 21:4, 10, 11) Isinzi ry’Abayuda ryari riherutse kugerageza kumwica, kandi gatoyi inyuma y’aho, bisa n’uko “yahatswe gutabagurwa” n’abari bagize Inama Nkuru igihe bari bacanyemwo bivuye ku vyo yari ahejeje kuvuga. Ubu na ho iyo ntumwa yagizwe imbohe n’abasoda b’Abaroma, kandi ihava isubira gusambishwa no kwagirizwa. (Ivyak. 21:31; 23:10) Emwe, intumwa Pawulo arakeneye indemesho!

3. Ni hehe dukura indemesho dukenera kugira tubandanye igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza?

3 Muri iki gihe c’iherezo, turazi yuko «abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana kandi bunze ubumwe na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.» (2 Tim. 3:12) Na twebwe nyene usanga rimwe na rimwe dukenera kuremeshwa kugira ngo tubandanye igikorwa twashinzwe co kwamamaza. Ese ukuntu dukenguruka cane kubona turonswa ku gihe, amajambo akomeza kandi ahumuriza biciye ku bisohokayandikiro be n’amakoraniro atunganywa na wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge»! (Mat. 24:45) Yehova yaradusubirije umutima mu nda ko ata mwansi n’umwe w’inkuru nziza azororanirwa. Abansi b’inkuru nziza ntibazokwigera baherengeteza abasavyi biwe uko bagize umugwi, canke ngo bahagarike igikorwa cabo co kwamamaza. (Yes. 54:17; Yer. 1:19) Bite ho ku bijanye n’intumwa Pawulo? Yoba yararonse indemesho yari akeneye kugira ngo abandanye gushinga intahe bimwe bishitse naho yariko ararwanywa? Nimba yarayironse, mbega yari indemesho bwoko ki, kandi yayakiriye gute?

“Umugambi wapfunditswe bashizeko n’indahiro” uba impfagusa (Ivyak. 23:11-34)

4, 5. Ni indemesho iyihe Pawulo yahawe, kandi ni kubera iki yaje hageze?

4 Intumwa Pawulo yararemeshejwe cane mw’ijoro ryakurikiye, inyuma y’aho akuriwe mu vyara vy’abari bagize Inama Nkuru. Iyo nkuru yahumetswe itubwira iti: «Umukama ahagarara iruhande yiwe, amubwira ati: “Gira umutima rugabo! Kurya nyene wanshingiye intahe bimwe bishitse i Yeruzalemu, ni na ko utegerezwa gushinga intahe i Roma.”» (Ivyak. 23:11) Ayo majambo aremesha ya Yezu yarasubirije umutima mu nda Pawulo yuko atoguye aho yari apfungiwe. Yari azi yuko yogumye adora gushika ashitse i Roma, maze agaterwa agateka ko gushingirayo intahe Yezu.

«Abagabo barenga 40 bo muri bo bazoba bamutegereye.»​—Ivyakozwe 23:21

5 Indemesho Pawulo yahawe yaje hageze. Ku musi ukurikira, Abayuda barenga 40 baciye «[bategura] uwo mugambi, bararahira bararengwa yuko batoriye canke ngo banywe batishe Pawulo.» Uwo «mugambi» abo Bayuda bagiye «bashizeko n’indahiro,» warerekanye aho umwiyemezo wabo wo kugandagura iyo ntumwa wagera. Babona ko bishitse ntibamugandagure, bociye bavumwa canke bagashikirwa n’ikintu kibi. (Ivyak. 23:12-15) Uwo mugambi wabo, uwari ushigikiwe n’abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye, wari uw’uko Pawulo agarukanwa imbere y’abagize Inama Nkuru kugira ngo basubire kumusambisha, bakigira nk’abakeneye kumenya ukuri kwiyongereye ku bimwerekeye. Ariko rero, abari bagiriye Pawulo uwo mugambi mubi bociye bamubundira mu nzira, bagaca bamwica.

6. Umugambi wo kwica Pawulo wahinyutse gute, kandi ni akarorero akahe abakiri bato bo muri iki gihe bokwigira kuri iyo nkuru?

6 Yamara rero, umwishwa wa Pawulo yarumvise ibijanye n’uwo mugambi mubi, hanyuma aca aza kubimubwira. Pawulo yaciye ategeka uwo musore kuja kubimenyesha wa mukomanda w’ingabo z’Abaroma, Kolode Liziyasi. (Ivyak. 23:16-22) Nta gukeka ko Yehova akunda abakiri bato usanga, nk’ukwo kw’uwo mwishwa wa Pawulo atavuzwe izina, bashira ineza y’abasavyi b’Imana imbere y’iyabo babigiranye umutima rugabo, kandi bakihatira badahemuka guteza imbere ivy’Ubwami.

7, 8. Ni ibiki Kolode Liziyasi yagize kugira ngo akingire Pawulo?

7 Kolode Liziyasi, uno akaba yatwara ingabo 1.000, akimara kumenyeshwa ibijanye n’uwo mugambi mubi Abayuda bagiriye Pawulo, yaciye ubwo nyene ategeka ko hakorakoranywa ingabo 470 zigizwe n’abasoda basanzwe, abitwaza amacumu be n’abagendera ku mafarasi kugira ngo muri iryo joro bakure Pawulo i Yeruzalemu, bamushikane i Sezariya adora. Pawulo ari aho i Sezariya, yobwirijwe kurenguka imbere ya Buramatari Felisi. a Naho ico gisagara c’i Sezariya, icari umurwa mukuru wo mu vy’intwaro w’intara y’Uburoma yitwa Yudaya, cabamwo Abayuda batari bake, cari ciganziwemwo n’Abanyamahanga. I Yeruzalemu harangwa umutekano muke ugereranije n’uwarangwa i Sezariya kubera ko abantu benshi baho binuba abo badasangiye idini kandi bakaba barakunda gutera imigumuko. I Sezariya ni ho hari icicaro gikuru c’ingabo z’Abaroma zakorera muri yo ntara ya Yudaya.

8 Nk’uko vyasabwa n’Itegeko ry’Abaroma, Liziyasi yararungikiye ikete Felisi ryasigura ivyerekeye Pawulo. Muri iryo kete, Liziyasi yavuze ko amaze kumenya yuko Pawulo yari Umuroma, yaciye amukura mu vyara vy’Abayuda ngo «[nti]bamwice.» Liziyasi yaravuze kandi ko yasanze Pawulo ata kintu na kimwe aregwa «cotuma yicwa canke apfungwa,» yamara avuga ko umugambi mubi Pawulo yagiriwe ari wo watumye amurungikira Buramatari Felisi kugira ngo aheze yumvirize abagiriza Pawulo, maze amucire urubanza.​—Ivyak. 23:25-30.

9. (a) Ni gute agateka Pawulo yari afise ko kuba yari Umuroma kahonyanzwe? (b) Ni kubera iki dushobora kwikora ku burenganzira duhabwa n’ubwenegihugu dusanzwe dufise?

9 None mu vyo Liziyasi yanditse vyose, yoba yavugishije ukuri? Oya. Bisa n’uko yarondeye kwitonesha gusa. Mu vy’ukuri, icatumye ahungisha intumwa Pawulo si uko yari yamenye ko ari Umuroma. Vyongeye, Liziyasi ntiyavuze ko yari yategetse yuko Pawulo «aboheshwa iminyororo ibiri» be n’uko mu nyuma yatanze itegeko ry’uko “bamusambisha banamukubita ikimoko.” (Ivyak. 21:30-34; 22:24-29) Muri ubwo buryo, Liziyasi yari yahonyanze agateka Pawulo yari afise ko kuba yari Umuroma. Muri iki gihe, Shetani arakoresha abaturwanya b’ishaka rirenze urugero mu vy’idini kugira ngo atume turushiriza guhamwa, kandi birashobora gushika umwidegemvyo wacu mu bijanye n’ugusenga ukabangamirwa. Ariko nk’ukwo kwa Pawulo, abasavyi b’Imana bararondera gukingirwa n’amategeko, ivyo bakaba akenshi babigira bafatiye ku burenganzira bahabwa n’ubwenegihugu basanzwe bafise.

«Ndahimbawe no kuba ngira niregurire imbere yawe» (Ivyak. 23:35–24:21)

10. Ni ibirego bikomakomeye ibihe Pawulo yagirijwe?

10 Pawulo yamaze igihe «[acungiwe] ku kirimba ca Herodi» i Sezariya, mu kurindira ko abamwagiriza bashika bavuye i Yeruzalemu. (Ivyak. 23:35) Haciye imisi itanu, haraje Umuherezi mukuru Ananiya, umuntu azi kuvugira imbere y’abantu yitwa Teritulo be n’umugwi w’abagabo b’inararibonye. Teritulo yatanguye gushemagiza Felisi ku vyo yariko arakorera Abayuda, bikaba biboneka ko ukwo kwari ukumusiga inkore ku maso arondera gutoneshwa na we. b Yaciye yagiriza Pawulo ati: «[Ni] ikiza. Atera imigumuko mu Bayuda bose kw’isi yose, kandi ari mu bayoboye akagwi k’idini k’Abanyanazareti. Yaranagerageje guhumanya urusengero, duca turamufata.» Nya Bayuda bari kumwe na we «bajamwo bamwagiriza, bemeza ko ivyo ari ukuri.» (Ivyak. 24:5, 6, 9) Kuvyura imigumuko, kuba kizigenza w’akagwi gateye akaga be no guhumanya urusengero, vyari ibirego bikomakomeye ku buryo vyotumye nyene kuvyagirwa acirwa urwo gupfa.

11, 12. Pawulo yabeshuje gute ibirego yagirijwe?

11 Pawulo yahavuye ahabwa ijambo. Yatanguriye kuri aya majambo agira ati: «Ndahimbawe no kuba ngira niregurire imbere yawe.» Yarahakanye yivuye inyuma ivyo yagirizwa. Iyo ntumwa ntiyari yahumanije urusengero, eka kandi ntiyari yagerageje kuvyura umugumuko. Yarerekanye neza yuko mu vy’ukuri hari haciye «imyaka itari mike» atari i Yeruzalemu be n’uko yari yaje azanye «imfashanyo y’aboro,» iyo na yo ikaba yari intererano yari igenewe abakirisu bari bugarijwe n’ubukene bivuye kumbure ku kigoyi no ku ruhamo vyabashikiye. Pawulo yaravuze ashimitse ko imbere y’uko yinjira mu rusengero, yari yabanje “kwihumanura nk’uko bisabwa,” aranavuga ko yihatira «kugumana ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana n’abantu.»​—Ivyak. 24:10-13, 16-18.

12 Yamara rero, Pawulo yaremanze ko yakorera Imana ya basekuruza biwe igikorwa ceranda «[akurikije] uburyo bwo gusenga bo bita “akagwi k’idini.”» Ariko yagumye ashimika y’uko yemera «ibintu vyose vyanditswe mu mategeko no mu bitabu vy’abahanuzi.» Vyongeye, cokimwe n’abariko bamwagiriza, Pawulo yari afise icizigiro c’«[izuka] ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.» Pawulo yaciye asaba ikintu cari kigoye ku bariko bamwagiriza, ati: «Abari ng’aha nibavuge ikibi bambonyeko igihe nari mpagaze imbere y’Inama nkuru, uretse ko navuze n’ijwi rirenga mpagaze hagati yabo nti: “Uyu musi ndiko ncirwa urubanza imbere yanyu kubera izuka ry’abapfuye”»​—Ivyak. 24:14, 15, 20, 21.

13-15. Ni kubera iki Pawulo ari akarorero keza twokwigana mu bijanye no gushinga intahe imbere y’abategetsi tubigiranye ubutinyutsi?

13 Pawulo yaradusigiye akarorero keza twokurikiza bishitse tukarengutswa imbere y’abategetsi duhowe ugusenga kwacu canke twagirijwe ibinyoma nk’ibi ngo turi abagumutsi, canke ngo turi abo mu mugwi bavuga ko uteye akaga. Pawulo ntiyarondeye kwikundwakaza kuri uwo buramatari akoresheje amajambo yo kumusiga inkore ku maso nka kumwe kwa Teritulo. Pawulo yagumye atekanye kandi ari n’urupfasoni. Abigiranye ubuhanga, yarashinze intahe itomoye kandi y’ukuri. Pawulo yaravuze yuko «Abayuda bamwe bo mu ntara ya Aziya» bari bamwagirije yuko ngo yari yahumanije urusengero batari bahari, yongera avuga yuko hisunzwe amategeko bari bakwiye kuba ari ho bari kugira ngo baburane maze ibirego vyabo bikumvirizwa.​—Ivyak. 24:18, 19.

14 Igishimishije kuruta, ni uko Pawulo yashingiye intahe ivyo yemera. Iyo ntumwa ibigiranye ubutinyutsi, yarasubiye kuvuga ibijanye n’uko yemera ko hazobaho izuka, ico kikaba ari co cari catumye haba uruhagarara igihe yari imbere y’Inama Nkuru. (Ivyak. 23:6-10) Mu kwiburanira kwiwe, Pawulo yarashimitse ku cizigiro c’izuka. Uti kubera iki? Kubera ko Pawulo yariko ashingira intahe Yezu be n’uko yazuwe mu bapfuye, ico kikaba ari ikintu abamurwanya batorose bemera. (Ivyak. 26:6-8, 22, 23) Nkako, ikibazo cerekeye izuka, na canecane ikijanye no kwemera Yezu be n’izuka ryiwe, ni co cari catumye haba urwo ruhagarara.

15 Cokimwe na Pawulo, turashobora gushinga intahe n’ubutinyutsi kandi tugakomezwa n’aya majambo Yezu yabwiye abigishwa biwe agira ati: «Muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje. Ariko uwuzoba yihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.» Twoba none dukwiye guhagarikwa umutima twibaza ivyo tuzovuga? Oya, kubera ko Yezu adukura amazinda ati: «Nibabafata ngo babashengeze imbere ya sentare, ntimuze muhagarike umutima imbere y’igihe ku vyo muzovuga. Muze muvuge ico muhawe cose muri uwo mwanya nyene, kuko atari mwebwe muzoba muriko muravuga, ahubwo ni impwemu nyeranda.»​—Mrk. 13:9-13.

«Felisi aca agira ubwoba» (Ivyak. 24:22-27)

16, 17. (a) Felisi yavyifashemwo gute mu rubanza rwa Pawulo? (b) Ni kubera iki Felisi yagize ubwoba, yamara ni igiki catumye aguma arengutsa Pawulo?

16 Ntiryari ryo rya mbere Buramatari Felisi yumva ibijanye n’ivyo abakirisu bemera. Iyo nkuru ivuga iti: «Felisi yari azi neza ivy’iyo nzira yʼUmukama [imvugo yakoreshwa mu kuvuga abakirisu bo mu ntango], aca abaha irindi sango, avuga ati: “Nzofata ingingo kuri ico kibazo canyu komanda Liziyasi niyamanuka ino.” Hanyuma ategeka intwazangabo yuko Pawulo yoguma apfunzwe mugabo agatezurirwa gatoyi, be n’uko abagenzi biwe bokwemererwa kumufasha mu vyo akenera.»​—Ivyak. 24:22, 23.

17 Haciye imisi nk’ingahe, Felisi, ari kumwe n’umugore wiwe w’Umuyudakazi yitwa Durusila, yaratumyeko Pawulo maze «yumviriza ivyo avuga ku bijanye n’ukwemera Kristu Yezu.» (Ivyak. 24:24) Ariko igihe Pawulo yavuga ibijanye n’«ubugororotsi n’ukwigumya be n’igihe Imana izocira imanza abantu, Felisi [yaciye] agira ubwoba,» kumbure bitumwe n’uko ijwi ryiwe ryo mu mutima ryaciye rimubuza amahoro kubera ibibi yari yarakoze. Ni co gituma yaciye yirukana Pawulo mu kuvuga ati: «Nube uragenda. Nzosubira kugutumako ninaronka umwanya.» Inyuma y’aho, Felisi yararengukishije Pawulo incuro nyinshi, atari uko yashaka kumenya ukuri, ariko kubera ko yari yizigiye yuko Pawulo yohavuye amupfumbatisha.​—Ivyak. 24:25, 26.

18. Ni kubera iki Pawulo yabwiye Felisi n’umugore wiwe ibijanye n’«ubugororotsi n’ukwigumya be n’igihe Imana izocira imanza abantu»?

18 Kubera iki none Pawulo yabwiye Felisi n’umugore wiwe ibijanye n’«ubugororotsi n’ukwigumya be n’igihe Imana izocira imanza abantu»? Niwibuke ko bashaka kumenya ico «kwemera Kristu Yezu» bisaba. Kubera ko Pawulo yari asanzwe azi ubuhumbu bwabo, ubukozi bw’ikibi bwabo be n’akarenganyo kabo, yariko abasigurira ico abipfuza bose kuba abayoboke ba Yezu basabwa gukora. Ivyo Pawulo yavuze vyarerekanye itandukaniro rikomeye riri hagati y’ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana be n’ukuntu Felisi n’umugore wiwe bari babayeho. Ivyo vyari bikwiye kubafasha kubona ko abantu bose bari n’ico bazobazwa n’Imana ku bijanye n’ivyo biyumvira, ivyo bavuga be n’ivyo bakora, bikanabafasha kubona ko urubanza bociriwe n’Imana ata ho rwobaye ruhuriye n’urwo bociriye Pawulo. Ntibitangaje rero kubona Felisi yaciye «agira ubwoba»!

19, 20. (a) Mu busuku turangura, ni gute dukwiye gufata abantu basa n’aho bashimishwa n’inkuru nziza ariko bakaba mu vy’ukuri bironderera inyungu zabo bwite? (b) Tuzi gute ko Felisi atari umugenzi nyakuri wa Pawulo?

19 Mu busuku turangura, turashobora guhura n’abantu bameze nka Felisi. Mu ntango, boshobora gusa nk’aho umengo barashimishwa n’ukuri, ariko bakaba mu vy’ukuri bironderera inyungu zabo bwite. Turi n’imvo yumvikana yo kwiyubara cane kuri mwene abo bantu. Naho biri ukwo, nka kumwe kwa Pawulo, turashobora kubabwira ibijanye n’ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana, tubigiranye ukwiyubara. Kumbure ukuri dushikiriza kurashobora kubakora ku mutima. Ariko, nimba bibonetse ko ata cipfuzo bafise co guheba ingendo yabo yo gukora ivyaha, turaheza tukabihoza hanyuma tukarondera abipfuza vy’ukuri kumenya ukuri.

20 Ku bijanye na Felisi, agatima vy’ukuri yari afise karahishurwa n’aya majambo agira ati: «Haheze imyaka ibiri, Felisi aca asubirirwa na Porukiyo Fesito. Mugabo kubera ko Felisi yipfuza gushimwa n’Abayuda, aca asiga Pawulo apfunzwe.» (Ivyak. 24:27) Felisi ntiyari umugenzi nyakuri wa Pawulo. Felisi yari azi yuko abakurikira «ya nzira» batari abagumutsi canke abaharanira ko haba amahinduka mu vy’intwaro. (Ivyak. 19:23) Yari azi kandi ko ata tegeko na rimwe ry’Abaroma Pawulo yari yahonyanze. Yamara, yaragumije iyo ntumwa mw’ibohero kugira ngo “ashimwe n’Abayuda.”

21. Ni ibiki vyashikiye Pawulo inyuma y’aho Porukiyo Fesito abereye buramatari, kandi ni igiki ata gukeka cabandanije gukomeza Pawulo?

21 Nk’uko umurongo wa nyuma w’ikigabane ca 24 co mu gitabu c’Ivyakozwe ubivuga, Pawulo yari akiri imbohe igihe Porukiyo Fesito yasubirira Buramatari Felisi. Gutyo, haciye hatangura ivy’uko Pawulo asambishwa urutavanako, bikaba vyabaye ngombwa ko aza ararengutswa n’umutegetsi umwe, yongera aja ku wundi. Vy’ukuri, iyo ntumwa y’umutima rugabo “yarakwezwe iratwarwa imbere y’abami na ba buramatari.” (Luka 21:12) Nk’uko tuza kubibona, yohavuye ashinga intahe imbere y’umutegetsi yari ahambaye kuruta abandi bo mu gihe ciwe. Naho Pawulo yaciye muri ivyo bintu vyose, ntiyigeze adohoka ku kwizera kwiwe. Nta gukeka ko yagumye akomezwa n’aya majambo ya Yezu agira ati: «Gira umutima rugabo!»

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Felisi, buramatari w’intara ya Yudaya

b Teritulo yarakengurukiye Felisi kubera «amahoro menshi» ngo yazaniye ihanga ryabo. Ariko mu vy’ukuri, Felisi ni we buramatari yatumye intara ya Yudaya irangwamwo amahoro make cane ugereranije n’abandi bose batwaye iyo ntara gushika aho Abayuda bagararije Uburoma. Ikindi kinyoma c’agahomerabunwa yavuze ni ic’uko ngo Abayuda bari n’“ugukenguruka cane” kubera ivyo Felisi yari yaratunganije bushasha. Mu vy’ukuri, Felisi yarankwa n’Abayuda batari bake kubera ko yari yatumye ubuzima bwabo burushiriza kugora, be n’uko yafata bunyamaswa abarondera kumugarariza.​—Ivyak. 24:2, 3.