Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 28

“Gushika mu mihingo ya kure cane y’isi”

“Gushika mu mihingo ya kure cane y’isi”

Ivyabona vya Yehova babandanya gukora igikorwa catanguye gukorwa n’abayoboke ba Yezu Kristu mu kinjana ca mbere mu gihe cacu

1. Ni ibiki abakirisu bo mu ntango bahuriyeko n’Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe?

 ABAKIRISU bo mu ntango baramamaza inkuru nziza babigiranye umwete. Bari baravyuriwe umutima wo kwemera gufashwa n’impwemu nyeranda no kuyoborwa na yo. Uruhamo ntirwababuza kwamamaza. Kandi Imana yarabahezagira cane. Ukwo ni ko bimeze no ku Vyabona vya Yehova bo muri iki gihe.

2, 3. Ni ikintu ikihe kidasanzwe cibonekeza mu gitabu c’Ivyakozwe?

2 Nta gukeka ko waremeshejwe n’inkuru zikomeza ukwizera dusanga mu gitabu c’Ivyakozwe n’intumwa! Ico gitabu ntigisanzwe kubera ko ari co conyene cigana inkuru yahumetswe n’Imana, ivuga ivyerekeye abakirisu bo mu ntango.

3 Igitabu c’Ivyakozwe kiravuga amazina y’abantu 95 bava mu bihugu 32, mu bisagara 54 be no mu mazinga 9. Ni igitabu kirimwo inkuru yeza umutima yigana ibijanye n’abantu batandukanye, uri banyarucari, abanyamadini b’abanyabwibone, abategetsi bishira hejuru be n’abantu b’ishaka rirenze urugero bahama abakirisu. Ariko ni igitabu kirimwo inkuru ahanini yigana ibijanye n’abavukanyi hamwe na bashiki bacu bo mu kinjana ca mbere, abagumye bamamaza inkuru nziza babigiranye umwete naho bashikirwa n’ingorane zisanzwe zishika mu buzima.

4. Ni ikintu kidasanzwe ikihe duhuriyeko n’intumwa Pawulo, Tabita, be n’ibindi vyabona b’intahemuka bo mu gihe ca kera?

4 Ubu haraheze imyaka nka 2.000 aba bantu babayeho: Intumwa Petero be n’intumwa Pawulo bakorana umwete mwinshi cane, umuganga mukundwa Luka, umutanzi wa cane Barunaba, Sitefano atatinya urukamvye, Tabita umunyabuntu, umwakiranyi Lidiya be n’ibindi vyabona b’intahemuka benshi cane. Naho haciye igihe kirekire gutyo, hari ikintu kidasanzwe duhuriyeko n’abo bantu. Uti kubera iki? Kubera ko twese twashinzwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ese ukuntu ako ari agateka kadasanzwe twatewe kubona tugira uruhara muri ico gikorwa!

“. . . gushika mu mihingo ya kure cane y’isi.”​—Ivyakozwe 1:8

5. Ni hehe abayoboke ba Yezu bo mu ntango batanguriye kurangura igikorwa bashinzwe?

5 Zirikana ku gikorwa Yezu yashinze abayoboke biwe. Yavuze ati: «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no mu mihingo ya kure cane y’isi.» (Ivyak. 1:8) Ubwa mbere, impwemu nyeranda yararonkeje ububasha abigishwa kugira ngo bamamaze inkuru nziza «i Yeruzalemu.» (Ivyak. 1:1–8:3) Ubukurikira, bayobowe n’impwemu nyeranda, baramamaje inkuru nziza «i Yudaya hose n’i Samariya.» (Ivyak. 8:4–13:3) Mu nyuma na ho bahavuye batangura kwamamaza inkuru nziza “gushika mu mihingo ya kure cane y’isi.”​—Ivyak. 13:4–28:31.

6, 7. Mu bijanye no kurangura ubusuku bwacu, ni ibiki dufise abakirisu bagenzi bacu bo mu kinjana ca mbere batari bafise?

6 Abakirisu bagenzawe bo mu kinjana ca mbere ntibari bafise Bibiliya yuzuye bakoresha mu gikorwa co kwamamaza. Injili ya Matayo yagiye kuboneka n’imiburiburi mu 41 inyuma ya Kristu. Amakete amwamwe ya Pawulo yanditswe imbere y’uko igitabu c’Ivyakozwe gisozerwa nko mu 61 inyuma ya Kristu. Ariko rero, umwe wese muri abo bakirisu bo mu ntango ntiyari afise ikopi yiwe bwite y’Ivyanditswe Vyeranda vyose canke ibisohokayandikiro bitandukanye vyo gusigira ababa bashimishijwe. Imbere y’uko baba abigishwa ba Yezu, abakirisu bʼAbayuda bari barumvise Ivyanditswe vy’igiheburayo bisomerwa mw’isinagogi. (2 Kor. 3:14-16) Naho vyari ukwo, bategerezwa kwiyigisha ata gufyina ivyo Vyanditswe kubera ko kumbure babwirizwa gusubiramwo mu majambo ivyo baba bafashe ku mutwe.

7 Muri iki gihe, abenshi muri twebwe usanga bafise Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bitari bike bishingiye kuri yo. Ubu turiko duhindura abantu abigishwa mu kwamamaza inkuru nziza mu ndimi nyinshi, mu bihugu 240.

Impwemu nyeranda yarabaronkeje ububasha

8, 9. (a) Impwemu nyeranda yatumye abigishwa ba Yezu bakora iki? (b) Ni ibiki wa mushumba w’umwizigirwa ariko arasohora abifashijwemwo n’impwemu y’Imana?

8 Igihe Yezu yagena abigishwa biwe ngo babe ivyabona, yababwiye ati: «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako.» Bayobowe n’impwemu y’Imana, ari yo nguvu Imana ikoresha, abayoboke ba Yezu bohavuye basukura ari ivyabona kw’isi yose. Biciye ku mpwemu nyeranda, Petero na Pawulo barakijije abantu, barirukana amadayimoni, baranazura abapfuye! Ariko rero, ububasha buvuye ku mpwemu nyeranda bwotumye intumwa be n’abandi bigishwa bashika ku kindi kintu gihambaye kuruta, ni ukuvuga kuronsa abandi ubumenyi butagira amakosa bwotumye baronka ubuzima budahera.​—Yoh. 17:3.

9 Kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, abigishwa ba Yezu baravuze «mu zindi ndimi nk’uko nya mpwemu ibibashoboje.» Gutyo, barashinze intahe ku vyerekeye «ibintu vy’agatangaza vy’Imana.» (Ivyak. 2:1-4, 11) Muri iki gihe, ntituvuga izindi ndimi biciye ku gitangaro. Yamara, umushumba w’umwizigirwa, afashijwe n’impwemu y’Imana, ariko arasohora ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi nyinshi. Nk’akarorero, buri kwezi haracapurwa amakopi amamiliyoni y’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!, kandi urubuga rwacu rwa jw.org ruriko ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 1.000. Ivyo vyose biratuma tubwira abantu bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose «ibintu vy’agatangaza vy’Imana.»​—Ivyah. 7:9.

10. Ni ibiki bimaze kurangurwa kuva mu 1989 mu bijanye no guhindura Bibiliya mu zindi ndimi?

10 Kuva mu 1989 umushumba w’umwizigirwa yaritwararitse cane ko Bibiliya y’isi nshasha iboneka mu ndimi nyinshi. Iyo Bibiliya iramaze guhindurwa mu ndimi zirenga 200, kandi amakopi yayo amamiliyoni mirongo aramaze gucapurwa, tutibagiye n’ayandi menshi akiriko aracapurwa. Ivyo vyashobotse gusa biciye ku Mana be no ku mpwemu yayo.

11. Ni ibiki bimaze kurangurwa mu bijanye n’uguhindura mu ndimi zitandukanye ibisohokayandikiro vy’Ivyabona?

11 Igikorwa c’ubuhinduzi kiriko gikorwa n’abakirisu ibihumbi bitanze, bakorera mu bihugu be n’uturere birenga 150. Ivyo ntibikwiye kudutangaza kubera ko ata rindi shirahamwe ryo kw’isi riyoborwa n’impwemu nyeranda mu bijanye n’igikorwa co kw’isi yose co “gushinga intahe bimwe bishitse” yerekeye Yehova Imana, Umwami yagenye ari we Mesiya, be n’iyerekeye Ubwami bwashinzwe mw’ijuru!​—Ivyak. 28:23.

12. Pawulo be n’abandi bakirisu bashoboye gute kurangura igikorwa co kwamamaza?

12 Igihe Pawulo yabwira inkuru nziza Abayuda be n’Abanyamahanga b’i Antiyokiya h’i Pisidiya, «abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera [barizeye].» (Ivyak. 13:48) Luka asozera kwandika ibivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe Pawulo akiriko “abwira abantu ivyerekeye ubwami bw’Imana, akavugana umwidegemvyo wose ata kimutangira.” (Ivyak. 28:31) None iyo ntumwa iriko yamamariza he? Emwe, nta handi atari i Roma, umurwa mukuru w’inganji yaganza isi ico gihe! Ivyo abayoboke ba Yezu bo mu ntango baranguye vyose mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, baba bayamamaza mu gutanga insiguro canke bakoresheje ubundi buryo, babishitseko bafashijwe n’impwemu nyeranda kandi bayobowe na yo.

Barumira kw’ibanga naho haba hari uruhamo

13. Ni kubera iki dukwiye gusenga igihe turiko turahamwa?

13 Igihe abigishwa ba Yezu bo mu ntango bahamwa, baratakambiye Yehova bamusaba kugira ubutinyutsi. None vyavuyemwo iki? Barujujwe impwemu nyeranda bongera bararonswa ububasha bwo kuvuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi. (Ivyak. 4:18-31) Na twebwe turasenga dusaba ubukerebutsi be n’inkomezi bidufasha kuguma twamamaza naho twoba turiko turahamwa. (Yak. 1:2-8) Kubera ko Imana iduhezagira kandi tugafashwa n’impwemu yayo, tubandanya kurangura umurimo w’Ubwami. Nta kintu na kimwe cotuma igikorwa co kwamamaza gihagarara, naho kwoba ari ukurwanywa gukomeye gute canke uruhamo rukaze gute. Igihe tuba turiko turahamwa, nta gukeka ko tubwirizwa gusenga dusaba impwemu nyeranda n’ubukerebutsi be n’ukugira umutima rugabo kugira ngo dutangaze inkuru nziza.​—Luka 11:13.

14, 15. (a) «Uruhamo rwari rwavyutse kubera ivyashikiye Sitefano» rwavuyemwo iki? (b) Mu gihe ca none, vyagenze gute ngo abantu benshi bo muri Siberiya bamenye ukuri?

14 Sitefano yarashinze intahe abigiranye ubutinyutsi imbere y’uko agandagurwa n’abansi biwe. (Ivyak. 6:5; 7:54-60) Mu «ruhamo rukomeye» rwaciye rukurikira ico gihe, uretse intumwa, abigishwa bose baciye basabagirira i Yudaya hose be n’i Samariya. Ariko ivyo ntivyahagaritse igikorwa co kwamamaza. Filipo yagiye i Samariya «kubamenyesha ivyerekeye Kristu,» kandi igikorwa ciwe caravuyemwo ivyiza utoraba. (Ivyak. 8:1-8, 14, 15, 25) Vyongeye, tubwirwa duti: «Abari barasanzajwe n’uruhamo rwari rwavyutse kubera ivyashikiye Sitefano baragenda bashika i Fenisiya, i Shipure n’i Antiyokiya, mugabo babwira rya jambo Abayuda gusa. Ariko abagabo bamwe bavuye i Shipure n’i Sireni baza i Antiyokiya, batangura kuganiriza abavuga ikigiriki, babamenyesha inkuru nziza y’Umukama Yezu.» (Ivyak. 11:19, 20) Ico gihe, uruhamo rwaratumye ubutumwa bw’Ubwami bukwiragira mu yindi mihingo.

15 Muri iki gihe cacu, ibintu nk’ivyo vyarabaye mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Canecane mu myaka ya 1950, Ivyabona vya Yehova ibihumbi n’ibihumbi barangajwe muri Siberiya. Kubera ko basabagirijwe mu makambi atandukanye, inkuru nziza yagumye ikwiragira muri ico gihugu amahero. Ivyo Vyabona benshi gutyo ntibokwigeze baronka amahera yobaye akenewe kugira ngo bagire urwo rugendo rw’ibilometero 10.000 bagiye kwamamaza inkuru nziza. Ariko rero, leta ni yo ubwayo yabashikanye mu mihingo itandukanye y’ico gihugu. Umuvukanyi umwe yavuze ati: «Abategetsi basanze ari bo batumye abantu ibihumbi n’ibihumbi b’umutima nziraburyarya bo muri Siberiya bamenya ukuri.»

Yehova yarabahezagiye cane

16, 17. Ni ibimenyamenya ibihe dusanga mu gitabu c’Ivyakozwe vyerekana ko Yehova yahezagira igikorwa co kwamamaza inkuru nziza?

16 Biraboneka ko Yehova yahezagira abakirisu bo mu ntango. Pawulo be n’abandi bigishwa baratera bakongera bakavomera, «mugabo Imana ni yo yaguma ikuza.» (1 Kor. 3:5, 6) Inkuru zitari nke zivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe ziremeza ko Yehova ari we yakuza kubera yuko yaguma ahezagira ico gikorwa co kwamamaza. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: «Ijambo ry’Imana rero ribandanya gukwiragira, igitigiri c’abigishwa na co kiguma congerekana cane i Yeruzalemu.» (Ivyak. 6:7) Uko ico gikorwa co kwamamaza caguma gikwiragira, ni ko «ishengero ryari i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya hose ryaja mu kiringo c’amahoro, ri[ga]komera. Ribandanya kugwira, kuko ryabandanya gutinya Yehova no kuronka uruhoza rw’impwemu nyeranda.»​—Ivyak. 9:31.

17 Abayuda b’i Antiyokiya h’i Siriya be n’abantu baho bavuga ikigiriki barabwiwe ukuri n’ivyabona b’umutima rugabo. Iyo nkuru ivuga iti: «Ikigeretseko, ukuboko kwa Yehova kwari kumwe na bo, kandi abantu benshi baracika abemera, bagakurikira Umukama.» (Ivyak. 11:21) Iyo nkuru iravuga ibijanye n’ukuntu muri ico gisagara iterambere ryagumye ryiyongera, iti: «Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira, igitigiri c’abemera kirongerekana.» (Ivyak. 12:24) Vyongeye, kubera ko Pawulo n’abandi bigishwa bashinze intahe bimwe bishitse mu Banyamahanga, ivyo vyatumye «Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira no gutsinda, bimwe bikomeye.»​—Ivyak. 19:20.

18, 19. (a) Tuzi gute ko «ukuboko kwa Yehova» kuri kumwe natwe? (b) Tanga akarorero kerekana ko Yehova ashigikira abasavyi biwe.

18 S’ivyimbeshere ko «ukuboko kwa Yehova» kuri no kuri twebwe muri iki gihe. Ni co gituma hari abantu benshi cane bacika abemera kandi bakiyegurira Imana, ivyo bakaba babigaragaza mu kubatizwa. Vyongeye, imfashanyo be n’imihezagiro Imana ituronsa ni vyo vyonyene bituma twihangana igihe turwanijwe bimwe bikaze, canke igihe duhamwe bimwe bikomeye; ni na vyo kandi bituma turoranirwa mu busuku turangura, nk’uko Pawulo n’abandi bakirisu bo mu ntango vyabagendeye. (Ivyak. 14:19-21) Yehova Imana yama nantaryo ari kumwe natwe. Ya «maboko yayo yamaho ari munsi [yacu]» aguma adushigikira atananirwa mu ngorane zacu zose. (Gus. 33:27) N’ikindi kandi, ese tutokwigera twibagira yuko Yehova atigera ata abantu biwe kubera izina ryiwe rihambaye.​—1 Sam. 12:22; Zab. 94:14.

19 Rimbura kano karorero: Kubera ko umuvukanyi umwe yitwa Harald Abt yaguma yamamaza inkuru nziza, Abanazi baramujanye mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Sachsenhausen mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Muri Rusama 1942, igipolisi c’iperereza c’Abanazi (Gestapo) caragiye aho umukenyezi wiwe Elsa yaba, gitwara agakobwa kabo, maze na we kiramufata. Elsa yarapfungiwe mu makambi atandukanye. Uwo mushiki wacu Elsa Abt yavuze ati: «Imyaka namaze mu makambi y’itunatuniro yo mu Budagi yaranyigishije ikintu ntazopfa nibagiye, ico na co kikaba ari ikijanye n’ingene impwemu ya Yehova ishobora kugukomeza cane igihe uri mu ngorane utokwitura. Imbere y’uko mfatwa, nari narasomye ikete mushiki wacu umwe yanditse avuga yuko igihe uri mu kigeragezo gikomeye impwemu ya Yehova igufasha, ukaguma utekanye mu mutima. Niyumviriye yuko ategerezwa kuba hari ukuntu yariko ararenza urugero. Yamara igihe nashikirwa n’ibigeragezo, naratahuye ko yavuze ukuri nk’ukurima. Ni ko bigenda koko. Ntushobora kubitahura bitaragushikira. Yamara, jewe ivyo naravyiboneye.»

Nugume ushinga intahe bimwe bishitse!

20. Pawulo yakora iki igihe yaba mu nzu yari acungiwemwo, kandi ivyo bishobora gute kuremesha bamwebamwe mu bavukanyi be na bashiki bacu?

20 Ibivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe birangira Pawulo akiriko “arabwira abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana” abigiranye umwete. (Ivyak. 28:31) Kubera ko yaba mu nzu yari acungiwemwo, ntivyashoboka ko yamamaza inzu ku nzu aho i Roma. Naho vyari ukwo, yaguma abwira inkuru nziza abantu bose baza kumuraba. Muri iki gihe, hariho abavukanyi na bashiki bacu usanga badashobora kuva mu mazu baba barimwo, kumbure bari ku musego, canke baba muri ya mazu yo kubungabungiramwo abageze mu zabukuru, abarwaye canke abafise ubumuga. Yamara, usanga bakunda Imana kandi bafise icipfuzo gikomeye cane co kuyishingira intahe. Ntitubibagira mu masengesho dutura kandi turashobora gusaba Data wa twese wo mw’ijuru ngo abaronse abantu bashashaye kumenya ibimwerekeye be n’ivyerekeye imigambi yiwe myiza igitangaza.

21. Ni kubera iki dukwiye kwamamaza inkuru nziza tubona ko vyihutirwa?

21 Abenshi muri twebwe usanga bashobora kugira uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu be no mu yindi mice ijanye n’igikorwa co guhindura abantu abigishwa. Ese rero umwe wese muri twebwe yokora ivyo ashoboye vyose kugira ngo ashitse uruhara rumwega ari umwamamaji w’Ubwami, na rwo rukaba ari ukugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza “gushika mu mihingo ya kure cane y’isi.” Ico gikorwa dutegerezwa kugikora tubona ko ibintu vyihutirwa, kuko «ikimenyetso» c’ukuhaba kwa Kristu cigaragaza neza. (Mat. 24:3-14) Nta mwanya dufise wo guta. Ubu dufise «vyinshi [du]kora mu gikorwa c’Umukama.»​—1 Kor. 15:58.

22. Ni igiki dukwiye kwiyemeza gukora magingo tukirindiye umusi wa Yehova?

22 Mu kurindira ko «wa musi wa Yehova uhambaye kandi uteye ubwoba uza,» ese twokwiyemeza kuguma twamamaza inkuru nziza tubigiranye ubutinyutsi kandi tudahemuka! (Yow. 2:31) Tuzoronka abandi bantu benshi bameze nka ba Banyaberoya, «abakiriye ijambo babishashaye cane gusumba.» (Ivyak. 17:10, 11) Ese rero twobandanya kwamamaza inkuru nziza gushika aho tuzoba ari nk’aho tubwiwe duti: «Ni vyiza mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa!» (Mat. 25:23) Nitwakora ivyo dushoboye vyose mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa tubigiranye umwete kandi tukaguma turi intahemuka kuri Yehova muri iki gihe, nta gukeka ko tuzonezerwa ibihe bidahera kubera ko twatewe agateka ko kugira uruhara mu gikorwa co «gushinga intahe bimwe bishitse» ku vyerekeye Ubwami bw’Imana!